Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

‘Yehova yaratugiriye ubuntu’

‘Yehova yaratugiriye ubuntu’

JEWE n’umukenyezi wanje Danièle ni ho twari tugishika kw’ihoteli, igihe uwakira abantu yambwira ati: “Mushinganta, woshobora guterefona igipolisi?” Hari haciye amasaha makeya dushitse muri Gabon, igikorwa cacu kikaba cari kibujijwe muri ico gihugu mu myaka ya 1970.

Kubera ko Danièle yari asanzwe afise ubwenge bubangutse, yaciye anyongorera ati: “Ntiwirirwe uratelefona abapolisi, bamaze gushika!” Twagiye tubona baparika umuduga imbere y’iyo hoteli. Mu minota mikeya, baciye badufata. Ariko rero kubera ko Danièle yari yamburiye, narashoboye guhereza uwundi muvukanyi impapuro zimwezimwe.

Igihe bariko batujana ku biro vy’abapolisi, naguma nzirikana ingene nahezagiwe kuba nari mfise umugore w’umutima rugabo kandi akomeye mu vy’impwemu. Ico ni kimwe gusa mu bihe vyinshi jewe na Danièle twasenyeye ku mugozi umwe. Reka ndabasigurire icatumye tugendera ibihugu aho igikorwa cacu co kwamamaza cari kibujijwe.

YEHOVA ABIGIRANYE UBUNTU YARANYUGURUYE AMASO

Navukiye mu muryango w’abagatolika b’imena mu 1930, mu gasagara kitwa Croix kari mu buraruko bw’Ubufaransa. Umuryango wacu waja mu misa buri ndwi, kandi dawe yaragira uruhara mu bikorwa vya paruwasi. Yamara rero igihe nari mu gukwiza imyaka 14, hari ikintu canyuguruye amaso gituma mbona uburyarya bwa Ekleziya.

Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, abasoda b’Ubudagi bari barashinze ibirindiro mu Bufaransa. Mu misa, umupadiri wacu yarakunda kuturemesha ngo dushigikire leta y’i Vichy yayobokera Abanazi. Amajambo yiwe yaratubabaza cane. Cokimwe n’abantu benshi mu Bufaransa, twarumviriza mu kinyegero iradiyo ya BBC, iyatangaza amakuru y’urunani rw’ibihugu vyarwanya Abanazi. Wa mupadiri yarahinduye ivyiyumviro bukwi na bukwi, aca arasomesha imisa yo guhimbaza umuzo w’ingabo z’urwo runani muri Nyakanga 1944. Ico kintu carandiye mu mutwe. Catumye ntasubira kwizigira indongozi za Ekleziya.

Haciye igihe gito iyo ntambara irangiye, dawe yarapfuye. Kubera ko mushikanje mukuru yari yaramaze kwubaka urwiwe akaba yaba mu Bubiligi, ni je nategerezwa kwitwararika mawe. Nararonse akazi mw’ihinguriro ry’impuzu. Databuja n’abana biwe bari abagatolika b’umwete. Naho nari mfise akaryo ko gutera imbere muri iryo hinguriro, nari nimirije guhangana n’ikigeragezo.

Mushikanje Simone yari yarabaye Icabona ca Yehova. Yaraje kuturamutsa mu 1953. Akoresheje Bibiliya yiwe, yarashize ahabona abigiranye ubuhanga inyigisho z’ikinyoma zo muri Gatolika zerekeye umuriro udahera, ubutatu be n’umutima w’ubwenge udapfa. Mu ntango, naramuharirije ngo ntariko akoresha Bibiliya y’abagatolika, mugabo nahavuye njijuka yuko yariko ambwira ukuri. Mu nyuma yaranzaniye inomero za kera z’Umunara w’Inderetsi. Narazisomye zose mw’ijoro ndi mu cumba. Naho ntatevye kubona ko ari ukuri, naratinya kuja ku ruhande rwa Yehova kuko vyari gutuma nkurwa mu kazi.

Naramaze amezi makeyi ari jewe niyigisha Bibiliya be n’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi. Nahavuye mfata ingingo yo kuja ku Ngoro y’Ubwami. Narakozwe ku mutima cane n’urukundo rwarangwa mw’ishengero. Inyuma y’amezi atandatu nigana Bibiliya n’umuvukanyi azi utuntu n’utundi, narabatijwe muri Nyakanga 1954. Bidatevye, narahimbawe no kubona mawe na mushikanje mutoyi baba Ivyabona vya Yehova.

TWARIHETSE KURI YEHOVA MU MURIMO W’IGIHE COSE

Ikibabaje, mawe yapfuye amayinga makeya imbere y’ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i New York mu 1958, nkaba naratewe agateka ko kuryitaba. Ngarutse, nta mabanga yo mu muryango nari ngifise, akaba ari co gituma naciye mpagarika akazi ntangura ubutsimvyi. Muri ico gihe nyene, naramenyanye na mushiki wacu w’umutsimvyi yarangwa n’umwete yitwa Danièle Delie. Twahavuye twubakana muri Rusama 1959.

Danièle yari yatanguye gukorera ubutsimvyi i Bretagne, kure yo muhira i wabo. Kwamamaza muri ako karere k’abagatolika no kugenda n’ikinga muri iyo misozi, vyamusaba umutima rugabo. Cokimwe na jewe yaratahura ko ibintu vyihutirwa, kuko twabona ko iherezo rishobora gushika umwanya uwo ari wo wose. (Mat. 25:13) Agatima kiwe ko kwitanga karatumye twumirako mu murimo w’igihe cose.

Haciye imisi mikeya twubakanye, twasabwe kuja mu gikorwa co kugendera amashengero. Twaramenyereye ubuzima bubayabaye. Ishengero rya mbere twagendeye ryarimwo abamamaji 14 kandi ntibari bafise aho baturaza kubera bari bakenye. Twaciye rero turara ku mukiruruko mu Ngoro y’Ubwami. Naho hatari hameze neza rwose, haratugoroye umugongo!

Twagendera amashengero mu kaduga kacu

Naho twari dufise ibikorwa vyinshi, Danièle yahavuye amenyera ibijanye no kugendera amashengero. Akenshi vyaraba ngombwa ko andindirira mu kaduga kacu igihe twaba tugize inama n’abakurambere bitari vyitezwe, ariko ntiyigera yidoga. Twamaze imyaka ibiri gusa muri ico gikorwa, kandi twariboneye ingene bihambaye ko abubakanye baseruriranira akari ku mutima badahishanya kandi bagasenyera ku mugozi umwe.​—Umus. 4:9.

DUSHINGWA AYANDI MABANGA

Mu 1962, twaratumiwe mu vyigwa vy’amezi cumi mu mugwi ugira 37 w’Ishure rya Gileyadi vyabereye i Brooklyn muri New York. Mu banyeshure 100, harimwo abavukanyi 13 n’abagore babo, kakaba kari agateka kuba twari kumwe. Ndacibuka ingene twakoranye n’abatuboneye izuba mu kwizera, nka Frederick Franz, Ulysses Glass na Alexander Macmillan.

Twarahimbawe no kwitaba Ishure rya Gileyadi turi kumwe

Mu gihe c’ivyo vyigwa, twarahimirizwa kuba abantu bazi kwihweza. Ku misi ya gatandatu imwimwe ku muhingamo inyuma y’ivyigwa, twaraja mu gisagara ca New York kuratira ijisho ibintu bimwebimwe. Ku wa mbere twasabwa gutanga incamake twanditse y’ivyo twaba twabonye. Akenshi kuri uwo wa gatandatu, twataha twasanzaye. Uwadutembereza, akaba yari Umunyabeteli, yaratubaza ibibazo kugira adufashe kwibuka ibintu nyamukuru twoshira mu ncamake twotanze. Umusi umwe, twarazungurutse igisagara umuhingamo wose. Twaratembereye inzu barabiramwo ibintu vyo mu kirere bakoresheje rugagamisha, maze turamenya ibijanye n’ubwoko bubiri bw’ibibuye vyo mu kirere (ivyitwa météores n’ivyitwa météorites). Kw’iratiro rimwe ry’ivya kahise, twaramenye ubwoko butandukanye bw’ingona. Dushitse kuri Beteli, uwariko adutembereza yaratubajije aho bwa bwoko bubiri bw’ibibuye butandukaniye. Danièle yari yarushe cane, maze arinamura ati: “Urumva, ubwoko bumwe bufise amenyo maremare!”

Twararyoherwa no kugendera abavukanyi na bashiki bacu b’abizigirwa muri Afrika

Twaratangaye cane twumvise ko baturungitse kw’ishami ry’Ubufaransa, tukaba twahakoreye imyaka irenga 53. Mu 1976, naragenywe ngo mbe umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami nongera ndagenwa kugendera ibihugu vyo muri Afrika be n’ibihugu vy’Abarabu aho igikorwa cacu wasanga kibujijwe canke kiburabuzwa. Ivyo vyaratumye tuja muri Gabon, duca turashikirwa n’ivyavuzwe mu ntango y’iki kiganiro. Mvugishije ukuri, vyarashika bakanshinga ibanga, mugabo nkumva ko ntazorishobora. Ariko Danièle yaranshigikira cane ku buryo nabona ko ata banga ntari kwitwararika.

Ndiko ndahindura insiguro y’umuvukanyi Theodore Jaracz kw’ihwaniro ryataziriwe ngo “Ubutungane bw’Imana” ryabereye i Paris mu 1988

DUHANGANA N’IKIGERAGEZO GIKOMEYE

Kuva mu ntango, twarakunda gukorera kuri Beteli. Kubera ko Danièle yari yaramaze amezi atanu yiga icongereza imbere yo kwitaba Ishure rya Gileyadi, yarabaye umuhinduzi abishoboye. Naho twaryoherwa no gukorera kuri Beteli, kwifatanya n’ishengero vyararushiriza gutuma tugira umunezero. Ndibuka twe na Danièle dutashe bwije cane turi mw’ibarabara ry’indarayi rica mu kuzimu i Paris, turushe mugabo turyohewe cane no kuba twayoboreye hamwe inyigisho za Bibiliya zitera imbere. Ikibabaje ni uko bukwi na bukwi amagara ya Danièle yatumye adashobora kuguma akora cane nk’uko yavyipfuza.

Mu 1993 baramutoye kanseri yo mw’ibere. Uburyo bakoresha mu kumuvura, nko kumubaga canke gukoresha ubwitwa chimiothérapie, bwarababaza cane. Inyuma y’imyaka 15, barasubiye kumutora kanseri, ikaba yari ikaze kuruta. Ariko rero yarakunda cane igikorwa ciwe c’ubuhinduzi ku buryo yumvise agahengwe yaca asubira ku bikorwa.

Naho Danièle yari afise iyo ndwara ikomeye, iciyumviro co kuva kuri Beteli nticigeze kituza mu bwenge. Yamara rero, kurwarira muri Beteli ntivyoroha, canecane igihe abandi batazi ingene uremvye. (Imig. 14:13) N’igihe nyene Danièle yariko yegereza imyaka 80, ntiwari kumenya ko arwaye, kuko atigera yijirwa mu maso kandi akaba yari asanzwe ari umugore w’akaranga. Aho kwibabarira, yarazwa ishinga no gufasha abandi. Yari azi ko gutega amatwi abamerewe nabi bishobora kubafasha cane. (Imig. 17:17) Naho Danièle atigeze abona ko ari umuhinga mu vyo gutanga impanuro, yarisunze ivyo yaciyemwo maze arafasha bashiki bacu benshi kudatinya kanseri.

Vyongeye, hari urundi rugamba twabwirijwe kurwana. Igihe Danièle atari agishoboye gukora umwanya wose, yaciye yishingira umugambi wo kurushiriza kunshigikira. Yarakoze uko ashoboye kwose kugira noroherwe mu buzima, bica bituma mbandanya kuba umuhuzabikorwa wa Komite y’ishami imyaka 37. Nk’akarorero, yarategura ibikenewe vyose kugira buri musi sasita dufungurire hamwe mu cumba twongere turonke akanya ko kuruhuka.​—Imig. 18:22.

TWIHANGANIRA AMAGANYA YA BURI MUSI

Danièle yamye ari umuntu atihebura ningoga kandi yanezerwa no kubaho. Yahavuye afatwa na kanseri ubugira gatatu. Twaracitse intege cane. Uburyo bubabaza bwakoreshejwe mu kumuvura bwararuhije umubiri wiwe ku buryo vyashika ntashobore no gutambuka. Narababara cane mbonye umukenyezi wanje yahora ari umuhinduzi abishoboye, bisigaye bimugora no kuvuga.

Ariko naho twaba twacitse intege, twaguma dusenga tuzi ko Yehova atokwigeze areka ngo dushikirwe n’imibabaro irenze iyo dushobora kwihanganira. (1 Kor. 10:13) Twama nantaryo tugerageza gushima imfashanyo Yehova aturonsa abicishije kw’Ijambo ryiwe, ku baganga ba Beteli no ku muryango wacu wo mu vy’impwemu wadushigikira ubigiranye urukundo.

Akenshi twarasaba Yehova ngo atuyobore mu bijanye n’uburyo bwo kuvurwa dukwiye kwemera. Igihe kimwe, bwose bwarasenzwe. Umuganga yari amaze imyaka 23 amukurikirana ntiyabona igituma igihe cose bavuye Danièle bakoresheje bwa buryo bubabaza cane yaca atakaza ubwenge. Nta bundi buryo bwo kumuvura yabona. Twarabuze ayo ducira n’ayo tumira, turibaza ingene vyohavuye bigenda. Mu nyuma, hari uwundi muganga wa kanseri yemeye kwitwararika Danièle. Wamengo ni Yehova aciye icanzo kugira adufashe kwihanganira amaganya twarimwo.

Twarize kwihanganira amaganya mu gufata umusi umwumwe ukwawo. Nk’uko Yezu yabivuze, “ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.” (Mat. 6:34) Kubona ibintu mu buryo bwiza be no kuba umuntu atwenza na vyo nyene vyarafashije. Nk’akarorero, igihe Danièle yamara amezi abiri batariko baramuvura, yambwiye yitwengera ati: “Urazi, sinari bwigere ngira agahengwe nk’aka!” (Imig. 17:22) Naho yari ababaye, yararyoherwa no kuza araririmba n’ijwi rirenga za ndirimbo z’Ubwami nshasha.

Kuba yabona ibintu mu buryo bwiza vyaramfashije kuvyifatamwo neza mu vyo ubwanje ntari nshoboye. Mu myaka 57 twabanye, yaritwararika ibintu bitandukanye naba nkeneye. Emwe, ntiyigeze anyereka n’ingene bateka umuleti! Igihe rero yarwara akaremba, nabwirijwe kwiga kwoza amasahani, kumesa no gutegura udufungurwa tutagoye. Naho nagiye ndamena ibirahuri, nararyoherwa cane no gukora ibintu bimuhimbara. *

NDAKENGURUKA UBUNTU BWA YEHOVA

Nsubije amaso inyuma, ndabona ko ivyo tutari dushoboye kubera ingorane z’amagara no kwiterera mu myaka vyansigiye ivyigwa ngirakamaro. Ubwa mbere, ntidukwiye kwigera dufatirwa cane ku buryo tutagaragariza urukundo uwo twubakanye. Dutegerezwa gukoresha neza imyaka tuba tugifise inguvu zo kwitwararika abo twikundira. (Umus. 9:9) Ubwa kabiri, ntidukwiye kwiganyira cane ku tuntu dutoduto, kuko vyoshobora gutuma tutabona imihezagiro myinshi twironkera buri musi.​—Imig. 15:15

Iyo nzirikanye ku buzima twagize mu murimo w’igihe cose, ndabona neza ko Yehova yaduhezagiye kuruta uko twavyiyumvira. Niyumva nk’umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Yehova yarangiriye ubuntu.”​—Zab. 116:7, Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu 2013.

^ ing. 32 Mushiki wacu Danièle Bockaert yasandavye igihe iki kiganiro cariko kirategurwa. Yari afise imyaka 78.