Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Rwaruka, Umuremyi wanyu ashaka ko mugira agahimbare

Rwaruka, Umuremyi wanyu ashaka ko mugira agahimbare

“[Ahaza] ubuzima bwawe ivyiza.”​—ZAB. 103:5.

INDIRIMBO: 135, 39

1, 2. Igihe twishingira imigambi mu buzima, ni kubera iki biranga ubukerebutsi twumvirije impanuro z’Umuremyi wacu? (Raba amashusho atangura.)

NIMBA ukiri muto, ushobora kuba umaze kuronka impanuro nyinshi ku bijanye na kazoza kawe. Abigisha, incuti be n’abandi, bashobora kuba barakuremesheje ngo wige amashure ahanitse kandi urondere akazi kakuronsa amahera menshi. Yehova wewe aguhanura ibitandukanye n’ivyo. Ego ni ko, arashaka yuko ukora cane ukiri kw’ishure kugira uzoshobore kwitunga umaze kuyarangiza. (Kol. 3:23) Yamara igihe ufata ingingo z’ibikwiye kuja imbere mu buzima, akuremesha kwisunga ingingo ngenderwako zihuye n’umugambi wiwe be n’ivyo ashaka ko dukora muri iki gihe c’iherezo.​—Mat. 24:14.

2 Vyongeye, niwibuke ko Yehova azi vyose be n’uko ari we azi ibigiye gushikira iyi si hamwe n’igihe gisigaye kugira umuhero ushike. (Yes. 46:10; Mat. 24:3, 36) N’ikindi kandi, aratuzi. Arazi icotuma turonka umunezero n’agahimbare nyakuri, akamenya n’ivyotuma tuvunika umutima kandi tukabura agahimbare. Naho rero impanuro z’abantu zoba zisa n’izumvikana gute, mu gihe zitisunga Ijambo ry’Imana, ntiziba ziranga ubukerebutsi namba.​—Imig. 19:21.

“NTA BUKEREBUTSI . . . MU KURWANYA YEHOVA”

3, 4. Kwumvira impanuro mbi vyagize ingaruka izihe kuri Adamu na Eva be n’ababakomotseko?

3 Impanuro mbi zatanguye kuva kera cane, zikaba zatangujwe na Shetani. N’ubwibone n’akantu, yarigize umuhanuzi, abwira Eva yuko we n’umugabo wiwe borushirije kugira agahimbare bahisemwo kubaho uko bishakiye. (Ita. 3:1-6) Ariko mu vy’ukuri, Shetani yavuze gutyo abitumwe n’ubwikunzi. Yashaka ko Adamu na Eva hamwe n’abobakomotseko bose, bamuyobokera kandi bakamusenga aho gusenga Yehova. Ariko none ni igiki yari yarabakoreye cari gutuma bamusenga? Yehova ni we yari yarabahaye ivyo bari bafise vyose: Ni we yatanguje umubano wabo, abaha itongo ry’akaroruhore babamwo be n’imibiri itunganye yotumye babaho ibihe bidahera.

4 Ikibabaje, Adamu na Eva baragambarariye Imana, baba bigize ibicibwa kuri yo. Nk’uko ubizi, ico kintu cakweze akarambaraye. Nka kurya kw’amashurwe baciye ku giti, ni nk’aho bagiye barakabirana buhorobuhoro, mu nyuma barapfa. Abana babo na bo nyene barashikiwe n’ingaruka z’igicumuro. (Rom. 5:12) Naho ari ukwo, abantu benshi n’ubu baracahitamwo kugambararira Imana. Bashaka kubaho ukwo bishakiye. (Ef. 2:1-3) Nk’uko ingaruka zivyerekana, “nta bukerebutsi . . . mu kurwanya Yehova.”​—Imig. 21:30.

5. Ni igiki cerekana ko Imana yari yizigiye abantu yaremye, kandi vyavuyemwo iki?

5 Yamara rero, Yehova yari azi ko abantu bamwebamwe ushizemwo n’abakiri bato benshi, bomurondeye maze bakamukorera. (Zab. 103:17, 18; 110:3) Ese ukuntu atonesha abantu mwene abo! Woba wibaza ko nawe uri muri bo? Nimba ari ukwo biri, nta gukeka yuko uriko urironkera “ivyiza” vyinshi biva ku Mana, bigatuma ugira agahimbare kenshi. (Soma Zaburi 103:5; Imig. 10:22) Nk’uko tugiye kubibona, muri ivyo “vyiza” harimwo umukimba w’ibifungurwa vy’impwemu, abagenzi beza kuruta abandi bose, imigambi myiza be n’umwidegemvyo nyakuri.

YEHOVA ARAKURONSA IVYO UKENEYE MU VY’IMPWEMU

6. Kubera iki ukwiye kwitwararika ivyo ukeneye mu vy’impwemu, kandi Yehova abikuronsa gute?

6 Wewe ntumeze nk’ibikoko kuko ukeneye ivy’impwemu, kandi Umuremyi wawe gusa ni we ashobora kubikuronsa. (Mat. 4:4) Igihe umwumvirije witonze urabona kure, ukaronka ubukerebutsi n’agahimbare. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Mat. 5:3) Imana ikuronsa ivyo ukeneye mu vy’impwemu biciye kw’Ijambo ryayo no ku bifungurwa vy’impwemu umuyoro itanga biciye kuri wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45) Ese ukuntu iduha ibifungurwa bitandukanye kandi ngirakamaro!​—Yes. 65:13, 14.

7. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe wironkera igihe wironsa ibifungurwa vy’impwemu Imana iduha?

7 Ibifungurwa vy’impwemu Imana itanga biratuma uronka ubukerebutsi n’ububasha bwo kwiyumvira, maze bukagukingira mu buryo butandukanye. (Soma Imigani 2:10-14.) Nk’akarorero, buratuma umenya inyigisho z’ikinyoma, nk’imwe ivuga ko ata Muremyi ariho. Buratuma utemera ikinyoma c’uko amahera be n’ubutunzi ari vyo bituma umuntu aronka agahimbare. Vyongeye, buragufasha kumenya no kwirinda ivyipfuzo bibi be n’inyifato ituma wisamburirako nk’impene. Nubandanye rero kurondera ubukerebutsi n’ububasha bwo kwiyumvira Imana itanga, ubone ko ari ubutunzi. Uko wironsa ivyo bintu vy’agaciro, uzokwibonera neza yuko Yehova agukunda be n’uko akwipfuriza ineza.​—Zab. 34:8; Yes. 48:17, 18.

8. Kubera iki ukwiye kwiyegereza Imana ubu, kandi ivyo bizogufasha gute muri kazoza?

8 Vuba isi ya Shetani izokurwaho maze Yehova abe ari we gusa asigara ari ubuhungiro bwacu. Nkako, hazogera igihe abe ari we gusa duhanga amaso kugira turonke ikirirenza! (Hab. 3:2, 12-19) Emwe, ubu ni co gihe co kwiyegereza uwo Muvyeyi wawe wo mw’ijuru no kurushiriza kumwizigira. (2 Pet. 2:9) Niwabigenza gutyo, naho ico gihe woshikirwa n’iki, uzokwumva umerewe nk’umwanditsi w’amazaburi Dawidi, uwavuze ati: “Nashize Yehova imbere yanje nantaryo. Kubera ko ari iburyo bwanje, sinzonyiganyizwa.”​—Zab. 16:8.

YEHOVA ARAKURONSA ABAGENZI BEZA KURUTA ABANDI BOSE

9. (a) Twisunze Yohani 6:44, ni igiki Yehova akora? (b) Guhura n’ibindi Vyabona bitandukaniye he no guhura n’abatari mu kuri?

9 Yehova arakwegera abo yemerera kuba mu bagize umuryango wiwe wo mu vy’impwemu, agatuma baza mu gusenga kw’ukuri. (Soma Yohani 6:44.) Iyo uhuye ari bwo bwa mbere n’umuntu atari mu kuri, uba umuziko iki? Uretse izina ryiwe be n’ingene asa, nta kindi. Ariko si ko bimera iyo uhuye ari bwo bwa mbere n’umuntu azi Yehova kandi amukunda. Naho yoba ava mu kindi gihugu, afise irindi bara ry’urukoba canke iyindi mico kama, uba umuziko vyinshi kandi na we nyene aba akuziko vyinshi.

Yehova yipfuza ko tugira abagenzi beza kuruta abandi bose kandi tukishingira imigambi y’ivy’impwemu (Raba ingingo ya 9-12)

10, 11. Ni ibiki Ivyabona vya Yehova bahuriyeko, kandi bidufasha gute?

10 Nk’akarorero, mugihura muca muvuga rumwe, ni ukuvuga rwa “rurimi rutyoroye” rw’ukuri. (Zef. 3:9) Ivyo bituma umwe wese amenya ivyo uwundi yemera ku bijanye n’Imana, ingingo zigenga inyifato runtu, icizigiro ca kazoza, n’ibindi. Vyongeye, ivyo ni vyo bintu bihambaye dukwiye kumenya ku muntu, kuko ari vyo bituma turushiriza kumwizigira. Ni na vyo shingiro ry’ubugenzi nyabwo kandi buramba.

11 Ntitwoba rero turengeje urugero tuvuze ko ufise abagenzi beza kuruta abandi bose kubera ko uri umusavyi wa Yehova, kandi ubasanga kw’isi yose. Ni uko gusa benshi muri bo mutarahura. Hoba none hari abandi bafise ico kintu c’agaciro atari abasavyi ba Yehova?

YEHOVA ARATUMA UGIRA IMIGAMBI MYIZA

12. Ni imigambi y’ivy’impwemu iyihe ushobora kwishingira?

12 Soma Umusiguzi 11:9–12:1. Hoba hari imigambi y’ivy’impwemu uriko uragerageza kurondera gushikira? Kumbure uriko uragerageza gusoma Bibiliya buri musi. Canke hari aho woba uriko uragerageza kuryohora ubuhanga bwawe bwo kuvuga n’ubwo kwigisha. Wiyumva gute iyo ubonye ko wagize ivyo uryohoye muri iyo mice canke iyo abandi babibonye bakagukeza? Nta gukeka ko biguhimbara cane kandi ivyo ni ko bikwiye kumera. Uti kubera iki? Kubera ko uriko urashira imbere ivyo Imana igomba, nk’uko Yezu yabigize.​—Zab. 40:8; Imig. 27:11.

13. Gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu no gukurikirana imigambi y’isi bitandukaniye he?

13 Ushize imbere imigambi yo mu vy’impwemu, uba uriko urakora ikintu kizotuma ugira agahimbare nyakuri kubera ko kizovamwo ivyiza. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mube abashikamye, mutanyiganyiga, mwama mufise vyinshi mukora mu gikorwa c’Umukama, muzi yuko ukubira akuya kwanyu atari ukw’ubusa mu Mukama.” (1 Kor. 15:58) Ariko iyo abantu bashize imbere imigambi yo muri iyi si, naho wobona umengo bararoraniwe, impera n’imperuka nta gahimbare bagira. (Luka 9:25) Akarorero k’Umwami Salomo karavyerekana.​—Rom. 15:4.

14. Twokwigira iki ku vyo Salomo yiboneye?

14 Salomo, uwari atunze cane afise n’ububasha bwinshi, nta co atakoze kugira yinezereze. Yabwiye umutima wiwe ati: “Ingo rero ndakugeragereshe umunezero. Vyongeye, nubone ivyiza.” (Umus. 2:1-10) Yariyubakiye amazu, aratunganya imirima n’amashamba abereye ijisho yongera ararondera ikintu cose yipfuza. None amaherezo yumvise amerewe gute? Vyoba vyaramubumvye, akagira umunezero n’agahimbare? Reka Salomo ubwiwe atwishure. Yanditse ati: “Jewe ubwanje narahindukiye ndaba ibikorwa vyanje vyose amaboko yanje yari yarakoze . . . , nsanga vyose vyari ubusa . . . nta kintu c’akarusho cariho.” (Umus. 2:11) Mbega icigwa gikomeye! Woba none uzogishira ku mutima?

15. Kubera iki ukwizera guhambaye, kandi kuvamwo ivyiza ibihe nk’uko bivugwa muri Zaburi 32:8?

15 Yehova yipfuza kukurinda umubabaro uva ku kwiga ubanje kwibonerako. Urakeneye ukwizera kugira ugamburukire Imana wongere ushire mu kibanza ca mbere ivyo igomba. Ukwo kwizera kuri n’agaciro kanini kandi ntikwigera gutuma wicuza. Egome, Yehova ntazokwigera yibagira ‘urukundo werekanye ko ufitiye izina ryiwe.’ (Heb. 6:10) Niwihatire rero gukomeza ukwizera, maze wibonere ko Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru akwipfuriza ineza.​—Soma Zaburi 32:8.

IMANA IRAGUHA UMWIDEGEMVYO NYAKURI

16. Kubera iki dukwiye guha agaciro umwidegemvyo kandi tukawukoresha neza?

16 Paulo yanditse ati: “Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.” (2 Kor. 3:17) Ego cane, Yehova arakunda umwidegemvyo, kandi na wewe yaragushizemwo urwo rukundo. Ariko rero yipfuza ko ukoresha neza umwidegemvyo ufise, kandi ivyo biragukingira. Ushobora kuba uzi abakiri bato baraba amashusho y’ibiterasoni canke bisuka mu busambanyi, abaja mu nkino ziteye akaga, ababorerwa be n’abanywa ibiyayuramutwe. Ego ni ko, bashobora kuba baryimara ku rugero runaka. Ariko kenshi ivyo birabakwegera akarambaraye, kumbure bakandura indwara, bakizizirwa n’ivyo bintu canke mbere bikabahitana. (Gal. 6:7, 8) Mu vy’ukuri, barihenda cane bibwira ko bafise umwidegemvyo.​—Tito 3:3.

17, 18. (a) Ni mu buryo ubuhe kugamburukira Imana bituma turonka umwidegemvyo? (b) Umwidegemvyo Adamu na Eva bari bafise utandukaniye he n’uwo abantu bafise ubu?

17 Ariko none, woba uzi abantu bamaze kurwara kubera bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Biratomoye ko kugamburukira Yehova ari ngirakamaro kandi bituma twidegemvya. (Zab. 19:7-11) Vyongeye, igihe ukoresheje neza umwidegemvyo ufise, ni ukuvuga ukisunga amategeko n’ingingo ngenderwako bitunganye vy’Imana, uba weretse Imana n’abavyeyi bawe ko ubereye umwidegemvyo wiyongereye. Mu bisanzwe, Imana itegekanya ko amaherezo izoronsa abasavyi bayo umwidegemvyo utagira agahaze, uwo Bibiliya yita “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”​—Rom. 8:21.

18 Adamu na Eva barahonjeje kuri uwo mwidegemvyo. Mu murima wa Edeni, Imana yababujije ibintu bingahe? Ikintu kimwe kitarenga. Bari babujijwe kurya ku vyamwa vy’igiti kimwe. (Ita. 2:9, 17) None wovuga ko iryo tegeko rimwe gusa ryari iry’agahahazo? Habe namba! Hari aho rihuriye n’amategeko adaharurwa abantu bashizeho kugira tuyige twongere tuyakurikize?

19. Ni mu buryo ubuhe turiko turigishwa kugira tube abantu bidegemvya?

19 Yehova afata neza cane abasavyi biwe. Aho kuduha amategeko adahera, aratwigisha yihanganye ukuntu twokwisunga rya tegeko ry’urukundo. Yipfuza ko tubaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe kandi tukanka ikibi. (Rom. 12:9) Ya Nsiguro ya Yezu yo ku Musozi ni akarorero keza k’iyo nyigisho, kuko yerekana umuzi w’ibibi. (Mat. 5:27, 28) Narirya Kristu ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, azobandanya kutwigisha no mw’isi nshasha kugira ngo tubone ubugororotsi n’ubugarariji nk’uko abibona. (Heb. 1:9) Azodufasha kandi kuba abatunganye ku mubiri no mu bwenge. Ibaze nawe! Ntuzosubira kwoshwa nabi canke ngo ushikirwe n’ingaruka zibabaje z’igicumuro. Uzoba rero ugiye waronka wa “mwidegemvyo w’ubuninahazwa” Yehova yagusezeraniye.

20. (a) Yehova akoresha gute umwidegemvyo afise? (b) Womwigana gute?

20 Ariko ntiwumve, ntituzokwigera twidegemvya ijana kw’ijana. Umwidegemvyo wacu uzoba uyobowe n’urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu. Mu bisanzwe, Yehova nta kindi adusaba atari ukumwigana. Naho afise umwidegemvyo utagira aho ugarukira, yahisemwo kuyoborwa n’urukundo mu kuntu afata ivyaremwe vyiwe bifise ubwenge. (1 Yoh. 4:7, 8) Birumvikana rero ko umwidegemvyo wacu uzoba uwuzuye igihe gusa uzoba uyobowe n’urukundo nk’urw’Imana.

21. (a) Dawidi yiyumva gute ku bijanye na Yehova? (b) Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

21 Woba uha agaciro “ivyiza” vyinshi Yehova akuronsa, nk’ibifungurwa umukimba vy’impwemu, abagenzi beza, imigambi myiza be n’icizigiro co kuronka umwidegemvyo utagira agahaze? (Zab. 103:5) Nimba ari ko biri, ushobora kuba wiyumva nka Dawidi igihe yabwira Yehova ati: “Uzomenyesha umunyuro w’ubuzima. Umunezero uhagije uri imbere yo mu maso hawe; ubuhimbare buri iruhande y’ukuryo kwawe ibihe bidahera.” (Zab. 16:11) Mu kiganiro gikurikira tuzorimbura ubundi butunzi dukura muri Zaburi ya 16. Ubwo butunzi buzotuma turushiriza gutahura ibintu bishikana ku gahimbare nyakuri.