Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Tuzosubira muri Paradizo!”

“Tuzosubira muri Paradizo!”

“Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.”​—LUKA 23:43.

INDIRIMBO: 145, 139

1, 2. Ni ibintu bitandukanye ibihe abantu bita iparadizo?

UMUSI umwe, abavukanyi na bashiki bacu bava mu bihugu bitandukanye bari barangije ihwaniro i Séoul muri Koreya. Mu gusezerana, Ivyabona bo ng’aho barabakikuje, maze batarika amaboko biha akamo bati: “Tuzosubira muri Paradizo!” Emwe, vyari bihimbaye cane. None iyo paradizo bavuga yari iyihe?

2 Iyo abantu bumvise ijambo iparadizo, babona ibintu bitandukanye. Hari abivugira ko iparadizo ari ikintu c’indoto gusa. Abandi na bo bavuga ko iparadizo ari ahantu hose hatuma bagira agahimbare n’umunezero. Nk’akarorero, umuntu yisonzeye ashitse ku nzimano yoshobora guca yumva ko ari mw’iparadizo. Mu kinjana ca 19, ingenzi imwe yarashitse mu kabande keza cane k’amashurwe yimejeje, ica yiha akamo iti: “Yoo, mbega iparadizo!” None wewe iyo wumvise iparadizo, ubona iki? Woba wizigiye ko izobaho?

3. Bibiliya idufasha gute gutahura ico ari co iparadizo?

3 Bibiliya iravuga ibijanye n’iparadizo yigeze kubaho be n’iyimirije kubaho, kandi ivy’iparadizo ibivuga kuva mu ntango. Mw’​Itanguriro 2:8, Bibiliya y’abagatolika (Douay Version) yahinduwe ikuwe mu kilatini, ihavuga iti: “Umukama Imana yari yarashizeho iparadizo y’agahimbare kuva mu ntango: ng’aho yahashize [Adamu] uwo yari yarahinguye.” (Ni twe dushimitse.) Mu giheburayo havuga ngo ‘iparadizo yo muri Edeni.’ Edeni rero risobanura ngo “Agahimbare,” kandi iryo tongo ryari rihimbaye koko. Hari ahantu hateye igomwe, ibifungurwa ari rya nawe, hakaba n’ibikoko bitandukanye vyabana n’abantu mu mahoro.​—Ita. 1:29-31.

4. Kubera iki twovuga ko itongo rya Edeni yari iparadizo?

4 Ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “itongo,” ryahinduwe mu kigiriki ngo pa·raʹdei·sos. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi ca M’Clintock na Strong kivuga ko iyo Umugiriki yumvise ijambo pa·raʹdei·sos aca abona mu bwenge itongo rinini rizitiye kandi rifise ubwiza ntangere, ibiti vy’inganzamarumbu biriko ivyamwa bitandukanye, imigezi y’amazi y’umusarara be n’imikuku y’ingeregere n’intama ziriko zirarisha ku nkengera ubwatsi butotahaye.​—Gereranya n’​Itanguriro 2:15, 16.

5, 6. Iparadizo yatakaye gute, kandi ivyo bituma twibaza ikibazo ikihe?

5 Imana yarashize Adamu na Eva muri iyo paradizo, ariko ntibagumyeyo. Uti kubera iki? Kubera ko bayigambarariye. Bo ubwabo hamwe n’abobakomotseko baciye batakaza akaryo ko kuba mw’Iparadizo. (Ita. 3:23, 24) Naho ata muntu yari akiri muri iryo tongo, biboneka ko ryagumyeho gushika kuri wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa.

6 Hari abokwibaza bati: ‘Hoba hazokwigera hasubira kuba Iparadizo kw’isi?’ Ibimenyamenya vyerekana iki? Nimba wizigiye kubana n’abawe mw’Iparadizo, woba ufise ibimenyamenya bifadika vy’ico cizigiro? Woba ushobora gusigura igituma wajijutse ko hazoba Iparadizo?

IVYEREKANA KO ISI IZOBA IPARADIZO

7, 8. (a) Imana yasezeraniye iki Aburahamu? (b) Iryo sezerano rishobora kuba ryatumye Aburahamu aca abona iki?

7 Nta handi twokura inyishu z’ivyo bibazo atari mu gitabu cahumetswe n’uwaremye ya Paradizo yo mu ntango. Rimbura ivyo Imana yabwiye umugenzi wayo Aburahamu. Yavuze ko yogwije uruvyaro rwa Aburahamu “nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga.” Yaciye imusezeranira ikintu gihambaye iti: “Biciye ku ruvyaro rwawe amahanga yose yo kw’isi azokwihesha koko umuhezagiro kubera yuko wumvirije ijwi ryanje.” (Ita. 22:17, 18) Imana yarasubiriyemwo iryo sezerano umuhungu wa Aburahamu be n’umwuzukuru wiwe.​—Soma Itanguriro 26:4; 28:14.

8 Muri Bibiliya nta kintu na kimwe cerekana ko Aburahamu yiyumviriye ko abantu bohavuye baronka impera mw’Iparadizo yo mw’ijuru. Igihe rero Imana yavuga ko “amahanga yose yo kw’isi” azoronka imihezagiro, birumvikana ko Aburahamu yaca abona imihezagiro yo kw’isi. Narirya uwo muhango watanzwe n’Imana, bisobanura ko “amahanga yose yo kw’isi” azoba amerewe neza. None hoba hari ibindi bimenyamenya bishigikira ico ciyumviro?

9, 10. Ni iyindi mihango iyihe ituma twitega ko isi igiye kuba iparadizo?

9 Umwe mu bakomoka kuri Aburahamu ari we Dawidi, yaravuze ibijanye n’igihe “inkozi z’ikibi” be n’“abakora ibitagororotse” bazovaho. Ico gihe, “umubisha nta[zoba] akiriho.” (Zab. 37:1, 2, 10) Ariko rero, “abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” Vyongeye, Dawidi yaravuze ahumekewe ati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.” (Zab. 37:11, 29; 2 Sam. 23:2) Wibaza none ko ayo majambo yafashije gute abantu bari bafise icipfuzo co gukora ivyo Imana igomba? Yaratumye baronka imvo yo kwitega ko hogeze igihe abagororotsi ari bo bonyene baba kw’isi, maze igaca iba iparadizo imeze nka rya tongo rya Edeni.

10 Mu nyuma, Abisirayeli benshi bavuga ko basenga Yehova baramuteye akagere bongera baraheba ugusenga kw’ukuri. Imana rero yararetse Abanyababiloni barigarurira abasavyi bayo, baratikiza igihugu cabo, benshi muri bo na bo babatwara mu bunyagano. (2 Ngo. 36:15-21; Yer. 4:22-27) Ariko rero, abahanuzi Imana yakoresha baravuze ko inyuma y’imyaka 70 abasavyi bayo bosubiye mu gihugu c’amavukiro. Ubwo buhanuzi bwararangutse kandi buri n’ico buvuze kuri twebwe. Uko turimbura bumwebumwe muri bwo, uragumiza ku muzirikanyi intumbero yacu, ni ukuvuga iparadizo igiye kuza kw’isi.

11. Muri Yesaya 11:6-9 harangutse gute, ariko ni ikibazo ikihe gica kivyuka?

11 Soma Yesaya 11:6-9. Imana ibicishije kuri Yesaya yaravuze yuko abasavyi bayo bamaze gusubira mu gihugu cabo, batohuye n’ingorane canke ibintu biteye akaga. Eka kandi nta bwoba bogize kubera ibikoko canke abantu bameze nk’inyamaswa. Abato n’abakuze bokwibereye mu mahoro. None ivyo ntibica bikwibutsa ingene ubuzima bwari bumeze muri Edeni? (Yes. 51:3) Ubuhanuzi bwa Yesaya buravuga kandi ko isi yose, atari gusa rya hanga rya Isirayeli, “izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova nk’uko amazi apfutse ikiyaga.” None ivyo bizoranguka ryari?

12. (a) Ni imihezagiro iyihe abavuye mu bunyagano i Babiloni bironkeye? (b) Ni igiki cerekana ko ibivugwa muri Yesaya 35:5-10 bifise irindi ranguka?

12 Soma Yesaya 35:5-10. Yesaya yaravuze ko abogarutse batogeramiwe n’ibikoko canke abantu. Igihugu cabo cokwimbutse cane, kubera hobaye hari amazi menshi nka kumwe nyene kwo mw’itongo rya Edeni. (Ita. 2:10-14; Yer. 31:12) None ivyo vyarangutse ico gihe gusa? Nta kimenyamenya c’uko abagarutse bavuye mu bunyagano bakijijwe ku gitangaro. Nk’akarorero, impumyi ntizahumutse. Imana rero yari yerekanye ko iranguka nyaryo ry’ubwo buhanuzi ryobaye muri kazoza.

13, 14. Abahoze ari inyagano babonye gute iranguka ry’ibivugwa muri Yesaya 65:21-23, mugabo ni ibiki bitararanguka muri ubwo buhanuzi? (Raba ishusho itangura.)

13 Soma Yesaya 65:21-23. Abayuda ntibashikiye mu mazu mezameza. Eka kandi, ntibasanze hari imirima be n’amatongo y’imizabibu. Mugabo ivyo vyohindutse Imana imaze kubahezagira. Ese ingene banezerewe no kwubaka amazu bakayabamwo! Vyongeye bararimye maze barinovora ivyo bimbuye biryoshe cane.

14 Hari ikintu gihambaye kivugwa muri ubwo buhanuzi. Hoba hazoshika igihe imisi yacu “izoba nk’imisi y’igiti”? Ibiti bimwebimwe biramara imyaka ibihumbi. Bizosaba ko abantu bagira amagara meza kugira ngo barambe gutyo. Nivyashika bakabaho bamerewe nk’uko Yesaya yabivuze, kizoba ari ikintu ciza igitangaza, ni ukuvuga iparadizo! Ubwo buhanuzi buzoranguka ata kabuza!

Wa muhango Yezu yatanga werekeye Iparadizo uzoranguka gute? (Raba ingingo ya 15, 16)

15. Ni imihezagiro imwimwe iyihe ivugwa mu gitabu ca Yesaya?

15 Woba ubona ingene iyo mihango duhejeje kuvuga yerekana ko hazobaho iparadizo? Isi izoba yuzuye abantu bahezagiwe n’Imana. Nta n’umwe azoba ageramiwe n’ibikoko canke abantu bameze nk’inyamaswa. Impumyi, abatumva be n’abamugaye bazokizwa. Abantu bazokwiyubakira amazu kandi bahimbarwe no kurima ibiterwa ngirakamaro. Bazoramba kuruta ibiti. Ego cane, Bibiliya iratwereka ko ivyo bintu bizoshika. Yamara rero, hari abovuga ko turiko turashikuza. None wobishura gute? Ni imvo yumvikana iyihe ituma witega ko isi izoba koko iparadizo? Wa muntu ahambaye kuruta ababayeho bose yaratanze iyo mvo.

UZOBA URI MURI PARADIZO!

16, 17. Ibintu vyari vyifashe gute igihe Yezu yavuga ibijanye n’Iparadizo?

16 Naho Yezu yari intungane, yaraciriwe urubanza maze aramanikwa ku giti, hagati y’Abayuda babiri b’inkozi z’ikibi. Imbere y’uko umwe muri bo apfa, yaremeye ko Yezu ari umwami aca amusaba ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” (Luka 23:39-42) Inyishu Yezu yatanze muri Luka 23:43 irerekeye na kazoza kawe. Abahinga bamwebamwe bo muri kino gihe bahindura uwo murongo ijambo ku rindi bati: “Ndakubwiye ukuri, uno musi uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” Abantu ntibahuza ku bijanye n’aho agakwabu gakwiye kuja muri uwo murongo. None Yezu yashatse kuvuga iki mu kuvuga ngo “uno musi”?

17 Muri kino gihe, indimi nyinshi zirakoresha udukwabu kugira zitomore iciyumviro kiri mu ryungane. Ariko mu vyandikano vya kera vy’ikigiriki, utumenyetso tw’igisomwa ntitwakoreshwa cane. Umuntu rero aca yibaza ati: Yezu yoba yashatse kuvuga ngo “Ndabikubwiye, uno musi uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”? Canke yashatse kuvuga ngo “Ndabikubwiye uno musi, uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”? Abahinduzi boshobora gushiramwo agakwabu bisunze ico bibaza ko Yezu yashatse kuvuga, kandi izo mvugo zompi urashobora kuzibona muri Bibiliya zo muri kino gihe.

18, 19. Ni igiki kidufasha gutahura ico Yezu yashatse kuvuga?

18 Ariko rero, niwibuke ko Yezu yari yabwiye abayoboke biwe ati: “Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’isi.” Yababwiye kandi ati: “Umwana w’umuntu abwirizwa kugaburwa mu maboko y’abantu, kandi bazomwica, maze ku musi ugira gatatu azozurwa.” (Mat. 12:40; 16:21; 17:22, 23; Mrk. 10:34) Intumwa Petero aravuga ko ivyo vyabaye. (Ivyak. 10:39, 40) Yezu rero nta Paradizo n’imwe yagiyemwo ku musi we hamwe na ya nkozi y’ikibi bapfiriyeko. Yamaze imisi “mu kuzimu,” gushika Imana imuzuye.​—Ivyak. 2:31, 32. *

19 Imbere rero y’uko Yezu aha ya nkozi y’ikibi wa muhango, yabanje kuvuga ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi.” Iyo mvugo yari imenyerewe no mu gihe ca Musa. Igihe kimwe Musa yavuze ati: “Aya majambo ndagutegetse uno musi aze abe ku mutima wawe.”​—Gus. 6:6; 7:11; 8:1, 19; 30:15.

20. Ni ibiki bitwereka ko dutahura neza ya majambo ya Yezu?

20 Umuhinduzi umwe wa Bibiliya wo mu karere Yezu yabayemwo, yavuze ku bijanye n’ayo majambo ya Yezu ati: “Igishimikwako muri iri ryungane, ni imvugo ngo ‘uno musi’ kandi rikwiye gusomwa ngo ‘Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.’ Uwo muhango yawumuhaye uwo musi, ariko worangutse mu nyuma. Ivyo vyari bimenyerewe mu mvugo yakoreshwa muri ako karere mu kwerekana ko umuhango utanzwe ku musi kanaka be n’uko uzoranguka ata kabuza.” Ni co gituma impinduro iri mu rurimi rw’igisiriyake yo mu kinjana ca gatanu ihindura ayo majambo ya Yezu iti: “Amen, ndabikubwiye uno musi ko uzobana nanje mw’itongo rya Edeni.” Uwo muhango uraturemesha twese.

21. Kubera iki ya nkozi y’ikibi itagiye mw’iparadizo yo mw’ijuru?

21 Ya nkozi y’ikibi yari ku mpfiro ntiyari izi ko Yezu yasezeraniye intumwa ziwe z’intahemuka ko zizobana na we mu Bwami bwo mw’ijuru. (Luka 22:29) Vyongeye, iyo nkozi y’ikibi ntiyari yabatijwe. (Yoh. 3:3-6, 12) Turashobora rero kwemera ko Yezu ategerezwa kuba yayisezeraniye iparadizo yo kw’isi. Haciye imyaka, intumwa Paulo yaravuze ko yeretswe umuntu “yatwawe mw’iparadizo.” (2 Kor. 12:1-4) Mu buryo butandukanye na ya nkozi y’ikibi, Paulo be n’izindi ntumwa z’intahemuka batowe kugira baje mw’ijuru gufadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bwiwe. Naho ari ukwo, Paulo yariko avuga ikintu kitari bwabe, ni ukuvuga “iparadizo” yo muri kazoza. * None vyoba vyerekeye n’isi? Vyongeye woba ari ho uzoba uri?

ICO WOKWITEGA

22, 23. Ni igiki wokwitega?

22 Niwibuke ko Dawidi yavuze ko “abagororotsi bazokwigabira isi.” (Zab. 37:29; 2 Pet. 3:13) Dawidi yariko avuga igihe abantu kw’isi bazoba babayeho bisunga ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana. Ubuhanuzi bwo muri Yesaya 65:22 bugira buti: “Imisi y’abantu banje izoba nk’imisi y’igiti.” Ivyo bisobanura ko abantu bazobaho imyaka ibihumbi. Ivyo vyoba bishoboka? Ego cane, kuko mu Vyahishuwe 21:1-4 havuga ko Imana izokwitwararika abantu. Ico canditswe kivuga ko abantu bazoba bariko barakorera Imana mw’isi nshasha igororotse batazoba bagipfa.

23 Biratomoye rero. Adamu na Eva baratakaje Iparadizo yo muri Edeni, ariko ntiyagiye akagirire. Nk’uko Imana yabisezeranye, abantu bazohezagirwa ng’aha kw’isi. Dawidi ahumekewe n’Imana yaravuze ko abatekereza n’abagororotsi bazokwigabira isi maze bakayibako ibihe bidahera. Ubuhanuzi buri mu gitabu ca Yesaya na bwo buratuma twitegana umushasharo ibintu vyiza cane tuzoronka. Uti ryari? Igihe wa muhango Yezu yaha ya nkozi y’ikibi y’Umuyuda uzoranguka. Na wewe urashobora kuba muri iyo Paradizo. Ico gihe, ya majambo yabwirwa abari bitavye rya hwaniro ryo muri Koreya azoba arangutse. Bababwiye bati: “Tuzosubira muri Paradizo!”

^ ing. 18 Umuhinga yitwa Marvin Pate yanditse ko abahinga benshi mu vya Bibiliya bibaza ko igihe Yezu yavuga ngo “uno musi” yoba yashatse kuvuga ko yari gupfa hanyuma akaja muri Paradizo uwo musi nyene, ni ukuvuga mu kiringo c’amasaha 24. Ariko uwo muhinga aca avuga ko ivyo bidahuye n’ibindi bivugwa muri Bibiliya. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko Yezu amaze gupfa yashizwe mu mva, kandi ko mu nyuma yagiye mw’ijuru.​—Mat. 12:40; Ivyak. 2:31; Rom. 10:7.

^ ing. 21 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi” muri iki kinyamakuru.