Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Yehova yarampezagiye kuruta uko nari ndavyiteze

Yehova yarampezagiye kuruta uko nari ndavyiteze

NAGUMA nibwira nti: ‘Nari nkwiye kuba umutsimvyi. Ariko none ubutsimvyi bwoba buzotuma vy’ukuri mpimbarwa?’ Narakunda akazi nari mfise mu Budagi ko kurungika ibifungurwa mu turere twinshi two muri Afrika, nka Dar es Salaam, Elisabethville (aho ubu bita Lubumbashi) na Asmara muri Eritreya. Sinigeze nibaza ko umusi uri izina nokoreye Yehova umurimo w’igihe cose muri utwo turere be n’ahandi muri Afrika.

Igihe nateba nkikuramwo amakenga maze ngatangura ubutsimvyi, ubuzima bwanje bwarahindutse mu buryo ntari niteze. (Ef. 3:20) Ariko rero wokwibaza ingene ivyo vyashobotse. Reka ndabiganire mpereye ku ntango.

Navukiye i Berlin mu Budagi, ku wa 12 Kigarama 1939, haciye amezi abiri gusa Intambara ya kabiri y’isi yose itanguye. Igihe iyo ntambara yari mu guhera mu 1945, indege za gisirikare zaracucagiye amabombe mu gisagara ca Berlin. Umusi umwe barayacucagiye kw’ibarabara twabako, jewe n’umuryango wacu duca duhungira ahantu ho kwikinga amabombe. Kugira tunyage amagara, twahavuye twungururiza i Erfurt, iwabo wa mawe.

Ndi kumwe n’abavyeyi banje na mushikanje mu Budagi, mu myaka ya 1950

Mawe yaripfuza cane kumenya ukuri. Yarasoma ibitabu vy’abafilozofe agasuzuma n’inyigisho z’amadini atandukanye, mugabo ntiyanyurwa. Mu 1948, Ivyabona vya Yehova babiri baratugendeye. Mawe yarabahaye ikaze maze arababaza ibibazo bitari bike. Hatarahera n’isaha, yatubwiye twe na mushikanje mutoyi ati: “Murazi, ngiye nubura ukuri!” Bidatevye, mawe, mushikanje na jewe twaratanguye kwitaba amakoraniro i Erfurt.

Mu 1950, twarasubiye i Berlin duca twifatanya n’ishengero rya Berlin-Kreuzberg. Mu nyuma twarasubiye kwimuka maze twifatanya n’ishengero rya Berlin-Tempelhof. Naho mawe yahavuye abatizwa, jewe nagumye ngonanwa. Uti kubera iki?

INGENE NATSINZE AMASONI N’UKUGONANWA

Natera imbere buhorobuhoro kubera ko nari umunyamasoni cane. Naramaze imyaka ibiri nja mu busuku mugabo ntigera nkurako umunwa ngo nshinge intahe. Ibintu vyagiye guhinduka igihe namarana umwanya n’abavukanyi na bashiki bacu bagaragaje umutima rugabo be n’ukwihebera Yehova. Bamwe muri bo bari baramaze igihe mu makambi y’itunatuniro y’Abanazi canke mu mabohero yo mu Budagi bwo mu Buseruko. Abandi bari bahoze batwara ibisohokayandikiro mu kinyegero mu Budagi bwo mu Buseruko, naho bari gushobora gufatwa bagapfungwa. Akarorero kabo karankoze ku mutima cane. Nibwiye nti: ‘Nimba baremera gushira mu kaga ubuzima bwabo n’umwidegemvyo wabo kubera Yehova n’abavukanyi, jeho sinkwiye n’imiburiburi kurwanya aya masoni?’

Natanguye kwikuramwo amasoni igihe nagira uruhara mw’isekeza ridasanzwe ryo kwamamaza ryabaye mu 1955. Mw’ikete ryari mu gatabu Informateur, * umuvukanyi Nathan Knorr yaratangaje ko iryo sekeza ryobaye rimwe mu masekeza ahambaye cane ishirahamwe ryari rimaze gutunganya. Yavuze yuko hamwe abamamaji bose borigiramwo uruhara, vyotumye “tugira ukwezi kw’akataraboneka kw’isi mu gikorwa co kwamamaza.” Emwe, ukwo nyene ni ko vyagenze! Bidatevye, jewe, dawe na mushikanje twariyeguriye Yehova maze turabatizwa mu 1956. Mu nyuma nabwirijwe gufata iyindi ngingo ihambaye.

Naramaze imyaka nzi yuko nkwiye gukora ubutsimvyi, mugabo nkaguma ndavyigiza inyuma. Mu ntango nabanje kwimenyereza ivyo kugura no kugurisha ibidandazwa vyo mu bindi bihugu. Mu nyuma nashimye kumara igihe muri ico gikorwa kugira mbe umuhanga muri co maze mbone gukora ubutsimvyi. Rero mu 1961, naremeye gukora i Hambourg, kikaba ari igisagara kirimwo ikivuko kinini kuruta ibindi vyose mu Budagi. Narakunda ako kazi ku buryo naguma nigiza inyuma ivyo gutangura umurimo w’igihe cose. None nari nkwiye gukora iki?

Ndakenguruka kubona Yehova yarakoresheje abavukanyi bafise urukundo kugira bamfashe gushira imbere ivy’impwemu. Abagenzi banje benshi bari baratanguye ubutsimvyi, baraheza bambera akarorero keza. Vyongeye, umuvukanyi Erich Mundt, uwahoze ari mw’ikambi y’itunatuniro, yarandemesheje kwizigira Yehova. Yavuze ko muri iryo kambi, abavukanyi biyizigira bahavuye bagoyagoya. Ariko abizigiye Yehova baherejeko, bagumye ari intahemuka bongera baraba kirumara mw’ishirahamwe.

Igihe natangura ubutsimvyi mu 1963

Vyongeye, umuvukanyi Martin Poetzinger uwahavuye aba mu bagize Inama Nyobozi, yaguma aremesha abavukanyi mu kuvuga ati: “Umutima rugabo ni ryo tunga ntangere mukwiye kuba mufise!” Maze kuzirikana kuri ayo majambo, amaherezo narahagaritse akazi kanje k’umubiri, nca ntangura ubutsimvyi muri Ruheshi 1963. Nta yindi ngingo nziza nari gufata yoza iruta iyo! Haheze amezi abiri, ntaranatangura kurondera akandi kazi, naratewe agatega ko kuba umutsimvyi adasanzwe. Inyuma y’imyaka mikeya, Yehova yarankoreye ivyo ntari niteze. Naratumiwe mw’ishure rya Gileyadi mu mugwi ugira 44.

ICIGWA GIHAMBAYE CANE NIGIYE I GILEYADI

“Ntiwihutire gucika intege mu gikorwa washinzwe.” Ico ni kimwe mu vyigwa bihambaye nigiye canecane ku muvukanyi Nathan Knorr be na Lyman Swingle. Baraturemesheje kuguma mu gikorwa cacu naho bitoba vyoroshe. Umuvukanyi Knorr yavuze ati: “Ni ibiki muzogumizako umuzirikanyi? Umukungugu? Ibihere n’imbaragasa? Ubukene? Canke riho mwoba muzohimbarwa n’ibiti, amashurwe be n’abantu banezerewe? Nimwige gukunda abantu!” Umusi umwe, umuvukanyi Swingle yariko aradusigurira igituma abavukanyi bamwebamwe bihutiye gucika intege. Vyaranse ko yigumya, arakorora amosozi. Yabwirijwe guhagarika insiguro yiwe kugira asubire gutekana. Narakozwe ku mutima cane ku buryo naciye niyemeza kudahemukira Kristu n’abavukanyi biwe b’intahemuka.​—Mat. 25:40.

Jewe, Claude na Heinrich igihe twari abamisiyonari i Lubumbashi muri Kongo mu 1967

Igihe batumenyesha aho tuzoja gukorera, hariho Abanyabeteli babajije bamwe muri twebwe aho twarungitswe. Umwe wese yaravuga aho yarungitswe abo Banyabeteli bakahashima, mu nyuma nanje nti: “Muri Kongo (Kinshasa).” Baciye banuma gato maze bivugira gusa bati: “Yoo, muri Kongo! Sha, Yehova aze abane nawe!” Ico gihe, muri Kongo havugwa intambara, abarwanyi b’abacangero be n’ubwicanyi. Ariko rero nagumije ku muzirikanyi ivyigwa nari nize. Gatoyi inyuma y’aho turonkeye impapuro z’umutsindo muri Nyakanga 1967, jewe, Heinrich Dehnbostel na Claude Lindsay twaciye tugenda i Kinshasa, umurwa mukuru wa Kongo.

NARIGIYE VYINSHI MU GIKORWA C’UBUMISIYONARI

Tumaze gushika i Kinshasa, twamaze amezi atatu turiko turiga igifaransa. Mu nyuma twarafashe indege yadushikanye i Lubumbashi, ahahoze hitwa Elisabethville, hafi y’urubibe Kongo ihana na Zambiya mu bumanuko. Twahavuye turonka inzu y’abamisiyonari tubamwo hagati muri ico gisagara.

Kubera ko i Lubumbashi hari uturere twinshi tutari bwumve inkuru nziza, twarahimbawe cane no kuba aba mbere mu kubwira ukuri benshi mu bahaba. Bidatevye, twari dusigaye dufise inyigisho za Bibiliya nyinshi ku buryo tutashobora kuziyobora zose. Twaranabwiye inkuru nziza abategetsi be n’abapolisi. Benshi wasanga bubaha cane Ijambo ry’Imana be n’igikorwa cacu co kwamamaza. Abantu bavuga ahanini igiswahili. Ku bw’ivyo, jewe na Claude Lindsay twarize n’urwo rurimi. Bidatevye twararungitswe mw’ishengero ry’igiswahili.

Naho twiboneye ibintu vyinshi bishimishije, intambamyi zo ntizabuze. Akenshi twarahura n’abasoda baborewe bafise n’inkoho canke abapolisi b’injavyi, bakatwagiriza ibinyoma. Umusi umwe, twagiye tubona umugwi w’abasoda bitwaje inkoho badusanze aho twariko tugirira ikoraniro mu nzu y’abamisiyonari, baca badutwara ku biro vy’igipolisi, batwicarika hasi gushika nk’isaha zine z’ijoro, mu nyuma baraturekura.

Mu1969, narasabwe kugendera amashengero. Muri ico gikorwa, naragira ingendo ndende nca mu vyondo no mu mashamba, bikaba vyari ibintu bisanzwe cane muri Afrika. Mu kigwati kimwe, nasanze munsi y’igitanda nari narayeko hari inkokokazi n’imiswi yayo. Sinzokwibagira ingene yatumye ntangura umusi ncangamutse kuko yamvyuye mu bucagucagu iriko irakokoza. Ndaryoherwa iyo nibutse ukuntu ku mugoroba na ho twayaga n’abavukanyi ibijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya twicaye ku gacanwa.

Imwe mu ngorane zikomeye kuruta izindi zose yari iyijanye n’abigira abavukanyi wasanga bashigikiye ivyiyumviro vya Kitawala. * Bamwe muri bo bari barabatijwe, mbere bafise n’amabanga mw’ishengero. Benshi muri abo bashirwa ku kabarore n’abavukanyi be na bashiki bacu b’ukuri. Bari bameze nk’“ibitandara bihishijwe.” (Yuda 12) Amaherezo Yehova yaratyoroye amashengero, aba ashizeho umushinge w’iyongerekana rikomeye.

Mu 1971, narasabwe kuja gukorera ku biro vy’ishami i Kinshasa. Narakoze ibikorwa bitandukanye, nk’ibijanye n’amakete, amakomande y’ibitabu be n’ibijanye n’umurimo. Kuri Beteli, narize gutunganya igikorwa kirangurirwa mu gihugu amahero cari gikenye. Vyarashika amakete turungitse akamara amezi n’ayandi atarashika mu mashengero. Amakete barayatwara n’indege, mu nyuma agapakirwa mu bwato, bukazomara amayinga n’ayandi ku kivuko gushika aho ivyatsi bitangura kumera. Yamara rero, igikorwa cararangurwa naho hari izo ngorane be n’izindi.

Naratangara cane mbonye ukuntu abavukanyi batunganya amahwaniro manini bakoresheje uburyo buke cane. Barataba imigina y’imiswa igacika imikiruruko, imigano bakayikoresha nk’inkingi n’imyamba. Ku mpande bahasobeka ivyatsi vyo mu bwoko bw’imisovu, ibindi vyatsi bakabitekera mu mikama kugira bavyicareko. Mu gusakara bakoresha ibirago canke bakabisasa ku bintu, bikamera nk’amameza. Kubera bataba bafise imisumari, baca bashishura ibiti kugira bakuremwo imigozi yo kubohesha. Naratamarira cane abo bavukanyi na bashiki bacu b’abahinga igitangaza kandi bazi kwirwanako. Emwe, narabakunze cane! Igihe narungikwa gukorera ahandi, narabakumbura rwose.

IGIKORWA NARANGURIYE MURI KENYA

Mu 1974, narungitswe gukorera ku biro vy’ishami i Nairobi muri Kenya. Akazi kari kenshi kubera ko ishami rya Kenya ryari rihagarikiye igikorwa cacu mu bihugu nka cumi, bimwe muri vyo bikaba bitari bwemererwe gukora ku mugaragaro. Akenshi barandungika kugendera ivyo bihugu na canecane Etiyopiya. Muri ico gihugu, abavukanyi bari mu ruhamo no mu bigeragezo bikomeye. Benshi muri bo baragirirwa nabi cane, bagapfungwa, mbere bamwebamwe bakicwa. Ariko barihanganye badahemuka kubera bari bafitaniye na Yehova ubucuti bwiza kandi bagakundana hagati yabo.

Mu 1980, naranezerewe cane igihe twubakana na Gail Matheson aturuka muri Kanada. Gail twariganye mw’ishure rya Gileyadi. Twari twabandanije kwandikiranira udukete, akaba yakorera ubumisiyonari muri Boliviya. Haheze imyaka 12, twarasubiye guhurira i New York. Mu nyuma twahavuye twubakana muri Kenya. Ndakenguruka cane ingene Gail ashira imbere ivy’impwemu akaba n’intangakarorero mu kubumbwa n’ivyo aba afise. Ndashima cane ingene abandanya kunshigikira akambera n’umugenzi w’igikundiro.

Mu 1986, twe na Gail twaratewe agateka ko kugendera amashengero, naho nyene nari nkiri muri Komite y’ishami. Nasabwa kugendera amashengero yo mu bihugu vyinshi vyari bihagarikiwe n’ishami rya Kenya.

Ndiko ndatanga insiguro kw’ihwaniro, i Asmara mu 1992

Ndibuka igihe nariko nditegurira ihwaniro i Asmara (muri Eritreya) mu 1992, ico gihe igikorwa cacu kikaba cari cemewe imbere y’amategeko. Ikibabaje, nta yindi nyubakwa twaronse yo kugiriramwo ihwaniro uretse igihangare casa nabi inyuma, indani hoho bikaba ibindi bindi. Ku musi w’ihwaniro, narakozwe ku mutima n’ingene abavukanyi bari basukuye neza indani ku buryo hacika ahantu habereye gusengera Yehova. Imiryango myinshi yari yazanye ibitambara vyo gushariza, maze barapfuka ikintu cose casa nabi babigiranye ubuhanga bwinshi. Twaragize ihwaniro riteye umunezero ryitabwe n’abantu 1.279.

Kugendera amashengero ryari ihinduka ridasanzwe kuri twebwe kubera vyasaba ko duhindura uburaro buri ndwi. Umusi umwe twarara ahantu heza cane ku nkengera y’ibahari, ikindi gihe tukarara mu karuri kubakishijwe ivyuma wasanga abakozi babamwo, kwa surwumwe ari nko ku metero zirenga 100. Ariko aho twakoreye haba hehe, ico tutazopfa twibagiye ni ibikorwa vyinshi twakoranye n’abatsimvyi be n’abamamaji twirirwana mu ndimiro. Igihe twarungikwa gukorera ahandi, twabwirijwe gutandukana n’abagenzi benshi twikundira, tukaba twobakumbuye cane.

TWIRONKERA IMIHEZAGIRO MURI ETIYOPIYA

Kuva mu 1987 gushika mu 1992, igikorwa cacu caremewe n’amategeko mu bihugu vyinshi vyari bihagarikiwe n’ishami rya Kenya. Ivyo vyatumye hashingwa ibiro vy’ibihugu n’ivy’amashami vyigenga. Mu 1993, twarungitswe gukorera ku biro vy’i Addis-Abeba muri Etiyopiya, igikorwa cacu kikaba cari giherutse kwemerwa n’amategeko inyuma y’imyaka mirongo kibujijwe.

Turi hagati mu gihugu ca Etiyopiya igihe nari umucungezi w’intara mu 1996

Yehova yarahezagiye igikorwa muri Etiyopiya. Abavukanyi na bashiki bacu benshi barakoze ubutsimvyi. Ibice birenga 20 kw’ijana vy’abamamaji usanga ari abatsimvyi basanzwe buri mwaka kuva mu 2012. Vyongeye, amashure y’ivya gitewokarasi yaratanze ukumenyerezwa gukenewe, kandi Ingoro z’Ubwami zirenga 120 zarubatswe. Mu 2004, umuryango wa Beteli warimukiye mu nyubakwa nshasha, kandi Ingoro y’amateraniro yubatswe muri ico kibanza nyene yarafashije cane abavukanyi.

Mu myaka n’iyindi, twe na Gail twaragiraniye ubucuti somambike n’abavukanyi muri Etiyopiya. Turabakunda cane kubera ko bimereye neza bakaba n’abanyagishika. Duherutse gukikwa n’amagara, bica biba ngombwa ko twimurirwa kw’ishami ryo mu Buraya bwo hagati. Naho bariko baratwitwararikana urukundo, turakumbura cane abagenzi bacu bo muri Etiyopiya.

YEHOVA YARAKUJIJE

Twariboneye ingene Yehova yatumye igikorwa ciwe gikura. (1 Kor. 3:6, 9) Nk’akarorero, igihe natangura kubwira inkuru nziza Abanyarwanda bari baje kwimba ubutare bw’umujumpu muri Kongo, nta mwamamaji yarangwa mu Rwanda. Ubu muri ico gihugu hari abamamaji barenga 30.000. Mu 1967, Kongo (Kinshasa) yari ifise abamamaji nka 6.000 gusa. Ubu hari abarenga 230.000, kandi abantu barenga umuliyoni baritavye Icibutso mu 2018. Mu bihugu vyose vyahoze bihagarikiwe n’ishami rya Kenya, abamamaji bariyongereye ku buryo ubu barenga 100.000.

Ubu haraheze imyaka irenga 50 Yehova akoresheje abavukanyi batandukanye kugira bamfashe gutangura umurimo w’igihe cose. Naho nkiri umunyamasoni, narize kwizigira Yehova mperejeko. Ivyo niboneye muri Afrika vyaranyigishije kwihangana no kubumbwa n’ivyo mfise. Twe na Gail turakorwa ku mutima cane n’abavukanyi be na bashiki bacu b’intangakarorero mu kuba abakiranyi, mu kwumirako no mu kwizigira Yehova. Ndakenguruka cane ubuntu bwiwe ata wari abukwiriye yangiriye. Emwe, Yehova yarampezagiye kuruta uko nari gushobora kuvyitega.​—Zab. 37:4.

^ ing. 11 Kahavuye kitwa Igikorwa dukorera Ubwami, ubu kakaba kasubiriwe n’akitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu​—Agatabu k’ikoraniro.

^ ing. 23 “Kitawala” ni ijambo rivuye mu rivuga ry’igiswahili ‘kutawala,’ rikaba risobanura “kuganza, kuyobora canke gutegeka.” Intumbero ya Kitawala yari iya politike, ni ukuvuga kwiganzura Ububiligi. Abari mu migwi ya Kitawala barironsa ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova bakavyiga, maze bakagoreka inyigisho zo muri Bibiliya kugira bashigikire ivyiyumviro vyabo vya politike, ibintazi be n’ubuhumbu bakora.