Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe bakiri bato, murashobora kugira ubuzima buhimbaye

Yemwe bakiri bato, murashobora kugira ubuzima buhimbaye

“Uzomenyesha umunyuro w’ubuzima.”​—ZAB. 16:11.

INDIRIMBO: 133, 89

1, 2. Ni amahinduka ayahe ashobora kuba, nk’uko ivyashikiye umunyeshure umwe bivyerekana?

UWITWA Tony yakuze atagira se. Yari mu mashure yisumbuye, ariko ntiyakunda kwiga. Nkako, yari hafi kuyaheba. Ku mpera z’imishamvu, yaca aja kwirabira amasinema canke abagenzi biwe. Ntiyarwana canke ngo anywe ibiyayuramutwe. Ingorane yiwe kwari ukutagira intumbero mu buzima. Vyongeye, yarakekeranya ko Imana ibaho. Mu nyuma yarahuye n’Ivyabona maze arababwira amakenga n’ibibazo yari afise. Baciye bamuha udutabu tubiri, kamwe kishura ibibazo bijanye n’inkomoko y’ubuzima (Cinq questions à se poser sur l’origine de la vie) be n’akavuga ngo Vyoba vyararemwe?

2 Igihe ivyo Vyabona basubira kugendera Tony, basanze yahindutse. Yari yasomye cane nya dutabu ku buryo twari twashitaguritse kandi twizingazinze. Yavuze ati: “Imana itegerezwa kuba iriho.” Yaremeye kwiga Bibiliya, buhorobuhoro arahindura ingene yabona ubuzima. Vyongeye, yarasubiye gukunda ishure, asigara ari umwe mu banyeshure baciye ubwenge kuruta abandi. N’umuyobozi wabo yaratangaye cane. Yamubwiye ati: “Usigaye ufise inyifato nziza n’amanota meza. Vyoba bitumwa n’uko ubu wifatanya n’Ivyabona vya Yehova?” Tony yaramubwiye ko ari co kibituma, aca aramubwira n’inkuru nziza. Yararangije neza amashure yisumbuye, kandi ubu ni umutsimvyi asanzwe akaba n’umukozi w’ishengero. Ikindi kandi, arahimbawe no kuba asigaye afise Umuvyeyi mwiza igitangaza ari we Yehova.​—Zab. 68:5.

NUGAMBURUKIRE YEHOVA MAZE URORANIRWE

3. Ni impanuro iyihe Yehova aha abakiri bato?

3 Ivyashikiye Tony biratwibutsa ko Yehova yitwararika cane mwebwe abakiri bato. Yipfuza ko mwororanirwa kandi mukagira agahimbare mu buzima. Ni co gituma ahanura umwe wese muri mwebwe ati: “Niwibuke . . . Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe.” (Umus. 12:1) Naho muri iyi si ivyo bitama vyoroshe, si ibidashoboka. Mubifashijwemwo n’Imana, murashobora kuroranirwa, haba mu buto bwanyu no mu buzima bwanyu bwose. Kugira tubitahure neza, reka turimbure icigwa dukura ku kuntu Abisirayeli bigaruriye ca Gihugu c’isezerano no ku nkuru ya Dawidi na Goliyati.

4, 5. Ni icigwa gihambaye ikihe dukura ku kuntu Abisirayeli bigaruriye igihugu ca Kanani no ku nkuru ya Dawidi na Goliyati? (Raba amashusho atangura.)

4 Igihe Abisirayeli bari hafi ya ca Gihugu c’isezerano, Yehova ntiyabasavye kwimenyereza kurwana. (Gus. 28:1, 2) Ahubwo riho, yababwiye ko bategerezwa kugamburuka amabwirizwa yiwe no kumwizigira. (Yos. 1:7-9) Twisunze ingene umuntu abona ibintu, iyo mpanuro yasa n’iyitumvikana! Ariko ni yo yari nziza kuruta izindi zose, kuko Yehova yagiye arafasha abasavyi biwe gutsinda Abanyakanani. (Yos. 24:11-13) Ego ni ko kugamburukira Imana bisaba ukwizera, ariko ukwizera kwama na ntaryo kuvamwo ivyiza. Ivyo ni ko vyari kera kandi ni ko biri no muri iki gihe.

5 Wa murwanyi w’ikigatanya Goliyati yareha n’imetero hafi zitatu, akagira n’ibirwanisho bikomeye. (1 Sam. 17:4-7) Dawidi wewe yari yitwaje ibintu bibiri gusa: umugozi wo guteresha be n’ukwizera Imana yiwe Yehova. Abatagira ukwizera babona ko Dawidi atagira ubwenge. Ese ukuntu bari bihenze! Goliyati ni we atagira ubwenge.​—1 Sam. 17:48-51.

6. Ni ibiki tugiye kwinjira mu mizi?

6 Mu kiganiro c’imbere y’iki twarabonye ibintu bine bituma tugira agahimbare kandi tukaroranirwa mu buzima: Kwironsa ivyo dukeneye mu vy’impwemu, kwifatanya n’abagenzi bakunda Imana, kwishingira imigambi myiza no guha agaciro umwidegemvyo Imana iduha. Ubu na ho nimuze twinjire mu mizi ivyo bintu bine mu kurimbura ingingo ngenderwako dusanga muri Zaburi ya 16.

NIWIRONSE IVYO UKENEYE MU VY’IMPWEMU

7. (a) Wodondora gute umuntu ahumuye mu vy’impwemu? (b) “Umugabane” wa Dawidi wari uwuhe, kandi ivyo vyatuma amererwa gute?

7 Umuntu ahumuye mu vy’impwemu arizera Imana kandi akabona ibintu nk’uko ibibona. Arondera ko Imana imuyobora kandi akiyemeza kuyigamburukira. (1 Kor. 2:12, 13) Dawidi yaratubereye akarorero keza muri ivyo. Yaririmvye ati: “Yehova ni we mugabane w’umuturi nahawe akaba n’umugabane w’igikombe canje.” (Zab. 16:5) Uwo “mugabane” bwari ubucuti bwiza Dawidi yari afitaniye n’Imana, ari na yo yahungirako. (Zab. 16:1) None ivyo vyatuma amererwa gute? Yanditse ati: “Umutima wanje [uranezerewe].” Ego cane, ubucuti somambike Dawidi yari afitaniye n’Imana ni bwo bwatuma anezerwa cane.​—Soma Zaburi 16:9, 11.

8. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bituma ugira agahimbare nyakuri mu buzima?

8 Abashira imbere ibibahimbara be n’ubutunzi ntibashobora kuronka umunezero Dawidi yagize. (1 Tim. 6:9, 10) Umuvukanyi umwe wo muri Kanada yavuze ati: “Agahimbare nyakuri ntikava ku vyo turonka mu buzima, mugabo kava ku vyo duha wa Mutanzi w’ingabirano nziza yose, ari we Yehova Imana.” (Yak. 1:17) Egome, niwarushiriza kwizera Yehova kandi ukamukorera, bizotuma ubuzima bwawe bugira intumbero kandi bitume unezerwa. None wokomeza gute ukwizera kwawe? Utegerezwa kumarana umwanya n’Imana, ni ukuvuga mu gusoma Ijambo ryayo, mu kwihweza ivyo yaremye no mu kuzirikana kuri kamere zayo, hakaba harimwo n’urukundo igukunda.​—Rom. 1:20; 5:8.

9. Ushobora gute kureka Ijambo ry’Imana rikakubumbabumba?

9 Rimwe na rimwe urwo Imana idukunda irugaragaza mu kudukosora nk’umuvyeyi. Dawidi yarashima impanuro yaronka. Yavuze ati: “Nzohezagira Yehova, we yangiriye inama. Ni ukuri, mu bihe vy’ijoro amafyigo yanje yarankosoye.” (Zab. 16:7) Dawidi yarazirikana ku vyiyumviro vy’Imana, akabishira ku mutima kandi akareka bikamubumbabumba. Na wewe niwabigenza gutyo, uzorushiriza gukunda Imana no kuyigamburukira. Vyongeye, uzoba uwuhumuye mu vy’impwemu. Mushiki wacu yitwa Christin yavuze ati: “Iyo ngize ubushakashatsi kandi nkazirikana ku vyo nsoma, nca mbona umengo Yehova yavyandikishije kubera jewe!”

10. Nk’uko bivugwa muri Yesaya 26:3, guhumura mu vy’impwemu bivamwo ivyiza ibihe?

10 Ntitwoba dushikuje tuvuze yuko guhumura mu vy’impwemu bituma kandi ugira ubumenyi n’ugutahura kwimbitse, bikagufasha kubona isi na kazoza kayo nk’uko Imana ibibona. None ni kubera iki Imana iguha ubwo bumenyi n’ukwo gutahura kwimbitse? Yipfuza ko umenya ibikwiye kuja imbere mu buzima bwawe, ugafata ingingo ziranga ubukerebutsi kandi ukarindira kazoza ufise icizigiro! Umuhanuzi Yesaya yavuze ko Yehova azozigama abamwihekako be n’uko azobaha amahoro arama. (Soma Yesaya 26:3.) Umuvukanyi yitwa Joshua wo muri Amerika, avuga ko iyo ugumye wiyegereje Yehova bituma ubona neza ibihambaye n’ibidahambaye. Ukwo ni ukuri nko kurima, kandi biratuma uhimbarwa.

NUHITEMWO ABAGENZI NYAKURI

11. Ni bande Dawidi yahitamwo ngo bamubere abagenzi?

11 Soma Zaburi 16:3. Dawidi yari azi kurondera abagenzi nyakuri. ‘Yahimbarwa rwose’ no kwifatanya n’abakunda Yehova. Yavuze ko ari “aberanda” kuko bagerageza kwisunga ingingo ngenderwako zityoroye za Yehova. Hari n’uwundi mwanditsi w’amazaburi yabona ibintu muri ubwo buryo nyene ku bijanye no guhitamwo abagenzi. Yanditse ati: “Ndi umugenzi w’abo bose bagutinya, n’uw’abo bagumya amateka yawe.” (Zab. 119:63) Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, na wewe urashobora kuronka abagenzi beza benshi mu batinya Yehova kandi bamugamburukira. Abo rero si ngombwa ngo babe abo mungana gusa.

12. Ubugenzi bwa Dawidi na Yonatani bwari bushingiye ku ki?

12 Umwanditsi w’amazaburi Dawidi ntiyarondera abagenzi mu bo bangana gusa. Woba wibuka izina ry’umuntu ‘akomeye’ yabaye umugenzi wiwe somambike? Ni Yonatani. Ubugenzi bwabo ni bumwe mu bukomeye kuruta ubundi bwose buvugwa mu Vyanditswe. Ariko woba wari uzi ko Yonatani yarusha Dawidi imyaka nka 30? Uti none ubugenzi bwabo bwari bushingiye ku ki? Bompi barizera Imana, bakubahana, kandi umwe wese yarabona ko mugenziwe afise umutima rugabo igihe bariko barwanya abansi b’Imana.​—1 Sam. 13:3; 14:13; 17:48-50; 18:1.

13. Dushobora gute kwaguka igihe duhitamwo abagenzi? Tanga akarorero.

13 Nk’ukwo kwa Dawidi na Yonatani, na twebwe ‘turahimbarwa rwose’ no gukunda abakunda Yehova kandi bakamwizera. Uwitwa Kiera, akaba amaze imyaka myinshi akorera Imana, avuga ati: “Ndamaze kuronka abagenzi bo hirya no hino kw’isi, bakaba ari abantu bafise imico n’imigenzo bitandukanye.” Niwaguka muri ubwo buryo, uzokwibonera ingene Ijambo ry’Imana n’impwemu yayo bituma tuba umuryango wunze ubumwe kw’isi yose.

NIWISHINGIRE IMIGAMBI MYIZA

14. (a) Ni ibiki vyogufasha kwishingira imigambi myiza mu buzima? (b) Abakiri bato bamwebamwe babona gute ibijanye no kwishingira imigambi yo mu vy’impwemu?

14 Soma Zaburi 16:8. Dawidi yashira imbere gukorera Imana. Na wewe niwaguma ukorera Yehova kandi ukaguma wishingira imigambi ihuje n’ivyo agomba, uzogira ubuzima burimwo agahimbare nyakuri. Umuvukanyi yitwa Steven yavuze ati: “Kuba narishingiye umugambi, nkawurangura, maze nsubije amaso inyuma nkabona ivyo nashitseko, biratuma ngira agahimbare.” Umuvukanyi umwe akiri muto wo mu Budagi akorera mu kindi gihugu, yavuze ati: “Ninasaza, sinipfuza kuzosubiza amaso inyuma maze nkabona ko ivyo nakoze vyose ari ubwikunzi gusa.” Ese nawe wobona ibintu muri ubwo buryo. Nimba ari ukwo ubibona, nukoreshe ingabirano ufise mu gutera iteka Imana no mu gufasha abandi. (Gal. 6:10) Niwishingire imigambi yo mu vy’impwemu, wongere usabe Yehova agufashe kuyishikako. Arahimbarwa cane no kwishura amasengesho nk’ayo.​—1 Yoh. 3:22; 5:14, 15.

15. Ni imigambi iyihe wokwishingira? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Imigambi ngirakamaro wokwishingira.”)

15 Ni imigambi iyihe wokwishingira? Ni nko kwishura ku makoraniro ukoresheje amajambo yawe bwite, gukora ubutsimvyi canke gukorera kuri Beteli. Woshobora kwiga urundi rurimi ufise intumbero yo gukorera mu cibare ruvugwamwo. Uwukiri muto umwe yitwa Barak, akaba ari mu murimo w’igihe cose, avuga ati: “Kuvyuka buri musi nzi yuko ndiko nkoresha inkomezi zanje zose kugira nkorere Yehova birampimbara kuruta ikindi kintu cose nokora.”

NUHE AGACIRO UMWIDEGEMVYO IMANA IGUHA

16. Dawidi yabona gute ingingo ngenderwako z’Imana, kandi kubera iki?

16 Soma Zaburi 16:2, 4Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana biratugira abidegemvya. Biratuma dukunda iciza tukanka ikibi. (Am. 5:15) Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yanditse ayo majambo ashaka kwerekana ko Yehova ari we Sôko ry’ukumera neza kwiwe. Ukumera neza ni ukugira ingeso nziza, ukaba agahebuza mu bijanye n’inyifato runtu. Dawidi yarihatiye kwigana Imana yiwe mu gukunda ivyo ikunda. Yarihatiye no kwanka ivyo Imana yanka, nk’ugusenga ibigirwamana, kikaba ari ikintu gitesha agaciro abantu kandi kigatuma Imana idahabwa ubuninahazwa ibereye.​—Yes. 2:8, 9; Ivyah. 4:11.

17, 18. (a) Dawidi yavuze iki ku bijanye n’ingaruka z’ugusenga kw’ikinyoma? (b) Ni ibiki bituma muri iki gihe “imibabaro iba myinshi” mu bantu?

17 Mu bihe vya kera, wasanga kenshi ugusenga kw’ikinyoma kujamwo n’ubuhumbu. (Hos. 4:13, 14) Ukwo gusenga kw’ikinyoma kwarashimisha abantu batwawe n’ivyipfuzo vy’umubiri. Ariko none kwoba kwaratuma bagira agahimbare karama? Uwokubesha! Dawidi yavuze ati: “Imibabaro iba myinshi kuri barya bihutira gukurikira iyindi mana.” Vyongeye, barakwegeye abana indiri imibabaro itovugwa. (Yes. 57:5) Yehova yaranka urunuka ubwo bunyamaswa! (Yer. 7:31) Iyo uza kuba uriho muri ico gihe, nta gukeka ko wari kubishima cane ufise abavyeyi bizera Yehova kandi bamugamburukira.

18 No muri iki gihe, amadini menshi ararenza uruho rw’amazi ku buhumbu mbere no ku kuryamana kw’abasangiye igitsina. Ariko ingaruka zo gushigikira ivyitwa ngo ni umwidegemvyo wo kwihitiramwo ziracari za zindi nyene. (1 Kor. 6:18, 19) Nk’uko ushobora kuba umaze kubibona, “imibabaro [ni] myinshi” mu bantu. Mwebwe rero abakiri bato, nimwumvirize Umuvyeyi wanyu wo mw’ijuru. Nimutahure ko kumugamburukira ari ku neza yanyu. Nimumenye neza ko ingaruka zo kwigenza nabi zirengeye cane ukuryoherwa kw’akanya gato ukwo ari kwo kwose. (Gal. 6:8) Umwe Joshua twavuga yagize ati: “Turashobora gukoresha umwidegemvyo wacu ukwo dushaka kwose, mugabo kuwukoresha nabi nta gahimbare bizana.”

19, 20. Abakiri bato bizera Yehova kandi bakamugamburukira biteze ivyiza ibihe?

19 Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yoh. 8:31, 32) Uwo mwidegemvyo urimwo kuvavanura n’idini ry’ikinyoma, ukutamenya be n’ibintazi. Ariko harimwo n’ibindi. Nk’uko tumaze kubibona, twiteze kuzoronka “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:21) Nuhonje rero kuri uwo mwidegemvyo guhera ubu mu ‘kuguma mw’ijambo rya Kristu’ ari zo nyigisho ziwe. Gutyo [u]zomenya ukuri,” atari mu kukwiga gusa ariko kandi no mu kubaho ukwisunga.

20 Yemwe bakiri bato, nimuhe agaciro umwidegemvyo Imana yabahaye. Nimuwukoreshe neza, maze mwishirireho umushinge mwiza ku bwa kazoza. Umuvukanyi umwe akiri muto yavuze ati: “Gukoresha neza umwidegemvyo ukiri muto biragufasha cane mu nyuma hageze ko ufata ingingo zikomeye, nko kurondera akazi kabereye, guhitamwo kwubaka canke kuba uramaze igihe kanaka utarubaka urwawe.”

21. Ushobora gute kuguma mu nzira ijana mu “buzima nyakuri”?

21 Muri iyi si ishaje, mbere n’ubwitwa ngo ni ubuzima bwiza bumara umwanya urume rumara. Ntituzi ico buca bucana. (Yak. 4:13, 14) Ikiranga ubukerebutsi rero ni ukuguma mu nzira ijana mu “buzima nyakuri” ari bwo buzima budahera. (1 Tim. 6:19) Ariko ntiwumve, Imana ntiduhata ngo tugendere muri iyo nzira. Ni twe twihitiramwo. Yehova rero numugire “umugabane” wawe. Nuhe agaciro “ivyiza” vyinshi yaguhaye. (Zab. 103:5) N’ikindi kandi, niwizere ko ashobora kuguha “umunezero uhagije” be n’agahimbare “ibihe bidahera.”​—Zab. 16:11.