Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 52

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova

“Abana ni intoranwa iva kuri Yehova.”​—ZAB. 127:3.

URURIRIMBO RWA 134 Abana ni ingabire iva ku Mana

INCAMAKE *

1. Ni ibanga irihe Yehova azeza abavyeyi?

YEHOVA yaremanye umugabo n’umugore ba mbere icipfuzo co kuvyara abana. Birabereye rero kubona Bibiliya ivuga iti: “Abana ni intoranwa iva kuri Yehova.” (Zab. 127:3) None ivyo bisobanura iki? Iyumvire nka hamwe umugenzi somambike yokubitsa amahera menshi cane. Wovyakira gute? Hari aho woca ubona ko iryo teka aguteye ari icerekana ko akwizigira. Ariko rero woshobora no guhagarika umutima wibaza ukuntu uzozigama ubwo butunzi. Na Yehova wa Mugenzi wacu somambike, arabitsa abavyeyi ikintu c’agaciro kanini cane kuruta amahera. Abazeza ibanga ryo kwitwararika ko abana babo bamererwa neza kandi bakagira agahimbare.

2. Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

2 None ni nde akwiye gufata ingingo nimba abubakanye bovyara abana canke igihe bobavyarira? Abavyeyi bokora iki kugira batume abana babo bahimbarwa? Rimbura ingingo ngenderwako nkeya gusa dusanga mw’Ijambo ry’Imana zishobora gufasha abakirisu bubakanye gufata ingingo ziranga ubukerebutsi.

NIWUBAHIRIZE INGINGO ABUBATSE BIFATIYE

3. (a) Ni nde akwiye gufata ingingo nimba abubakanye bovyara abana? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe zo muri Bibiliya incuti n’abagenzi bakwiye kwibuka?

3 Mu mico kama imwimwe, vyitezwe ko abubatse urwabo baca batangura kuvyara abana. Abo mu muryango be n’abandi bantu boshobora no kubaremera ngo bisunge umuco wabo. Umuvukanyi yitwa Jethro wo muri Aziya avuga ati: “Mw’ishengero, abafise abana usanga baremera abatabafise ngo bavyare.” Uwundi muvukanyi yitwa Jeffrey wo mu Aziya nyene avuga ati: “Hari ababwira abubakanye badafise abana ko batazoronka uwubitwararika mu busaza.” Ariko rero, abubakanye ni bo bakwiye kwihitiramwo kuvyara canke kutavyara. Ni bo bifatira ingingo kubera ko ari ibanga ribega. (Gal. 6:5) Birumvikana ko incuti n’abagenzi baba bipfuza ko abarushinze bahimbarwa. Ariko rero bose barakwiye kwibuka yuko kuvyara canke kutavyara ari ingingo abarushinze bifatira.​—1 Tes. 4:11.

4-5. Abafata ingingo yo kuvyara bakwiye kurimbura ibibazo bibiri ibihe, kandi vyoba vyiza babiyaze ryari? Sigura.

4 Abafata ingingo yo kuvyara, vyoba vyiza baganiriye kuri ibi bibazo bibiri bihambaye: Ica mbere, botangura kuvyara ryari? Ica kabiri, bovyara bangahe? None ivyo bobiyaga ryari? Ni kubera iki ivyo bibazo bibiri bihambaye cane?

5 Akenshi, biraba vyiza umuhungu n’umukobwa bayaze ibijanye no kuvyara imbere y’uko bubakana. Uti kubera iki? Kubera ko bituma bumva kumwe ico kibazo gihambaye. N’ikindi kandi, barakenera kurimbura nimba biteguriye gushitsa ibanga rya kivyeyi. Bamwebamwe bahisemwo kumara n’imiburiburi umwaka umwe canke ibiri bataravyara, kuko kuvyara no kurera bizobasaba umwanya mwinshi n’inguvu nyinshi. Babonye ko kuba bararindiriye vyobaronsa akaryo ko kumenyera ubuzima bushasha no kwiyegerezanya cane.​—Ef. 5:33.

6. Abubakanye bamwebamwe bafashe ingingo iyihe bivanye n’ibihe bigoye tubayemwo?

6 Abandi na bo bahisemwo kwigana abahungu batatu ba Nowa be n’abakenyezi babo. Iyo miryango itatu ntiyihutiye kuvyara abana. (Ita. 6:18; 9:18, 19; 10:1; 2 Pet. 2:5) Yezu yagereranije igihe tubayemwo n’“imisi ya Nowa,” kandi nta woharira ko tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (Mat. 24:37; 2 Tim. 3:1) Kubera ivyo, abubakanye bamwebamwe babonye ko vyoba vyiza babaye bararetse kuvyara kugira ngo baronke umwanya uhagije wo gukora igikorwa c’Umukama.

Igihe abubatse b’inkerebutsi bahitamwo nimba bovyara be n’igitigiri c’abo bovyara, ‘baraharura ivyosohoka’ (Raba ingingo ya 7) *

7. Ingingo ngenderwako dusanga muri Luka 14:28, 29 no mu Migani 21:5 zofasha gute abubatse?

7 Abubakanye b’inkerebutsi ‘baraharura ivyosohoka’ igihe bahitamwo nimba bovyara be n’abo bovyara uko bangana. (Soma Luka 14:28, 29.) Abavyeyi bazi utuntu n’utundi baremeza ko kurera abana bidasaba uburyo bwinshi gusa, ariko kandi ko bisaba umwanya n’inguvu. Ku bw’ivyo, birahambaye ko abubatse barimbura ibibazo nk’ibi: ‘Vyoba bizoba ngombwa ko dukora twempi kugira ngo turonse umuryango wacu ivya nkenerwa? Twoba dutahura kumwe ivyo vya nkenerwa ivyo ari vyo? Nimba na ho bizosaba ko dukora twempi, ni nde azokwitwararika abana bacu? Ni nde twipfuza ko yobagirako akosho?’ Igihe abubakanye baganira kuri ivyo bibazo batekanye, barisunga ibivugwa mu Migani 21:5.​Soma.

Umugabo akunda umugore wiwe arakora uko ashoboye kwose kugira amufashe (Raba ingingo ya 8)

8. Ni intambamyi izihe abubakanye bokwitega, kandi umugabo akunda umukenyezi wiwe akora iki?

8 Umwana arakeneye ko umwe wese mu bavyeyi biwe amuhebera umwanya uhagije akongera akamwitwararika. Igihe rero abubatse bavyaye intahekana birashobora kubagora kwitwararika umwe wese muri abo bana nk’uko bikwiriye. Bamwebamwe mu bo vyashikiye bariyemerera ko bumvise barengewe. Vyoshobora gutuma umugore aruha ku mubiri no ku mutima. None ivyo ntivyohungabanya ibijanye n’ukwiyigisha kwiwe, ugusenga, be no kwama agira uruhara mu ndimiro? Vyoshobora no kutamworohera gukurikira amakoraniro no kuyungukirako. Birumvikana ko umugabo akunda umukenyezi wiwe azokora uko ashoboye ngo amushigikire igihe abana bakeneye kwitwararikwa, haba mu makoraniro canke muhira. Nk’akarorero, yoshobora gufasha umukenyezi wiwe udukorwa two muhira. Aritwararika kandi ko abagize umuryango bose bungukira ku Gusenga kwo mu muryango kudahorereza. N’ikindi kandi, ba serugo bakirisu bama bajana mu ndimiro n’abagize umuryango wabo.

INGENE MWOKWIGISHA ABANA GUKUNDA YEHOVA

9-10. Abavyeyi bipfuza gufasha abana babo bategerezwa gukora ikintu gihambaye ikihe?

9 None ni ibintu bimwebimwe ibihe abavyeyi bokora kugira bigishe abana babo gukunda Yehova? Bokingira gute abana babo ingeramizi zo muri iyi si yononekaye? Raba ibintu bimwebimwe bokora.

10 Nimusabe Yehova abafashe. Zirikana akarorero ka Manowa n’umukenyezi wiwe, abavyeyi ba Samusoni. Igihe Manowa yamenya ko we n’umukenyezi wiwe bari bagiye kuvyara umwana w’umuhungu, yaratakambiye Yehova ngo amuhe ubuyobozi bw’ukuntu boreze uwo mwana.

11. Abavyeyi bamwebamwe biganye gute akarorero ka Manowa kavugwa mu Bacamanza 13:8?

11 Nihad na Alma bo muri Bosnie-Herzégovine, bariganye akarorero ka Manowa. Basigura bati: “Nka kumwe kwa Manowa, twaratakambiye Yehova ngo atwigishe ukuntu tworera neza abana bacu. Kandi Yehova yarishuye amasengesho yacu mu buryo butandukanye, abicishije ku Vyanditswe, ku bitabu bishingiye kuri Bibiliya, ku makoraniro y’ishengero no ku mahwaniro.”​—Soma Abacamanza 13:8.

12. Ni akarorero akahe Yozefu na Mariya bahaye abana babo?

12 Nimubabere akarorero. Naho ivyo mubwira abana banyu bihambaye, ivyo mukora ni vyo ahanini vyoshobora kugira ico bikoze kuri bo. Nta nkeka ko Yozefu na Mariya bahaye akarorero keza abana babo, harimwo na Yezu. Yozefu yarakora agatama kugira atunge abagize umuryango wiwe. N’ikindi kandi, yarabaremesha guha agaciro ivy’impwemu. (Gus. 4:9, 10) Naho rya Tegeko ritasaba Yozefu kujana umuryango wiwe i Yeruzalemu “ku mwaka ku mwaka” guhimbaza Pasika, yarawujana. (Luka 2:41, 42) Ba serugo bamwebamwe bo muri ico gihe bashobora kuba babona ko gufata urugendo nk’urwo bajanye n’umuryango bigoye cane, ko bitwara umwanya n’uburyo bwinshi. Yamara biboneka ko Yozefu yaha agaciro cane ivy’impwemu kandi ko yavyinjiza no mu bana biwe. Na Mariya yari azi neza Ivyanditswe. Nta nkeka rero ko mu mvugo no mu ngiro yigisha abana biwe gukunda Ijambo ry’Imana.

13. Umugabo umwe n’umugore wiwe bakurikije gute akarorero ka Yozefu na Mariya?

13 Bamwe Nihad na Alma twavuga mu ntango, baripfuza gukurikiza akarorero ka Yozefu na Mariya. None ivyo vyabafashije gute kurera umuhungu wabo kugira akure akunda Imana yongere ayikorere? Bavuga bati: “Biciye ku kuntu twari tubayeho, twaragerageza kwereka umuhungu wacu ingene kubaho yisunga ingingo ngenderwako za Yehova ari vyiza.” Nihad yongerako ati: “Nube ico wipfuza ko umwana wawe aba.”

14. Kubera iki abavyeyi bakwiye kumenya abagenzi b’abana babo?

14 Nimufashe abana banyu guhitamwo abagenzi beza. Abavyeyi bompi barakwiye kumenya abagenzi b’abana babo be n’ivyo bakorana. Ivyo birimwo no kumenya abo bayaga biciye kuri terefone canke ku mbuga zo kuri internet. Abo bagenzi barashobora kubosha mu vyiyumviro vyabo no mu vyo bakora.​—1 Kor. 15:33.

15. Abavyeyi bokwigira iki ku karorero ka Jessie?

15 Abavyeyi bokora iki nimba batamenyereye gukoresha orodinateri canke utwuma ngendanwa? Serugo umwe yitwa Jessie wo muri Filipine, avuga ati: “Nta vyinshi twari tuzi ku bijanye n’ubuhinga bwa none. Yamara nticabujije ko tuburira abana bacu ku bijanye n’ingorane boshobora kugira igihe bakoresha utwuma two mu buhinga bwa none.” Jessie ntiyabujije abana biwe gukoresha utwo twuma ngo ni uko atazi kudukoresha. Asigura ati: “Nararemesheje abana banje gukoresha utwo twuma kugira bibafashe kwiga urundi rurimi, gutegura amakoraniro no gusoma Bibiliya ku musi ku musi.” Nimba mufise abana, mwoba mwarasuzumiye hamwe impanuro dusanga kuri jw.org® ahavuga ngo “Imiyabaga,” zijanye no kwandika amamesaje be no guhanahana amafoto biciye ku mbuga ngurukanabumenyi? Mwoba mwararabiye hamwe ya videwo ivuga ngo Woba utwarwa cane n’ubuhinga bwa none? be n’imwe ivuga ngo Nukoreshe neza ubuhinga bwa none? * Ivyo bikoresho ni ngirakamaro igihe wigisha abana bawe ingene bokoresha utwuma two mu buhinga bwa none babigiranye ubukerebutsi.​—Imig. 13:20.

16. Abavyeyi batari bake bakora iki, kandi bivamwo iki?

16 Abavyeyi batari bake barakora uko bashoboye kwose kugira barondere uturyo twotuma abana babo bifatanya n’abantu b’intangakarorero mu gukorera Yehova. Nk’akarorero, N’Déni n’umukenyezi wiwe Bomine bo muri Côte d’Ivoire, barakunda guha indaro umucungezi w’umuzunguruko. N’Déni avuga ati: “Ivyo vyarafashije cane umuhungu wacu. Yaciye atangura gukora ubutsimvyi, ubu na ho akaba ari umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko.” Ubona gute nawe urondereye abana bawe abagenzi nk’abo?

17-18. Abavyeyi bakwiye gutangura kwigisha abana babo ryari?

17 Nimutangure kubigisha kare hashoboka. Igihe abavyeyi batanguye kwigisha abana hakiri kare, biraba vyiza kuruta. (Imig. 22:6) Rimbura akarorero ka Timoteyo, uwahavuye afadikanya ingendo n’intumwa Paulo. Nyina wiwe Ewunise be na inakuru Loyisi, bamwigishije “guhera mu buhinja.”​—2 Tim. 1:5; 3:15.

18 Uwundi mugabo n’umugore bo muri Côte d’Ivoire nyene, ari bo Jean-Claude na Peace, barigishije abana babo bose uko ari batandatu gukunda Yehova no kumukorera. None ni igiki cabafashije kuroranirwa? Bakurikije akarorero ka Ewunise na Loyisi. Bavuga bati: “Twatanguye gushimangira Ijambo ry’Imana mu bana bacu guhera mu buhinja, haciye igihe gito bavutse.”​—Gus. 6:6, 7.

19. Gushimangira Ijambo ry’Imana mu bana bawe bisobanura iki?

19 None ‘gushimangira’ Ijambo rya Yehova mu bana banyu bisobanura iki? ‘Gushimangira’ bisobanura “kwigisha no gufasha umuntu gutahura mu kuguma umusubiriramwo.” Kugira ngo abavyeyi babishikeko, barakeneye kwama bamarana umwanya n’abana babo. Rimwe na rimwe abavyeyi boshobora kurambirwa no kuza barasubiriramwo abana babo ivyo babigishije. Ariko rero, abavyeyi barakwiye kubona ko ubwo ari uburyo bwo gufasha abana babo gutahura Ijambo ry’Imana no kuryisunga.

Abavyeyi barakwiye kumenya ingene bokwigisha umwe wese mu bana babo (Raba ingingo ya 20) *

20. Sigura ingene Zaburi 127:4 ishobora kwerekeza ku kurera abana.

20 Nimumenye neza abana banyu. Zaburi ya 127 igereranya abana n’imyampi. (Soma Zaburi 127:4.) Nka kurya nyene imyampi ishobora gukorwa mu bintu bitandukanye kandi ikaba itangana, ni ko n’abana usanga batandukanye. Abavyeyi rero bakwiye kumenya ingene bokwigisha umwe wese mu bana babo. Hari umugabo n’umugore bo muri Isirayeli y’ubu bashoboye gufasha abana babo babiri gukorera Yehova. None babifashijwemwo n’iki? Bagira bati: “Umwana wese twamwigisha Bibiliya ukwiwe.” Ariko ntiwumve, serugo wese ni we araba nimba bikenewe canke bishoboka ko n’abana biwe bokwiga gutyo.

YEHOVA AZOBAFASHA

21. Yehova afasha gute abavyeyi?

21 Rimwe na rimwe abavyeyi boshobora kubona ko bigoye cane kwigisha abana babo. Yamara rero, abana ni ingabire iva kuri Yehova. Yama yiteguriye kubafasha. Arumviriza abikunze amasengesho abavyeyi bamutura. Vyongeye, arayishura biciye kuri Bibiliya, ku bitabu vyacu, ku burorero be n’impanuro z’abandi bavyeyi bo mw’ishengero bazi utuntu n’utundi.

22. Bimwe mu bintu vyiza kuruta ibindi abavyeyi boha abana babo ni ibihe?

22 Naho hari abavuga ko kurera umwana ari ibanga rimara imyaka 20, mu vy’ukuri ibanga rya kivyeyi ntiryigera rihagarara. Mu bintu vyiza abavyeyi boronsa abana babo, nta coza kiruta kubakunda, kubahebera umwanya no kubaha inyigisho zishingiye kuri Bibiliya. Ego ni ko abana ntibakira kumwe inyigisho baronswa. Ariko rero, benshi mu barezwe n’abavyeyi bakunda Yehova, bokwemeza ivyavuzwe na mushiki wacu Joanna Mae wo mu Aziya, uwugira ati: “Nibutse inyigisho abavyeyi banje bampaye, ndakenguruka kuba barantoje indero bakongera bakanyigisha gukunda Yehova. Uretse ko bamvyaye, baranatumye ngira ubuzima bufise intumbero.” (Imig. 23:24, 25) Ukwo nyene ni ko abavukanyi na bashiki bacu amamiliyoni biyumva.

URURIRIMBO RWA 59 Shemeza Yehova hamwe nanje!

^ ing. 5 Abubatse boba bakwiye kuvyara abana? Igihe na ho ari vyo bahisemwo, bovyara bangahe? Vyongeye, bokwigisha gute abana babo gukunda Yehova no kumukorera? Iki kiganiro kirimwo uburorero bw’abantu bo muri iki gihe be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bidufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

^ ing. 15 Raba kandi Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1, ikig. 36, be n’Igitabu ca 2, ikig. 11.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abubakanye bariko bahanahana ivyiyumviro ngo bahitemwo nimba bovyara canke batovyara, mu kuzirikana ivyiza vyovamwo be n’ico vyobasaba.

^ ing. 64 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abavyeyi bariko barigisha umwana wese ukwiwe bivanye n’imyaka afise be n’ivyo ashoboye gutahura.