Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 50

Yehova aratuma uronka umwidegemvyo

Yehova aratuma uronka umwidegemvyo

“Muze . . . mutangaze ukurekurwa mu gihugu ku bakibamwo bose.”​—LEW. 25:10.

URURIRIMBO RWA 22 Bwa Bwami ubu bwaravutse​—Nibuze!

INCAMAKE *

1-2. (a) Yubile ni iki? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Yubile yari iki?”) (b) Twisunze Luka 4:16-18, Yezu yavuze ibijanye n’iki?

MU BIHUGU bimwebimwe, haragirwa ibirori bikomeye vyo guhimbaza umwaka ugira 50 habaye ikintu kidasanzwe. Uwo mwaka ugira 50 akenshi witwa yubile. Naho ivyo birori vyo guhimbaza yubile bishobora kumara umusi umwe, indwi canke mbere irenga, amaherezo birarangira, kandi umunezero abantu bagira ntuteba kurangira.

2 Tugiye kurimbura yubile nziza cane, iruta mbere imwe yahora ihimbazwa umwaka wose muri Isirayeli uko haciye imyaka 50. Iyo Yubile yatuma Abisirayeli bidegemvya. None ivyo bituraba gute muri iki gihe? Umwaka wa Yubile wahimbazwa muri Isirayeli utwibutsa intunganyo nziza cane Yehova yadushiriyeho twungukirako mbere no muri iki gihe. Iyo ntunganyo ituma turonka umwidegemvyo w’ibihe bidahera, umwidegemvyo na Yezu yavuze.​—Soma Luka 4:16-18.

Yubile yo muri Isirayeli yaratuma abantu bagira umunezero, kuko abari mu bushumba basubira mu miryango yabo no ku matongo yabo (Raba ingingo ya 3) *

3. Twisunze Abalewi 25:8-12, Yubile yari imariye iki Abisirayeli?

3 Kugira dutahure neza ico Yezu yashaka kuvuga igihe yavuga ibijanye n’ukubohorwa, nimuze tubanze twihweze Yubile Imana yashiriyeho Abisirayeli. Yehova yababwiye ati: “Muze mweze umwaka ugira mirongo itanu, mutangaze ukurekurwa mu gihugu ku bakibamwo bose. Uzobabera Yubile, kandi umwe wese muri mwebwe aze asubire kw’itongo ryiwe, asubire no mu muryango wiwe.” (Soma Abalewi 25:8-12.) Mu kiganiro c’imbere y’iki, twararimbuye ingene Abisirayeli bungukiye kw’Isabato ya buri ndwi. None Yubile yoyo yamarira iki Abisirayeli? Dufate ko hari Umwisirayeli yariye ideni rinini maze bikaba ngombwa ko abanza kugurisha itongo ryiwe kugira ngo arihe iryo deni. Muri uwo mwaka wa Yubile, yaca asubizwa iryo tongo. Gutyo rero yaba ‘asubiye kw’itongo ryiwe,’ iryobaye intoranwa y’uruvyaro rwiwe. Ku rundi ruhande, umuntu yaba afise ideni rinini yarashobora kugurisha umwe mu bana biwe ngo abe umushumba canke akigurisha ubwiwe kugira ngo arihe iryo deni. Muri uwo mwaka wa Yubile, uwo mushumba yaca ‘asubira mu muryango wiwe.’ Nta n’umwe rero yogumye mu bushumba ibihe vyose. Umve nawe ntuze iyo ntunganyo nziza Yehova yari yarashizeho!

4-5. Kubera iki dukwiye kumenya ibijanye na Yubile y’Abisirayeli?

4 None Yubile yari ifise akandi kamaro akahe? Yehova yavuze ati: “Nta n’umwe akwiye kuba mworo iwawe, kuko Yehova azoguhezagira ata kabuza mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe bwa ntoranwa ngo ucigarurire.” (Gus. 15:4) Ese ukuntu ivyo bitandukanye n’uko ibintu vyifashe muri iki gihe, aho usanga umutunzi arushiriza gutunga, umukene na we akarushiriza gukena.

5 Twebwe abakirisu ntitukigengwa n’Itegeko rya Musa. Ivyo bisigura ko tudakurikiza intunganyo ya Yubile yo muri Isirayeli ya kera yasaba kurekura abashumba, guheba amadeni, canke gusubiza amatongo beneyo. (Rom. 7:4; 10:4; Ef. 2:15) Naho ari ukwo, turakeneye kumenya ivyerekeye iyo Yubile. Uti kubera iki? Kuko natwe dushobora kwinovora umwidegemvyo utwibutsa iyo ntunganyo Yehova yari yarashiriyeho Abisirayeli.

YEZU YARATANGAJE UKUBOHORWA

6. Abantu bakeneye gukurwa mu bushumba nyabaki?

6 Twese turakeneye kubohorwa tukava mu bushumba bubi bw’igicumuro bwadufashe mpiri. Kuba turi abacumuzi bituma dusaza, turwara kandi tugapfa. Abenshi babibona iyo biravye mu cirore canke bagiye kwivuza kwa muganga. N’iyo dukoze igicumuro turumva ducitse intege. Intumwa Paulo yavuze ko ‘yagizwe imbohe akajanwa kw’itegeko ry’igicumuro ryari mu mubiri wiwe.’ Yongeyeko ati: “Ewe jewe ndagowe! Ni nde azonkiza umubiri ushikirwa n’urwo rupfu?”​—Rom. 7:23, 24.

7. Yesaya yavuze iki ku bijanye n’ukurekurwa?

7 Igishimishije, Imana yaradushiriyeho intunganyo yo kuturokora mu buja bw’igicumuro. Ukwo kubohorwa kwashobotse biciye kuri Yezu. Mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, umuhanuzi Yesaya yaravuze ukurekurwa guhambaye kwobaye muri kazoza. Ukwo kurekurwa guhambaye kwotanguye ibintu biruta kure n’iyo ivyarangurwa n’ukurekurwa kwo mu gihe ca Yubile y’Abisirayeli. Yanditse ati: “Impwemu y’Umukama Segaba Yehova iri kuri jewe, kuko Yehova yandobanuje amavuta kugira ngo mbwire inkuru nziza abatekereza. Yantumye gutubika abavunitse umutima, gutangaza ukurekurwa ku batwawe ari imbohe.” (Yes. 61:1) None ubwo buhanuzi bwerekeza kuri nde?

8. Ubuhanuzi Yesaya yavuze bujanye no kubohorwa bwerekeza kuri nde?

8 Ubwo buhanuzi buhambaye bujanye no kubohorwa, bwatanguye kuranguka inyuma y’aho Yezu atanguriye igikorwa ciwe. Igihe yaja kw’isinagogi y’iwabo i Nazareti, Yezu yarasomeye Abayuda bari ng’aho ayo majambo nyene ya Yesaya. Yezu yayiyerekejeko ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuje amavuta kugira ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurekura abajanjaguwe bakidegemvya, kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova.” (Luka 4:16-19) None Yezu yashikije gute ubwo buhanuzi?

ABATANGUYE KURONKA UMWIDEGEMVYO

Mw’isinagogi y’i Nazareti, Yezu ariko atangaza ukurekurwa (Raba ingingo ya 8-9)

9. Abenshi mu gihe ca Yezu bari biteze gukurwako iki?

9 Ukurekurwa canke ukwidegemvya Yesaya yavuze, ari na kwo Yezu yasomye igihe yari mw’isinagogi, kwatanguye mu kinjana ca mbere. Ivyo Yezu yaravyemeje igihe yamenyesha ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse.” (Luka 4:21) Abenshi bumvise ayo majambo Yezu yasomye, bashobora kuba bari biteze ko haba amahinduka mu vya politike, bagakurwako intwaro y’Abaroma. Bashobora kuba biyumviriye nka ba bagabo babiri bavuga bati: “Twari twizigiye ko uyo muntu ari we abwirizwa kurokora Isirayeli.” (Luka 24:13, 21) Ariko rero turazi yuko Yezu atahimirije abayoboke biwe kwiganzura agacinyizo k’Abaroma. Ahubwo riho, yabategetse kwishura “Sezari ivya Sezari.” (Mat. 22:21) None ico gihe Yezu yatanze gute umwidegemvyo?

10. Yezu yatumye abantu bava mu buja ubuhe?

10 Umwana w’Imana yaje guha abantu umwidegemvyo mu buryo bubiri. Ubwa mbere, Yezu yaratumye abantu biganzura inyigisho z’agacinyizo zigishwa n’indongozi z’amadini. Ico gihe Abayuda benshi bari abaja b’imigenzo y’abantu n’inyigisho zitari zo. (Mat. 5:31-37; 15:1-11) Abitwa ko bari indongozi mu vy’Imana, hari ukuntu bari bameze nk’impumyi. Kubera ko bateye akagere Mesiya, bakanka n’umuco wo mu vy’impwemu yatanga, bagumye mu mwiza no mu gicumuro. (Yoh. 9:1, 14-16, 35-41) Biciye ku nyigisho ziwe nziza n’akarorero yatanga, Yezu yareretse abatekereza ingene bokwidegemvya bakava mu nyigisho z’ikinyoma.​—Mrk. 1:22; 2:23–3:5.

11. Uburyo bwa kabiri Yezu yaronkeje abantu umwidegemvyo ni ubuhe?

11 Ubwa kabiri, Yezu yaronkeje abantu umwidegemvyo wo kuva mu buja bw’igicumuro barazwe. Imana yishimikije incungu ya Yezu, yobabariye ibicumuro abantu bose bizera incungu yatanze kandi bakabigaragaza mu bikorwa. (Heb. 10:12-18) Yezu yavuze ati: “Umwana . . . niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya koko.” (Yoh. 8:36) Nta nkeka ko uwo mwidegemvyo waruta kure n’iyo uwo Abisirayeli baronka mu mwaka wa Yubile. Nk’akarorero, uwaba yakuwe mu bushumba mu gihe ca Yubile, yarashobora gusubira kuba umushumba, kandi amaherezo yarapfa.

12. Ni bande babaye aba mbere mu kuronka wa mwidegemvyo Yezu yatangaza?

12 Kuri Pentekoti yo mu 33, Yehova yararobanuje impwemu nyeranda intumwa be n’abandi bagabo n’abagore b’abizigirwa. Yarabagize abana biwe ku buryo mu nyuma bozuwe bakaja mw’ijuru gufadikanya na Yezu kuganza. (Rom. 8:2, 15-17) Abo ni bo babaye aba mbere mu kuronka wa mwidegemvyo Yezu yatangariza mw’isinagogi y’i Nazareti. Abo bagabo n’abagore ntibari bagishumbiye inyigisho z’ikinyoma zigishwa n’indongozi z’idini ry’Abayuda be n’imigenzo yabo yari iteye kubiri n’Ivyanditswe. Vyongeye, Imana yababona nk’abari bamaze gukizwa ingaruka mbi z’igicumuro ca Adamu. Iyo Yubile y’ikigereranyo yatanguye igihe abayoboke ba Kristu barobanuzwa impwemu mu 33, izorangira ku mpera y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. None gushika ico gihe ni ibiki bizoba vyaranguwe?

ABANDI AMAMILIYONI BAZORONKA UMWIDEGEMVYO

13-14. Uretse abakirisu barobanuwe, ni bande kandi baronka wa mwidegemvyo Yezu yatangaza?

13 Muri iki gihe, hariho abantu amamiliyoni b’umutima nziraburyarya bo mu mahanga yose bagize “izindi ntama.” (Yoh. 10:16) Ntibatewe iteka ryo kuzofadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. Ahubwo, Bibiliya yerekana ko bazoba ng’aha kw’isi ibihe bidahera. Woba uri mu bafise ico cizigiro?

14 Mbere no muri iki gihe, na wewe urironkera ivyiza bimwebimwe abazofadikanya na Yezu kuganza binovora. Kubera ko wizera incungu ya Yezu, urashobora gusaba Yehova ngo akubabarire ibicumuro vyawe. Ivyo bica bituma ugiranira ubucuti bwiza n’Imana be n’ijwi ryo mu mutima ryiza. (Ef. 1:7; Ivyah. 7:14, 15) Zirikana kandi ku mihezagiro wironkera kubera ko wavavanuye n’inyigisho ziteye kubiri n’Ivyanditswe. Yezu yavuze ati: “Muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yoh. 8:32) Ese ukuntu ari agateka kuronka uwo mwidegemvyo!

15. Ni umwidegemvyo uwuhe be n’imihezagiro iyihe twiteze muri kazoza?

15 Turiteze umwidegemvyo ukomeye kuruta. Vuba, Yezu azohaguruka asangangure idini ry’ikinyoma n’intwaro z’abantu zononekaye. Yehova azokingira abagize “isinzi rinini” bamukorera, mu nyuma bace biberaho mw’Iparadizo ng’aha kw’isi binovora ivyiza vyinshi. (Ivyah. 7:9, 14) Abandi bantu benshi cane bazozurwa maze baronke akaryo ko gukurwako ingaruka zose zakwezwe n’igicumuro ca Adamu.​—Ivyak. 24:15.

16. Ni ukubohorwa guhambaye ukuhe abantu biteze?

16 Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, Yezu n’abazofadikanya na we kuganza bazofasha abantu kugira amagara atagira agahaze no kugiranira n’Imana ubucuti butagira akanenge. Ico kiringo co gusubiza ibintu mu buryo no kubohorwa, kizoba kimeze nka ya Yubile yo muri Isirayeli. Ivyo bisobanura ko abasavyi ba Yehova bose b’abizigirwa bazoba bari kw’isi bazoba batunganye, ata n’umwe agicumura.

Mw’isi nshasha, tuzokora ibikorwa ngirakamaro kandi bimara akanyota (Raba ingingo ya 17)

17. Muri Yesaya 65:21-23 havuga ko ivy’abasavyi b’Imana bizoba vyifashe gute muri kazoza? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

17 Muri Yesaya 65:21-23 (Soma) haradondora ingene ubuzima buzoba bumeze kw’isi muri kazoza. Ntibuzoba ari ubuzima bwo kwiraramira. Ahubwo Bibiliya yerekana ko ico gihe abasavyi b’Imana bazokora ibikorwa vyiza cane kandi bimara akanyota. Nta nkeka ko inyuma y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, “ivyaremwe . . . bizogirwa ivyidegemvya bikava mu buja bw’ukubora, bikagira umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.”​—Rom. 8:21.

18. Twemezwa n’iki ko tuzohimbarwa cane muri kazoza?

18 Kurya nyene Yehova yatunganije ivy’uko Abisirayeli baronka umwanya wo gukora n’uwo kuruhuka, ni ko bizogenda no ku basavyi biwe mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Nta gukeka ko hazoba hariho umwanya w’ibikorwa vy’impwemu. Kurya nyene ibikorwa vyo gusenga Yehova bituma tugira agahimbare muri iki gihe, no mw’isi nshasha ni ko bizoba bimeze. Egome, twebwe abasavyi b’Imana b’abizigirwa tuzohimbarwa cane mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, kuko tuzokora ibikorwa vy’umubiri be n’ivy’impwemu bimara akanyota.

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

^ ing. 5 Muri Isirayeli ya kera, Yehova yarashizeho intunganyo idasanzwe yatuma Abisirayeli bidegemvya canke barekurwa. Iyo ntunganyo yitwa Yubile. Naho twebwe abakirisu tutakigengwa n’Itegeko rya Musa, hariho ivyigwa twigira kuri iyo Yubile. Muri iki kiganiro, turabona ingene Yubile ya kera itwibutsa intunganyo Yehova yadushiriyeho be n’ingene twoyungukirako.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mu gihe ca Yubile, abagabo baba bari mu bushumba bararekurwa bagasubira mu miryango yabo no ku matongo yabo.