Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ivyo intumwa Paulo yavuze mu 1 Abakorinto 15:29, vyoba bisobanura ko abakirisu bamwebamwe b’ico gihe babatizwa ku bw’abapfuye?

Habe namba. Haba muri Bibiliya canke mu nkuru z’ivya kahise, nta na hamwe havuga ko ikintu nk’ico cakorwa.

Ukuntu uwo murongo uvugwa muri Bibiliya nyinshi, vyatumye abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo biyumvira ko abantu babatizwa mu mazi ku bw’abapfuye. Nk’akarorero, Bibiliya imwe ivuga iti: “Asangwa abapfuye batazurwa namba, ni igiki gituma babatizwa mu gishingo cabo?”​—Bibiliya Yera.

Ariko rero, raba ivyo abahinga mu vya Bibiliya bavuze. Uwitwa Gregory Lockwood, yavuze ko ata kimenyamenya na kimwe kihari muri Bibiliya canke mu nkuru za kahise cerekana ko hari abantu babatizwa “mu gishingo c’abapfuye.” Uwundi muhinga yitwa Gordon D. Fee na we yanditse ati: “Haba mu nkuru z’ivya kahise canke muri Bibiliya, nta na hamwe havuga ko ibatisimu nk’iyo yigeze kuba. Nta na hamwe ivugwa mw’Isezerano rishasha. Mu binjana vyakurikiye, nta mugirwa nk’uwo wagirwa mw’idini na rimwe, eka mbere habe mu muryango n’umwe w’abakirisu b’aba orotodogisi.”

Bibiliya ivuga ko abayoboke ba Yezu ‘bohinduye abantu bo mu mahanga yose abigishwa, bakababatiza bakabigisha kwubahiriza ibintu vyose yabategetse.’ (Mat. 28:19, 20) Imbere y’uko umuntu abatizwa akaba umwigishwa, yategerezwa kwiga ivyerekeye Yehova n’Umwana wiwe, akabizera, akongera akabagamburukira. Uwaba yaramaze gupfa akaja mu mva, ivyo ntiyari kubikora. Eka n’umukirisu yaba akiriho, ntiyari kubikora mu gishingo ciwe.​—Umus. 9:5, 10; Yoh. 4:1; 1 Kor. 1:14-16.

None Paulo yashaka kuvuga iki?

Abakorinto bamwebamwe barahakana ko abapfuye batazozuka. (1 Kor. 15:12) Paulo yariyamirije ico ciyumviro. Yavuze ko “ku musi ku musi [ya]hangana n’urupfu.” Ariko ntiwumve, yari akiri muzima. Yamara naho yahura n’ingeramizi, yarizigira adakeka ko aramutse apfuye yozutse ari ikiremwa c’impwemu c’ububasha, nka kumwe kwa Yezu.​—1 Kor. 15:30-32, 42-44.

Abakorinto bari bakeneye gutahura ko kuba abakirisu barobanuwe, vyasobanura ko buri musi bohuye n’ibigeragezo hanyuma bagapfa, mu nyuma na ho bakazuka. “[Kubatizwa] muri Kristu Yezu” vyasobanura kandi “[kubatizwa] mu rupfu rwiwe.” (Rom. 6:3) Ibatisimu yabo y’ikigereranyo, yotumye babaho mu buryo bwobashikanye ku gupfa, mu nyuma bakazukira kuba mw’ijuru.

Haciye imyaka irenga ibiri Yezu abatijwe mu mazi, yabwiye babiri mu ntumwa ziwe ati: “Ibatisimu ndiko ndabatizwa muzoyibatizwa.” (Mrk 10:38, 39) Yezu ntiyariko ababwira ko ariko arabatizwa ibatisimu yo mu mazi. Yashaka kuvuga yuko kuguma ari intahemuka vyomushikanye ku rupfu. Paulo yavuze ko abarobanuwe ‘bobabaranye na Yezu, kugira ngo kandi baninahazanywe na we.’ (Rom. 8:16, 17; 2 Kor. 4:17) Na bo nyene rero botegerejwe gupfa kugira ngo bazukire ubuzima bwo mw’ijuru.

Ku bw’ivyo rero, uburyo bwiza bwo guhindura ivyo Paulo yavuze ni ubu: “Ahandiho, bazogira bate, ababatizwa kugira babe abapfuye? Nimba abapfuye batazogenda bazuwe, kubera iki none babatizwa kugira babe abapfuye?”