Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 49

Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa

Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa

“Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka.”​—IVYAK. 24:15.

URURIRIMBO RWA 151 Izohamagara

INCAMAKE *

1-2. Ni icizigiro ciza ikihe abakirisu b’ukuri bafise?

KWIZIGIRA ikintu birahambaye cane. Abantu bamwebamwe usanga bizigira ko bazogira umubano umeze neza, bakagira abana bafise amagara meza, canke bagakira indwara ikomeye. Na twebwe abakirisu twoshobora kwipfuza ibintu nk’ivyo. Ariko icizigiro duha agaciro cane kirarengeye ivyo. Kirimwo no kwizigira ko tuzobaho ibihe bidahera be n’uko abacu bapfuye bazosubira kubaho.

2 Intumwa Paulo yavuze ati: “Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Paulo si we yabaye uwa mbere mu kuvuga ibijanye n’icizigiro c’izuka. Umwe sekuruza w’imiryango Yobu na we nyene yari yarabivuze. Yari yizigiye ko Imana yomwibutse, ikamuzura agasubira kubaho.​—Yobu 14:7-10, 12-15.

3. Kubera iki ibivugwa mu 1 Abakorinto ikigabane ca 15 bishobora kudufasha?

3 “Izuka ry’abapfuye” ni kimwe mu bigize “umushinge,” canke ‘inyigisho nyamukuru,’ mu nyigisho zose abakirisu bemera. (Heb. 6:1, 2) Ivyo Paulo yavuze ku bijanye n’izuka, tubisanga mu 1 Abakorinto ikigabane ca 15. Ivyo yanditse bitegerezwa kuba vyarakomeje abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Ibivugwa muri ico kigabane birashobora kudukomeza natwe, bigakomeza n’icizigiro dushobora kuba tumaze igihe kirekire dufise.

4. Ikintu nyamukuru gituma twizigira ko abacu bapfuye bazozuka ni ikihe?

4 Izuka rya Yezu Kristu ni co kintu nyamukuru gituma twizigira ko abacu bapfuye bazozuka. Ni kimwe mu bigize “inkuru nziza” Paulo yabwiye Abakorinto. (1 Kor. 15:1, 2) Nkako, yavuze ko mu gihe umukirisu yoba atemera iryo zuka, ukwizera kwiwe ata co kwoba kumaze. (1 Kor. 15:17) Icizigiro c’izuka gishingiye ku kwemera ko Yezu yazutse.

5-6. Ibivugwa mu 1 Abakorinto 15:3, 4 bisobanura iki kuri twebwe?

5 Paulo agitangura kuvuga ibijanye n’izuka, yaravuze ibintu bitatu: (1) “Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu.” (2) ‘Yarahambwe.’ (3) “[Yarazuwe] ku musi ugira gatatu nk’uko Ivyanditswe bivuga.”​—Soma 1 Abakorinto 15:3, 4.

6 None kuba Yezu yarapfuye, agahambwa hanyuma akazuka bisobanura iki kuri twebwe? Umuhanuzi Yesaya yari yaravuze ko Mesiya “[yo]tandukanijwe n’igihugu c’abazima,” kandi “[agahambwa] kumwe n’ababisha.” Ariko rero hari n’ikindi cobaye. Yesaya yavuze kandi ko Mesiya yokwiremetse “igicumuro c’abantu benshi.” Ivyo Yezu yabigize mu gutanga ubuzima bwiwe bwa ncungu. (Yes. 53:8, 9, 12; Mat. 20:28; Rom. 5:8) Ku bw’ivyo, kuba Yezu yarapfuye, agahambwa hanyuma akazuka, biratuma tugira icizigiro gikomeye c’uko tuzokurwa mu buja bw’igicumuro n’urupfu, kandi tukongera kubonana n’abacu bapfuye.

INTAHE YASHINZWE N’IVYABONA VYINSHI

7-8. Abakirisu bemezwa n’iki ko Yezu yazutse?

7 Kubera ko icizigiro c’izuka gishingiye kw’izuka rya Yezu, turakwiye kujijuka yuko Yezu yazutse. Ni kubera iki none twokwemera tudakeka ko Yehova yazuye Yezu?

8 Hariho abantu benshi biboneye ko Yezu yazutse maze barabishingira intahe. (1 Kor. 15:5-7) Uwa mbere Paulo atangura kuvuga ni intumwa Petero (ari we Kefa). Hari umurwi w’abigishwa wavuze ko Petero yari yabonye Yezu yazutse. (Luka 24:33, 34) Vyongeye, “bamwe cumi na babiri,” ari zo ntumwa, barabonye Yezu inyuma y’aho azukiye. Mu nyuma, Kristu “[yari]yeretse bene wacu barenga amajana atanu icarimwe,” kumbure hakaba hari muri rya koraniro riteye umunezero ryabera i Galilaya rivugwa muri Matayo 28:16-20. Yezu kandi “yariyeretse Yakobo,” uwo biboneka ko yari mwene nyina, mu ntango akaba atemera ko Yezu yari Mesiya. (Yoh. 7:5) Yakobo amaze kubona ko Yezu yazutse, yaciye amwizera. Igishimishije, nko mu 55 inyuma ya Kristu igihe Paulo yandika iryo kete, benshi mu biboneye izuka rya Yezu bari bakiriho. Uwari kugira amazinda rero, yari gushobora kuja kubaza abo bavyiboneye.

9. Nk’uko bivugwa mu Vyakozwe 9:3-5, ni mu buryo ki Paulo atanga ikindi kimenyamenya c’uko Yezu yazutse?

9 Mu nyuma, Yezu yariyeretse Paulo ubwiwe. (1 Kor. 15:8) Paulo (ari we Sauli) yariko aja i Damasiko igihe yumva ijwi rya Yezu uwari yarazutse, akongera akabona ubuninahazwa bwiwe ari mw’ijuru. (Soma Ivyakozwe 9:3-5.) Ivyo bintu Paulo yiboneye, vyabaye ikindi kimenyamenya c’uko izuka rya Yezu ritari umugani.​—Ivyak. 26:12-15.

10. Kuba Paulo yari yarajijutse ko Yezu yazutse, vyatumye akora iki?

10 Intahe Paulo yoshinze, hari abo canecane yotangaje, kubera ko yari yahoze ahama abakirisu. Amaze kujijuka yuko Yezu yari yazutse, yarakoze ukwo ashoboye kwose kugira ajijure abandi ku bijanye n’ukwo kuri. Yarihanganye igihe yakubitwa, agapfungwa, ubwato bukamusabirako ariko aramamaza yuko Yezu yari yarapfuye, mugabo ko yari yasubiye kuba muzima. (1 Kor. 15:9-11; 2 Kor. 11:23-27) Paulo yari yarajijutse cane ko Yezu yazutse ku buryo bw’uko yari yiteguriye no gupfa azira kuburanira ukwo kuri. None ivyo bimenyamenya vy’abo bakirisu bo mu ntango, ntibikujijura yuko Yezu yazuwe mu bapfuye? Vyongeye, ntibituma urushiriza kwemera ko izuka rizoba?

GUKOSORA IVYIYUMVIRO BITARI VYO

11. Kubera iki abantu bamwebamwe b’i Korinto bashobora kuba bari bafise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’izuka?

11 Abantu bamwebamwe bo mu gisagara c’i Korinto mu Bugiriki, bari bafise ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’izuka, mbere bagashika n’aho bavuga ko “ata zuka ry’abapfuye ririho.” Kubera iki? (1 Kor. 15:12) Abafilozofe bo mu kindi gisagara co mu Bugiriki citwa Atene, bari bariyamirije iciyumviro c’uko Yezu yazutse. Ivyiyumviro nk’ivyo bishobora kuba vyarandukiye abantu bamwebamwe b’i Korinto. (Ivyak. 17:18, 31, 32) Abandi bashobora kuba biyumvira ko izuka riba mu buryo bw’ikigereranyo, ni ukuvuga ko umuntu ‘yapfa’ ku bijanye n’ibicumuro vyiwe, maze akaba “muzima” abaye umukirisu. Uko babibona kwose, guhakana izuka vyasobanura ko ukwizera kwabo kwari impfagusa. Nimba Imana itazuye Yezu, nta muntu n’umwe yacunguwe, bose rero bagumye mu bicumuro. Abahakana izuka rero, nta cizigiro nyakuri bari bafise.​—1 Kor. 15:13-19; Heb. 9:12, 14.

12. Nk’uko bivugwa muri 1 Petero 3:18, 22, izuka rya Yezu ryari ritandukanye gute n’ayandi mazuka yabaye imbere yiwe?

12 Paulo yari azi neza ko “Kristu [yari] yarazuwe mu bapfuye.” Iryo zuka rya Yezu ryararuta kure n’iyo ayandi mazuka yabaye imbere yiwe, kuko abari barazutse basubiriye gupfa. Paulo yavuze ko Yezu yabaye “umushuzo w’abasinziriye mu rupfu.” Ni mu buryo ki none Yezu yabaye umushuzo, ni ukuvuga uwa mbere? Ni we yabaye uwa mbere yazutse afise umubiri w’impwemu, akaba n’umuntu wa mbere yazutse akaja mw’ijuru.​—1 Kor. 15:20; Ivyak. 26:23; soma 1 Petero 3:18, 22.

‘ABAZOGIRWA BAZIMA’

13. Ni itandukaniro irihe Paulo yerekanye hagati ya Adamu na Yezu?

13 Ni gute urupfu rw’umuntu umwe rwari gutuma abantu amamiliyoni baba bazima? Paulo arishura ico kibazo mu buryo bwumvikana. Arerekana itandukaniro riri hagati y’ivyo Adamu yakwegeye umuryango w’abantu, be n’ivyo Kristu yatumye bishoboka. Ku bijanye na Adamu, Paulo yanditse ati: “Urupfu rwazananye ku muntu.” Igihe Adamu yacumura, yarikwegeye yongera akwegera n’abomukomotseko. Turacibonera ingaruka mbi z’ukugambarara kwiwe. Ariko rero, ese ukuntu kuba Imana yarazuye Umwana wayo vyatumye haba ikintu gitandukanye cane n’ico! Paulo yavuze ko “izuka ry’abapfuye ryazananye ku muntu,” ari we Yezu. Paulo yavuze ati: “Kuko nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.”​—1 Kor. 15:21, 22.

14. Adamu yoba azozuka? Sigura.

14 None Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko “muri Adamu bose bapfa”? Paulo yashaka kuvuga abakomoka kuri Adamu, abo yaraze igicumuro n’agasembwa maze ivyo bikabakwegera urupfu. (Rom. 5:12) Muri abo “bazogirwa bazima” Adamu ntarimwo. Incungu ya Kristu ntikora kuri Adamu, kuko wewe yari umuntu atunganye yagambarariye Imana n’ibigirankana. Ivya Adamu bimeze nk’ibizoshikira abo “Umwana w’umuntu” azocira urubanza ko ari “impene,” bikaba bisobanura “ukurandurwa kw’ibihe bidahera.”​—Mat. 25:31-33, 46; Heb. 5:9.

Yezu ni we yabaye uwa mbere mu bandi benshi bazukira kuba mw’ijuru (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Mu bantu “bose” “bazogirwa bazima” harimwo bande?

15 Urabona ko Paulo yavuze yuko “muri Kristu bose bazogirwa bazima.” (1 Kor. 15:22) Iryo kete Paulo yaryandikiye abakirisu b’i Korinto barobanuwe, bozukiye kuba mw’ijuru. Abo bakirisu bari ‘barejejwe mu bumwe na Kristu Yezu, bakaba bari bahamagariwe kuba aberanda.’ Yaravuze kandi “abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Kristu.” (1 Kor. 1:2; 15:18; 2 Kor. 5:17) Mu rindi kete Paulo yanditse ahumekewe, yaravuze ko “abunze ubumwe na [Yezu] mu rupfu rusa n’urwiwe,” “[ba]zokwunga ubumwe na we mw’izuka risa n’iryiwe.” (Rom. 6:3-5) Yezu yazutse afise umubiri w’impwemu maze aja mw’ijuru. Ukwo nyene ni ko bizogendera “abunze ubumwe na Kristu” bose, ni ukuvuga abakirisu bose barobanujwe impwemu.

16. Paulo yashaka kuvuga iki mu kwita Yezu “umushuzo”?

16 Paulo yavuze ko Kristu yazutse, aba “umushuzo w’abasinziriye mu rupfu.” Niwibuke ko abandi nka Lazaro, bazutse bagasubira kuba kw’isi, ariko Yezu ni we yabaye uwa mbere yazutse afise umubiri w’impwemu agahabwa kubaho ibihe bidahera. Yagereranijwe n’umushuzo w’umwimbu Abisirayeli bashikanira Imana. Vyongeye, mu kwita Yezu ngo “umushuzo,” Paulo yashaka kwerekana ko hari n’abandi bozutse, mu nyuma bakaja kuba mw’ijuru. Intumwa be n’abandi “bunze ubumwe na Kristu,” bohavuye bamusangayo. Igihe kigeze, bogize izuka nka rimwe rya Yezu.

17. Ni ryari “abunze ubumwe na Kristu” boronse impera yabo mw’ijuru?

17 Igihe Paulo yandikira Abakorinto, “abunze ubumwe na Kristu” ntibari bwatangure kuzukira ijuru. Ahubwo Paulo yerekanye ko iryo zuka ryobaye muri kazoza. Yavuze ati: “Umwe wese mu mwanya wiwe bwite: Kristu ni we mushuzo, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukuhaba kwiwe.(1 Kor. 15:23; 1 Tes. 4:15, 16) Ubu tubayeho muri ico kiringo c’“ukuhaba” kwa Kristu. Egome, intumwa be n’abandi bakirisu bari bararobanujwe impwemu bari barapfuye, babwirijwe kurindira ukwo kuhaba kwa Kristu, kugira ngo baronke impera yabo mw’ijuru maze “[bunge] ubumwe na we mw’izuka risa n’iryiwe.”

ICIZIGIRO CACU NI NTAKEKERANYWA!

18. (a) Ni kubera iki twovuga ko hariho irindi zuka rizokurikira iry’abazozukira kuba mw’ijuru? (b) Twisunze 1 Abakorinto 15:24-26, ni ibiki bizoba mw’ijuru?

18 None tuvuge iki ku bakirisu bose b’intahemuka badafise icizigiro co kuzobana na Kristu mw’ijuru? Na bo nyene barafise icizigiro c’izuka. Bibiliya ivuga ko Paulo be n’abandi baja mw’ijuru bari mw’“izuka rya kare mu bapfuye.” (Flp. 3:11) None ivyo ntivyerekana ko hariho n’irindi zuka ryokurikiye? Ivyo birahuye n’ivyo Yobu yavuze ko yari yiteze muri kazoza. (Yobu 14:15) Igihe Yezu azohindura ubusa intwaro zose n’ubukuru bwose n’ububasha bwose, “aba Kristu mu gihe c’ukuhaba kwiwe” bazoba bari kumwe na we mw’ijuru. Mbere n’“urupfu [ari] we mwansi wa nyuma,” azokurwaho. Ico gihe urupfu ntiruzoba rugifise ububasha ku bazozukira ijuru. Abandi bo bite?​—Soma 1 Abakorinto 15:24-26.

19. Abafise icizigiro co kuba kw’isi biteze iki?

19 Abafise icizigiro co kuba kw’isi bobo biteze iki? Icizigiro cabo gishingiye ku majambo Paulo yavuze agira ati: “Ndafise icizigiro . . . yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyak. 24:15) Biragaragara ko ata muntu atagororotse yoja kuba mw’ijuru, akaba ari co gituma ayo majambo yerekeza kw’izuka ry’abazoba kw’isi.

Kwizigira izuka biratuma duhanga amaso kazoza dufise umutima mu nda (Raba ingingo ya  20) *

20. Ni gute icizigiro cawe c’izuka carushirije gukomera?

20 Ata gukeka, “hagiye kubaho izuka.” Abazozukira ubuzima bwo kw’isi, biteze kuzoyibako ibihe bidahera. Urashobora kwizigira uwo muhango. Ico cizigiro kirashobora kuguhumuriza ku bijanye n’abawe bapfuye. Barashobora kuzozuka igihe Kristu be n’abandi ‘bazoganza ari abami mu gihe c’imyaka igihumbi.’ (Ivyah. 20:6) Na wewe wokwizigira ko nivyashika ugapfa imbere y’uko Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi itangura, uzozuka ugasubira kubaho. Ico “cizigiro ntigitetereza.” (Rom. 5:5) Kirashobora kugukomeza ubu, kigatuma urushiriza kugira umunezero mu gikorwa ukorera Imana. Ariko nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana, hariho n’ibindi dushobora kwigira ku 1 Abakorinto ikigabane ca 15.

URURIRIMBO RWA 147 Dusezeranirwa ubuzima budahera

^ ing. 5 Mu 1 Abakorinto ikigabane ca 15 hashimika kw’izuka. Ni kubera iki iyo nyigisho ihambaye kuri twebwe, kandi kubera iki twokwizera ko Yezu yazutse? Iki kiganiro kiraza kwishura ivyo bibazo, be n’ibindi bihambaye bijanye n’izuka.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Yezu ni we muntu wa mbere yajanywe mw’ijuru. (Ivyak. 1:9) Bamwe mu bigishwa biwe bomusanzeyo mu nyuma, harimwo Toma, Yakobo, Lidiya, Yohani, Mariya na Paulo.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi yabuze umugore wiwe yakunda cane bari bamaze igihe kirekire bafadikanya gukorera Yehova. Arizigiye ko uwo mugore wiwe azozuka, kandi uwo mugabo arabandanya gukorera Yehova adahemuka.