Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba ushobora kwishura ibi bibazo bishingiye ku Minara y’Inderetsi yo mu 2019?

Uwu muhango Imana yatanze ugira uti: “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa” usobanura iki? (Yes. 54:17)

Turashobora kwizigira ko Imana izodukingira ivyotugirira nabi bimeze nk’“uguhuhuta kw’impemu z’abatwaza umukazo.” (Yes. 25:4, 5) Nta kintu na kimwe boshobora gukora cotugirira nabi ibihe bidahera.​—w19.01, rup. 6-7.

Ivyo Imana yakoreye Abanyakanani be n’Abisirayeli b’abahemu bigaragaza gute ubutungane bwayo?

Yehova yaraciriye urubanza abisutse mu vy’ubusambanyi bw’agahomerabunwa canke mu vyo guhohotera abakenyezi n’abana. Ku rundi ruhande, yarahezagiye abasavyi biwe bamugamburukiye kandi batarenganije abandi.​—w19.02, rup. 22-23.

Twovyifatamwo gute igihe uwo tudasangiye ukwemera ariko arasenga ari ho turi?

Twoshobora kuguma twinumiye kandi tukagaragaza urupfasoni, ariko ntitwovuga ngo “amen” canke ngo dufatane amaboko n’abandi bari ng’aho. Twoshobora guca dusengera mu mutima.​—w19.03, rup. 31.

Icaha co kwonona umwana gikomeye ku rugero rungana iki?

Kwonona umwana ni ugucumura ku wabikorewe, kw’ishengero, ku bategetsi no ku Mana. Aho amategeko y’igihugu asaba kubimenyesha abategetsi, abakurambere barayakurikiza.​—w19.05, rup. 9-10.

Wohindura gute inguvu zikoresha umuzirikanyi wawe?

Ng’ibi ibintu nyamukuru wokora: Nusenge Yehova. Nuzirikane ufise intumbero yo kwisuzuma. Nuhitemwo abagenzi beza.​—w19.06, rup. 11.

Twokora iki ubu kugira twitegurire ibigeragezo?

Dukwiye gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Nuhere amazinda ko Yehova agukunda be n’uko atazokwigera aguheba. Nusome Bibiliya buri musi, wongere usenge udahorereza. Niwizigire ko imihezagiro y’Ubwami bw’Imana izoshika ata kabuza. Nufate ku mutwe ivyanditswe ukunda cane be n’indirimbo zishemeza Yehova.​—w19.07, rup. 2-4.

Twokora iki kugira dufashe incuti zacu kurokoka?

Birahambaye ko tubagaragariza impuhwe, tugashinga intahe biciye ku nyifato yacu nziza, tukihangana kandi tukigengesera.​—w19.08, rup. 15-17.

Kubera iki igikorwa Yezu yadushinze kituruhurira? (Mat. 11:28)

Turafise abungere beza cane, abagenzi beza cane be n’igikorwa ciza cane.​—w19.09, rup. 23.

Imana ishobora gute gutuma tugira ugushaka n’ububasha kugira dukore? (Flp. 2:13)

Uko dusoma Ijambo ry’Imana tukongera tukarizirikanako, Imana iraturonsa inguvu, igatuma tugira umutima wo gushaka gukora ivyo igomba be n’ububasha bwo kubikora. Vyongeye, impwemu yayo iradufasha kurushiriza gukoresha ububangukirwe dufise.​—w19.10, rup. 21.

Ni ibintu ibihe biranga ubukerebutsi twokora imbere yo gufata ingingo ihambaye?

Ng’ibi bintu bitanu twokora: Nugire ubushakashatsi bwimbitse. Nusenge usaba ubukerebutsi. Nusuzume imvo zibigutumye. Nutegekanye imigambi mu buryo butomoye. Nugire uburimbane.​—w19.11, rup. 27-29.

Inyigisho y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa yoba yakomotse ku vyo Shetani yabwiye Eva?

Biboneka ko atari ko biri. Shetani ntiyabwiye Eva ko hopfuye ikibiribiri gusa mugabo hakagira ikintu kitaboneka gisigara, ahubwo yamubwiye ko atopfuye. Ugusenga kwose kw’ikinyoma kwakuweho mu gihe c’Umwuzure. Inyigisho y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa itegerezwa kuba yatanguye imbere y’uko Imana isanzaza abantu bariko barubaka wa munara w’i Babeli.​—w19.12, rup. 15.