Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 51

‘Yehova arakiza abacitse intege’

‘Yehova arakiza abacitse intege’

“Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi [abacitse intege] arabakiza.”​—ZAB. 34:18.

URURIRIMBO RWA 30 Dawe, Imana yanje, umugenzi wanje

INCAMAKE *

1-2. Muri iki kiganiro turimbura iki?

VYOSHIKA tukiyumvira ibijanye n’ukuntu ubuzima bwacu ari bugufi, kandi “[bwu]zuye umudugararo.” (Yobu 14:1) Birumvikana rero ko rimwe na rimwe dushobora gucika intege. N’abasavyi ba Yehova batari bake bo mu bihe vya kera, na bo nyene vyarabashikiye. Hari mbere n’abipfuje gupfa. (1 Abm. 19:2-4; Yobu 3:1-3, 11; 7:15, 16) Ariko rero incuro n’izindi, Yehova ya Mana bizigira yarabahumurije yongera irabakomeza. Inkuru ziberekeye zaranditswe kugira ngo ziduhoze zongere zitwigishe.​—Rom. 15:4.

2 Muri iki kiganiro, turaza kurimbura abasavyi ba Yehova bamwebamwe bihanganiye ibintu bica intege, ari bo Yozefu umuhungu wa Yakobo, umupfakazi Nawomi be n’umukazana wiwe Rusi, Umulewi yanditse Zaburi ya 73, be n’intumwa Petero. None Yehova yabakomeje gute? Vyongeye, ni ivyigwa ibihe umwe wese muri twebwe yokwigira ku karorero kabo? Inyishu z’ivyo bibazo ziradukura amazinda ko “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse,” kandi ko ‘akiza abajanjaguritse mu mutima,’ ni ukuvuga abacitse intege.​—Zab. 34:18.

YOZEFU YARIHANGANIYE AKARENGANYO KATAGIRA IZINA

3-4. Ni ibiki vyashikiye Yozefu akiri umusore?

3 Igihe Yozefu yarota indoto zibiri zivuye ku Mana, yari afise nk’imyaka 17. Izo ndoto, zarerekana yuko Yozefu yobaye umuntu yubahwa mu muryango. (Ita. 37:5-10) Ariko ata n’igihe kihaciye Yozefu arose izo ndoto, ubuzima bwiwe bwarahindutse mu buryo bubabaje. Aho kumugaragariza icubahiro, benewabo baramugurishije, maze amaherezo aja kuba umushumba mu rugo rw’intwazangabo y’Umunyamisiri yitwa Potifari. (Ita. 37:21-28) Bukwi na bukwi, Yozefu yavuye ku kuba umwana atoneshwa na se, aba umushumba wo hasi mu kigo c’intwazangabo y’umupagani w’Umunyamisiri.​—Ita. 39:1.

4 Mu nyuma, ingorane Yozefu yarimwo zahavuye zunyuka. Umugore wa Potifari yaramubesheye ko yashatse kumufata ku nguvu. Potifari atabanje kugira amatohoza, yarataye Yozefu mw’ibohero, maze bamubohesha iminyororo. (Ita. 39:14-20; Zab. 105:17, 18) Iyumvire ingene uwo musore Yozefu ategerezwa kuba yumvise amerewe, igihe yagirizwa ko yashatse gufata ku nguvu umugore w’abandi! Iyumvire kandi ingene ivyo bishobora kuba vyaratumye izina rya Yehova risigwa iceyi! Mu vy’ukuri, Yozefu yari afise imvo yo gucika intege.

5. Ni igiki cafashije Yozefu kudacika intege?

5 Igihe Yozefu yari umushumba mu nyuma akaba imbohe, nta co yari gushobora gukora kugira ngo ahindure ivyari vyamushikiye. None ni igiki camufashije kuguma abona ibintu mu buryo bwiza? Aho kugumiza umutima ku vyo atari agishoboye gukora, yakorana umwete ibikorwa yaba ashinzwe. N’igihambaye kuruta, Yozefu yagumye abona ko Yehova ari we muntu ahambaye mu buzima bwiwe. Ivyo vyatumye Yehova ahezagira ibintu vyose Yozefu yakora.​—Ita. 39:21-23.

6. Ni gute Yozefu ashobora kuba yararemeshejwe n’indoto yari yararose?

6 Yozefu ashobora kuba kandi yararemeshwa n’indoto z’ubuhanuzi yari yararose. Izo ndoto zarerekana ko yosubiriye kubona umuryango wiwe, kandi ko vyohavuye bimugendera neza. Kandi ukwo ni ko vyahavuye bigenda. Igihe Yozefu yari afise nk’imyaka 37, indoto ziwe zaratanguye kuranguka mu buryo butangaje!​—Ita. 37:7, 9, 10; 42:6, 9.

7. Twisunze 1 Petero 5:10, ni igiki kizodufasha kwihanganira ibigeragezo?

7 Ivyigwa tuhakura. Iyo nkuru iratwibutsa ko iyi si yuzuye ububisha, be n’uko abantu bazoturenganya. Mbere n’uwo dusangiye ukwizera yoshobora kutubabaza. Ariko nitwabona ko Yehova ari Igitandara cacu, canke Ubuhungiro bwacu, ntituzovunika umutima canke ngo tureke kumukorera. (Zab. 62:6, 7; soma 1 Petero 5:10.) Niwibuke kandi ko Yozefu ashobora kuba yari afise nk’imyaka 17, igihe Yehova yamwitwararika mu buryo budasanzwe. Biragaragara rero ko Yehova yizigira abasavyi biwe bakiri bato. Muri iki gihe, hari abakiri bato benshi bameze nka Yozefu. Na bo nyene barizera Yehova. Mbere bamwe muri bo barapfunzwe ku karenganyo, kubera ko banse guhemukira Imana.​—Zab. 110:3.

ABAGORE BABIRI BARI BARENGEWE N’INTUNTU

8. Ni ibiki vyashikiye Nawomi na Rusi?

8 Ikigoyi gikomeye caratumye Nawomi be n’umuryango wiwe bava mu gihugu cabo ca Yuda, baja kugerera mu gihugu ca Mowabu. Igihe bari ng’aho i Mowabu, Elimeleki, umugabo wa Nawomi yarapfuye, amusigira abahungu babiri. Mu nyuma, abo bahungu barabiriye abagore babiri b’Abanyamowabukazi, ari bo Rusi na Orupa. Haciye nk’imyaka cumi, abo bahungu ba Nawomi na bo nyene barapfuye, ata kana basize. (Rusi 1:1-5) Iyumvire ingene abo bagore batatu bategerezwa kuba baragize intuntu! Ego ni ko Rusi na Orupa bari gushobora gusubira kwubaka. Ariko none, ni nde yokwitwararitse umutamakazi Nawomi? Nawomi yaratuntuye cane gushika n’aho avuga ati: “Ntimunyite Nawomi. Nimunyite Mara, kuko Mushoboravyose yatumye ibintu bimbera umururazi cane.” Nawomi amaze gushikirwa n’ivyo bintu vyose bituntuje, yarafashe ingingo yo gusubira i Betelehemu, na Rusi ajana na we.​—Rusi 1:7, 18-20.

Imana yareretse Nawomi na Rusi ko ishobora gufasha abasavyi bayo gutsinda umubabaro n’ugucika intege. Yoba nawe yobigufashamwo? (Raba ingingo ya 8-13) *

9. Twisunze Rusi 1:16, 17, 22, Rusi yaremesheje gute Nawomi?

9 Icafashije Nawomi muri ico gihe, ni urukundo rudahemuka. Nk’akarorero, Rusi yareretse Nawomi ko amufitiye urukundo rudahemuka, mu kutavana na we. (Soma Rusi 1:16, 17, 22.) Bari i Betelehemu, Rusi yarakora agatama mu gutorora sayiri zabafasha kubaho we na Nawomi. Ivyo vyatumye uwo mugore akiri muto adateba kuvugwa neza muri ico gisagara.​—Rusi 3:11; 4:15.

10. Ni mu buryo ubuhe Yehova yagaragarije urukundo abakene, nka Nawomi na Rusi?

10 Yehova yari yarahaye Abisirayeli itegeko ryaranga impuhwe, ryitaho abari bakenye nka Nawomi na Rusi. Yabwiye abasavyi biwe ko mu gihe co kwimbura, bosize utwo ku mubari kugira ngo abakene badutorore. (Lew. 19:9, 10) Nawomi na Rusi rero, ntibokwiriwe barasegerereza ibifungurwa. Bobironse mu buryo buteye iteka.

11-12. Ni gute Bowazi yatumye Nawomi na Rusi bagira umunezero?

11 Rusi yaratoroye mu murima w’umugabo umwe w’umutunzi yitwa Bowazi. Bowazi yarakozwe ku mutima cane n’ingene Rusi atahemukiye inabukwe Nawomi be n’ingene yamukunda, ku buryo yemera gutwara Rusi, agacungura intoranwa y’umuryango wabo. (Rusi 4:9-13) Bowazi na Rusi baribarutse umwana yitwa Obedi, uwahavuye aba sekuruza w’Umwami Dawidi.​—Rusi 4:17.

12 Iyumvire umunezero Nawomi yagize, igihe yaterura uwo mwana Obedi, maze agakengurukira Yehova bimwe bivuye ku mutima! Ariko rero kuri Nawomi na Rusi, ivyiza bihambaye kuruta biracari imbere. Nibazuka, bazomenya ko Obedi yahavuye aba sekuruza wa Mesiya yari yarasezeranywe, ari we Yezu Kristu.

13. Ni ivyigwa bihambaye ibihe dukura mu nkuru ya Nawomi na Rusi?

13 Ivyigwa tuhakura. Igihe turi mu bigeragezo, twoshobora gucika intege, mbere tukavunika umutima. Kumbure turashobora kwibaza ko izo ngorane tutazozivamwo. Mu bihe nk’ivyo, turakwiye kwizigira duherejeko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, kandi tukaguma twiyegereje abo dusangiye ukwizera. Ego ni ko Yehova yoshobora kudaca adukurako ico kigeragezo. Nk’akarorero, ntiyagarukaniye Nawomi umugabo wiwe be n’abahungu biwe. Ariko azodufasha kucihanganira, kumbure biciye ku rukundo rudahemuka abo mu muryango wacu wo mu vy’impwemu batugaragariza.​—Imig. 17:17.

UMULEWI YAHATSWE KUNYERERA

Umwanditsi wa Zaburi ya 73 yarahatswe kunyerera kubera yabona abatibanga Yehova basa n’ababayeho neza. Natwe ivyo birashobora kudushikira (Raba ingingo ya 14-16)

14. Ni igiki catumye Umulewi umwe acika intege cane?

14 Uwanditse Zaburi ya 73 yari Umulewi. Yari afise rero agateka kadasanzwe ko gukorera mu kibanza co gusengeramwo Yehova. Ariko rero, igihe kimwe vyarashitse aracika intege. Kubera iki? Kubera ko yatanguye kugirira ishari ababisha be n’abanyabwibone, atari kubera ububi bwabo, mugabo kubera ko bari babayeho neza. (Zab. 73:2-9, 11-14) Basa n’abafise vyose: ubutunzi, ubuzima bwiza, ata na kimwe kibatera amaganya. Ukwo kuntu basa n’abamerewe neza vyaraciye intege uwo mwanditsi w’amazaburi ku buryo avuga ati: “Ni ukuri, natyororeye ubusa umutima wanje, kandi nkarabira ubusa ibiganza vyanje mu gutungana.” Biragaragara ko yari ageze ahatemba mu vy’impwemu.

15. Twisunze Zaburi 73:16-19, 22-25, Umulewi yayanditse yatsinze gute ugucika intege?

15 Soma Zaburi 73:16-19, 22-25. Uwo Mulewi “[yari]njiye aheranda hahambaye h’Imana.” Ng’aho, aho biboneka ko yari kumwe n’abo basangiye ukwemera, yarashoboye gusuzuma uko ivyiwe vyifashe atekanye, ata kwihenda, yongera arasenga. Ivyo vyatumye atangura kubona ko yari yihenze, ko yari atanguye gufata inzira iteye akaga, yomujanye kure ya Yehova. Yaratahuye kandi ko ababisha bari “ahanyerera,” be n’uko bazoshika ‘kw’iherezo ribabaje.’ Uwo Mulewi yari akeneye kubona ibintu nk’uko Yehova abibona, kugira ngo yikuremwo ishari kandi areke gucika intege. Igihe yabigenza gutyo, yarasubiriye kugira amahoro yongera arahimbarwa. Yavuze ati: “Nta kandi gahimbare mfise kw’isi atari [Yehova].”

16. Ni ivyigwa ibihe dukura ku vyashikiye wa Mulewi?

16 Ivyigwa tuhakura. Nimuze ntitwigere twumvira ishari abantu b’ababisha, basa n’ababayeho neza. Umunezero wabo ni uw’uruhendo kandi ni uw’igihe gito, kuko batazobaho ibihe bidahera. (Umus. 8:12, 13) Kubagirira ishari vyotuma ducika intege, tukongera tukamererwa nabi mu vy’impwemu. Nimba rero usanze uriko uragirira ishari umubisha asa n’uwubayeho neza, nukore ivyo wa Mulewi yakoze. Nugamburuke impanuro ziranga urukundo Yehova atanga, wongere wifatanye n’abandi bakora ivyo agomba. Niwahimbarirwa Yehova kuruta ibindi vyose, uzogira agahimbare nyakuri. Vyongeye, uzoguma muri ya nzira ijana mu “buzima nyakuri.”​—1 Tim. 6:19.

UBUGOYAGOYE BWA PETERO BWARATUMYE ACIKA INTEGE

Kuzirikana ku kuntu Petero yacitse intege mu nyuma agasubira gukorera Imana, birashobora kudufasha, canke tukabifashisha abandi (Raba ingingo ya 17-19)

17. Ni imvo izihe zatumye Petero acika intege?

17 Intumwa Petero yari umuntu abangutse. Ariko kandi yari umuntu atwarwa n’ibishobisho, ku buryo rimwe na rimwe yihuta guserura iryo agona. Ivyo vyatumye rimwe na rimwe avuga canke akora ibintu bituma yicuza. Nk’akarorero, igihe Yezu yabwira intumwa ziwe ko yobabajwe akongera akicwa, Petero yaciye amuhambarira ati: “Ntuzogenda ushikiwe n’ivyo bintu.” (Mat. 16:21-23) Yezu yaciye amukosora. Igihe na ho baza gufata Yezu, Petero yaciye yihutira gufata inkota maze aca ugutwi umushumba w’umuherezi mukuru. (Yoh. 18:10, 11) N’ico gihe nyene Yezu yarakosoye iyo ntumwa. Vyongeye, Petero yari yiyemeye ko naho vyoshika izindi ntumwa zigatsitara ku bijanye na Yezu, we atokwigeze atsitara. (Mat. 26:33) Mugabo ukwo kwiyizigira kwaratumye Petero atinya abantu, maze arihakana Shebuja incuro zitatu. Petero yarihebuye cane, aca “arasohoka hanze, ararira arabogoza.” (Mat. 26:69-75) Ategerezwa kuba yaribajije nimba Yezu yokwigeze amubabarira.

18. Yezu yafashije gute Petero kutarengerwa n’ugucika intege?

18 Ariko rero Petero ntiyaretse ngo arengerwe no gucika intege. Inyuma y’ugutirimuka yarasubiranye, maze arabandanya gukorera Yehova yifatanije n’izindi ntumwa. (Yoh. 21:1-3; Ivyak. 1:15, 16) None ni ibiki vyamufashije gusubirana? Kimwe coco, n’uko Petero yibutse ko Yezu yari yaramusengeye ngo ukwizera kwiwe ntikudegere, maze aca amuhimiriza kuzogaruka kugira akomeze benewabo. Yehova yarishuye iryo sengesho rivuye ku mutima. Mu nyuma, Yezu ubwiwe yarabonekeye Petero, bikaba biboneka ko yashaka kumuremesha. (Luka 22:32; 24:33, 34; 1 Kor. 15:5) Yezu kandi yarabonekeye intumwa, inyuma y’aho zimariye ijoro ryose ziriko ziraroba mugabo zikabura namba. Ico gihe Yezu yarahaye Petero akandi karyo ko kwemeza ko amukunda. Yezu yari yababariye uwo mugenzi wiwe yikundira, aca aramushinga amabanga yiyongereye.​—Yoh. 21:15-17.

19. Zaburi ya 103:13, 14, idufasha gute kubona ibicumuro vyacu nk’uko Yehova abibona?

19 Ivyigwa tuhakura. Ukuntu Yezu yafashije Petero, birerekana imbabazi za Yezu, uwo na we akaba agaragaza neza na neza kamere nk’iza Se. Igihe rero dukoze amakosa, ntidukwiye kwibaza ko Yehova atazokwigera atubabarira. Dukwiye kwibuka ko ivyo nyene ari vyo Shetani yipfuza ko twiyumvira. Nimuze twihatire kubona ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru adukunda, kandi yipfuza kutugirira imbabazi, maze natwe tumwigane mu kuntu dufata abaducumurako.​—Soma Zaburi 103:13, 14.

20. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

20 Akarorero ka Yozefu, aka Nawomi na Rusi, aka wa Mulewi be n’aka Petero, buradukura amazinda ko “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse.” (Zab. 34:18) Yehova arareka tugashikirwa n’ibigeragezo, kandi rimwe na rimwe tugacika intege. Ariko rero igihe adufashije kuvyihanganira, ukwizera kwacu kurakomera. (1 Pet. 1:6, 7) Mu kiganiro gikurikira, tuzorushiriza kubona ingene Yehova ashigikira abasavyi biwe b’intahemuka bishika bagacika intege, kumbure kubera ubugoyagoye bwabo, canke ibindi bintu bitoroshe bibashikira.

URURIRIMBO RWA 7 Yehova we, uri inkomezi zacu!

^ ing. 5 Yozefu, Nawomi na Rusi, Umulewi umwe, n’intumwa Petero, barashikiwe n’ibintu vyatumye bacika intege. Muri iki kiganiro, turaza kubona ingene Yehova yabahumurije akongera akabakomeza. Turaza kubona kandi ivyigwa twokura ku burorero bwabo, n’ivyo twokwigira ku kuntu Imana yabafashije ibigiranye impuhwe.

^ ing. 56 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Nawomi, Rusi na Orupa, baratuntuye bongera baracika intege kubera ko babuze abo bubakanye. Mu nyuma, Rusi na Nawomi baranezeranywe na Bowazi igihe Obedi yavuka.