Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 41

Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere

Ingene twokwigisha umuntu Bibiliya agashika ku kubatizwa​—Igice ca mbere

“Muboneka ko muri ikete rya Kristu ryanditswe na twebwe abasuku.”​—2 KOR. 3:3.

URURIRIMBO RWA 78 “Twigishe Ijambo ry’Imana”

INCAMAKE *

Hari icotera umunezero mwinshi ishengero ryose kuruta kubona inyigisho ya Bibiliya bikundira ibatijwe? (Raba ingingo ya 1)

1. Mu 2 Abakorinto 3:1-3, hadufasha gute guha agaciro agateka twatewe ko kwigisha umuntu Bibiliya gushika abatijwe? (Raba ishusho yo ku gipfukisho.)

WIYUMVA gute iyo ubonye umutohoji wa Bibiliya wo mw’ishengero iwanyu abatijwe? Nta nkeka ko bigutera umunezero mwinshi. (Mat. 28:19) Iyo na ho ari wewe wahora umwigisha Bibiliya, urarengerwa n’umunezero! (1 Tes. 2:19, 20) Iyo abigishwa bashasha babatijwe, baba babaye ‘amakete ashimagiza’ ababigishije Bibiliya, ariko kandi ashimagiza ishengero ryose.​—Soma 2 Abakorinto 3:1-3.

2. (a) Ni ikibazo gihambaye ikihe dukwiye kurimbura, kandi kubera iki? (b) Inyigisho ya Bibiliya ni iki? (Raba akajambo k’epfo.)

2 Mu myaka ine iheze, birahimbaye kubona buri kwezi kw’isi yose hagiye harayoborwa inyigisho za Bibiliya imiliyoni nka cumi. * Vyongeye, muri ico kiringo nyene, buri mwaka hagiye harabatizwa abantu barenga 280.000 bakaba Ivyabona vya Yehova n’abigishwa ba Yezu Kristu. None twofasha gute abatari bake muri izo nyigisho za Bibiliya amamiliyoni kugira ngo babatizwe? Magingo Yehova agihaye abantu umwanya n’akaryo ko gucika abigishwa ba Kristu, twipfuza gukora ibishoboka vyose ngo tubafashe gutera imbere gushika kw’ibatisimu vuba bishoboka. Igihe gisigaye ni kigufi cane!​—1 Kor. 7:29a; 1 Pet. 4:7.

3. Muri iki kiganiro tuza kurimbura iki ku bijanye no kuyobora inyigisho za Bibiliya?

3 Mu ntumbero yo kuryohora ico gikorwa cihutirwa co guhindura abantu abigishwa, Inama Nyobozi yararondeye amakuru mu biro vy’amashami yotuma dufasha benshi muri abo bigishwa ba Bibiliya gutera imbere gushika kw’ibatisimu. Iki kiganiro be n’igikurikira, biraza kutwereka ivyo twokwigira ku batsimvyi, abamisiyonari be n’abacungezi b’imizunguruko bazi utuntu n’utundi. * (Imig. 11:14; 15:22) Baratubwira ivyo abigisha n’abigishwa bokora kugira ngo batume inyigisho ya Bibiliya irushiriza gutera imbere. Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ibintu bitanu umutohoji wa Bibiliya wese akwiye gukora kugira ngo agume atera imbere gushika kw’ibatisimu.

NIMWIGE BURI NDWI

Nusabe uwo mwiga nimba mwoganira kuri Bibiliya mwicaye (Raba ingingo ya 4-6)

4. Dukwiye kumenya iki ku bijanye n’inyigisho ya Bibiliya tuyobora duhagaze ku muryango?

4 Abenshi mu bavukanyi na bashiki bacu barayobora inyigisho za Bibiliya bahagaze imbere y ‘umuryango. Naho ari intambwe nziza yotuma umuntu ashimishwa n’ivyerekeye Bibiliya, muri rusangi ivyo biyago usanga ari bigufi kandi vyoshobora kutama vyabaye buri ndwi. Kugira ngo uwo muntu arushirize gushimishwa, abamamaji bamwebamwe baramusaba inomero za terefone kugira bazomuterefone canke bamwandikire mesaje, ngo bamubwire iciyumviro kigufi gishingiye kuri Bibiliya mu gihe bazoba batarasubira kubonana. Ibintu birashobora kubandanya gutyo mu mezi n’ayandi bataratangura kwiga Bibiliya mu buryo bufadika. None ubwo umutohoji yoba yotera imbere akiyegura akongera akabatizwa nimba ata kandi kigoro agira canke ngo arondere uwundi mwanya wo kwiga Ijambo ry’Imana? Biragoye ko abishikako.

5. Twisunze ibivugwa muri Luka 14:27-33, ni iciyumviro ikihe Yezu yavuze twokoresha mu gufasha abo twigisha Bibiliya?

5 Igihe kimwe, Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana ico bisobanura kuba umwigishwa wiwe. Yaravuze ibijanye n’umuntu yipfuza kwubaka umunara be n’umwami ashaka kuja mu ntambara. Yezu yavuze ko uyo muntu ashaka kwubaka umunara ategerezwa “[ku]banza kwicara, agaharura ivyosohoka” kugira ngo arabe ko afise ivyowurangiza. Yavuze ko uwo mwami na we ategerezwa “[ku]banza kwicara akaja inama” kugira ngo arabe ko ingabo ziwe zoshobora guhangana n’umwansi. (Soma Luka 14:27-33.) Muri ubwo buryo nyene, Yezu yari azi ko umuntu yipfuza kuba umwigishwa wiwe, akwiye kuzirikana yitonze ico bisaba kuba umuyoboke wiwe. Ku bw’ivyo, turakwiye kuremesha abo twigisha Bibiliya kuza turiga buri ndwi. None twobigira gute?

6. Ni igiki twogerageza gukora kugira ngo turonke inyigisho za Bibiliya zitera imbere?

6 Nuhere ku kwongereza umwanya mumara mwigira imbere y’umuryango. Kumbure aho kuza murarimbura icanditswe kimwe, nimuze murarimbura ivyanditswe bibiri igihe cose umugendeye. Amaze kumenyera ivyo gukoresha umwanya wiyongereye, numubaze nimba hari aho mwokwicara kugira ngo mubandanye ikiyago. Inyishu azoguha izokwereka nimba afatana uburemere ivyo kwiga Bibiliya. Mu nyuma kugira ngo atere imbere ningoga, woshobora no kumusaba nimba yoshima ko mwoza muriga kabiri mu ndwi. Ariko rero kwiga rimwe canke kabiri mu ndwi na vyo nyene ntibihagije.

NUZE URATEGURA IMBERE YO KUMWIGISHA

Nutegure neza ivyo uza kwigisha wongere wereke uwo wigisha ingene yotegura (Raba ingingo ya 7-9)

7. Umwigisha yokwitegura neza gute buri gihe agomba kuyobora inyigisho ya Bibiliya?

7 Kubera ko uri umwigisha, urakwiye kwitegura neza igihe cose ugiye kwigisha umuntu Bibiliya. Urashobora guhera ku gusoma amayagwa muza kwiga ukarimbura n’ivyanditswe birimwo. Nutahure ivyiyumviro nyamukuru birimwo. Nuzirikane ku mutwe w’icigwa, ku dutwe dutoduto, ku bibazo, ku vyanditswe vyanditseko ngo “soma,” ku mashusho no ku mavidewo wokoresha mu kumusigurira ico ciyumviro. Ufise ku muzirikanyi uwo wigisha, nuzirikane imbere y’igihe ingene womwigisha ayo mayagwa kandi mu buryo butomoye kugira ngo umufashe gutahura neza no kubishira mu ngiro.​—Neh. 8:8; Imig. 15:28a.

8. Ivyo intumwa Paulo yavuze mu Bakolosayi 1:9, 10 bitwigisha iki ku bijanye no gushira mu masengesho abo twigisha Bibiliya?

8 Igihe uriko uritegura, nusenge Yehova umubwira ivyerekeye uwo wigisha be n’ivyo akeneye. Nusabe Yehova agufashe kwigisha Bibiliya mu buryo bukora ku mutima uwo wigisha. (Soma Abakolosayi 1:9, 10.) Nugerageze kwiyumvira imbere y’igihe ikintu cose coshobora kumugora gutahura canke kwemera. Nugumize ku muzirikanyi ko intumbero yawe ari ukumufasha gutera imbere gushika kw’ibatisimu.

9. Umwigisha yofasha gute uwo yigisha gutegura icigwa? Sigura.

9 Turizigiye ko nitwaguma twiga n’umuntu tudahorereza, bizotuma akenguruka ivyo Yehova na Yezu bamugiriye maze bitume yipfuza kumenya n’ibindi. (Mat. 5:3, 6) Kugira ngo ivyo umunyeshure yiga bimugirire akamaro, arakeneye kuvyitunirako. Kugira ngo ivyo abishikeko, numusigurire ko bihambaye ko yitegurira ivyo agomba kwiga mu gusoma icigwa imbere y’igihe no mu kuzirikana ku kuntu yoshira mu ngiro ibivugwamwo. None umwigisha yobimufashamwo gute? Nimutegurire hamwe icigwa n’umwigishwa wawe kugira ngo umwereke ingene bigenda. * Numusigurire ingene yotora inyishu y’ibibazo biba vyabajijwe, be n’ingene guca umurongo ku majambo no ku mungane nyamukuru bizomufasha kwibuka iyo nyishu. Nuce umusaba atange inyishu mu majambo yiwe bwite. Ivyo bizogufasha kubona nimba yatahuye neza ayo mayagwa. Ariko rero hariho ikindi kintu womuremesha gukora.

NUMWIGISHE KUYAGA NA YEHOVA BURI MUSI

Niwigishe uwo mwiga Bibiliya kuyaga na Yehova (Raba ingingo ya 10-11)

10. Kubera iki bihambaye gusoma Bibiliya buri musi, kandi umuntu yokora iki kugira arushirize kwungukira ku vyo asoma muri Bibiliya?

10 Uretse kwiga buri ndwi n’uwumwigisha, hariho ibindi umutohoji wa Bibiliya yokora buri musi bikamugirira akamaro. Arakeneye kuyaga na Yehova. Uti gute? Biciye ku kwumviriza Yehova no kumuyagira. Arashobora kwumviriza Yehova mu gusoma Bibiliya ku musi ku musi. (Yos. 1:8; Zab. 1:1-3) Numwereke ingene yokoresha “Urutonde rwo gusoma Bibiliya” ruri kuri jw.org. * Kugira ngo umufashe kwungukira ku vyo asoma muri Bibiliya, numuremeshe kuzirikana ku vyo Bibiliya yigisha ku bijanye na Yehova, be n’ingene mu buzima bwiwe yoshira mu ngiro ivyo yiga.​—Ivyak. 17:11; Yak. 1:25.

11. Umutohoji wa Bibiliya yokwiga gute gusenga neza, kandi ni kubera iki bihambaye ko asenga Yehova kenshi?

11 Nuremeshe uwo wigisha Bibiliya kwama ayagira Yehova mu kumusenga buri musi. Nuture amasengesho avuye ku mutima igihe cose mugire mutangure kwiga n’igihe muhejeje, usenge muri kumwe wongere umuvuge mw’isengesho. Niyumva ingene usenga, azomenya ingene yoza aratura Yehova Imana amasengesho avuye ku mutima, mw’izina rya Yezu Kristu. (Mat. 6:9; Yoh. 15:16) Iyumvire ingene gusoma Bibiliya buri musi (ariko kwumviriza Yehova) no kumusenga (ariko kuyagira Yehova) bizotuma uwo wigisha Bibiliya arushiriza kwiyegereza Imana! (Yak. 4:8) Umutohoji wa Bibiliya agiye arabigenza gutyo bizotuma yironkera ikindi kintu coshobora kumushikana ku kwiyegura no ku kubatizwa.

NUMUFASHE KUGIRANIRA UBUCUTI NA YEHOVA

12. Umwigisha yofasha gute uwo yigisha kugiranira ubucuti na Yehova?

12 Umutohoji wa Bibiliya ntiyiga kugira ngo yimenyere ibintu gusa, ahubwo ivyo yiga bikwiye no kumukora ku mutima. Uti kubera iki? Kubera ko umutima wacu ari wo udusunikira kugira ico dukoze, na wo ukaba ugizwe n’ivyipfuzo vyacu, be n’ukuntu twiyumva. Yezu yarigisha mu buryo bwumvikana ku buryo abantu banyurwa. Ariko kandi abantu bamukurikira kubera ko yabakora ku mutima. (Luka 24:15, 27, 32) Uwo wigisha arakeneye kubona ko Yehova abaho koko, ko ashobora kugiranira ubucuti na we, akamubona nk’Umuvyeyi wiwe, Imana yiwe n’Umugenzi wiwe. (Zab. 25:4, 5) Igihe muriko muriga, nushimike kuri kamere z’Imana yacu. (Kuv. 34:5, 6; 1 Pet. 5:6, 7) Mu cigwa ico ari co cose muba muriko muraganirako, nushimike ku kuntu Yehova ameze. Numufashe gukenguruka kamere z’igitangaza za Yehova, nk’urukundo, ubuntu be n’impuhwe. Yezu yavuze ko “ibwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere” ari “ugukunda Yehova imana yawe.” (Mat. 22:37, 38) Nugerageze gufasha uwo wigisha gukunda Imana bimwe bivuye ku mutima.

13. Tanga akarorero kerekana ingene twofasha uwo twigisha kumenya kamere za Yehova.

13 Mu biyago ugirana n’uwo wigisha, numubwire igituma ukunda Yehova cane. Ivyo vyoshobora gutuma abona ko na we akeneye kugirana n’Imana ubucuti burangwa igishika. (Zab. 73:28) Nk’akarorero, mu gitabu muriko muriga canke mu canditswe musomye, hoba hariho iryungane rigira ico rihishuye ku bijanye na Yehova, nk’urukundo rwiwe, ubukerebutsi, ubutungane, canke ububasha bwiwe bigukora ku mutima? Nurimwereke maze umubwire ko iyo ari imwe mu mvo nyinshi zituma ukunda Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru. Ariko rero hariho n’ikindi kintu uwuriko ariga Bibiliya akwiye gukora kugira ngo atere imbere gushika kw’ibatisimu.

NUMUREMESHE KWITABA AMAKORANIRO

Nuremeshe uwo wigisha Bibiliya kwitaba amakoraniro vuba bishoboka! (Raba ingingo ya 14-15)

14. Ni ibiki bivugwa mu Baheburayo 10:24, 25 bijanye n’amakoraniro y’ishengero vyofasha uwo twigisha Bibiliya gutera imbere?

14 Twese turipfuza ko abo twigisha Bibiliya batera imbere gushika ku kubatizwa. Uburyo buhambaye twobibafashamwo ni mu kubaremesha kwitaba amakoraniro y’ishengero. Abigisha bazi utuntu n’utundi bavuga ko abatohoji ba Bibiliya badateba kwitaba amakoraniro bagira iterambere rinyaruka. (Zab. 111:1) Abigisha bamwebamwe barasigurira abo bigisha yuko igice kimwe c’ubumenyi bwerekeye Bibiliya bakironkera mu kwiga, ikindi na co bakakironkera mu makoraniro. Soma Abaheburayo 10:24, 25 uri kumwe n’umwigishwa wawe, uce umusigurira ivyiza azokwironkera niyitaba amakoraniro. Numwereke ya videwo ivuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga. * Numufashe kubona ko bihambaye ko yama yitaba amakoraniro buri ndwi.

15. Twokora iki kugira turemeshe uwo twigisha Bibiliya kwama yitaba amakoraniro?

15 Wokora iki none nimba uwo wigisha Bibiliya ataritaba ikoraniro canke aryitaba rimwerimwe? Numubwire ubigiranye igishika ikintu uherutse kwiga kw’ikoraniro. Vyoshobora gutuma arushiriza kugira icipfuzo co kuyitaba, kuruta kumutumira vyonyene. Numuhe Umunara w’Inderetsi canke Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu muriko muriga kw’ikoraniro. Numwereke ibizorimburwa mw’ikoraniro rikurikira, uce umubaza ico abona ko kimushimisha kuruta ibindi. Ivyo azibonera kw’ikoraniro rya mbere azokwitaba, azobona ata ho bihuriye n’ivyo yabonye mu masengero y’ayandi madini. (1 Kor. 14:24, 25) Azokwibonera abantu bamuha akarorero keza yokwigana, kandi bazomufasha gutera imbere gushika kw’ibatisimu.

16. Twofasha gute abo twigisha gutera imbere ngo babatizwe, kandi turimbura iki mu kiganiro gikurikira?

16 None twoyobora gute inyigisho za Bibiliya kugira ngo zishike ku kubatizwa? Turashobora gufasha umuntu wese twigisha Bibiliya gufatana uburemere ivyo kwiga, mu kumuremesha kwiga buri ndwi no gutegura igihe cose agomba kwiga. Twipfuza kandi kumuremesha kuyaga na Yehova buri musi no kugiranira na we ubucuti. Vyongeye, turipfuza gufasha uwo twigisha kugira icipfuzo co kwitaba amakoraniro. (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 12, ruvuga ngo “ Ivyo abigishwa bokora vyotuma batera imbere bakabatizwa.”) Ariko rero nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana, hariho ibindi bintu bitanu abigisha bokora kugira bafashe abo bigisha gutera imbere bakabatizwa.

URURIRIMBO RWA 76 Uca wiyumva gute?

^ ing. 5 Kwigisha umuntu ikintu bisobanura kumufasha “kwiyumvira, kukibona canke kugikora mu bundi buryo.” Icanditswe c’umwaka wa 2020 ari co Matayo 28:19, caratwibukije ko bihambaye kwigisha abantu Bibiliya no kubafasha gucika abigishwa ba Yezu Kristu babatijwe. Iki kiganiro be n’igikurikira, biradufasha kubona ivyo tworyohora muri ico gikorwa gihambaye cane.

^ ing. 2 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Igihe wama ugiranira ibiyago n’umuntu ukoresheje Bibiliya kandi ku buryo buri ku rutonde, uba uriko urayobora inyigisho ya Bibiliya. Iyo nyigisho ya Bibiliya woshobora kuyishira kuri raporo nimba mwarize incuro zibiri inyuma y’aho umariye kumwereka ingene inyigisho igirwa, kandi hakaba hari ikikwemeza ko azobandanya yiga.

^ ing. 3 Ibi vyigwa birimwo kandi ivyiyumviro vyakuwe mu rukurikirane rw’ibiganiro vyavuga ngo: “Kurongora inyigisho za Bibiliya zitera imbere,” vyasohowe mu Gikorwa dukorera Ubwami kuva muri Mukakaro 2004 gushika muri Rusama 2005.

^ ing. 9 Raba ividewo y’iminota ine ivuga ngo Kwigisha abatohoji gutegura. Kuri JW Library®, nuje ahavuga ngo MULTIMEDIA > NOS RÉUNIONS ET NOTRE MINISTÈRE > DEVENONS PLUS HABILES.

^ ing. 10 Nuje ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IBINTU BIFASHA KWIGA BIBILIYA.

^ ing. 14 Kuri JW Library®, nuje ahavuga ngo MULTIMEDIA > NOS RÉUNIONS ET NOTRE MINISTÈRE > OUTILS POUR LA PRÉDICATION.