UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Kigarama 2019

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 3 Ruhuhuma–1 Ntwarante 2020.

Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka

Iki kiganiro gifatiye kw’Isabato Abisirayeli bubahiriza buri ndwi, kiradufasha gusuzuma ingene dukwiye kubona ibijanye no gukora be no kuruhuka.

Yehova aratuma uronka umwidegemvyo

Yubile ya kera iratwibutsa intunganyo Yehova yadushiriyeho ituma turonka umwidegemvyo.

Ibibazo vy’abasomyi

Muri Isirayeli ya kera, igihe umugabo yaba afashe ku nguvu umukobwa arehejwe amusanze “mu gahinga” maze nya mukobwa agakoma induru, uwo mugabo ni we wenyene yagirwa n’icaha. Kubera iki?

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe Shetani yabwira Eva ko aramutse ariye ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi atopfuye, yoba yari atanguje ca ciyumviro cemerwa na benshi c’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa?

Uzi Yehova ku rugero rungana iki?

Kumenya Yehova bisobanura iki, kandi twokwigira iki kuri Musa n’Umwami Dawidi ku bijanye n’ugukomeza ubucuti dufitaniye na we?

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova

Abavyeyi bokwigisha gute abana babo gukunda Yehova no kumukorera?

‘Nukenguruke muri vyose’

Hariho imvo nyinshi zitwereka ko gutsimbataza agatima ko gukenguruka bitugirira akamaro.

Woba uvyibuka?

Woba wararyohewe no gusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ukivyibuka.

Ironderero ry’ibiganiro vy’Umunara w’Inderetsi na Be maso! vyo mu 2019

Ironderero ry’ibiganiro vyose vyasohowe mu Minara y’Inderetsi na Be maso! mu 2019, bitondetse hisunzwe imitwe.