Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Joseph Rutherford n’abandi bavukanyi bajanye mu rugendo bagize i Buraya

1920: Imyaka 100 irarangiye

1920: Imyaka 100 irarangiye

MU NTANGO za 1920, abasavyi ba Yehova bari bashashaye gukora igikorwa cari kibarindiriye. Muri uwo mwaka, icanditswe c’umwaka cavuga ngo “UMUKAMA ni we nkomezi zanje n’indirimbo yanje.”​—Zab. 118:14, Bibiliya yitwa King James Version.

Yehova yarakomeje abo bamamaji bari bafise ishaka. Muri uwo mwaka, igitigiri c’aba colporteurs, ari bo batsimvyi, caraduze kiva ku 225 gishika ku 350. Kandi bwari bwo bwa mbere abamamaji barenga 8.000 batanga raporo yabo y’umurimo ku cicaro gikuru. Yehova yarahezagiye bimwe bidasanzwe igikorwa baranguye.

BAGARAGAZA UMWETE UDASANZWE

Ku wa 21 Ntwarante 1920, Joseph Rutherford, uwari ahagarikiye igikorwa c’Abatohoji ba Bibiliya yarashikirije insiguro ivuga ngo: “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.” Abatohoji ba Bibiliya baratumiye bivuye inyuma abavyipfuza, kugira baze kwumviriza iyo nsiguro. Barakose imwe mu nyubakwa nini z’ibikino z’i New York City, bongera baratanga ubutumire nka 320.000.

Ikinyamakuru camenyekanishije ya nsiguro yavuga ngo: “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa”

Abantu bayitavye babaye ikirenga. Abantu barenga 5.000 ni bo baronse ikibanza muri iyo nyubakwa, abandi 7.000 barasubizwa inyuma. Umunara w’Inderetsi wavuze ko iryo ryabaye “rimwe mu makoraniro y’akataraboneka Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze kugira.”

Abatohoji ba Bibiliya bahavuye bamenyekanira cane ku gutangaza ko abantu “amamiliyoni bariho ubu batazokwigera bapfa.” Ico gihe ntibatahura ko ubutumwa bw’Ubwami bwategerezwa kwamamazwa ku rugero runini kuruta. Naho ari ukwo, umwete bari bafise wari uwudasanzwe. Uwitwa Ida Olmstead, akaba yatanguye kwitaba amakoraniro mu 1902, avuga ati: “Twari tuzi ko umuryango w’abantu wose wari ubikiwe imihezagiro myinshi, akaba ari co gituma twabwira iyo nkuru nziza umuntu wese twahura mu ndimiro.”

DUTANGURA KWICAPURIRA IBITABU

Kugira ngo hagume haboneka ibifungurwa vy’impwemu, abavukanyi bo kuri Beteli baratanguye kwicapurira ibitabu bimwebimwe. Baraguze ibikoresho maze babishira mu nyubakwa bakose kw’ibarabara rya 35 Myrtle, i Brooklyn muri New York, hakaba hari hafi y’inyubakwa ya Beteli.

Leo Pelle na Walter Kessler batanguye umurimo wa Beteli muri Nzero 1920. Walter avuga ati: “Dushitseyo, umuhagarikizi w’icapuriro yaraturavye aca avuga ati: ‘Hasigaye isaha n’inusu ngo hagere gufungura.’ Yaciye aba araduha igikorwa co guterura amakarato tuyakura mu nzu yo mu kuzimu.”

Leo na we aravuga ingene ibintu vyagenze bukeye. Agira ati: “Twaciye dushingwa igikorwa co kwoza impome z’inzu yo hasi y’igorofa ya mbere y’iyo nyubakwa. Sinari bwigere nkora igikorwa c’ubucafu ukuraho. Ariko naragikoze kubera ko cari igikorwa c’Umukama.”

Imashini yakoreshwa mu gucapura Umunara w’Inderetsi

Mu ndwi nka zingahe gusa, Umunara w’Inderetsi wari usigaye ucapurwa n’abavukanyi b’abanyamwete bitanga. Amakopi 60.000 y’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ruhuhuma 1920, yaracapuriwe mw’igorofa ya mbere. Muri ico gihe nyene, abavukanyi barashize muri ya nzu yo mu kuzimu iyindi mashini icapura, iyo bise “Ubwato bw’intambara.” Kuva ku wa 14 Ndamukiza 1920, ikinyamakuru Ikiringo c’agakura na co nyene caracapuwe. Mu vy’ukuri, Yehova yarahezagiye utwigoro tw’abo bavukanyi bitanga babikunze.

“Naragikoze kubera ko cari igikorwa c’Umukama”

“NIMUZE TUBANE MU MAHORO”

Abasavyi ba Yehova b’intahemuka bari bahimbawe no gusubira ku gikorwa no gusubira kwifatanya n’abandi. Ariko rero, Abatohoji ba Bibiliya bamwebamwe bari barahevye ishirahamwe mu bihe bitoroshe vyabaye kuva mu 1917 gushika mu 1919. None bari kubafasha gute?

Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ndamukiza 1920, warimwo ikiganiro cavuga ngo “Nimuze tubane mu mahoro.” Wabateye akamo kagira gati: “Turizigiye . . . ko umuntu wese afise impwemu y’Umukama . . . yiteguriye kwibagira ivyabaye, . . . tukabana mu bumwe kandi tugakorana nk’umubiri wunze ubumwe.”

Abenshi baritavye ako kamo karangwa urukundo. Umugabo umwe n’umugore wiwe bavuze bati: “Turatahura ko twakoze ikosa ryo kumara umwaka urenga ata co turiko turakora mu gihe abandi bariko barakora igikorwa co [kwamamaza]. . . . Twizigiye ko tutazokwigera twongera guta inzira.” Abo bavukanyi bari basubiriye kugira agatege, bari barindiriwe n’igikorwa amahero.

GUTANGA IGITABU CISWE “ZG”

Ku wa 21 Ruheshi 1920, Abatohoji ba Bibiliya baratanguye isekeza ridasanzwe ryo gutanga igitabu bise “ZG,” ikaba yari integuro y’igitabu Akayobera karangizwa, * ifise igipfukisho coroshe. Amakopi menshi y’ivyo bitabu yari yabitswe igihe ico gitabu cabuzwa mu 1918.

Uretse abatsimvyi, n’abandi bamamaji bose barasabwe kugira uruhara mu gikorwa co gutanga ico gitabu. Bahimirijwe yuko muri buri shengero uwabatijwe wese yipfuza kugira uruhara muri ico gikorwa, yari akwiye kubigira n’umutima ukunze. Gutanga ico gitabu ZG vyari bikwiye kuba icivugo c’umwumwe wese. Uwitwa Edmund Hooper yavuze ko kuri benshi iryo sekeza ryo kwamamaza inzu ku nzu ryari ryo rya mbere rikomeye. Yongeyeko ati: “Twaciye dutangura gutahura vy’ukuri ico vyosavye kurangura ico gikorwa cohavuye gitera imbere kuruta uko twavyiyumvira.”

IGIKORWA GITUNGANYWA BUSHASHA I BURAYA

Kubera ko mu Ntambara ya mbere y’isi yose vyari bigoye guhanahana amakuru n’Abatohoji ba Bibiliya bo mu bindi bihugu, umuvukanyi Rutherford yaripfuje kuremesha abavukanyi no gutunganya bushasha igikorwa co kwamamaza. Ku bw’ivyo, ku wa 12 Myandagaro 1920, yarajanye n’abandi bavukanyi bane ku rugendo rwamushikanye mu Bwongereza, mu bindi bihugu vy’i Buraya be no mu bihugu vy’Abarabu.

Umuvukanyi Rutherford mu Misiri

Igihe Rutherford yaja mu Bwongereza, Abatohoji ba Bibiliya baragize amahwaniro atatu be n’ayandi makoraniro 12. Abitavye ivyo biringo vyose babaye nka 50.000. Mu kuvuga ivy’urwo rugendo mu ncamake, Umunara w’Inderetsi wagize uti: “Abavukanyi bararemeshejwe baragarura agatege. Bararushirije gukundana no gusenyera ku mugozi umwe mu gikorwa kandi ivyo vyatumye bahimbarwa.” Igihe umuvukanyi Rutherford yaja i Paris mu Bufaransa na ho, yarongeye gushikiriza ya nsiguro ivuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa.” Igihe iyo nsiguro yatangura, inyubakwa bari bakoraniyemwo yari yuzuye abantu. Abantu 300 barasavye ko bomenya n’ibindi vyinshi.

Icapa camenyekanishije insiguro yatangiwe mu nyubakwa ya Royal Albert Hall i Londres mu Bwongereza

Mu ndwi zakurikiye, hari abavukanyi bagiye i Atene, i Kayiro n’i Yeruzalemu. Kugira ngo abari bashimishijwe muri utwo turere bitwararikwe, umuvukanyi Rutherford yaratanguje idepo y’ibitabu mu gisagara ca Ramallah, hafi ya Yeruzalemu. Yaciye agaruka i Buraya, arashinga n’ibiro vyo mu Buraya bwo hagati maze atunganya n’ivy’uko hatangura gucapurirwa ibitabu.

GUSHIRA AHABONA AKARENGANYO

Muri Nyakanga 1920, Abatohoji ba Bibiliya barasohoye ikinyamakuru Ikiringo c’agakura inomero 27, ikaba yari inomero idasanzwe yashira ahabona uruhamo bagiriwe mu 1918. Ya mashini batazira Ubwato bw’intambara, yarakoze ijoro n’umurango mu gucapura amakopi y’ico kinyamakuru arenga imiliyoni zine.

Ifoto ya Emma Martin yafashwe n’igipolisi

Abasomyi b’ico kinyamakuru baramenye ibijanye n’urubanza rutangaje rwa mushiki wacu Emma Martin. Uwo mushiki wacu yari umutsimvyi i San Bernardino muri Kaliforniya. Ku wa 17 Ntwarante 1918, uwo mushiki wacu n’abandi bavukanyi batatu ari bo Edouard Hamm, Edouard Sonnenburg na Stevens, baritavye ikoraniro ritoyi ry’Abatohoji ba Bibiliya.

Hari umugabo umwe mu bari bitavye iryo koraniro atari yazanywe no kumenya ivyerekeye Bibiliya. Inyuma y’aho yivugiye ati: “Nagiye kuri iryo koraniro . . . ndabitegetswe n’umushingwamanza. Nari njanywe no kurondera ikimenyamenya.” Ico kimenyamenya yarondera yarakironse, na co kikaba cari igitabu Akayobera karangizwa. Haciye imisi mike, mushiki wacu Emma na ba bavukanyi batatu barafashwe. Bagirijwe ko barenze itegeko mu gutanga igitabu kibujijwe.

Emma n’abo bavukanyi baragiriwe n’icaha maze bacirwa gupfungwa imyaka itatu. Ku wa 17 Rusama 1920, nta ho bari bagisigaje kwungururiza, ivyo bikaba vyatumye baca batabwa mw’ibohero. Ariko ibintu ntivyatevye guhinduka bikamera neza.

Ku wa 20 Ruheshi 1920, umuvukanyi Rutherford yaravuze ivy’abo bavukanyi kw’ihwaniro ryabereye i San Francisco. Abari aho bavyumvise vyarababaje, baca barungikira ubutumwa umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Banditse yuko kari akarenganyo kubona Emma yahagaritswe yagirizwa ko yarenze itegeko. Bavuze yuko biteye isoni kubona abategetsi bakoresheje ububasha bafise kugira batege umutego Emma mu nyuma bagaca bamurementariza kugira bamute mw’ibohero.

Bukeye, umukuru w’igihugu Woodrow Wilson yaciye atezurira mushiki wacu Emma na ba bavukanyi ari bo Hamm, Sonnenburg, na Stevens. Ako karenganyo bari bagiriwe kaciye gahagarara.

Umwaka wa 1920 uriko urarangira, Abatohoji ba Bibiliya bari bafise ibintu vyinshi bokwishimira. Igikorwa caguma gitera imbere ku cicaro gikuru, kandi ico gihe kuruta ikindi gihe cose, Abatohoji ba Bibiliya baratangaje bivuye inyuma ko Ubwami bw’Imana ari wo muti w’ingorane zihanze abantu. (Mat. 24:14) Umwaka wakurikiye wa 1921, wabaye umwaka wo gutangaza ukuri kw’Ubwami ku rugero mbere runini kuruta urwo.

^ ing. 18 Igitabu Akayobera karangizwa cagira indwi mu rukurikirane rw’ibitabu vyiswe Ukwiga Ivyanditswe. “ZG” yari integuro y’igipfukisho coroshe, yasohowe nk’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Ntwarante 1918. Urudome “Z” rwerekeza kw’izina Zion’s Watch Tower (Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni), urudome “G” na rwo rukerekeza ku rudome rugira indwi mu rukurikirane rw’indome, ivyo bikaba vyasigura ko ico gitabu kigira indwi.