UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Kigarama 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 4 Ruhuhuma gushika ku wa 3 Ntwarante 2019.

“Tuzosubira muri Paradizo!”

Wewe wibaza ko iparadizo ari iki? Woba uyizigiye?

Ibibazo vy’abasomyi

“Ijuru rya gatatu” rivugwa mu 2 Abakorinto 12:2 ni iki?

Woba uvyibuka?

Woba warahimbawe no gusoma inomero za vuba z’Umunara w’Inderetsi? Nusuzume ivyo wibuka.

Niwubahe “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe”

Imvo imwe gusa ishingiye ku Vyanditswe yo kwahukana ugashobora kwubakana n’uwundi ni iyihe?

‘Yehova yaratugiriye ubuntu’

Nusome inkuru y’ubuzima ya Jean-Marie Bockaert, uwamaze imyaka irenga 50 akorera kw’ishami ry’Ubufaransa ari kumwe n’umukenyezi wiwe Danièle.

Rwaruka, Umuremyi wanyu ashaka ko mugira agahimbare

Ni ibintu bine ibihe vyofasha uwukiri muto kugira agahimbare no kuroranirwa mu buzima?

Yemwe bakiri bato, murashobora kugira ubuzima buhimbaye

Amajambo yo muri Zaburi ya 16 ashobora gute gufasha abakiri bato kugira ubuzima bwiza ubu no muri kazoza?

“Umugororotsi azonezerwa muri Yehova”

Twogumana gute umunezero n’igihe ivyacu bihindutse?

Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi na Be maso! vyo mu 2018

Ironderero ry’ibiganiro vyose vyasohotse mu Munara w’Inderetsi na Be maso! mu 2018, bitondetse hisunzwe imitwe.