Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 43

Niwihebere Yehova wenyene gusa

Niwihebere Yehova wenyene gusa

“Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa.”​—NAH. 1:2.

URURIRIMBO RWA 51 Twariyeguriye Imana!

INCAMAKE *

1. Kubera iki bibereye ko twihebera Yehova wenyene gusa?

BIRABEREYE ko twihebera Yehova wenyene gusa, kuko ari we Muremyi wacu akaba yaraduhaye n’ubuzima. (Ivyah. 4:11) Yamara rero, turahura n’intambamyi. Naho dukunda Yehova kandi tukamwubaha, twoshobora gutwarwa n’ibintu bitubuza kumwihebera wenyene gusa nk’uko abikwiriye. Turakeneye kumenya ukuntu ivyo bishobora gushika. Ariko rero, nimuze tubanze turimbure ico bisobanura kwihebera Yehova wenyene gusa.

2. Twisunze Kuvayo 20:5, dukora iki nimba twihebeye Yehova wenyene?

2 Muri Bibiliya, kwihebera Imana bisobanura kuyikunda bimwe bigera kure. Iyo twihebeye Yehova wenyene, ni we gusa dusenga. Ntitureka ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe gitwara ikibanza afise mu mutima wacu.​—Soma Kuvayo 20:5.

3. Kubera iki dufise imvo zumvikana zo kwihebera Yehova?

3 Turafise imvo zumvikana zituma twihebera Yehova, na zo zikaba zishingiye ku vyo twamenye ku bimwerekeye. Twarakozwe ku mutima cane na kamere ziwe nziza igitangaza. Turazi ivyo akunda be n’ivyo yanka, kandi natwe twipfuza kumwigana. Turatahura umugambi afitiye abantu kandi tukabaho tuwisunga. Tubona ko ari agateka kadasanzwe kuba atugira abagenzi biwe. (Zab. 25:14) Ikintu cose tumenya ku bijanye n’Umuremyi wacu, kiratuma turushiriza kumwiyegereza.​—Yak. 4:8.

4. (a) Shetani akoresha iki kugira atume tudakunda Yehova wenyene? (b) Muri iki kiganiro turimbura iki?

4 Shetani ni we mutware w’iyi si, kandi arayikoresha mu kudukwegakwega afatiye ku vyo dukenera mu buzima be no ku bugoyagoye bw’umubiri wacu. (Ef. 2:1-3; 1 Yoh. 5:19) Yipfuza ko dukunda ibindi bintu, ku buryo urwo dukunda Yehova wenyene rugabanuka. Nimuze turimbure uburyo bubiri yoshobora gukoresha akaroranirwa ku rugero kanaka. Ubwa mbere, aratwosha kwiruka inyuma y’amaronko, ubwa kabiri na ho akatwosha kwisamaza mu buryo butabereye.

NIWIRINDE GUKUNDA AMAHERA

5. Kubera iki dukwiye kwirinda agatima ko gukunda amahera?

5 Mu bisanzwe, twese turipfuza kuronka ibifungurwa bihagije, impuzu zibereye be n’uburaro bwiza. Yamara rero, dutegerezwa kwirinda agatima ko gukunda amahera. Abantu benshi bo muri iyi si ya Shetani ‘barakunda amahera’ be n’ibintu bashobora kuyagura. (2 Tim. 3:2) Yezu yari azi ko vyoshitse abayoboke biwe bakoshwa kugira ako gatima. Ni co gituma yavuze ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” (Mat. 6:24) Igihe umuntu asenga Yehova mugabo kandi agakoresha umwanya munini n’utwigoro twinshi arondera amaronko yo muri iyi si, ni nk’aho aba ariko aragerageza gushumbira ba shebuja babiri. Ntaba ariko arihebera Yehova wenyene gusa.

Ingene Abanyalawodiseya bamwebamwe bibona . . . n’ingene Yehova na Yezu bababona (Raba ingingo ya 6)

6. Twigira iki ku vyo Yezu yabwiye abo mw’ishengero ry’i Lawodiseya?

6 Nko mu mpera z’ikinjana ca mbere, abakirisu bo mw’ishengero ry’i Lawodiseya barihayagije ngo ni ‘abatunzi, ngo barironkeye ubutunzi kandi ngo nta co bakenye.’ Mugabo Yehova na Yezu bobo babona ko bari ‘abagorwa, bateye ikigongwe, aboro, impumyi be n’uko bari gusa.’ Yezu yarabahanuye, atari kubera ko bari batunze, ahubwo kubera ko agatima bari bafise ko gukunda amaronko kariko karonona ubucuti bari bafitaniye na Yehova. (Ivyah. 3:14-17) Nimba dusanze mu mutima wacu hariko haratsimbatara agatima nk’ako, dutegerezwa guca tugira ico dukoze kugira tukikuremwo. (1 Tim. 6:7, 8) Ahandiho, umutima wacu uzokwigabura maze Yehova ntabe acemera ugusenga kwacu. Ni Imana “isaba kwiheberwa yonyene gusa.” (Gus. 4:24) Vyogenda gute none ngo dutakaze uburimbane mu bijanye n’ukuntu tubona amahera?

7-9. Ivyashikiye umukurambere yitwa David bikwigisha iki?

7 Rimbura akarorero k’uwitwa David, umukurambere akunda ibikorwa wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ubwiwe arivugira ko yari yarihebeye akazi. Mw’ishirahamwe yakoreramwo baramudugije igiti, mbere arashirwa no mu gitigiri c’abakozi b’intangakarorero mu gihugu cose. Yavuze ati: “Ico gihe, nabona ko utwo turusho ari ikimenyamenya c’uko Yehova yariko arampezagira.” None vyari vyo?

8 David yaratanguye kubona ibimenyetso vyerekana ko ako kazi kariko karatosekaza ubucuti afitaniye na Yehova. Avuga ati: “Haba ku makoraniro canke mbere mu ndimiro nasanga ndiko niyumvira ingorane zo ku kazi. Naho nahembwa amahera menshi, naguma ndushiriza kugira imyitwarariko, umubano wacu na wo ukahabonera.”

9 David yaciye abona ko akeneye gusubira gusuzuma ivyo ashira imbere mu buzima. Avuga ati: “Narafashe ingingo ruhasha yo gukosora ibintu.” David yarahinduye urutonde rw’akazi, aca arushikiriza umukoresha wiwe. None vyavuyemwo iki? Baciye bamwirukana. Yaciye abigenza gute none? Yavuze ati: “Bukeye, naciye nsaba ubutsimvyi bwo gufasha bubandanya.” Kugira David n’umukenyezi wiwe baronke ikibabeshaho, baciye batangura gukora akazi k’isuku mu nyubakwa z’abantu. Haciye igihe gito, David yarabaye umutsimvyi asanzwe, mu nyuma umugore wiwe na we arakurikira. Bahisemwo gukora akazi benshi babona ko gasuzuguritse, kuko igihambaye kuri bo atari ubwoko bw’akazi bokora. Naho amahera bahembwa angana n’ic’icumi c’ayo bahoze baronka, buri kwezi arabaronsa ivya nkenerwa vyose. Bipfuza gushira Yehova mu kibanza ca mbere, kandi bariboneye ko yitwararika abashira imbere ivyungura Ubwami bwiwe.​—Mat. 6:31-33.

10. Twozigama gute umutima wacu?

10 Twaba dukenye canke dutunze, turakwiye kuzigama umutima wacu. Uti gute? Niwirinde gukunda amaronko. Vyongeye, ntureke ngo akazi k’umubiri kaje imbere y’igikorwa urangurira Yehova. None wosuzuma gute nimba ivyo biriko biragushikira? Wokwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Igihe ndi ku makoraniro canke mu ndimiro, noba nkunda kwiyumvira ivy’akazi? Noba nama ndazwa ishinga no kuziganiriza kazoza? Amahera canke ibintu vy’umubiri vyoba biriko biratuma ngiranira ingorane n’uwo twubakanye? Noba nokwemera gukora akazi abandi basuzugura mugabo kondonsa umwanya munini wo gukorera Yehova?’ (1 Tim. 6:9-12) Igihe twibaza ivyo bibazo, nimuze twame twibuka ko Yehova adukunda be n’uko asezeranira abamwihebera ati: “Sinzogenda ngutaye, eka sinzogenda nguhevye.” Ni co catumye intumwa Paulo avuga ati: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera.”​—Heb. 13:5, 6.

NUHITEMWO NEZA UBURYO WISAMAZA

11. Ingene umuntu yisamaza bishobora kumugirako ingaruka iyihe?

11 Yehova yipfuza ko twinovora ubuzima, kandi kwisamaza birashobora gutuma tubishikako. Nkako, Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.” (Umus. 2:24) Yamara rero, uburyo bwinshi bwo kwisamaza muri iyi si burashobora kutugirako ingaruka mbi. Buratuma abantu batakaza inyifato runtu, bukabaremesha kwirengagiza canke mbere gukunda ivyo Ijambo ry’Imana ryiyamiriza.

Ni nde agutegurira ivyo ukoresha mu kwisamaza? (Raba ingingo ya 11-14) *

12. Twisunze 1 Abakorinto 10:21, 22, kubera iki dukwiye guhitamwo neza ukuntu twisamaza?

12 Kubera ko twipfuza kwihebera Yehova wenyene, ntidushobora kurira ku “meza ya Yehova” no “ku meza y’amadayimoni.” (Soma 1 Abakorinto 10:21, 22.) Gusangira ibifungurwa n’umuntu, akenshi vyerekana ko muri abagenzi. Hamwe rero twokwisamaza mu bintu birimwo ubukazi, ubupfumu, ubuhumbu, canke izindi ngeso be n’ivyipfuzo vy’umubiri, ni nk’aho twoba turiko turihereza ku bifungurwa vyateguwe n’abansi b’Imana. Uretse ko ivyo bitugirira nabi, biratosekaza n’ubucuti dufitaniye na Yehova.

13-14. Twisunze Yakobo 1:14, 15, kubera iki dukwiye kuba maso ku kuntu twisamaza? Tanga akarorero.

13 Raba ingene ukwisamaza gushobora kugereranywa n’ibifungurwa mu mice imwimwe. Mu gufungura, ntidupfa ivyo dutamiye. Mugabo tumaze kubimira, ntidushobora guhindura ico bikora mu mubiri wacu. Dufunguye ibifungurwa vyiza turagira amagara meza, dufunguye bibi na ho tukamererwa nabi. Ingaruka zirashobora kudaca zibonekeza ubwo nyene, ariko zikibonekeza mu nyuma.

14 Ni na ko biri mu bijanye no kwisamaza. Turashobora guhitamwo ivyo twinjiza mu muzirikanyi wacu. Bitugezemwo, biragira ico bikoze ku kuntu twiyumvira no ku kuntu tubona ibintu. Ukwisamaza kwiza kurashobora gutuma tumererwa neza, ukwisamaza kutabereye na kwo kukatwonona. (Soma Yakobo 1:14, 15.) Naho ingaruka zo kwisamaza nabi zitoshoka zibonekeza, amaherezo zirigaragaza. Ni co gituma Bibiliya itugabisha iti: “Ntimuzimire: Imana ntihemwa. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura; kuko uwubiba ku bw’umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe.” (Gal. 6:7, 8.) Birahambaye rero ko twirinda ukwisamaza kwose kuremesha ibintu Yehova yanka.​—Zab. 97:10.

15. Yehova yaturonkeje ingabirano iyihe?

15 Abasavyi ba Yehova benshi barahimbarwa no kuraba ya Televiziyo yacu ya JW yerekana ibiganiro vyiza cane. Mushiki wacu yitwa Marilyn yavuze ati: “Televiziyo ya JW yaramfashije kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza, kandi ntibiba ngombwa ko ndobanura ivyo ndaba. Iyo ngize irungu canke nkumva ncitse intege, nca ndondera ikiganiro kiremesha noraba canke porogarama y’ugusenga kwo mu gitondo. Ivyo biratuma numva ndushirije kwiyegereza Yehova n’ishirahamwe ryiwe. Iyo Televiziyo ya JW yarahinduye cane ubuzima bwanje.” Woba nawe uriko urungukira ku ngabirano Yehova aturonsa? Uretse ca kiganiro ca buri kwezi, Televiziyo ya JW iriko n’ibindi biganiro vyo kuraba no kwumviriza be n’indirimbo ziryoshe, ivyo ushobora kwinovora umwanya uwo ari wo wose.

16-17. Kubera iki dutegerezwa gucungera umwanya tumara twisamaza, kandi twobigira gute?

16 Uretse ko dutegerezwa kuba maso ku buryo twisamazamwo, turakwiye no kuba maso ku mwanya tumara twisamaza. Ahandiho, twohava tumara umwanya munini mu kwisamaza aho kuwumara mu bikorwa vya Yehova. Benshi birabagora gucungera umwanya bamara mu kwisamaza. Nk’akarorero, mushiki wacu w’imyaka 18 yitwa Abigail avuga ati: “Iyo ntashe narushe, kuraba televiziyo biranduhurira. Ariko ntabaye maso, ndamara amasaha n’ayandi ndayiraba.” Umuvukanyi akiri muto yitwa Samuel na we avuga ati: “Hari igihe nsanga naravye utuvidewo twinshi cane kuri internet. Ntangura kuraba kamwe gusa, hanyuma ngasanga namaze amasaha atatu canke ane ntabiciye n’ikanda.”

17 Ushobora gute gucungera umwanya umara wisamaza? Ico woherako ni ukumenya umwanya ukoresha. Ubona gute ufashe indwi imwe ukisuzuma? Ku kirangamisi cawe, niwandike umwanya umara uraba televiziyo, uwo umara urondera ibintu kuri internet, n’uwo umara ukina udukino ku kuma kawe ngendanwa. Usanze umwanya ukoresha urenze, nuce ugerageza kugira urutonde. Nubanze ushinge umwanya w’ibihambaye kuruta, uwusigaye abe ari wo ukoresha mu kwisamaza. Ubukurikira, nusabe Yehova agufashe kwumira kuri urwo rutonde. Gutyo uzoronka umwanya n’inguvu ukeneye mu kwiyigisha, kugira ugusenga kwo mu muryango, kwitaba amakoraniro n’uwo kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha. Ivyo vyoshobora no gutuma utiyagiriza ku mwanya umara mu vyo kwisamaza.

NUGUME WIHEBERA YEHOVA WENYENE GUSA

18-19. Twokwerekana gute ko twihebeye Yehova wenyene gusa?

18 Intumwa Petero amaze kuvuga ibijanye n’iherezo ry’iyi si ya Shetani be n’ivyerekeye isi nshasha igiye kuza, yaciye avuga ati: “Bakundwa, ko murorereye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagirako agatosi, mutagirako ikirabagu, muri mu mahoro.” (2 Pet. 3:14) Iyo dukurikije iyo mpanuro kandi tugakora uko dushoboye kwose kugira tugume dutyoroye mu nyifato runtu no mu vy’impwemu, tuba twerekanye ko twihebeye Yehova wenyene gusa.

19 Shetani be n’isi yiwe bazobandanya kutwosha ngo dushire imbere ibindi bintu aho gushira imbere Yehova. (Luka 4:13) Ariko naho twoshikirwa n’iki, nimuze ntihagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe turutisha Yehova. Twiyemeje kwihebera Yehova wenyene gusa, kuko ari we abibereye!

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

^ ing. 5 Twariyemeje gukorera Yehova. Ariko none, twoba tumwihebera wenyene gusa? Inyishu y’ico kibazo ibonekera mu ngingo dufata. Nimuze twihweze imice ibiri yo mu buzima yodufasha gusuzuma urugero dushikanako mu kwihebera Yehova.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Ntitwokwipfuza kurya ibifungurwa vyateguriwe mu gikoni canduye. Kubera iki none twokwisamaza mu buryo bwanduye, ni ukuvuga burimwo ubukazi, ubupfumu canke ubuhumbu?