Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Bibiliya ivuga ko kugira ngo ikosa ryemezwe hakenewe n’imiburiburi ivyabona bibiri. (Guh. 35:30; Gus. 17:6; 19:15; Mat. 18:16; 1 Tim. 5:19) Ariko muri Isirayeli ya kera, igihe umugabo yaba afashe ku nguvu umukobwa arehejwe amusanze “mu gahinga” maze nya mukobwa agakoma induru, uwo mugabo ni we wenyene yagirwa n’icaha co kurenga ibigo. None ko ata bandi baba babonye uko vyagenze, kubera iki uwo mukobwa yambikwa izera ariko uwo mugabo akagirwa n’icaha?

Ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe 22:25-27 ahanini ntibishaka kwerekana ko uwo mugabo yaba yakoze igicumuro, kuko gukora ico kintu vyari bizwi ko ari igicumuro. Ahubwo iryo tegeko ryashimika ku gukura iceyi kuri uwo mukobwa. Reka turabe ibivugwa mu mirongo y’imbere y’aho.

Iyo mirongo ivuga ibijanye n’umugabo asanga “mu gisagara” umwigeme arehejwe maze bakaryamana. Uwo mugabo yaca yagirwa n’icaha co kurenga ibigo, kuko umukobwa arehejwe yabonwa nk’aho amaze kwubaka. Uwo mukobwa we bite? Ntiyaba “[ya]komye induru mu gisagara.” Akomye induru, abandi bari kumwumva maze bakamutabara. Yamara ntiyaba yakomye induru. Uwo mukobwa rero yaba yabigizemwo uruhara, akaba ari co gituma bompi bagirwa n’icaha co kurenga ibigo.​—Gus. 22:23, 24.

Iryo tegeko ryaca rivuga ikindi kintu gihushanye n’ico, riti: “Ariko nimba mu gahinga ari ho nya mugabo yasanze uyo mukobwa yari arehejwe, akamufata akaryamana na we, uyo mugabo yaryamanye na we aze apfe wenyene, umukobwa nta co uzomugira. Uyo mukobwa nta gicumuro afise gikwiriye urupfu, kuko nka kurya nyene umuntu agurukira kuri mugenziwe akamwica, akamwaka ubuzima, ni co kimwe n’ivyo. Kuko mu gahinga ari ho yamusanze. Nya mukobwa yari arehejwe yakomye induru, mugabo nta n’umwe yariho wo kumutabara.”​—Gus. 22:25-27.

Muri ico gihe, abacamanza barizera ivyo uwo mukobwa ababwiye. Kubera iki? Bafata ko ‘yakomye induru mugabo ntihaboneke uwomutabara.’ Rero ntiyaba yarenze ibigo. Yamara, uwo mugabo yaba yagirwa n’icaha co gufata ku nguvu no kurenga ibigo kuko yaba ‘yafashe umukobwa arehejwe akaryamana na we.’

Ku bw’ivyo, naho iryo tegeko ryibanda ku gukura iceyi kuri uwo mukobwa, iyo nkuru irerekana mu buryo butomoye ko uwo mugabo yagirwa n’icaha co gufata ku nguvu no kurenga ibigo. Turizigira tudakeka ko abacamanza ‘batohoza bitonze’ maze bagafata ingingo ishingiye ku buyobozi butomoye Imana yasubiyemwo incuro zitari nke.​—Gus. 13:14; 17:4; Kuv. 20:14.