Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abantu barakeneye kwumva imburi, kuko “igihuhusi” c’Imana cegereje cane

Imanza z’Imana: Imana yoba yama iburira abantu bihagije?

Imanza z’Imana: Imana yoba yama iburira abantu bihagije?

UMUHINGA mu vyo kugenzura ibirere ariko arasuzuma ifoto yafashwe n’icuma kigenzura ibirere. Arabonye ko hari igihuhusi gikomeye cimirije gutera akarere kabamwo abantu benshi. Kubera ko atipfuza ko hagira uwuhasiga ubuzima, aguma ababurira ibara ritaragwa.

Yehova na we nyene ariko araburira ababa kw’isi ku bijanye n’“igihuhusi” gikomeye cane kuruta ibihuhusi vyose vyovugwa mu makuru yerekeye ibirere. None ariko abigenza gute? Twemezwa n’iki hoho ko ariko araha abantu umwanya uhagije wo kugira ico bakoze? Kugira turonke inyishu z’ivyo bibazo, nimuze turabe imburi zimwezimwe Yehova yatanze muri kahise.

IMBURI IMANA YATANZE HASIGAYE IGIHE

Mu bihe vya Bibiliya, Yehova yaratanze imburi zitandukanye zerekeye “ibihuhusi,” ni ukuvuga zerekeye imanza yoshikije ku bagarariza amategeko yiwe n’ibigirankana. (Imig. 10:25; Yer. 30:23) Buri gihe, yaraburira abantu hakiri kare, akababwira n’ivyo ashaka ko bohindura. (2 Abm. 17:12-15; Neh. 9:29, 30) Kugira afashe abantu kwisubirako, akenshi yakoresha abasavyi biwe b’abizigirwa bo kw’isi kugira babamenyeshe ibijanye n’imanza ziwe, bongere babafashe kugira ivyo bahinduye badatebaganye.​—Am. 3:7.

Nowa ni umwe muri abo basavyi b’Imana b’intahemuka. Abigiranye ubutinyutsi, yaramaze imyaka myinshi amenyesha abantu bo mu gihe ciwe barangwa n’ubuhumbu be n’ubukozi bw’ikibi, ibijanye n’Umwuzure wari ugiye kuza. (Ita. 6:9-13, 17) Yaranababwiye ivyo bari bakwiye gukora kugira barokoke. Yabikoze yivuye inyuma ku buryo yahavuye yitwa “umwamamaji w’ubugororotsi.”​—2 Pet. 2:5.

Naho Nowa yagize ako kigoro kose, abantu b’ico gihe c’imbere y’Umwuzure barateye akagere iyo mburi yava ku Mana. Barerekanye ko ata kwizera bari bafise namba. Ivyo vyatumye bahona igihe Umwuzure ‘waza ukabakukumura bose.’ (Mat. 24:39; Heb. 11:7) Uko iherezo ryabo ryegereza, ntibari kwubahuka kuvuga ko Imana itababuriye.

Mu bindi bihe na ho, Yehova yaraburira abantu hasigaye igihe gito ngo ashitse urubanza rwiwe. N’ico gihe nyene, yaritwararika ko abo vyerekeye baronka umwanya uhagije wo kugira ico bakoze. Nk’akarorero, Yehova yaratanze imburi hakiri kare imbere y’uko ateza Misiri ya kera vya Vyago cumi. Nk’igihe yagira ateze icago c’indwi kijanye n’urubura rwoyogeje ibintu, yararungitse Musa na Aroni ngo baje kuburira Farawo n’abantu biwe. None ko urwo rubura rwoguye bukeye, Imana yoba yarabahaye umwanya uhagije wo kwikinga urwo rubura? Bibiliya igira iti: “Umuntu wese mu basavyi ba Farawo yatinye ijambo rya Yehova yarahungishirije abasavyi biwe n’ibitungwa vyiwe mu mazu, mugabo umuntu wese atashize umutima kuri iryo jambo rya Yehova, yarekeye abasavyi biwe n’ibitungwa vyiwe mw’ishamba.” (Kuv. 9:18-21) Biragaragara ko Yehova yabahaye imburi itomoye, ku buryo abanyarutse kugira ico bakoze, batasinzikajwe n’ingaruka z’ico cago.

Farawo n’abantu biwe baraburiwe kandi imbere y’uko icago kigira cumi gitera. Yamara n’ubujuju n’akantu, barateye akagere iyo mburi. (Kuv. 4:22, 23) Ivyo vyatumye abana babo b’imfura bapfa. Mbega ibara! (Kuv. 11:4-10; 12:29) None boba bari gushobora kwumvira iyo mburi hakiri kare? Neza cane! Musa yaciye aja kuburira Abisirayeli ibijanye n’icago kigira cumi cagira gitere, yongera arababwira n’ukuntu bokiza imiryango yabo. (Kuv. 12:21-28) None ni bangahe bumviye iyo mburi? Bivugwa ko abantu imiliyoni zitatu, abari bagizwe n’Abisirayeli hamwe n“uruvange runini rw’abantu” b’Abanyamisiri be n’abandi, ari bo barokotse urwo rubanza rw’Imana bongera barava mu Misiri.​—Kuv. 12:38.

Nk’uko ubwo burorero buvyerekanye, Yehova yama yitwararika ko abantu baronka umwanya uhagije wo kwumva imburi atanga. (Gus. 32:4) Kubera iki none Imana yabigenza gutyo? Intumwa Petero yasiguye ko Yehova “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo [ko] ashaka ko bose bashika ku kwigaya.” (2 Pet. 3:9) Egome, Imana yabitumwa n’ukwitwararika abantu. Yashaka ko bigaya maze bakagira ivyo bahinduye urubanza rutarabashikako.​—Yes. 48:17, 18; Rom. 2:4.

KWUMVIRA IMBURI Y’IMANA MURI IKI GIHE

No muri iki gihe, abantu bose bategerezwa kwumvira imburi yihuta iriko iratangazwa kw’isi yose. Igihe Yezu yari kw’isi, yaramenyesheje ko iyi si yosanganguwe mu gihe c’“amakuba akomeye.” (Mat. 24:21) Ku bijanye n’urubanza rwo muri kazoza, yaravuze ubuhanuzi bwerekana neza ivyo abayoboke biwe bobonye be n’ivyobashikiye uko ico gihe cogiye kiregereza. Gutyo rero, Yezu yari amenyesheje ibintu bihambaye twibonera biriko biraba hirya no hino kw’isi.​—Mat. 24:3-12; Luka 21:10-13.

Mu buryo buhuye n’ubwo buhanuzi, Yehova ariko arahimiriza abantu bose ngo bayobokere ubutegetsi bwiwe buranga urukundo. Yipfuza ko abantu bagamburuka bagira ubuzima bwiza ubu, bakazokwinovora n’imihezagiro yo mw’isi nshasha igororotse. (2 Pet. 3:13) Kugira Yehova afashe abantu kwizera ivyo yasezeranye, yaratanze ubutumwa burokora ubuzima. Ubwo na bwo ni “inkuru nziza y’ubwami,” iyo Yezu yavuze ko “[yokwamamajwe] mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Imana yaratunganije abasavyi bayo b’ukuri kugira bashinge “intahe,” ni ukuvuga bamamaze ubutumwa bwayo, mu bihugu nka 240. Yehova yipfuza ko abantu benshi bashoboka bumvira iyo mburi, gutyo bakazorokoka “ikirura” kigiye kuza kijanye n’urubanza rwiwe rugororotse.​—Zef. 1:14, 15; 2:2, 3.

Ikibazo gihambaye rero, si ukumenya nimba Yehova aha abantu umwanya uhagije kugira bumvire imburi atanga. Ibimenyamenya birerekana ko yama abaha umwanya ukwiye. Ahubwo ikibazo nyamukuru ni iki: Abantu boba bazokwumvira imburi Imana itanga umwanya utarabajana? Ese rero twebwe dutangaza ubutumwa bw’Imana twobandanya gufasha abantu benshi bashoboka, ngo bazorokoke iherezo ry’iyi si mbi.