Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Nukenguruke muri vyose’

‘Nukenguruke muri vyose’

WOBA ubona ko uri umuntu akenguruka? Twese turakwiye kuzirikana kuri ico kibazo. Bibiliya yaravuze ko abantu benshi muri iki gihe cacu bobaye ari “intashima.” (2 Tim. 3:2) Nawe ushobora kuba umaze kwibonera abantu babona ko ivyo baronka vyose baba babifitiye uburenganzira, nk’aho umenga bategerezwa kubihabwa. Basa n’abona ko atari ngombwa gukenguruka ivyo bakorerwa. Nta gukeka ko na wewe wovuga ko bibishe kubana n’abantu nk’abo.

Ariko rero Bibiliya ibwira abasavyi ba Yehova iti: “Mwerekane ko mushima.” Tubwirizwa kuba abantu ‘bakenguruka muri vyose.’ (Kol. 3:15; 1 Tes. 5:18) Mu bisanzwe, iyo dufise agatima ko gukenguruka biratugirira akamaro. Turafise imvo zitari nke zobitwemeza.

GUKENGURUKA BIRATUMA UBONA IBIKWEREKEYE MU BURYO BWIZA

Imvo ihambaye ikwiye gutuma tugira agatima ko gukenguruka ni uko bituma tubona ibitwerekeye mu buryo bwiza. Birashoboka ko umuntu akenguruka kubera ko aba yumva anezerewe, kandi n’uwukengurukiwe aranezerwa. Kubera iki none gukenguruka bigira ico bikoze ku wushima no ku wushimirwa? Zirikana aka karorero: Iyo ubonye ko abandi hari ico bipfuza kugufasha, ntibica bikwereka ko babonye yuko uri mu nkenero? Birakwereka ko bakwitwararitse. Igihe rero ubimenye, woshobora kunezerwa. Birashoboka ko na Rusi ari ko vyamugendeye. Bowazi yaramugaragarije umutima mwiza. Nta gukeka rero ko Rusi yumvise ahimbawe abonye ko hari umuntu yamwitwararitse.​—Rusi 2:10-13.

Birabereye canecane ko dukengurukira Imana. Nta gukeka ko rimwe na rimwe wiyumvira ivyiza vyinshi vyo mu buryo bw’umubiri no mu buryo bw’impwemu Imana yaduhaye kandi n’ubu ikiriko. (Gus. 8:17, 18; Ivyak. 14:17) Ariko rero, aho kubona gusa ko Imana imeze neza, ubona gute ufashe umwanya, ukazirikana bimwe bigera kure imihezagiro myinshi yagucuncuburiyeko be n’abawe. Niwazirikana ku kumera neza kw’Umuremyi wawe bizotuma urushiriza kumukengurukira no kubona ko agukunda cane be n’uko aguha agaciro.​—1 Yoh. 4:9.

Ariko rero, aho kuzirikana gusa ku bijanye n’uko Yehova atanga cane be n’imihezagiro akuronsa, numukengurukire kubera ukumera neza kwiwe. (Zab. 100:4, 5) Bivugwa ko “gukenguruka bituma abantu bahimbarwa.”

GUKENGURUKA BIRAKOMEZA UBUGENZI

Iyindi mvo ituma gukenguruka biba ngirakamaro, ni uko bikomeza ubugenzi. Twese turakenera kwumva ko abandi baduha agaciro. Iyo rero ukengurukiye umuntu ubikuye ku mutima kubera ikintu ciza yakugiriye, mwempi muca mugiranira ubugenzi bukomeye. (Rom. 16:3, 4) N’ikindi kandi, abantu bakenguruka usanga bitaho cane gufasha abandi. Barabona iciza abandi babagiriye bigatuma na bo bumva bobasubiriza mu nkoko. Ego cane, gufasha abandi biratuma umuntu agira agahimbare. Birahuye n’ivyo Yezu yavuze, ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyak. 20:35.

Robert Emmons, umwe mu bari bayoboye igikorwa c’ubushakashatsi ku bijanye no gukenguruka cagizwe na kaminuza imwe yo muri Kaliforniya, yavuze ati: “Kugira tube abantu bakenguruka, turakwiye gutahura ko turi magiriranire. Birashika abandi bakaduha, ikindi gihe natwe tugatanga.” Kugira bitugendere neza mu buzima bisaba ko abandi baturonsa ivyo dukeneye kandi bakadushigikira mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, boshobora kuturonsa ibifungurwa canke bakatwitwararika iyo turwaye. (1 Kor. 12:21) Umuntu akenguruka rero, araha agaciro ivyo abandi bamukorera. None ko bimeze gutyo, woba nawe ufise akamenyero ko gukenguruka ivyo abandi bagukorera?

GUKENGURUKA BIRATUMA UGUMA WIBANDA KU CIZA

Iyindi mvo yotuma tugira agatima ko gukenguruka ni uko bidufasha kwibanda ku vyiza aho kubona ibibi gusa. Hari ukuntu umuzirikanyi wawe umeze nk’akayungiro. Umuzirikanyi wawe uratuma ugumiza ivyiyumviro ku bintu bimwebimwe bigukikuje, ibindi na vyo ukavyihoza. Uribanda cane ku bintu vyiza, ukirengagiza ingorane. Uko urushiriza kuba umuntu akenguruka ni ko urushiriza kubona ivyiza, bigatuma mbere urushiriza gukenguruka. Igihe uri umuntu akenguruka, biratuma ukurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Mwame munezerwa mu Mukama.”​—Flp. 4:4.

Uzobona ko gukenguruka bituma utama ubona ibintu mu buryo bubi. None woba ushobora kuba umuntu akenguruka mu gihe ufise ishari, inzigo canke ubabaye? Vyongeye, abantu bakenguruka baririnda gutwarwa n’ibintu vy’umubiri. Barakenguruka ivyo bafise kandi ntibahahamira umurengera.​—Flp. 4:12.

NUZIRIKANE KU VYIZA WARONSE

Kubera ko uri umukirisu, urazi ko Shetani yipfuza ko ingorane zigushikira muri iyi misi ya nyuma zikubabaza kandi zigatuma ucika intege. Yipfuza ko ugira agatima ko kubona ibintu mu buryo bubi kandi ukidodomba. Agatima nk’ako koshobora gutuma utaroranirwa mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Mu bisanzwe, gukenguruka birajana n’icamwa c’impwemu y’Imana. Nk’akarorero, turagira akanyamuneza tubonye ibintu vyiza Imana yadukoreye tukongera tukizera ivyo yasezeranye vyose.​—Gal. 5:22, 23.

Kubera ko uri Icabona ca Yehova, nta gukeka ko wemera ivyavuzwe muri iki kiganiro ku bijanye no gukenguruka. Naho ari ukwo, urazi ko bitama vyoroshe kuba umuntu akenguruka kandi abona ibintu mu buryo bwiza. Yamara rero, ntucike intege. Birashoboka ko uba umuntu yama akenguruka. Uti gute? Buri musi nufate akanya ko kuzirikana ku bintu bimwebimwe ubona wokenguruka. Uko ubigira, ni ko agatima ko gukenguruka karushiriza kwizana. Ivyo bizotuma uhimbarwa cane kuruta abaguma bahagaritse umutima kubera ingorane zibashikira. Nugume uzirikana ivyiza biremesha Imana be n’abandi bagukorera bituma ugira agahimbare. Urashobora no kugira aho wiyandikira utuntu, maze buri musi ukaza urandika ibintu bibiri canke bitatu wabonye wokenguruka.

Hari abashakashatsi bavuga ko “kwama dukenguruka bigira ico bihinduye ku kuntu ubwonko bwacu bukora, ku buryo dusigara twumva turyoherewe ubuzima.” Umuntu akenguruka arahimbarwa cane. Ku bw’ivyo, nuzirikane imihezagiro wagiye uraronka, uhimbarwe n’ibintu vyiza bigushikira mu buzima maze ukenguruke. Ntufate minenerwe ibintu vyiza wironkera, ahubwo riho, “[nukengurukire] Yehova, kuko ari mwiza.” Egome, ‘nukenguruke muri vyose.’​—1 Ngo. 16:34; 1 Tes. 5:18.