Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ni mu buryo ki intumwa Paulo “yatwawe . . . mw’ijuru rya gatatu” no “mw’iparadizo”?​—2 Kor. 12:2-4.

Mu 2 Abakorinto 12:2, 3, Paulo aravuga umuntu “yatwawe . . . mw’ijuru rya gatatu.” None uwo muntu yari nde? Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Korinto, yarerekanye neza ko Imana yariko imukoresha nk’intumwa. (2 Kor. 11:5, 23) Yaciye avuga ibijanye no “kubonekerwa be n’uguhishurirwa n’Umukama.” Paulo ng’aho ntiyigeze avuga abandi bavukanyi. Bica vyumvikana ko yariko avuga yuko ari we yabonekewe yongera arahishurirwa.​—2 Kor. 12:1, 5.

Paulo rero ni we “yatwawe . . . mw’ijuru rya gatatu” kandi ni we “yatwawe mw’iparadizo.” (2 Kor. 12:2-4) Yakoresheje ijambo “uguhishurirwa,” rikaba risobanura kumenyeshwa ikintu kizoba muri kazoza.

None iryo “juru rya gatatu” Paulo yabonye ni iki?

Muri Bibiliya, ijambo “ijuru” rirashobora kwerekeza ku kirere tubona. (Ita. 11:4; 27:28; Mat. 6:26) Ariko rero, iryo jambo rirashobora kugira n’izindi nsobanuro. Hari igihe ryerekeza ku butegetsi bw’abantu. (Dan. 4:20-22) Rirashobora no kwerekeza ku butegetsi bwashizweho n’Imana, nk’akarorero bwa Bwami bwayo.​—Ivyah. 21:1.

Paulo ngo yabonye “ijuru rya gatatu.” None ivyo bisobanura iki? Rimwe na rimwe, Bibiliya irasubiramwo ikintu incuro zitatu kugira ishimike. (Yes. 6:3; Ezk. 21:27; Ivyah. 4:8) Biboneka rero ko igihe Paulo yavuga ngo “ijuru rya gatatu,” yariko ashimika ku butegetsi buhambaye kandi busumba ubundi bwose, ni ukuvuga Ubwami burongowe na Yezu ari we Mesiya hamwe na bamwe 144.000 bazofadikanya na we kuganza. (Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Igitabu ca 1, rup. 473-474, 476.) Ubwo Bwami ni bwo Petero yariko arerekezako igihe yavuga yuko turorereye “amajuru mashasha” Imana yasezeranye.​—2 Pet. 3:13.

“Iparadizo” Paulo yavuze yoyo isobanura iki?

Ijambo “iparadizo” na ryo nyene rirashobora gusobanura ibintu vyinshi. (1) Dufatiye kuri ha hantu Adamu na Eva batanguye kuba, ijambo “iparadizo” rirashobora kwerekeza kw’Iparadizo yimirije kubaho kw’isi. (2) Rirashobora kwerekeza ku kuntu abasavyi b’Imana bazoba bamerewe mu vy’impwemu muri iyo si nshasha. (3) Rirashobora kandi kwerekeza ku kuntu ibintu bizoba bimeze neza cane mw’ijuru, ni ukuvuga ya “paradizo y’Imana” ivugwa mu Vyahishuwe 2:7.​—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2015, rup. 8, ing. 8.

Birashoboka ko mu 2 Abakorinto 12:4, Paulo yariko yerekeza kuri ivyo bintu vyose bitatu igihe yariko avuga ivyamubayeko.

Muri make:

“Ijuru rya gatatu” rivugwa mu 2 Abakorinto 12:2 bushobora kuba ari bwa Bwami bwa Mesiya burongowe na Yezu Kristu be na bamwe 144.000, ni ukuvuga ya “majuru mashasha.”​—2 Pet. 3:13.

Ni “ijuru rya gatatu” kubera ko ubwo Bwami ari ubutegetsi buhambaye kandi busumba ubundi bwose.

“Iparadizo” Paulo ‘yatwawemwo’ igihe yerekwa, ishobora kwerekeza (1) kuri ya Paradizo igiye kuza kw’isi, (2) kw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu izoba iriho ico gihe, ikazoba yagutse cane kuruta iyo muri iki gihe (3) no kuri ya “paradizo y’Imana” izoba iri mw’ijuru mu gihe c’isi nshasha.

Ku bw’ivyo rero, iparadizo izoba igizwe n’amajuru mashasha hamwe n’isi nshasha. Izoba ari intunganyo nshasha igizwe n’Ubwami bwo mw’ijuru hamwe n’abantu bazoba basenga Yehova bari kw’isi y’iparadizo.