Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 41

Uraguma uri intahemuka muri ya “makuba akomeye”

Uraguma uri intahemuka muri ya “makuba akomeye”

“Nimukunde Yehova, mwese intahemuka ziwe! Abizigirwa ni bo Yehova azigama.”​—ZAB. 31:23.

URURIRIMBO RWA 129 Tugume twihangana

INCAMAKE *

1-2. (a) Vuba amahanga azotangaza iki? (b) Ni ibibazo ibihe dukeneye kuronkera inyishu?

DUFATE ko amahanga ahejeje gushikiriza rya tangazo ry’“amahoro n’umutekano” bari bamaze igihe kinini barindiriye. Boshobora kwigamba ko ata gihe na kimwe isi yari bwigere itekana ukuraho. Ayo mahanga azorondera kutwumvisha ko yifatiye ibintu mu minwe. Ariko rero ntazoshobora guhagarika ibizoca bikurikira. Uti kubera iki? Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga yuko “agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene . . . kandi [ko bata]zogenda barusimvye.”​—1 Tes. 5:3.

2 Ariko rero turakeneye inyishu z’ibi bibazo bihambaye: Ni ibiki bizoba mu kiringo ca ya “makuba akomeye”? Yehova yiteze ko tuzokora iki muri ico gihe? Vyongeye twokwitegura gute ubu kugira tuzogume turi intahemuka muri ayo makuba akomeye?​—Mat. 24:21.

HAZOBA IKI MURI YA “MAKUBA AKOMEYE”?

3. Twisunze Ivyahishuwe 17:5, 15-18, Imana izosangangura gute “Babiloni Akomeye”?

3 Soma Ivyahishuwe 17:5, 15-18. “Babiloni Akomeye” azosangangurwa ata kabuza. Nk’uko twabivuze, abategetsi b’isi ntibazoshobora kubihagarika. Uti kubera iki? Kuko “Imana [izoshira] mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo.” None ico ciyumviro ni ikihe? Ni ico gukuraho ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, ushizemwo amadini y’abiyita abakirisu. Imana izoshira iciyumviro cayo mu mitima ya ya “mahembe cumi” ya ca “gikoko c’ibara ry’agahama.” Ayo mahembe cumi agereranya intwaro zose zishigikira ico “gikoko,” ari co ONU. (Ivyah. 17:3, 11-13; 18:8) Izo ntwaro be na ONU nivyahindukirira idini ry’ikinyoma, amakuba akomeye azoba atanguye. Ico kintu vy’ukuri kizoba giteye ubwoba kw’isi yose.

4. (a) Ni imvo izihe amahanga yoshobora kuzotanga mu gusigura igituma azoba yateye idini ry’ikinyoma? (b) Abahoze ari abanywanyi b’ ayo madini bashobora kuzokora iki?

4 Ntituzi imvo amahanga yoshobora kuzotanga mu gusigura igituma azoba yateye Babiloni Akomeye. Boshobora kuzovuga ko amadini abera intambamyi amahoro canke ko aguma yivanga muri politike. Canke na ho boshobora kuzovuga ko amadini yikwegeyeko itunga ryinshi cane n’amatongo umuyoro. (Ivyah. 18:3, 7) Ariko rero nta woca ashika ku ciyumviro c’uko ico gitero kizohitana abanywanyi bose b’ayo madini. Ahubwo biboneka ko amahanga azokuraho amadini. Ayo madini niyamara kuvaho, abahoze ari abanywanyi bayo bazoca batahura ko indongozi zayo zabahenze, ibishobora kuzotuma baca bagerageza kwitandukanya na yo.

5. Yehova yasezeranye iki ku bijanye n’amakuba akomeye, kandi kubera iki?

5 Naho Bibiliya itavuga ikiringo isangangurwa rya Babiloni Akomeye rizomara, turazi ko ritazofata igihe kirekire. (Ivyah. 18:10, 21) Yehova yasezeranye ko ‘azogerura imisi’ y’amakuba akomeye kugira ngo arokore ‘abo yatoye’ be n’idini ry’ukuri. (Mrk. 13:19, 20) None Yehova yiteze ko tuzokora iki kuva kuri ya makuba akomeye gushika ku ntambara ya Harumagedoni?

NUGUME USHIGIKIRA UGUSENGA KW’UKURI

6. Uretse ukuvavanura n’idini ry’ikinyoma, ni ikindi kintu ikihe dutegerezwa gukora?

6 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yehova yiteze ko abasavyi biwe bitandukanya na Babiloni Akomeye. Ariko rero, kuvavanura n’idini ry’ikinyoma vyonyene ntibihagije. Dutegerezwa gushigikira idini ry’ukuri, mu gukorera Yehova. Rimbura uburyo bubiri twobigira.

Ntitukigere tureka gukoranira hamwe, mbere no mu bihe bigoye (Raba ingingo ya 7) *

7. (a) Twokwerekana gute ko tuguma dukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse zigenga inyifato runtu? (b) Kubera iki mu Baheburayo 10:24, 25 havuga ko dutegerezwa gukoranira hamwe, na canecane muri iki gihe?

7 Ubwa mbere, dutegerezwa kuguma dukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse zigenga inyifato runtu. Ntidukwiye kwisunga ingingo ngenderwako z’iyi si yataye ubuntu. Nk’akarorero, turiyamiriza ubushegabo ubwo ari bwo bwose, ushizemwo ukwubakana kw’abasangiye igitsina be n’izindi ngeso bijanye. (Mat. 19:4, 5; Rom. 1:26, 27) Ubwa kabiri, dutegerezwa kubandanya gusenga Yehova twifatanije n’abavukanyi bacu. Turikoraniriza aho bishoboka hose, haba mu Ngoro z’Ubwami, mu nzu z’abavukanyi canke mbere mu kinyegero. Naho vyogenda gute, ntituzokwigera tureka gukoranira hamwe kugira ngo dusenge Yehova. Nkako, turakwiye kurushiriza gukoranira hamwe ‘uko tubona wa musi wegereza.’​—Soma Abaheburayo 10:24, 25.

8. Ubutumwa twamamaza bushobora kuzohinduka gute muri kazoza?

8 Muri ya makuba akomeye, biboneka ko ubutumwa dutangaza buzohinduka. Ubu twamamaza inkuru nziza y’Ubwami, tukihatira no guhindura abantu abigishwa. Ico gihe hoho, biboneka ko tuzotangaza ubutumwa buremereye nk’iminana y’urubura. (Ivyah. 16:21) Dushobora kuzotangaza ko hasigaye akanya gato ngo isi ya Shetani ikurweho burundu. Mu gihe kiri imbere, tuzomenya neza ubwo butumwa tuzotangaza ubwo ari bwo n’ingene tuzobutangaza. Twoba tuzobutangaza dukoresheje uburyo butandukanye tumaze imyaka irenga ijana dukoresha mu kwamamaza? Canke tuzokoresha ubundi buryo? Nta vyo tuzi. Uko tuzobigenza kwose, biboneka ko tuzoterwa iteka ryo gutangaza ubutumwa bw’urubanza rwa Yehova ata gutinya.​—Ezk. 2:3-5.

9. Amahanga ashobora gute kuzokwakira ubutumwa tuzotangaza, ariko ni igiki tuzi tudakeka?

9 Birashoboka cane ko ubwo butumwa buzotuma amahanga aca agerageza kutunumya burundu. Ariko rero ico gihe tuzokwiheka kuri Yehova, nk’uko dusanzwe tubigira mu gikorwa turangura muri iki gihe. Ico tuzi tudakeka ni uko azoturonsa inkomezi zo gukora ivyo agomba.​—Mika 3:8.

NUGUME WITEGURIYE IGITERO KIZOBA KU BASAVYI B’IMANA

10. Twisunze Luka 21:25-28, abantu benshi bazovyifatamwo gute nibabona ibizoba biriko biraba mu gihe ca ya makuba akomeye?

10 Soma Luka 21:25-28. Mu gihe ca ya makuba akomeye, abantu bazokwumirwa nibabona ibintu vyo kw’isi bahora bibaza ko ata cobikoma, bitanguye gusenyuka. Nibinjira muri ico kiringo c’umwiza kitari bwigere kibaho muri kahise k’abantu, bazogira “umubabaro mwinshi” kubera gutinya ko ubuzima bwabo buhasigara. (Zef. 1:14, 15) Ico gihe, ubuzima burashobora kuzorushiriza kugora mbere no ku basavyi ba Yehova. Turashobora kuzoshikirwa n’ingorane zimwezimwe kubera ko tuguma twitandukanije n’isi. Turashobora no kuzobura ibintu bimwebimwe vya nkenerwa.

11. (a) Kubera iki amahanga azohindukirira Ivyabona vya Yehova? (b) Kubera iki tudakwiye gutinya amakuba akomeye?

11 Ico gihe, abo mu madini azoba yarakuweho barashobora kuzoshavuzwa n’uko Ivyabona vya Yehova bobo baguma basenga ata nkomanzi. Turashobora kwiha ishusho y’ukuntu ivyo bizoteza uruhagarara, ushizemwo no ku mbuga ngurukanabumenyi. Amahanga be n’umutware wayo Shetani, bazotwanka baduhora ko tugize idini rimwe gusa rizoba ryarusimvye. Umugambi wabo wo kuzimanganya amadini yose kw’isi uzoba warananiwe. Ivyo rero bizotuma baduhindukirira. Ico gihe, amahanga azoca arangura uruhara rwa Gogi w’i Magogi. * Azogira urunani kugira agabe igitero sindamusiga ku basavyi ba Yehova. (Ezk. 38:2, 14-16) Twoshobora guhagarika umutima twiyumvira ibizoshika narirya tutazi ido n’ido ry’ingene ibintu bizogenda. Ariko ico tuzi coco, ni uko tudakwiye kuzosha coba mu gihe c’ayo makuba akomeye. Yehova azoduha ubuyobozi buzotuma turokoka. (Zab. 34:19) ‘Tuzohagarara tugororotse, turaramike imitwe’ kuko tuzoba tuzi yuko “ukurokoka [kwacu] kuzoba kuriko kuregereza.” *

12. Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” amaze igihe adufasha gute kwitegurira ibiraririye gushika?

12 Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” aramaze igihe adutegura, kugira ngo tuzogume turi intahemuka muri ya makuba akomeye. (Mat. 24:45) Ivyo yabikoze mu buryo bwinshi. Ariko raba akarorero kamwe gusa: Amahwaniro yaremesha yabaye kuva mu 2016-2018. Muri ayo mahwaniro twararemeshejwe gukomeza kamere dukeneye, uko wa musi wa Yehova uguma wegereza. Nimuze twihweze muri make izo kamere.

NURUSHIRIZE KUBA INTAHEMUKA, KWIHANGANA, NO KUGIRA UMUTIMA RUGABO

Nube uritegurira kuzorokoka ya “makuba akomeye” (Raba ingingo ya 13-16) *

13. Twokora iki kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova, kandi kubera iki dutegerezwa kubigira ubu?

13 Ukudahemuka: Ihwaniro ryo mu 2016 ryari rifise umutwe uvuga ngo “Nugume uri intahemuka kuri Yehova!” Iryo hwaniro ryaratweretse ko ikizodufasha kudahemukira Yehova, ari ukugiranira na we ubucuti bukomeye. Twaribukijwe ko dushobora kwiyegereza Yehova mu kumutura amasengesho avuye ku mutima no mu kwiga Ijambo ryiwe tubigiranye ubwira. Ivyo biraturonsa inkomezi zo gutsinda ibigeragezo, naho vyoba bikomeye ukungana iki. Uko isi ya Shetani yegereza iherezo ryayo, turitega ko ibigerageza ukudahemukira Imana kwacu be n’Ubwami bwayo bizorushiriza kwongerekana. Abantu barashobora kuzobandanya badushinyagurira. (2 Pet. 3:3, 4) Ivyo ahanini bishobora kuzotumwa n’uko tuguma ata ho duhengamiye. Dutegerezwa rero kwihatira kuba intahemuka ubu kugira bizodufashe kuguma turi intahemuka muri ya makuba akomeye.

14. (a) Ni ihinduka irihe rizoba ku bijanye n’abavukanyi bayobora igikorwa kw’isi? (b) Kubera iki ico gihe bizokenerwa ko tuba intahemuka?

14 Mu gihe ca ya makuba akomeye, hazoba ihinduka ku bijanye n’abavukanyi bayobora igikorwa kw’isi. Hazogera igihe abarobanuwe bose bakiri kw’isi bajanwa mw’ijuru, kugira ngo bagire uruhara mu ntambara ya Harumagedoni. (Mat. 24:31; Ivyah. 2:26, 27) Ivyo bisobanura ko Inama Nyobozi itazoba ikiriho kw’isi. Naho ari ukwo, abagize isinzi rinini bazoguma batunganijwe neza. Abavukanyi bo mu zindi ntama bakwije ibisabwa, ni bo bazoyobora igikorwa. Tuzokwerekana ko turi intahemuka kuri Yehova mu gushigikira abo bavukanyi no mu gukurikiza ubuyobozi bazoduha buvuye ku Mana. Ukurokoka kwacu guhagaze ku kuzobukurikiza!

15. Ni igiki codufasha kurushiriza kwihangana, kandi ni kubera iki bihambaye ko tubigira ubu?

15 Ukwihangana: Ihwaniro ryo mu 2017 ryari rifise umutwe uvuga ngo “Nugume wihangana.” Iryo hwaniro ryaradukomeje kugira ngo turushirize kwihanganira ingorane. Ryaratwibukije ko ukwihangana kwacu kutavana n’ukwitega ko ivyacu bizogenda neza. Ahubwo kwiheka kuri Yehova ni vyo bituma turushiriza kwihangana. (Rom. 12:12) Ese tutokwigera twibagira ivyo Yezu yavuze, ati: “Uwihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.” (Mat. 24:13) Ivyo bisobanura ko dutegerezwa kuguma turi abizigirwa naho twoshikirwa n’ingorane zimeze gute. Kwihanganira ingorane iyo ari yo yose idushikira ubu, bituma turushiriza gukomeza ukwizera kwacu imbere y’uko ya makuba akomeye atangura.

16. Ni igiki gituma tugira umutima rugabo, kandi tworushiriza gute gukomeza umutima rugabo wacu ubu?

16 Umutima rugabo: Ihwaniro ryo mu 2018 ryari rifise umutwe uvuga ngo “Nugire umutima rugabo.” Iryo hwaniro ryaratwibukije ko ububangukirwe dufise atari bwo butuma tugira umutima rugabo. Cokimwe n’ukwihangana, umutima rugabo nyakuri uva ku kwiheka kuri Yehova. None tworushiriza gute kwiheka kuri Yehova? Twobigira mu gusoma Ijambo ryiwe buri musi no mu kuzirikana ku kuntu yarokoye abasavyi biwe muri kahise. (Zab. 68:20; 2 Pet. 2:9) Amahanga niyatugabako igitero muri ya makuba akomeye, tuzokenera kugira umutima rugabo no kwizigira Yehova kuruta ikindi gihe cose. (Zab. 112:7, 8; Heb. 13:6) Nitwiheka kuri Yehova muri iki gihe, bizotuma tugira umutima rugabo wo guhangana n’igitero ca Gogi. *

NIWITEGANE UMUSHASHARO UKUROKOKA KWAWE

Vuba, Yezu n’ingabo ziwe zo mw’ijuru bagiye kwurira amafarasi kugira baze gutikiza abansi b’Imana kuri ya ntambara ya Harumagedoni. (Raba ingingo ya 17)

17. Kubera iki tudakwiye gutinya Harumagedoni? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

17 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, abenshi muri twebwe tumaze ubuzima bwacu bwose turi mu misi ya nyuma. Ariko kandi, turizigiye kurokoka ya makuba akomeye. Intambara ya Harumagedoni ni yo izosozera ivy’iyi si. Ariko ntidukwiye gutinya. Kubera iki? Kuko iyo ntambara ari iy’Imana. (Imig. 1:33; Ezk. 38:18-20; Zek. 14:3) Yehova niyatanga itegeko, Yezu Kristu azoca agomora ingabo. Muri iyo ntambara, azoba ari kumwe n’abarobanuwe be n’amasinzi y’abamarayika. Bazorwanya Shetani, amadayimoni yiwe be n’ingabo zabo zo kw’isi.​—Dan. 12:1; Ivyah. 6:2; 17:14.

18. (a) Yehova adukura amazinda ku biki? (b) Mu Vyahishuwe 7:9, 13-17 hadusubiriza umutima mu nda gute ku bijanye na kazoza?

18 Yehova adukura amazinda ati: “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa.” (Yes. 54:17) Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bagize rya “sinzi rinini” bazorengana “ya makuba akomeye” badora! Bazoca babandanya rero kumukorera igikorwa ceranda. (Soma Ivyahishuwe 7:9, 13-17.) Ese ukuntu Bibiliya idusubiriza umutima mu nda ku bijanye na kazoza. Turazi ko ‘Yehova azigama abizigirwa.’ (Zab. 31:23) Abakunda Yehova bose kandi bamushemeza, bazohimbarwa no kubona akura iceyi kw’izina ryiwe ryeranda.​—Ezk. 38:23.

19. Ni icizigiro ciza igitangaza ikihe twiteze ko kizoranguka vuba?

19 Iyumvire ingene 2 Timoteyo 3:2-5 hovuga mu kudondora abantu bo mw’isi nshasha itakirangwamwo akosho ka Shetani. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Ingene abantu bazoba bameze ico gihe.”) Umuvukanyi George Gangas * yahoze ari mu bagize Inama Nyobozi, yabivuze muri aya majambo ati: “Ntiworaba ingene isi izoba ari akaroruhore igihe abantu bose bazoba ari nk’abonse rimwe! Vuba uzoterwa agateka ko kuba mw’isi nshasha. Uzokwamaho nka Yehova. Tuzokwiberaho ibihe bidahera.” Mbega icizigiro ciza igitangaza!

URURIRIMBO RWA 122 Dushikame, ntitunyiganyige!

^ ing. 5 Turazi ko vuba umuryango w’abantu uzohura n’“amakuba akomeye.” None bizogendera gute abasavyi ba Yehova? Yehova yiteze ko ico gihe tuzokora iki? Ni kamere izihe dukeneye gutsimbataza ubu kugira zizodufashe kuguma turi intahemuka? Turaza kubibona muri iki kiganiro.

^ ing. 11 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Imvugo Gogi w’i Magogi (be n’impfunyapfunyo yayo, Gogi) yerekeza ku runani rw’amahanga azogaba igitero ku basavyi ba Yehova mu mpera za ya makuba akomeye.

^ ing. 11 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ibintu vyose bizoba imbere y’uko Harumagedoni ishika, raba ikigabane ca 21 mu gitabu Ubwami bw’Imana buraganza! Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’igitero ca Gogi w’i Magogi n’ingene Yehova azorwanira abasavyi biwe kuri Harumagedoni, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2015, urupapuro rwa 14-19.

^ ing. 16 Ihwaniro ryo mu 2019, irifise umutwe uvuga ngo “Urukundo ntirwigera runanirwa,” riradukura amazinda ko tuzoguma dutekaniwe kuko Yehova adukingira abigiranye urukundo.​—1 Kor. 13:8.

^ ing. 19 Raba ikiganiro kivuga ngo ‘Ibikorwa vyiwe bijana na we,’ mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Kigarama 1994.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mu gihe ca ya makuba akomeye, umurwi mutoyi w’abavukanyi bahuriye mw’ishamba babigiranye umutima rugabo, kugira ngo bagire ikoraniro.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bagize isinzi rinini bazorengana ya makuba akomeye badora kandi bahimbawe.