Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 51

Uzi Yehova ku rugero rungana iki?

Uzi Yehova ku rugero rungana iki?

“Abazi izina ryawe bazokwizigira, kuko utazogenda uhevye abakurondera, Yehova we!”​—ZAB. 9:10.

URURIRIMBO RWA 56 Nyurwa n’ukuri

INCAMAKE *

1-2. Nk’uko ivyashikiye Angelito bivyerekana, umwe wese muri twebwe akwiye gukora iki?

ABAVYEYI bawe boba ari Ivyabona vya Yehova? Nimba ari ko biri, niwibuke ko ivyo bidaca bituma ugiranira ubucuti somambike na Yehova. Abavyeyi bacu baba bakorera Imana canke batayikorera, umwe wese ni we ategerezwa gukomeza ubucuti afitaniye na Yehova.

2 Rimbura ivyashikiye umuvukanyi yitwa Angelito. Yakuriye mu muryango w’Ivyabona. Mugabo igihe yari akiri muto, ntiyumva ko yiyegereje Imana cane. Avuga ati: “Nakorera Yehova kubera gusa nashaka kwigana abo mu muryango wanje.” Ariko rero, Angelito yarafashe ingingo yo kumara umwanya wiyongereye asoma Ijambo ry’Imana yongera arizirikanako, aca atangura no kuza arasenga Yehova kenshi. None ivyo vyavuyemwo iki? Avuga ati: “Naramenye yuko uburyo bumwe gusa bwo kwiyegereza Umuvyeyi wanje munyarukundo Yehova, ari uko ubwanje nkwiye kumumenya neza.” Ivyashikiye Angelito bituma twibaza ibibazo bihambaye nk’ibi: Kumenya ibintu bimwebimwe vyerekeye Yehova no kumumenya neza bitandukaniye he? Vyongeye, dushobora gute kumenya neza Yehova?

3. Kumenya ivyerekeye Yehova no kumumenya neza bitandukaniye he?

3 Twoshobora kwiyumvira ko tuzi Yehova kubera ko tuzi izina ryiwe canke ibintu bimwebimwe yavuze canke yakoze. Ariko rero, kumenya neza Yehova harimwo n’ibindi. Dutegerezwa gufata umwanya wo kwiga ibimwerekeye be na kamere ziwe nziza igitangaza. Aho ni ho gusa twotangura gutahura igituma avuga canke akora ibintu kanaka. Ivyo biraheza bikadufasha kumenya nimba ashima ivyo twiyumvira, ingingo dufata canke ivyo dukora. Tumaze kumenya ivyo Yehova agomba, duca twipfuza gukora tuvyisunga.

4. Kurimbura uburorero bwo muri Bibiliya bidufasha gute?

4 Abantu bamwebamwe boshobora kudutwenga igihe dufashe ingingo yo gukorera Yehova, mbere boshobora no kurushiriza kuturwanya igihe dutanguye kwifatanya n’abasavyi biwe. Yamara iyo twizigiye Yehova, ntiyigera aduheba. Tuba dutanguye kugiranira na we ubucuti buramba. None twoba vy’ukuri dushobora kumenya neza Yehova? Cane nyene! Uburorero bw’abagabo batari batunganye, nka Musa n’Umwami Dawidi, burerekana ko ivyo bishoboka. Uko turimbura ivyo bakoze, turaza kwishura ibi bibazo bibiri: Bamenye gute Yehova? Kandi ni ivyigwa ibihe twobigirako?

MUSA YARABONA “UMWE ATABONEKA”

5. Musa yahisemwo gukora iki?

5 Musa yarashize mu ngiro ivyo yize. Igihe Musa yari afise imyaka nka 40, yahisemwo kwifatanya n’abasavyi b’Imana, ari bo Bisirayeli, aho kwitwa “umuhungu w’umukobwa wa Farawo.” (Heb. 11:24) Musa yaremeye guheba ikibanza gihambaye. Kwifatanya n’Abisirayeli, abari abaja mu Misiri, vyari gutuma Farawo arakara narirya yari umutegetsi akomeye yabonwa nk’imana. Ese ukuntu Musa yari afise ukwizera gukomeye! Musa yarizigiye Yehova. Ukwo kumwizigira ni kwo kwatumye agiranira na we ubugenzi buramba.​—Imig. 3:5.

6. Twigira iki kuri Musa?

6 None ni icigwa ikihe tuhakura? Cokimwe na Musa, twese tubwirizwa gufata ingingo: Twoba tuzohitamwo gukorera Imana no kwifatanya n’abasavyi bayo? Kugira dukorere Imana, hari aho twobwirizwa kugira ivyo duhevye, kandi abatazi Yehova boshobora kuturwanya. Mugabo nitwizigira Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, nta gukeka ko azodushigikira.

7-8. Ni ibiki Musa yabandanije kwiga?

7 Musa yarabandanije kwiga ivyerekeye kamere za Yehova no gukora ivyo agomba. Nk’akarorero, igihe Imana yamusaba kuyobora ihanga rya Isirayeli arikuye mu Misiri, yagumye abwira Yehova yuko ata vyo yoshobora kuko yikengera. Yehova yaramufashije abigiranye impuhwe. (Kuv. 4:10-16) Ivyo vyatumye Musa ashobora gushikiriza Farawo ubutumwa bukomeye bwerekeye urubanza. Musa yahavuye yibonera ingene Yehova akoresha ububasha bwiwe igihe yakora Abisirayeli, mugabo agahonereza Farawo n’ingabo ziwe mu Kiyaga Gitukura.​—Kuv. 14:26-31; Zab. 136:15.

8 Musa amaze gukura Abisirayeli mu Misiri, bagumye bidodomba. N’ico gihe nyene, Musa yariboneye ingene Yehova yihanganira cane abasavyi biwe yari yakuye mu bushumba. (Zab. 78:40-43) Vyongeye, Musa yariboneye ingene Yehova agaragaza ukwicisha bugufi kudasanzwe igihe yasaba Yehova guhindura ingingo yari yafashe maze na we akavyemera.​—Kuv. 32:9-14.

9. Twisunze Abaheburayo 11:27, ubucuti Musa yari afitaniye na Yehova bwari bukomeye ku rugero rungana iki?

9 Bamaze kuva mu Misiri, ubucuti Musa yari afitaniye na Yehova bwararushirije gukomera ku buryo yasa n’uwubona Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru. (Soma Abaheburayo 11:27.) Mu kwerekana ukuntu ubwo bucuti bwari bukomeye cane, Bibiliya ivuga iti: “Yehova yavugana na Musa amaso mu yandi, nk’uko nyene umuntu yovugana na mugenziwe.”​—Kuv. 33:11.

10. Kugira tumenye neza Yehova, dutegerezwa gukora iki?

10 None ni icigwa ikihe tuhakura? Kugira tumenye neza Yehova, ntidusabwa kumenya kamere ziwe gusa, ariko kandi dusabwa no gukora ivyo agomba. Muri iki gihe, Yehova ashaka yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Uburyo bumwe dukora ivyo Yehova agomba ni mu kwigisha abandi ibimwerekeye.

11. Kwigisha abandi ivyerekeye Yehova bidufasha gute kurushiriza kumumenya?

11 Kwigisha abandi ivyerekeye Yehova, akenshi biratuma na twe ubwacu turushiriza kumumenya. Nk’akarorero, turibonera ikimenyamenya c’uko Yehova afise impuhwe igihe atwerekeza ku bafise agatima kabereye. (Yoh. 6:44; Ivyak. 13:48) Turabona ububasha bw’Ijambo ry’Imana igihe twiboneye ingene abo twigisha Bibiliya bavavanura n’ingeso mbi maze bakambara wa muntu mushasha. (Kol. 3:9, 10) Vyongeye, turabona ikimenyamenya c’ukwihangana kwa Yehova igihe aturungika incuro nyinshi ku bantu bo mu cibare cacu kugira tubafashe kumumenya maze bakizwe.​—Rom. 10:13-15.

12. Twisunze Kuvayo 33:13, ni igiki Musa yasavye, kandi kubera iki?

12 Musa ntiyafata minenerwe ubucuti yari afitaniye na Yehova. N’inyuma y’aho Musa akoreye ibikorwa vy’ububasha abifashijwemwo n’Imana, nticabujije ko ayisaba abigiranye icubahiro ngo imufashe kurushiriza kuyimenya. (Soma Kuvayo 33:13.) Naho Musa yari afise imyaka irenga 80 igihe yasaba ico kintu, yari azi yuko yari agifise vyinshi yokwiga ku bijanye n’Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru.

13. Kimwe mu bintu vyerekana ko duha agaciro ubucuti dufitaniye n’Imana ni ikihe?

13 None ni icigwa ikihe tuhakura? Naho twoba tumaze igihe kingana gute dukorera Yehova, ntidukwiye kwigera dufata minenerwe ubucuti dufitaniye na we. Kimwe mu bintu vyerekana ko duha agaciro ubucuti dufitaniye n’Imana, ni ukuyitura mw’isengesho.

14. Kubera iki isengesho ari uburyo nyamukuru budufasha kurushiriza kumenya ivyerekeye Imana?

14 Kwama muyaga n’umuntu kenshi birakomeza ubucuti mufitaniye. Turakwiye rero kwiyegereza cane Imana mu gusenga kenshi, tudatinya kuyiserurira akari ku mutima. (Ef. 6:18) Uwitwa Krista wo muri Tirkiya avuga ati: “Igihe cose nsenze Yehova ndamuserurira akari ku mutima maze nkibonera ingene amfasha, ndarushiriza kumukunda no kumwizigira. Kwibonera ingene Yehova yishura amasengesho yanje vyatumye ndamubona nk’Umuvyeyi n’Umugenzi.”

UMUNTU YAHIMBARA UMUTIMA WA YEHOVA

15. Yehova yadondoye gute Umwami Dawidi?

15 Umwami Dawidi yavukiye mw’ihanga ryari ryariyeguriye Yehova Imana. Mugabo Dawidi yarakoze n’ibindi uretse gukurikira gusa idini ry’umuryango wiwe. Yararondeye kugiranira n’Imana ubucuti somambike, kandi Yehova yaramukunze bimwe bidasanzwe. Yehova ubwiwe yavuze ko Dawidi yari “umuntu ahimbara umutima [wiwe].” (Ivyak. 13:22) None ni igiki cafashije Dawidi kwiyegereza Yehova?

16. Uko Dawidi yihweza ivyaremwe, yatahura iki ku bijanye na Yehova?

16 Dawidi yamenye ivyerekeye Yehova biciye ku vyaremwe. Igihe Dawidi yari akiri muto, yaramara amasaha menshi ari mu gahinga kuragira intama za se. Birashoboka ko ico gihe ari ho yatanguye kuzirikana ku bintu Yehova yaremye. Nk’akarorero, igihe Dawidi yaba arangamije mu kirere mw’ijoro, ntiyabona gusa inyenyeri ibihumbi, ahubwo yaranatahura kamere z’Uwaziremye. Ivyo vyatumye Dawidi yandika ati: “Amajuru amenyesha ubuninahazwa bw’Imana; ikirere na co kivuga igikorwa c’amaboko yayo.” (Zab. 19:1, 2) Igihe Dawidi yazirikana ukuntu abantu baremwe, yarabonye ko Yehova afise ubukerebutsi ntangere. (Zab. 139:14) Uko yatahura ibikorwa vya Yehova, ni ko yabona ko ari umuntu wo hasi.​—Zab 139:6.

17. Kuzirikana ku vyaremwe bishobora kutwigisha iki?

17 None ni icigwa ikihe tuhakura? Niwiteho kwihweza ivyaremwe. Nufate umwanya wihweze ibintu igitangaza Yehova yaturemeye. Mu buzima bwawe bwa misi yose, nuzirikane ico ivyaremwe bigukikuje bikwigisha ku vyerekeye Yehova. Aho twovuga nk’ibiterwa, ibikoko n’abantu. Ivyo bizotuma buri musi ugira ivyo wize ku vyerekeye Umuvyeyi wawe munyarukundo. (Rom. 1:20) Gutyo, buri musi urwo umukunda ruzorushiriza kwongerekana.

18. Twisunze Zaburi ya 18, ni igiki Dawidi yatahura?

18 Dawidi yaratahura ko Yehova ari we yamufasha. Nk’akarorero, igihe Dawidi yakura intama za se mu vyara vy’intambwe n’idubu, yarabonye ko Yehova ari we yamufashije gutsinda ivyo bikoko bikaze. Igihe yanesha wa murwanyi w’ikigatanya Goliyati, yarabonye neza yuko ari Yehova yamuyoboye. (1 Sam. 17:37) Igihe na ho yava mu vyara vya wa mwami w’umunyeshari Sauli, Dawidi yaratahuye ko ari Yehova yamurokoye. (Zab. 18, akajambo k’intangamarara) Iyo Dawidi aza kuba ari umuntu yishira hejuru, yari kwiyitirira ivyo vyose. Yamara rero kubera ko yicisha bugufi, mu buzima bwiwe bwose yaratahura ko Yehova ari we yamufasha.​—Zab. 138:6.

19. Twigira iki ku karorero ka Dawidi?

19 None ni icigwa ikihe tuhakura? Turakeneye gukora n’ibindi uretse gusa gusaba Yehova ngo adufashe. Igihe adufashije, turakwiye kwihatira kubimenya, tukamenya n’ingene yabigenjeje. Iyo twicishije bugufi tukemera ko hari ivyo tudashoboye, ni ho twibonera ingene Yehova adufasha. Kandi igihe cose tubonye ko Yehova adufashije, ubucuti dufitaniye na we burarushiriza gukomera. Nk’akarorero, umuvukanyi yitwa Isaac wo muri Fiji, akaba amaze imyaka myinshi akorera Yehova, yariboneye ico kintu. Avuga ati: “Ntereje amaso inyuma, ndabona ingene Yehova yagiye aramfasha kuva ntanguye kwiga Bibiliya gushika n’ubu. Ivyo bituma mbona ko Yehova abaho koko.”

20. Twigira iki ku bucuti Dawidi yari afitaniye n’Imana?

20 Dawidi yarigana kamere za Yehova. Yehova yaturemanye ubushobozi bwo kumwigana. (Ita. 1:26) Uko turushiriza kumenya kamere ziwe, ni ko turushiriza kumwigana. Kubera ko Dawidi yamenye neza Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru, yaramwiganye mu kuntu yafata abandi. Rimbura akarorero kamwe gusa. Dawidi yaracumuye kuri Yehova igihe yasambana na Batisheba mu nyuma na ho akicisha umugabo wiwe. (2 Sam. 11:1-4, 15) Mugabo Yehova yahisemwo kugirira imbabazi Dawidi kuko na we yari yarababariye abandi. Kuba Dawidi yari afitaniye ubucuti bwiza na Yehova, vyatumye aba umwe mu bami ba Isirayeli bakundwa cane, aba n’icitegererezo Yehova yashaka ko abandi bami bokwisunga.​—1 Abm. 15:11; 2 Abm. 14:1-3.

21. Twisunze Abanyefeso 4:24 na 5:1, ni ivyiza ibihe twironkera iyo ‘twiganye Imana’?

21 None ni icigwa ikihe tuhakura? Turakwiye ‘kwigana Imana.’ Tuyiganye biratugirira akamaro mu buzima bwacu kandi bigatuma tuyimenya. Igihe twiganye kamere zayo, tuba twerekanye yuko turi abana bayo.​—Soma Abanyefeso 4:24; 5:1.

NURONDERE KURUSHIRIZA KUMENYA YEHOVA

22-23. Bizotugendera gute nitwashira mu ngiro ivyo twiga ku vyerekeye Yehova?

22 Nkuko twamaze kubibona, Yehova aratwihishurira biciye ku vyaremwe no kw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ico gitabu kidasanzwe kirimwo uburorero bwinshi bw’abasavyi b’Imana b’abizigirwa twokwigana, nka Musa na Dawidi. Yehova nta co atakoze. Turakwiye natwe kurangura uruhara rwacu, mu kwugurura amaso yacu, amatwi be n’umutima wacu kugira turushirize kumumenya.

23 Ntituzokwigera duheza kwiga ivyerekeye Yehova. (Umus. 3:11) Igihambaye si ivyo tuzi ku bimwerekeye, vyaba bike canke vyinshi, ahubwo n’ukuntu tubaho tuvyisunga. Nitwashira mu ngiro ivyo twiga kandi tukagerageza kwigana Umuvyeyi wacu munyarukundo, na we azoguma atwiyegereza. (Yak. 4:8) Abicishije kw’Ijambo ryiwe, aradukura amazinda ko atazokwigera aheba abamurondera.

URURIRIMBO RWA 80 “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe”

^ ing. 5 Naho abantu benshi bemera ko Imana ibaho, usanga mu vy’ukuri batayizi neza. None kumenya Yehova bisobanura iki, kandi twokwigira iki kuri Musa n’Umwami Dawidi ku bijanye n’ugukomeza ubucuti dufitaniye na we? Iki kiganiro kirishura ivyo bibazo.