Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 42

Yehova azotuma ucika iki?

Yehova azotuma ucika iki?

‘Imana ikorera muri mwebwe kugira ngo itume mugira ugushaka n’ububasha kugira mukore.’​—FLP. 2:13.

URURIRIMBO RWA 104 Imana iraduha impwemu nyeranda

INCAMAKE *

1. Yehova ashobora kubigenza gute kugira arangure umugambi wiwe?

YEHOVA arashobora gucika ico ashaka cose kugira arangure umugambi wiwe. Nk’akarorero, Yehova yaracitse Umwigisha, Umuhoza n’Uwumenyesha inkuru nziza, ivyo bikaba ari bikeya gusa mu vyo yacitse. (Yes. 48:17; 2 Kor. 7:6; Gal. 3:8) Ariko rero, akenshi arakoresha abantu kugira arangure umugambi wiwe. (Mat. 24:14; 28:19, 20; 2 Kor. 1:3, 4) Yehova arashobora no guha uwo ari we wese muri twebwe ubukerebutsi n’inkomezi bikenewe kugira ducike ico ashaka cose ngo umugambi wiwe uranguke. Ivyo nyene ni vyo ahanini bigize insobanuro y’izina Yehova, nk’uko bivugwa n’abahinga batari bake.

2. (a) Kubera iki vyoshika tukiyumvira ko Yehova atariko aradukoresha? (b) Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

2 Twese turipfuza gukoreshwa na Yehova. Mugabo hari abokwiyumvira ko Yehova atariko arabakoresha. Uti kubera iki? Kubera babona ko imyaka bafise, imibereho barimwo canke ububangukirwe bwabo bitabakundira gukora vyinshi. Abandi na bo, boshobora kwiyumvira ko ivyo basanzwe bakora bihagije, ko rero ata birenze ivyo bokora. Muri iki kiganiro, turaca irya n’ino ukuntu Yehova ashobora kuronsa uwo ari we wese muri twebwe ibikenewe kugira umugambi wiwe uranguke. Ubukurikira, turasuzuma inkuru zo muri Bibiliya zivuga ukuntu Yehova yatumye abasavyi biwe b’abagabo n’abagore bagira ugushaka n’ububasha kugira bakore. Ubwa nyuma, turarimbura ukuntu dushobora kureka Yehova akadukoresha.

INGENE YEHOVA ADUFASHA

3. Twisunze Abafilipi 2:13, Yehova ashobora gute gutuma tugira ugushaka kugira dukore?

3 Soma Abafilipi 2:13. * Yehova arashobora gutuma tugira ugushaka kugira dukore. None yobigira gute? Turashobora kumenya ikintu kanaka gikenewe mw’ishengero, canke na ho abakurambere bakadusomera ikete rivuye ku biro vy’ishami ritumenyesha ahantu hari inkenero. Umuntu yoshobora guca yibaza ati: ‘Nofasha gute?’ Canke twoshobora kuba twasabwe kurangura igikorwa kitoroshe, mugabo tukibaza nimba tuzogishobora. Canke na ho, duhejeje gusoma imirongo kanaka muri Bibiliya twoshobora kwibaza duti: ‘Iyi mirongo noyikoresha gute mu gufasha abandi?’ Yehova ntazoduhata ngo tugire ico dukoze. Mugabo igihe abonye ko turiko turazirikana muri ubwo buryo, arashobora gutuma tugira umutima wo gushaka kugira ico dukoze.

4. Yehova ashobora gute kuduha ububasha kugira dukore?

4 Yehova arashobora kandi kuduha ububasha kugira dukore. (Yes. 40:29) Arashobora kuduha impwemu nyeranda yiwe ikadufasha kurushiriza gukoresha ububangukirwe dufise. (Kuv. 35:30-35) Arashobora no gukoresha ishirahamwe ryiwe mu kutwigisha ukuntu tworangura ibikorwa kanaka. Bishitse rero ntubone neza ingene wokora igikorwa kanaka, nuce usaba imfashanyo. Vyongeye, ntiwitinye gusaba Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru “ububasha burengeye ubusanzwe,” kuko atanga cane. (2 Kor. 4:7; Luka 11:13) Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bwerekana ukuntu Yehova yatumye abagabo n’abagore bagira ugushaka n’ububasha kugira bakore. Uko turimbura bumwe muri ubwo burorero, nugerageze kuzirikana uburyo butandukanye Yehova ashobora kugukoresha nawe.

ABAGABO IMANA YAFASHIJE GUCIKA ICO ISHAKA

5. Ni icigwa ikihe dukura ku kuntu Yehova yakoresheje Musa be n’igihe yamukoresheje mu kurokora abasavyi biwe?

5 Yehova yaratumye Musa acika umurokozi w’Abisirayeli. None yamukoresheje ryari? Hoba hari igihe Musa yumva ko abishoboye, inyuma y’aho “yigishi[ri]jwe mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri?” (Ivyak. 7:22-25) Habe namba. Yehova yagiye kumukoresha inyuma y’aho amariye kumufasha agacika umuntu yitonda kandi yicisha bugufi. (Ivyak. 7:30, 34-36) Yehova yaratumye Musa agira umutima rugabo wo guhagarara imbere y’umutegetsi akomeye cane wo mu Misiri. (Kuv. 9:13-19) None ni icigwa ikihe dukura ku kuntu Yehova yakoresheje Musa be n’igihe yamukoresha? Yehova akoresha abantu bagaragaza kamere zishimwa na we, kandi bamwihekako kugira abahe inkomezi.​—Flp. 4:13.

6. Ukuntu Yehova yakoresheje Baruzilayi kugira afashe Umwami Dawidi bitwigisha iki?

6 Haciye imyaka amajana, Yehova yarakoresheje Baruzilayi kugira afashe Umwami Dawidi. Igihe Dawidi n’abantu biwe bariko barahunga Abusalomu umuhungu wa Dawidi, ‘barashonje, bararuha bongera baranyoterwa’. Naho ico gihe Baruzilayi yari ashaje, yarashize ubuzima bwiwe mu kaga arifatanya n’abandi kugira ngo aronse Dawidi n’abantu biwe ivyo bari bakeneye. Baruzilayi ntiyiyumviriye ko Yehova ata co yoba akimukoresha kubera ko yari ashaje. Ahubwo abigiranye umutima wo gutanga yarakoresheje ivyo yari afise, araronsa abasavyi b’Imana ivyo bari bakeneye. (2 Sam. 17:27-29) None ivyo bitwigisha iki? Yehova arashobora kudukoresha ataravye imyaka dufise, kugira ngo dufashe abo dusangiye ukwemera bari mu nkenero, baba ari abo mu karere iwacu canke mu kindi gihugu. (Imig. 3:27, 28; 19:17) N’igihe bitokunda ko tuhishikira, turashobora gutanga intererano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose kugira ngo haboneke amahera yo gutabara abavukanyi aho bari hose be n’igihe cose bikenewe.​—2 Kor. 8:14, 15; 9:11.

7. Yehova yakoresheje gute Simeyoni, kandi ivyo bituremesha gute?

7 Yehova yarasezeraniye Simeyoni umutama w’intahemuka yaba i Yeruzalemu, ko atopfuye atabonye Mesiya. Uwo muhango utegerezwa kuba wararemesheje cane Simeyoni, narirya yari amaze imyaka myinshi arindiriye Mesiya. Ukwizera kwiwe n’ukwihangana kwiwe vyaravuyemwo ivyiza. Umusi umwe yaragiye ku rusengero “ku bubasha bw’impwemu.” Agezeyo, yarabonye umwana Yezu, kandi Yehova yarakoresheje Simeyoni mu kuvuga ubuhanuzi bwerekeye uwo mwana yohavuye aba Kristu. (Luka 2:25-35) Naho bishoboka ko Simeyoni ataramvye ngo yibonere ingene Yezu arangura ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, yarakengurutse ako gateka yatewe. Muri kazoza na ho azokwironkera ivyiza vyinshi kuruta. Mw’isi nshasha, uwo mugabo w’umwizigirwa azokwibonera ukuntu ubutegetsi bwa Yezu buzoronsa imihezagiro imiryango yose yo kw’isi. (Ita. 22:18) Na twebwe nyene turakenguruka agateka ako ari ko kose Yehova adutera mu murimo wiwe.

8. Yehova ashobora gute kudukoresha nk’uko yakoresheje Barunaba?

8 Mu kinjana ca mbere, hari umugabo w’umutima mwiza yitwa Yozefu yitanze kugira ngo akoreshwe na Yehova. (Ivyak. 4:36, 37) Birashoboka ko intumwa zamwise Barunaba, bisobanura ngo “Umwana w’Uruhoza,” kubera ko yari intangakarorero mu guhoza abandi. Nk’akarorero, Sauli amaze gucika umukirisu, abavukanyi benshi baratinya kumwegera kuko bari bazi ko yahama amashengero. Ariko Barunaba wewe yaramugaragarije umutima mwiza aramufasha, kandi Sauli ategerezwa kuba yarabikengurutse cane. (Ivyak. 9:21, 26-28) Mu nyuma, abakurambere b’i Yeruzalemu barabonye ko vyari bikenewe yuko abavukanyi b’i Antiyokiya h’i Siriya baremeshwa. None barungitse nde? Barunaba. Kandi rero ntibihenze. Bibiliya ivuga ko yaciye “atangura kubaremesha bose kubandanya mu Mukama babishizeko umutima.” (Ivyak. 11:22-24) No muri iki gihe, Yehova arashobora kudufasha tukabera uruhoza abakirisu bagenzi bacu. Nk’akarorero, yoshobora kudukoresha mu guhoza ababuze ababo. Canke na ho, yotuvyurira umutima wo kuja kuraba canke guterefona uwurwaye canke uwutuntuye, kugira tumubwire akajambo karemesha. Woba uzoreka Yehova akagukoresha nk’uko yakoresheje Barunaba?​—1 Tes. 5:14.

9. Ukuntu Yehova yafashije umuvukanyi yitwa Vasily gucika umwungere abishoboye bitwigisha iki?

9 Yehova yarafashije umuvukanyi yitwa Vasily kuba umwungere wo mu vy’impwemu abishoboye. Igihe Vasily yaba umukurambere afise imyaka 26, yaratinya ko atazoshobora gufasha mu vy’impwemu abagize ishengero, na canecane abari bafise ingorane. Ariko rero, abakurambere bazi utuntu n’utundi baramumenyereje bikwiye yongera arungukira kw’Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami yitavye. Vasily yarihase cane kugira ngo aryohore ibintu. Nk’akarorero, yarishingiye imigambi mitomito. Uko yashika ku mugambi umwumwe, ni ko yagenda arahera ubwoba. Ubu yivugira ati: “Icahoze kintera ubwoba ico gihe, ubu ni co kintera umunezero mwinshi. Iyo Yehova amfashije gutora icanditswe kibereye co kuremesha uwo mu bagize ishengero, birampimbara cane.” Yemwe bavukanyi, hamwe mwokwitanga nka Vasily kugira ngo Yehova abakoreshe, yoshobora gutuma murangura amabanga yiyongereye mw’ishengero.

ABAGORE IMANA YAFASHIJE GUCIKA ICO ISHAKA

10. Abigayili yakoze iki, kandi tumwigirako iki?

10 Igihe Dawidi n’ingabo ziwe bariko barahigwa n’Umwami Sauli, bari bakeneye uwobaserukako. Ingabo ziwe zarasavye Umwisirayeli umwe w’umutunzi yitwa Nabali ibifungurwa yari kuronka vyose, naho vyari kuba bikeyi. Babona ko bibereye kuko bari barakingiye ubusho bwiwe mu gahinga. Ariko uwo mugabo w’ingumyi Nabali yaranse kubaha ikintu na kimwe. Dawidi yarashavuye cane, aca afata ingingo yo guhonya Nabali n’ab’igitsina gabo bose bo mu rugo rwiwe. (1 Sam. 25:3-13, 22) Abigayili muka Nabali wewe, yari umugore w’akaranga kandi abona kure. Abigiranye umutima rugabo udasanzwe, yarikubise imbere ya Dawidi, aramwinginga ngo ntiyihore kugira ntiyagirwe n’amaraso. Yaramuhoyahoye, amusaba kurekera ibintu mu maboko ya Yehova. Dawidi yarakozwe ku mutima n’ukwicisha bugufi kwa Abigayili be n’ubukerebutsi bwiwe, aca atahura ko uwo mukenyezi yari yarungitswe na Yehova. (1 Sam. 25:23-28, 32-34) Abigayili yari yaratsimbataje kamere zatumye Yehova amukoresha. Muri ubwo buryo nyene, bashiki bacu batsimbataza kamere y’ukwiyubara n’ukubona kure, Yehova arashobora kubakoresha mu gukomeza imiryango yabo be n’abagize ishengero.​—Imig. 24:3; Tito 2:3-5.

11. Abakobwa ba Shalumu bakoze iki, kandi muri iki gihe ni bande babigana?

11 Inyuma y’ibinjana vyinshi, abakobwa ba Shalumu bari mu bakoreshejwe na Yehova mu gusanura impome za Yeruzalemu. (Neh. 2:20; 3:12) Naho se w’abo bakobwa yari umuganwa, baritanze muri ico gikorwa cari kigoye kandi carimwo akaga. (Neh. 4:15-18) Ese ukuntu bari batandukanye cane n’abagabo bakomakomeye b’Abanyatekowa ‘batemeye gukora ico gikorwa.’ (Neh. 3:5) Iyumvire umunezero abo bakobwa ba Shalumu bagize igihe ico gikorwa carangira mu misi 52 gusa. (Neh. 6:15) Muri iki gihe, bashiki bacu baritanga bahimbawe mu murimo mweranda udasanzwe wo kwubaka no kubungabunga inyubakwa zikoreshwa mu gusenga Yehova. Ubuhanga bwabo, umunezero wabo be n’ukudahemuka kwabo, biratuma ico gikorwa kigenda neza.

12. Yehova ashobora gute kudukoresha nk’uko yakoresheje Tabita?

12 Yehova yaravyuriye Tabita umutima wo gukora ‘ibikorwa vyiza no gufasha cane aboro,’ na canecane abapfakazi. (Ivyak. 9:36) Kubera ugutanga kwiwe kwa cane be n’ubuntu bwiwe, benshi baramuririye igihe yapfa. Yamara igihe intumwa Petero yamuzura, bararengewe n’umunezero. (Ivyak. 9:39-41) None twigira iki kuri Tabita? Twaba tukiri bato canke dukuze, ab’igitsina gabo canke ab’igitsina gore, twese turashobora kugira ivyo dufashije abavukanyi na bashiki bacu.​—Heb. 13:16.

13. Yehova yakoresheje gute mushiki wacu umwe w’umunyamasoni yitwa Ruth, kandi mu nyuma yavuze iki?

13 Mushiki wacu umwe w’amasoni yitwa Ruth yaripfuza kuba umumisiyonari. Akiri agakobwa gatoyi, yaraja gutanga udupapuro tw’inkuru nziza y’Ubwami ku nzu n’inzu abigiranye umwete. Yiganye ati: “Mu vy’ukuri narakunda cane ico gikorwa.” Ariko rero, vyaramubera urugamba kubwira abo asanze ku muhana ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Naho yari umunyamasoni, igihe yari afise imyaka 18 yarabaye umutsimvyi asanzwe. Mu 1946 na ho, yaritavye rya Shure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi, mu nyuma araba umumisiyonari muri Hawayi hanyuma mu Buyapani. Igihe yari mu gukwiza imyaka 80 akorera Yehova, yavuze ati: “Yehova yaramfashije bimwe bikomeye. Yaramfashije kurengera amasoni nari mfise. Ndemera rwose ko Yehova ashobora gukoresha uwo ari we wese amwizigira.”

NUREKE YEHOVA AGUKORESHE

14. Twisunze Abakolosayi 1:29, dutegerezwa gukora iki kugira Yehova adukoreshe?

14 Kuva kera na rindi, Yehova yarakoresheje abasavyi biwe mu buryo butandukanye. None azotuma nawe ucika iki? Ahanini bizovana n’agatima ufise ko kwihata. (Soma Abakolosayi 1:29.) Hamwe wokwitanga, Yehova yoshobora gutuma ucika umwamamaji w’umunyamwete, umwigisha kirumara, uwuhoza abandi, umukozi w’umuhanga, umugenzi yitwararikana, canke ikindi kintu cose ashaka kugira ngo umugambi wiwe uranguke.

15. Twisunze 1 Timoteyo 4:12, 15, muri iki gihe abavukanyi bakiri bato bakwiye gusaba Yehova iki?

15 Bite ho kuri mwebwe bavukanyi mukiri bato muriko muragera mu bigero? Harakenewe cane abavukanyi bafise inguvu boshingwa ibanga ryo kuba abakozi b’ishengero. Mu mashengero menshi, usanga abakurambere ari benshi kuruta abakozi b’ishengero. Yemwe bavukanyi mukiri bato, mubona gute mugize umutima wo gushaka gushingwa amabanga yiyongereye mw’ishengero? Hari igihe abavukanyi bamwebamwe bavuga bati: “Kuba ndi umwamamaji gusa birahagije.” Nimba nawe wiyumvira gutyo, nusabe Yehova aguhe umutima wo gushaka gukwiza ibisabwa ngo ube umukozi w’ishengero be n’ububasha bwo gukora ivyo ushoboye vyose mu murimo umurangurira. (Umus. 12:1) Muvukanyi, turakeneye ko udufasha.​—Soma 1 Timoteyo 4:12, 15.

16. Dukwiye gusaba Yehova iki kandi kubera iki?

16 Yehova arashobora gutuma ucika ico ashaka cose kugira umugambi wiwe uranguke. Numusabe rero aguhe ugushaka kugira ukore igikorwa ciwe, mu nyuma na ho umusabe aguhe ububasha ukeneye. Waba ukiri muto canke ukuze, nukoreshe umwanya wawe, inguvu zawe be n’ibindi ufise kugira utere iteka Yehova ubu. (Umus. 9:10) Ntiwigere ureka ngo ubwoba canke ukwikengera bitume ugisha uturyo twiza two gukora ivyo ushoboye vyose mu murimo wa Yehova. Emwe, umwe wese muri twebwe arafise agateka ko gukora ivyo ashoboye vyose naho vyoba ari bikeya, kugira atume Umuvyeyi wacu munyarukundo ahabwa icubahiro abereye.

URURIRIMBO RWA 127 Umuntu nkwiye kuba

^ ing. 5 Woba wumva ko hari ivyo udashoboye gukora mu murimo wa Yehova? Woba wibaza nimba hari ico ukimumariye? Canke na ho woba ugonanwa kwitanga kugira ngo Yehova agukoreshe uko ashaka? Iki kiganiro kiraca irya n’ino uburyo butandukanye Yehova ashobora kuguha ugushaka n’ububasha kugira ucike ico ashaka cose ngo umugambi wiwe uranguke.

^ ing. 3 Naho iryo kete Paulo yaryandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere, muri rusangi ivyo yanditse biraturaba twese abasavyi ba Yehova.