Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Umugororotsi azonezerwa muri Yehova”

“Umugororotsi azonezerwa muri Yehova”

DIANA afise imyaka irenga 80. Umugabo wiwe yari arwaye indwara yo mu bwonko yitiriwe Alzheimer kandi imbere y’uko apfa yaramaze imyaka mu kigo kibungabunga abashaje. Diana yaranabuze abahungu biwe babiri yongera ararwara kanseri yo mw’ibere. Naho ari ukwo, igihe ari ku Ngoro y’Ubwami canke mu busuku, abo bari kumwe mw’ishengero baribonera yuko yama anezerewe.

John yaramaze imyaka irenga 43 ari umucungezi w’ingenzi. Yarakunda cane ico gikorwa! Ariko rero yaragihagaritse kugira yitwararike incuti yiwe yari irwaye, ubu akaba asukurira mw’ishengero. Abazi John kuva kera iyo bamubonye kw’iteraniro canke kw’ihwaniro, babona ko atigeze ahinduka. N’ubu aracarangwa n’umunezero.

Bishoboka gute ngo Diana na John bagire umunezero? Bigenda gute ngo umuntu atuntuye kandi arwaye agire umunezero? Vyongeye, umuntu atagifise agateka yahora yikundira ashobora gute kugumana agahimbare? Bibiliya iraduha inyishu iti: “Umugororotsi azonezerwa muri Yehova.” (Zab. 64:10) Turashobora kurushiriza gutahura ukwo kuri guhambaye hamwe twomenya igituma vy’ukuri tugira umunezero uramba.

UMUNEZERO W’IGIHE GITO

Hariho ibintu vyama bizana umunezero, nk’akarorero igihe umusore n’inkumi bakundana bubatse urwabo, igihe umuvyeyi yibarutse canke igihe umuntu atewe agateka k’umurimo. Ivyo bintu biratera umunezero, kandi ni ikintu cumvikana kuko bituruka kuri Yehova. Ni we yatanguje umubano, ni we atuma dushobora kurondoka kandi ni we atanga uduteka mw’ishengero.​—Ita. 2:18, 22; Zab. 127:3; 1 Tim. 3:1.

Yamara rero, ibintu bimwebimwe bizana umunezero birashobora kumara igihe gito. Nk’akarorero, urashobora guhemukirwa n’uwo mwubakanye canke ugapfakara. (Ezk. 24:18; Hos. 3:1) Abana bamwebamwe baragambararira abavyeyi be n’Imana, kumbure bakanacibwa mw’ishengero. Abahungu ba Samweli ntibakoreye Yehova nk’uko abishaka, ivyo Dawidi yakoze na vyo birakwega ingorane mu muryango wiwe. (1 Sam. 8:1-3; 2 Sam. 12:11) Ibintu nk’ivyo ntibizana umunezero, ahubwo bitera intuntu n’umubabaro.

N’uduteka tw’umurimo turashobora guhagarara, bitewe kumbure n’amagara make, amabanga yo mu muryango canke amahinduka aba mw’ishirahamwe. Abantu benshi bashikiwe n’ayo mahinduka bariyemereye ko batagifise umunezero wava mu bikorwa bahoze barangura.

Turibonera ko ku rugero kanaka, umunezero ivyo bintu bizana ushobora kuba uw’igihe gito. Twoba none dushobora kuronka umunezero urama, naho ibintu vyohinduka bikamera nabi? Birashoboka kuko na Samweli, Dawidi be n’abandi bagumanye umunezero igihe bari mu bigeragezo.

UMUNEZERO URAMBA

Yezu yari azi neza ico ari co umunezero. Imbere y’uko aza kw’isi, Bibiliya ivuga ko ‘yahimbarwa igihe cose imbere ya Yehova.’ (Imig. 8:30) Ariko rero amaze kuza kw’isi, rimwe na rimwe yarashikirwa n’ibintu bitoroshe na gato. Naho ari ukwo, yarahimbarwa no gukora ivyo Se agomba. (Yoh. 4:34) Tuvuge iki ku masaha ya nyuma ateye umubabaro yamaze kw’isi? Bibiliya ivuga iti: “Ku bw’akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako.” (Heb. 12:2) Birabereye rero ko turimbura ibintu bibiri Yezu yavuze ku bijanye n’umunezero nyakuri.

Igihe kimwe, abigishwa 70 baragarutse bavuye kwamamaza. Bari banezerewe kubera bari bakoze ibitangaro, mbere barirukana n’amadayimoni. Yezu yaciye ababwira ati: “Ntimunezerwe n’uko impwemu zibumvira, ahubwo munezerwe kubera ko amazina yanyu yanditswe mw’ijuru.” (Luka 10:1-9, 17, 20) Ego cane, aho kunezerezwa n’uko batewe agateka kadasanzwe, bari bakwiye canecane kunezerezwa n’uko Yehova abashima. Ntiyokwibagiye abo bigishwa b’intahemuka, kikaba ari ikintu giteye umunezero cane.

Ikindi gihe, Yezu yariko yigisha isinzi. Umugore umwe w’Umuyudakazi yaciye avuga ko nyina w’uwo mwigisha ahambaye ari we Yezu, ategerezwa kuba ahiriwe cane. Mugabo Yezu yaciye amukosora ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!” (Luka 11:27, 28) Naho kugira abana b’intore biryoshe, kugiranira ubucuti na Yehova kubera ko umugamburukira biraryoshe kuruta.

Vy’ukuri, kumenya ko Yehova adushima ni co kintu gituma tugira umunezero uramba. Ibigeragezo bidushikira ntibiryoshe, ariko ntibishobora kutwaka uwo munezero. Ahubwo igihe tuvyihanganiye ata kudohoka, tuba dutahukanye intsinzi kandi biratuma tunezerwa. (Rom. 5:3-5) Vyongeye, Yehova araha impwemu yiwe abamwizigira, umunezero na wo ukaba ari umuce w’icamwa cayo. (Gal. 5:22) Ivyo biradufasha gutahura igituma Zaburi 64:10 igira iti: “Umugororotsi azonezerwa muri Yehova.”

Ni ibiki vyafashije John kuguma afise umunezero?

Ivyo birerekana igituma bamwe Diana na John twavuga bashoboye kugumana umunezero mu bihe bigoye. Diana avuga ati: “Narahungiye kuri Yehova, nka kurya umwana ahungira ku muvyeyi wiwe.” Ni igiki kimwereka ko Imana imushima? Agira ati: “Yarampezagiye mu kumpa ububasha bwo kuguma namamaza nkeye mu maso.” John yagumye afise umwete mu busuku n’inyuma y’aho ahagarikiye ca gikorwa yakunda cane co kugendera amashengero. Arasigura icamufashije cane ati: “Kuva ntanguye kwigisha mw’Ishure rimenyereza abasuku mu 1998, nariyigishije cane kuruta ikindi gihe cose.” Ku bijanye na we be n’umukenyezi wiwe, avuga ati: “Ukuntu Yehova yagiye aratumenyereza mu myaka n’iyindi kwemera igikorwa cose aduhaye, vyaratumye iryo hinduka ritworohera. Ntitwigeze twicuza na gato.”

N’abandi benshi baramaze kwibonera ko ibivugwa muri Zaburi 64:10 ari ukuri. Raba nk’akarorero umugabo umwe n’umugore wiwe bari bamaze imyaka irenga 30 bakorera kuri Beteli yo muri Amerika. Baciye barungikwa gukora ubutsimvyi budasanzwe. Biyemerera bati: “Igihe utakaje ikintu wakunda, birumvikana ko ugira umubabaro.” Ariko bongerako bati: “Ntiwoguma ubabaye ibihe vyose.” Ntibatevye rero kwifatanya n’ishengero mu busuku. Bagira bati: “Twaratuye amasengesho adomako. Kwibonera rero ukuntu ayo masengesho yishurwa vyaraturemesheje vyongera bituma tugira umunezero. Haciye igihe gito dushitse, hari n’abandi mw’ishengero batanguye ubutsimvyi, kandi twarahimbawe no kuronka inyigisho za Bibiliya zibiri zitera imbere.”

“MUNEZERERWE IBIHE BIDAHERA”

Tuvugishije ukuri, ntivyama vyoroshe kugira umunezero. Birashika tukumva tubabaye. Yamara rero, Yehova yarahumetse amajambo adusubiriza umutima mu nda ari muri Zaburi 64:10. N’igihe twumva ducitse intege, turashobora kwizigira tudakeka ko “[tu]zonezerwa muri Yehova,” nitwaba ‘abagororotsi’ tukaguma turi intahemuka igihe ivyacu bihindutse. Vyongeye, turashobora kwitegana umushasharo iranguka ry’umuhango Yehova yaduhaye werekeye “amajuru mashasha n’isi nshasha.” Ico gihe agasembwa kazoba kagiye ubutakigaruka. Abasavyi b’Imana bose ‘bazokwigina banezerwe ibihe bidahera’ kubera ivyo izobakorera.​—Yes. 65:17, 18.

Ibaze nawe: tuzokwironkera amagara atagira agahaze kandi buri musi tuzovyuka dufise ingoga nyinshi. Naho tuzoba twaratuntuye gute muri kahise, ntituzoba tukivyibuka. Bibiliya idukura amazinda iti: “Ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.” Igitangaro c’izuka kizotuma dusubira kubona abacu twabuze. Abantu amamiliyoni adaharurwa bazokwumva bamerewe nk’abavyeyi ba ka gakobwa k’imyaka 12 Yezu yazura. Bibiliya ivuga ko “[baguye] mu gahundwe bikugura cane.” (Mrk. 5:42) Amaherezo, umuntu wese kw’isi azoba “umugororotsi” mu buryo bwuzuye, maze ashobore “[ku]nezerwa muri Yehova” ibihe bidahera.