Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Bibiliya yerekana gute ko Imana idufitiye impuhwe?

Igihe Abisirayeli bari mu buja mu Misiri, Imana yarabona amarushwa barimwo, igatahura n’umubabaro wabo. (Kuv. 3:7; Yes. 63:9) Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turashobora kugira impuhwe. Imana iratugirira impuhwe n’igihe twoba tubona ko tutabereye ko idukunda.​—wp18.3, rup. 8-9.

Inyigisho za Yezu zidufasha gute gutsinda ukwinubana?

Abayuda benshi bo mu gihe ca Yezu barinuba abandi. Kristu yarashimitse ku kamaro ko kwicisha bugufi yongera ariyamiriza abishimira ubwoko bwabo. Yahimirije abayoboke biwe kubona ko ari abavukanyi.​—w18.06, rup. 9-10.

Twigira iki ku kuba Imana itakundiye Musa kwinjira muri ca Gihugu c’isezerano?

Musa yari afitaniye na Yehova ubucuti somambike. (Gus. 34:10) Amaja mu mpera y’imyaka 40 Abisirayeli bamaze mu gahinga, barasubiye kwidoga kubera kubura amazi. Imana yabwiye Musa ngo abwire urutare. Aho kubigenza gutyo, Musa yaciye akubita nya rutare. Yehova ashobora kuba yashavujwe n’uko Musa atakurikije ubuyobozi yamuhaye canke ko ataninahaje Imana igihe yakora ico gitangaro. (Guh. 20:6-12) Ivyo birakwiye kutwigisha yuko bihambaye ko tugamburukira Yehova kandi tukamuninahaza.​—w18.07, rup. 13-14.

Guca urubanza dufatiye ku biboneka inyuma bishobora gute gutuma twihenda bitagoranye?

Hariho ibintu bitatu abantu benshi bafatirako mu guca urubanza: ubwoko canke ibara ry’urukoba, ubutunzi be n’imyaka. Birahambaye ko twigana Imana ntitugire nkunzi mu kuntu tubona abandi! (Ivyak. 10:34, 35)​—w18.08, rup. 8-12.

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abakirisu bitereye mu myaka bashobora gufasha abandi?

Umukirisu yitereye mu myaka yahinduriwe igikorwa, Imana ibandanya kubona ko afise agaciro kandi arashobora gufasha cane abandi. Yoshobora gufasha abatari Ivyabona bubakanye n’Ivyabona be n’abahororokewe, akayobora inyigisho za Bibiliya akongera akagura umurimo.​—w18.09, rup. 8-11.

Ni ibikoresho ibihe dufise bidufasha kwigisha?

Turafise udukarata twa jw.org be n’ubutumire. Turafise kandi udupapuro tw’inkuru nziza umunani duteguwe neza be n’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! Muri ivyo bikoresho harimwo kandi udutabu dukeya, ibitabu bibiri nyamukuru dukoresha mu kwigisha, amavidewo ngirakamaro ane, aho hakaba harimwo iyivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?​—w18.10, rup. 16.

Umukirisu ashobora gute ‘kugura ukuri’ nk’uko mu Migani 23:23 habiduhimiriza?

Ntidutanga amahera kugira turonke ukuri. Yamara rero, bisaba umwanya n’akigoro kugira tukuronke.​—w18.11, rup. 4.

Twigira iki ku kuntu Hoseya yafashe umugore wiwe Gomeri?

Gomeri yararenze ibigo kenshi, mugabo Hoseya yaramubabariye maze aragumana na we. Bishitse umukirisu yubatse akarenga ibigo, uwo bubakanye arashobora kumubabarira. Igihe uwo yahemukiwe yemeye gusubira kurangurana n’uwo bubakanye amabanga y’abubatse, ntiyoba agifise imvo yo kwahukana ishingiye ku Vyanditswe.​—w18.12, rup. 13.