Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri uwu mwaka? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

Dukwiye gufata gute abakirisu barobanuwe?

Turigana ukwizera kwabo, ariko ntitubafata mu buryo budasanzwe. Turirinda ‘gutangarira abahambaye.’ (Yuda 16) Turirinda kubabaza ibibazo bibaraba bijanye n’icizigiro cabo.​—w20.01, rup. 29.

Ni ibiki vyokujijura ko Yehova akuzi?

Bibiliya yerekana ko Yehova yakubonye utaranavuka. Vyongeye, arumviriza amasengesho umutura. Arazi ivyo wiyumvira be n’ibiri mu mutima wawe, kandi ivyo ukora biramunezereza canke bikamubabaza. (1 Ngo. 28:9; Imig. 27:11) N’ikindi kandi, yaragukwegereye kuri we.​—w20.02, rup. 12.

Ni uburorero ubuhe bwerekana igihe twovuga n’igihe twonuma?

Turahimbarwa no kuvuga ivyerekeye Yehova. Turavuga igihe tubonye umuntu afashe inzira iteye akaga. Abakurambere baratanga impanuro igihe bikenewe. Turanuma igihe hari uwutubajije amakuru y’ingene igikorwa cacu kirangurwa mu bihugu usanga kibujijwe, canke tukirinda kuyasaba abandi. Turirinda kuvuga amakuru y’ibanga.​—w20.03, rup. 20-21.

Inzige zivugwa muri Yoweli ikigabane ca 2, zitandukanye gute n’izivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 9?

Muri Yoweli 2:20-29 havuga ko Imana yirukana izo nzige, kandi igasezerana gutanga inshumbusho ku bijanye n’ivyo zononye. Inyuma y’ivyo, Imana ica isuka impwemu yayo. Ivyo vyarangutse igihe Abanyababiloni batera Isirayeli be n’inyuma yaho. Inzige zivugwa mu Vyahishuwe 9:1-11 zigereranya abarobanuwe bo mu gihe cacu batangaza imanza Imana yaciriye iyi si mbi, ivyo bikaba bibabaza cane abakunzi b’iyi si.​—w20.04, rup. 3-6.

Umwami wo mu buraruko ni nde muri iki gihe?

Ni Uburusiya n’ababushigikiye. Baragize ico bakoze ku basavyi b’Imana, barahagarika igikorwa co kwamamaza bongera barerekana ko banka Ivyabona. Umwami wo mu buraruko amaze igihe anyinyurana n’umwami wo mu bumanuko.​—w20.05, rup. 13.

Kamere icenda zivugwa mu Bagalatiya 5:22, 23 zoba ari zo gusa zigize “icamwa c’impwemu”?

Habe namba. Impwemu nyeranda iradufasha kwama n’izindi kamere nziza, nk’ubugororotsi. (Ef. 5:8, 9)​—w20.06, rup. 17.

Gushira kuri internet amafoto n’amakuru bikwerekeye birimwo akaga akahe?

Ivyo ushira kuri internet birashobora gutuma abandi biyumvira ko wiyemera be n’uko uticisha bugufi.​—w20.07, rup. 6-7.

Abamamaji b’inkuru nziza bokwigira iki ku barovyi b’abahanga?

Abarovyi bama baja kurobera ifi ahantu zishobora kuboneka be no ku mwanya zishobora kubonekako. Barazi gukoresha neza ibikoresho bigenewe igikorwa cabo. Vyongeye, baguma bakora babigiranye umutima rugabo n’igihe ibintu bihindutse. Na twebwe turashobora kubigenza gutyo nyene mu ndimiro.​—w20.09, rup. 5.

Ni ibintu bimwebimwe ibihe twokora kugira ngo dufashe abo twigisha Bibiliya kurushiriza gukunda Yehova?

Turashobora kubaremesha gusoma Bibiliya buri musi no kuzirikana ku vyo basoma. Turashobora kandi kubigisha gusenga.​—w20.11, rup. 4.

Imvugo ngo “muri Kristu bose bazogirwa bazima,” yerekeye bande?​—1 Kor. 15:22.

Intumwa Paulo ntiyariko avuga ko abantu bose bozutse. Yariko yerekeza ku bakirisu barobanuwe, “abejejwe mu bumwe na Kristu Yezu.” (1 Kor. 1:2; 15:18)​—w20.12, rup. 5-6.

Abarobanuwe bazokora iki inyuma yo ‘guhindurwa mu kanya nk’ako kuvuna urugohe, mu gihe c’urumbete rwa nyuma’?​—1 Kor. 15:51-53.

Bazofadikanya na Kristu kuragiza abantu inkoni y’icuma. (Ivyah. 2:26, 27)​—w20.12, rup. 12-13.