Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 49

Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka

Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka

“Nimuze . . . ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.”​—MRK. 6:31.

URURIRIMBO RWA 143 Guma ku kivi, uri maso, urindiriye

INCAMAKE *

1. Abantu benshi babona gute ibijanye n’akazi?

AHO iwanyu, abantu benshi babona gute ibijanye n’akazi? Mu bihugu vyinshi, abantu basigaye bakora bagasanzara. Mwene abo bantu usanga kenshi bataronka umwanya wo kuruhuka, kuba kumwe n’imiryango yabo canke kwitaho ivy’Imana. (Umus. 2:23) Ku rundi ruhande na ho, hariho abaterekwa akazi kandi bakarondera n’ivyitwazo vyo kudakora.​—Imig. 26:13, 14.

2-3. Yehova na Yezu batanze akarorero akahe mu bijanye no gukora?

2 Mu buryo butandukanye n’ukwo kuntu ab’isi babona akazi mu buryo butarimwo uburimbane, rimbura ingene Yehova na Yezu bobo babibona. Nta woharira ko Yehova akora cane. Yezu yaravyemeje, ati: “Dawe yagumye akora gushika n’ubu, na jewe nguma nkora.” (Yoh. 5:17) Iyumvire ibikorwa vyose Imana yakoze mu kurema ibiremwa vy’impwemu bidaharurika be n’ibisyo vyose vyo mu kirere. N’ikindi kandi, turibonera ibintu vy’akaroruhore Imana yaremye ng’aha kw’isi. Birabereye kubona umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we! Vyose wabikoranye ubukerebutsi. Isi yuzuye ivyo wakoze.”​—Zab. 104:24.

3 Yezu yariganye Se wiwe. Uwo Mwana w’Imana, uwagereranijwe n’ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu, yarafashije Se igihe “yategura amajuru.” Yari kumwe na Yehova, ari “umukozi w’umuhanga.” (Imig. 8:27-31) Mu nyuma, igihe Yezu yari kw’isi, yarakoze igikorwa kidasanzwe. Ico gikorwa camubereye nk’ibifungurwa, kandi ivyo yakoze vyose vyarerekanye ko yari yatumwe n’Imana.​—Yoh. 4:34; 5:36; 14:10.

4. Ni icigwa ikihe dukura kuri Yehova na Yezu ku bijanye no kuruhuka?

4 None dufatiye kuri ako karorero Yehova na Yezu batanze mu bijanye no gukora cane, vyoba bisigura ko tudakeneye kuruhuka? Habe namba. Kubera ko Yehova atigera aruha, nta karuhuko akenera. Mugabo Bibiliya iravuga ko igihe Yehova yaheza kurema ijuru n’isi, yahagaritse ibikorwa ‘akaruhuka.’ (Kuv. 31:17) Ariko rero, ivyo biboneka yuko bisigura ko yahagaritse ibikorwa vyo kurema, agafata akanya ko guhimbarirwa ivyo yari yakoze. Vyongeye, naho Yezu yakoze cane igihe yari ng’aha kw’isi, yarafata akanya ko kuruhuka no gusangira ibifungurwa n’abagenzi biwe.​—Mat. 14:13; Luka 7:34.

5. Ni igiki kigora abantu benshi?

5 Bibiliya iremesha abasavyi ba Yehova gukunda ibikorwa. Bakwiye gukorana umwete aho kurera amaboko. (Imig. 15:19) Ushobora kuba ukora akazi k’umubiri kugira ngo utunge umuryango wawe. Vyongeye, abigishwa ba Kristu bose barafise ibanga ryo gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Naho ari ukwo, urakeneye no kuruhuka bihagije. Vyoba rimwe na rimwe bikugora kugira uburimbane mu bijanye no kuronka umwanya w’akazi, wo kwamamaza n’uwo kuruhuka? Twomenya gute none umwanya dukwiye gukora uko ungana be n’uwo dukwiye kuruhuka?

INGENE WOGIRA UBURIMBANE

6. Muri Mariko 6:30-34 herekana gute ko Yezu yari afise uburimbane mu bijanye no gukora be no kuruhuka?

6 Uburimbane burakenewe mu bijanye n’akazi. Umwami Salomo ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.” Yaciye avuga ibijanye no gutera, kwubaka, kurira, gutwenga, gutamba, n’ibindi n’ibindi. (Umus. 3:1-8) Biragaragara rero ko ubuzima bushingiye ku bintu bibiri nyamukuru: Gukora no kuruhuka. Yezu yari afise uburimbane mu bijanye no gukora be no kuruhuka. Igihe kimwe, abigishwa biwe baragarutse bavuye ku rugendo rwo kwamamaza. Bari bakoze baratama ku buryo ‘bataronse n’akanya ko gufungura.’ Yezu yababwiye ati: “Nimuze, mwebwe mwenyene, ahiherereye mu gahinga muruhuke gatoya.” (Soma Mariko 6:30-34.) Naho Yezu n’abigishwa biwe batama baronka akaruhuko nk’uko bavyipfuza, yari azi ko bose bari bakeneye kuruhuka.

7. Kurimbura ibijanye n’itegeko ryagenga Isabato bishobora kudufasha gute?

7 Rimwe na rimwe, usanga vy’ukuri dukenera kuruhuka canke kugira ivyo duhinduye. Ivyo turabibonera ku ntunganyo Imana yashiriyeho abasavyi bayo ba kera, na yo akaba ari Isabato bubahiriza buri ndwi. Naho tutakigengwa na rya Tegeko rya Musa, kurimbura ivyo ryavuga ku bijanye n’Isabato birashobora kutugirira akamaro. Ivyo twigira kuri iyo Sabato, birashobora kudufasha gusuzuma ingene tubona ibijanye no gukora be no kuruhuka.

ISABATO WARI UMUSI WO KURUHUKA NO GUSENGA

8. Twisunze Kuvayo 31:12-15, Isabato wari umusi w’iki?

8 Ijambo ry’Imana rivuga ko inyuma y’“imisi” itandatu y’irema, Imana yahagaritse ibikorwa vyo kurema ibintu kw’isi. (Ita. 2:2) Ariko rero kubera ko Yehova akunda ibikorwa, “yagumye akora” mu yindi mice. (Yoh. 5:17) Yehova yasavye Abisirayeli kuruhuka ku musi ugira indwi, nk’uko na we nyene yaruhutse ku musi ugira indwi. Yehova yavuze ko Isabato yari ikimenyetso c’ubucuti bwari hagati yiwe na Isirayeli. Wari umusi w’“akaruhuko kuzuye . . . , ikintu ceranda kuri Yehova.” (Soma Kuvayo 31:12-15.) Nta n’umwe yari arekuriwe gukora ibikorwa kuri uwo musi, ushizemwo n’abana, abashumba mbere n’ibitungwa. (Kuv. 20:10) Ivyo vyaha akaryo abantu ko kurushiriza kwitaho ivy’impwemu.

9. Mu gihe ca Yezu, abantu bamwebamwe barenza urugero gute ku bijanye n’Isabato?

9 Isabato yari ngirakamaro ku basavyi b’Imana. Ariko rero mu gihe ca Yezu, indongozi nyinshi z’idini zararenza urugero ku kuntu zabona Isabato. Zavuga ko kw’Isabato bitari vyemewe no kumyoza amahundo y’intete canke gukiza uwurwaye. (Mrk. 2:23-27; 3:2-5) Ariko ukwo si ko Imana yabona ibintu, kandi na Yezu yarabitomoreye abamwumviriza.

Umuryango wa Yezu wakoresha Isabato mu bijanye no gusenga (Raba ingingo ya 10) *

10. Ibivugwa muri Matayo 12:9-12 vyerekana ko Yezu yabona gute Isabato?

10 Yezu n’abayoboke biwe b’Abayuda barubahiriza Isabato kubera ko bagengwa n’Itegeko rya Musa. * Ariko rero haba mu mvugo canke mu ngiro, Yezu yarerekanye ko kwubahiriza Isabato bitari bikwiye kujamwo ugukavya be n’uko kuri uwo musi vyari vyemewe gukora ibikorwa vyo gutabara biranga ubuntu. Yavuze atomora ati: “Biremewe . . . gukora ikintu ciza kw’isabato.” (Soma Matayo 12:9-12.) Gukora mwene ivyo bikorwa biranga ubuntu ntiyabona ko ari ukurenga kw’Isabato. Ibikorwa vya Yezu vyarashize ahabona intumbero nyamukuru y’Isabato. Kubera ko kuri uwo musi abasavyi b’Imana baruhuka ibikorwa vya buri musi, kaba ari akaryo ko kwitunira ku vy’impwemu. Umuryango Yezu yakuriyemwo utegerezwa kuba warakoresha Isabato mu bijanye no gusenga. Ivyo turabibonera mu nkuru ivuga ivyerekeye Yezu igihe yari i Nazareti aho yakuriye. Igira iti: “Nk’uko yari amenyereye kubigira ku musi w’isabato, yinjira mw’isinagogi, hanyuma arahaguruka ngo asome.”​—Luka 4:15-19.

UBONA GUTE IBIKORWA?

11. Ni akarorero keza akahe Yezu yaronse ku bijanye no gukora?

11 Nta gukeka ko igihe Yozefu yaba ariko arigisha Yezu ibijanye no kubaza, yamubwira n’ingene Imana ibona ibikorwa. (Mat. 13:55, 56) Vyongeye, Yezu yaribonera ingene Yozefu yakora agatama buri musi kugira ngo aronke ivyotunga umuryango watera uba munini. Turatahura rero igituma mu nyuma Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umukozi akwiriye impembo yiwe.” (Luka 10:7) Egome, Yezu yari amenyereye gukora cane.

12. Ni ivyanditswe ibihe vyerekana ko Paulo yakora cane?

12 N’intumwa Paulo kwari ukwo nyene. Igikorwa ciwe nyamukuru kwari ugushingira intahe izina rya Yezu be n’inyigisho ziwe. Ariko kandi Paulo yarakora kugira yironse ivyomubeshaho. Abatesalonika bari bazi ingene ‘yabira akuya kandi agacumukura ijoro n’umurango’ kugira ngo ntihagire uwo abera “umuzigo uzimvye.” (2 Tes. 3:8; Ivyak. 20:34, 35) Ng’aho, Paulo ashobora kuba yariko avuga igikorwa ciwe co kujisha amahema. Igihe yari i Korinto, yarabaye kwa Akwila na Pirisila maze “[barakorana], kuko umwuga wabo wari uwo kujisha amahema.” Kuba Paulo yakora “ijoro n’umurango” ntibisigura yuko atigera aruhuka. Nk’akarorero, kw’Isabato ntiyajisha amahema. Kuri uwo musi yaca aja kubwira inkuru nziza Abayuda, kuko na bo nyene batakora kw’Isabato.​—Ivyak. 13:14-16, 42-44; 16:13; 18:1-4.

13. Akarorero ka Paulo katwigisha iki?

13 Intumwa Paulo yaradusigiye akarorero keza. Yarakora akazi k’umubiri, ariko kandi akitwararika kwama agira uruhara mu “gikorwa ceranda c’inkuru nziza y’Imana.” (Rom. 15:16; 2 Kor. 11:23) Yarahimirije n’abandi kubigenza gutyo. Ni co gituma Akwila na Pirisila bari ‘abakozi bagenziwe muri Kristu Yezu.’ (Rom. 12:11; 16:3) Paulo yahimirije Abakorinto kugira “vyinshi [ba]kora mu gikorwa c’Umukama.” (1 Kor. 15:58; 2 Kor. 9:8) Yehova mbere yahumekeye intumwa Paulo kwandika ati: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye.”​—2 Tes. 3:10.

14. Ivyo Yezu yavuze muri Yohani 14:12 bisigura iki?

14 Kwamamaza no guhindura abantu abigishwa ni co gikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose muri iyi misi y’iherezo. Nkako, Yezu yavuze ko abigishwa biwe bokoze mbere n’ibiruta ivyo yakoze. (Soma Yohani 14:12.) Ntiyashaka kuvuga ko bokoze ibitangaro biruta ivyo yakoze. Ahubwo abayoboke biwe bohetuye akarere kanini kuruta, bakigisha abantu benshi cane kandi bakamara ikiringo kinini bamamaza kuruta uko we yabikoze.

15. Ni ibibazo ibihe twokwibaza, kandi kubera iki?

15 Nimba usanzwe ukora akazi k’umubiri, niwibaze uti: ‘Ku kazi noba nzwi ko ndi umunyamwete? Ibikorwa nshingwa, noba ndabirangiza ku gihe kandi nkabikora neza?’ Nimba inyishu ari ego, umukoresha wawe arashobora kuzokwizigira. Ivyo vyotuma n’abo mukorana bipfuza kwumva inkuru nziza y’Ubwami. Ku bijanye n’igikorwa co kwamamaza no kwigisha na ho, niwibaze uti: ‘Noba nzwi ko ndagikorana umwete? Noba ntegura neza uburyo bwo gutanguza ibiyago? Noba nsubira kuraba abo twayaze ntatebaganye? Vyongeye, noba nama ngira uruhara mu mice itandukanye y’ico gikorwa?’ Nimba inyishu ari ego, uzoronkera umunezero muri ico gikorwa.

UBONA GUTE IBIJANYE NO KURUHUKA?

16. Ku bijanye no kuruhuka, Yezu n’intumwa ziwe bari batandukanye gute n’abatari bake muri iki gihe?

16 Yezu yari azi ko we n’intumwa ziwe vyashika bagakenera kuruhuka. Ariko rero, abantu benshi b’ico gihe, cokimwe n’abatari bake muri iki gihe, bameze nka wa mugabo w’umutunzi avugwa mu kigereranyo ca Yezu. Uwo mugabo yabwiye umutima wiwe ati: “Niwiraramire, urye, unywe, uryoherwe.” (Luka 12:19; 2 Tim. 3:4) Icari kimuraje ishinga kwari kwiruhukira no kwiryohererwa. Ariko Yezu n’intumwa ziwe bobo, kwiryohererwa si vyo bashira imbere mu buzima.

Kugira uburimbane mu bijanye no gukora be no kuruhuka bizodufasha kwitwararika ibikorwa vyiza bituruhurira (Raba ingingo ya 17) *

17. Dukoresha gute umwanya tutaba turi ku kivi?

17 Muri iki gihe, turagerageza kwigana Yezu mu gukoresha neza umwanya tutaba turi ku kivi. Aho kuwukoresha mu kwiruhukira gusa, turawukoresha no mu gukora iciza tukabwira abandi inkuru nziza tukongera tukitaba amakoraniro. Nkako, tubona ko guhindura abantu abigishwa no kwitaba amakoraniro bihambaye cane, ku buryo dukora uko dushoboye kwose kugira ngo twame tugira uruhara muri ivyo bikorwa vyeranda. (Heb. 10:24, 25) Mbere n’igihe twafashe urugendo rw’akaruhuko, tuguma twitaba amakoraniro aho tuba turi hose, tukarondera n’uturyo two kuyagisha abo duhura.​—2 Tim. 4:2.

18. Umwami wacu Yezu Kristu yipfuza ko dukora iki?

18 Ese ukuntu dukenguruka kubona Umwami wacu Yezu Kristu atatwitezeko ibirenze, kandi akadufasha kugira uburimbane ku bijanye no gukora be no kuruhuka. (Heb. 4:15) Aripfuza ko turuhuka igihe bikenewe. Aripfuza kandi ko dukora cane kugira ngo twironse ivyo dukenera, akipfuza n’uko dukorana umwete ca gikorwa kiruhura co guhindura abantu abigishwa. Mu kiganiro gikurikira, tuzorimbura uruhara Yezu arangura mu bijanye n’ukudukura mu bushumba bubabaje cane.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

^ ing. 5 Ivyanditswe biratwigisha ingene twogira uburimbane mu kuntu tubona ibijanye n’akazi be no kuruhuka. Iki kiganiro gifatiye kw’Isabato Abisirayeli bubahiriza buri ndwi, kiradufasha gusuzuma ingene dukwiye kubona ibijanye no gukora be no kuruhuka.

^ ing. 10 Abayoboke ba Yezu barubahiriza cane itegeko ryari rijanye n’Isabato, ku buryo bahagaritse gutegura ibimota neza vyo gusiga ikiziga ca Yezu gushika Isabato irenganye.​—Luka 23:55, 56.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yozefu ajanye umuryango wiwe kw’isinagogi ku musi w’Isabato.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Serugo akora cane kugira atunge umuryango, ariko akoresha umwanya w’agakonji mu bikorwa vy’impwemu, naho we n’umuryango wiwe bari mu karuhuko.