Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 29

‘Iyo ngoyagoya ni ho ngira ububasha’

‘Iyo ngoyagoya ni ho ngira ububasha’

“Ndahimbarirwa rero ubugoyagoye, ibitutsi, ibihe vy’umukeno, uruhamo n’ingorane, ku bwa Kristu.”​—2 KOR. 12:10.

URURIRIMBO RWA 38 Imana izogukomeza

INCAMAKE *

1. Ni ibiki intumwa Paulo yiyemereye?

INTUMWA Paulo yariyemereye ko vyashika agacika intege. Yaravuze ko umubiri wiwe ‘wariko urashira,’ ko yarwana kugira akore ikibereye be n’uko Yehova atama amwishura amasengesho nk’uko yaba avyipfuza. (2 Kor. 4:16; 12:7-9; Rom. 7:21-23) Vyongeye, Paulo yariyemereye yuko abamurwanya babona ko yagoyagoya. * Ariko rero, ntiyigeze areka ukuba abandi bamubona mu buryo butari bwo canke ubugoyagoye bwiwe ngo bitume yumva ko ata co amaze.​—2 Kor. 10:10-12, 17, 18.

2. Twisunze 2 Abakorinto 12:9, 10, ni icigwa gihambaye ikihe Paulo yatahuye?

2 Paulo yaratahuye iki cigwa gihambaye: Umuntu arashobora kugira ububasha naho yoba yumva ko agoyagoya. (Soma 2 Abakorinto 12:9, 10.) Yehova yabwiye Paulo yuko ububasha bwiwe bwariko “butunganirizwa mu bugoyagoye,” bikaba vyasobanura yuko Yehova yohaye Paulo ububasha yari akeneye. Reka tubanze turabe igituma tudakwiye guhagarika umutima igihe abaturwanya badututse.

‘NUHIMBARIRWE IBITUTSI’

3. Kubera iki dushobora guhimbarirwa ibitutsi?

3 Nta n’umwe muri twebwe yipfuza ko bamutuka. Ariko rero, igihe abansi bacu badututse maze tugahagarikwa umutima cane n’ivyo batuvugako, turashobora gucika intege. (Imig. 24:10) None dukwiye kubona gute ibitutsi vy’abaturwanya? Cokimwe na Paulo, turashobora ‘guhimbarirwa ibitutsi.’ (2 Kor. 12:10) Kubera iki? Kubera yuko ibitutsi n’uruhamo vyerekana ko turi abigishwa ba Kristu b’ukuri. (1 Pet. 4:14) Yezu yavuze yuko abayoboke biwe bohamwe. (Yoh. 15:18-20) Ivyo vyarashitse mu kinjana ca mbere. Ico gihe, abisunga imico y’Abagiriki babona ko abakirisu batagira ubwenge kandi ko ari abo hasi. Abayuda na bo nyene babona ko abakirisu ari abantu “batize kandi basanzwe,” nk’uko babivuze ku ntumwa Petero na Yohani. (Ivyak. 4:13) Abakirisu babonwa nk’abantu bagoyagoya. Ntibagira uruhara mu vya politike canke mu vya gisirikare, abantu bagaca bababona nk’aho ata co bamaze mu kibano.

4. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bavyifashemwo gute igihe babonwa nabi n’ababarwanya?

4 None abo bakirisu bo mu kinjana ca mbere boba barahagaritse igikorwa cabo kubera babonwa nabi n’ababarwanya? Habe namba. Nk’akarorero, intumwa Petero na Yohani babona ko ari agateka guhamwa bahorwa gukurikira Yezu no kubwira abandi inyigisho ziwe. (Ivyak. 4:18-21; 5:27-29, 40-42) Nta cari gutuma abo bigishwa bagira isoni. Wanashaka, abo bakirisu bicisha bugufi bahavuye bakora ibintu vyagiriye akamaro abandi kuruta ivyo ababarwanya bakoze. Nk’akarorero, ibitabu vyahumetswe bamwe muri abo bakirisu banditse biracafasha abantu amamiliyoni kandi bigatuma bagira icizigiro. Vyongeye, Ubwami bamamaza burahangamye kandi vuba bugiye kuganza isi yose. (Mat. 24:14) Igihushanye n’ivyo, intwaro ikomeye yahamye abakirisu iramaze imyaka myinshi cane yarasenyutse, mu gihe abo bigishwa b’intahemuka ubu bibereye mw’ijuru ari abami. Ariko ababarwanya bobo ntibakiriho, kandi hamwe vyonashika bakazuka, bazotwarwa na bwa Bwami bwamamazwa n’abo bakirisu banse urunuka.​—Ivyah. 5:10.

5. Twisunze Yohani 15:19, ni kubera iki abasavyi ba Yehova basuzugurwa?

5 No muri iki gihe, twebwe abasavyi ba Yehova birashika tugasuzugurwa kandi tugatyekezwa ngo ntitugira ubwenge canke ngo nta co tumaze. Kubera iki? Kubera ko tudashigikira inyifato z’abadukikuje. Turagerageza kwicisha bugufi, gutekereza no kugamburuka. Abo mw’isi bobo batangarira abishira hejuru, abafise amanyama be n’abagarariji. N’ikindi kandi, ntitugira uruhara mu vya politike kandi ntituja mu gisirikare c’igihugu na kimwe. Kubera ko tutemera gushushanywa n’isi, duca tubonwa ko turi abo hasi.​—Soma Yohani 15:19; Rom. 12:2.

6. Ni ibiki Yehova ariko ararangura akoresheje abasavyi biwe?

6 Naho isi itubona gutyo, Yehova ariko aradukoresha mu kurangura ibintu bitangaje. Ariko aratuma haba isekeza ryo kwamamaza rikomeye kuruta irindi ryose ryigeze kuba. Abasavyi biwe bariko basohora ibinyamakuru bihindurwa mu ndimi nyinshi bikongera bigahabwa abantu benshi kuruta ibindi vyose kw’isi. Vyongeye, barakoresha Bibiliya mu gufasha abantu amamiliyoni kugira ubuzima bwiza kuruta. Ivyo bintu bidasanzwe biriko biraranguka vyose tubikesha Yehova. Ariko arakoresha umurwi w’abantu babonwa nk’abagoyagoya kugira arangure ivyo bikorwa vy’ububasha. Ariko none tuvuge iki kuri umwumwe wese ku giti ciwe? Yehova yoba yodufasha kugira ububasha? Nimba yodufasha, dutegerezwa gukora iki kugira turonke ubwo bubasha? Nimuze ubu na ho turimbure ibintu bitatu dushobora kwigira ku karorero intumwa Paulo yadusigiye.

NTIWISHIMIKIZE INKOMEZI ZAWE BWITE

7. Kimwe mu vyigwa dukura kuri Paulo ni ikihe?

7 Ng’iki kimwe mu vyigwa dukura kuri Paulo: Igihe dukorera Yehova, ntidukwiye kwishimikiza inkomezi zacu canke ubushobozi bwacu bwite. Twisunze uko umuntu abona ibintu, Paulo yari afise imvo zo kwiyemera no kwiyizigira. Yari yakuriye i Taruso, umurwa mukuru w’intara imwe y’Uburoma. Igisagara ca Taruso cari gitunze cane kikabamwo na kaminuza yari izwi cane. Paulo rero yari yaraminuje, akaba yari yigishijwe n’uwitwa Gamaliyeli, umwe mu ndongozi z’Abayuda yubahwa cane mu gihe ciwe. (Ivyak. 5:34; 22:3) Vyongeye, Paulo yarigeze kuba yubahwa mu kibano c’Abayuda. Yavuze ati: “Naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu runganwe rwanje no mu bwoko bwanje.” (Gal. 1:13, 14; Ivyak. 26:4) Naho ari ukwo, Paulo ntiyiyizigira.

Ivyo isi ibona ko ari inyungu Paulo yabibona “nk’ikigunguzi c’umwanda,” abigereranije n’agateka ko gukurikira Kristu (Raba ingingo ya 8) *

8. Twisunze Abafilipi 3:8, Paulo yabona gute ivyo yari yarahevye, kandi ni kubera iki ‘yahimbarirwa ubugoyagoye’?

8 Paulo yarahevye ibintu vyari vyatumye aba uwuhambaye, twisunze ingene isi ibona ibintu. Nkako, ivyasa n’uduteka yahorana yahavuye abibona “nk’ikigunguzi c’umwanda.” (Soma Abafilipi 3:8.) Paulo yarihanganiye vyinshi kubera yabaye umuyoboke wa Kristu. Abo mw’ihanga ryiwe baramwanse urunuka. (Ivyak. 23:12-14) Vyongeye, abo basangiye ubwenegihugu ari bo Baroma, baramukubise bongera baramuta mw’ibohero. (Ivyak. 16:19-24, 37) N’ikindi kandi, Paulo yarababazwa cane n’ubugoyagoye yari afise. (Rom. 7:21-25) Yamara aho kureka abamurwanya canke ubugoyagoye bwiwe ngo bimubere intambamyi, ‘yahimbarirwa ubugoyagoye.’ Uti kubera iki? Kubera ko igihe yaba agoyagoya ari ho yibonera ububasha bw’Imana buriko burakora mu buzima bwiwe.​—2 Kor. 4:7; 12:10.

9. Ukwiye kubona gute ivyo wiyumvira ko udafise?

9 Nimba twipfuza ko Yehova aturonsa ububasha, ntidukwiye kwiyumvira ko inguvu z’umubiri, amashure twize, umuryango dukomokamwo canke ubutunzi bwacu ari vyo vyerekana agaciro dufise. Ivyo bintu si vyo bituma tuba kirumara mu murimo wa Yehova. Nkako, benshi mu basavyi ba Yehova ‘si inkerebutsi zo mu buryo bw’umubiri, si abanyabubasha kandi si abakomoka mu muryango uhambaye.’ Ahubwo nyabuna, Yehova yahisemwo gukoresha “ivya goyigoyi vyo mw’isi.” (1 Kor. 1:26, 27) Ku bw’ivyo, ntureke ngo ivyo wiyumvira ko udafise bikubuze kuguma ukorera Yehova. Ahubwo riho, nubone ko ako ari akaryo uba uronse ko kwibonera ukuntu ububasha bwa Yehova bukora biciye kuri wewe. Nk’akarorero, nimba hari abakugirako iterabwoba kugira batume ukekeranya ku bijanye n’ivyo wemera, nusenge Yehova aguhe ubutinyutsi igihe uburanira ukwizera kwawe. (Ef. 6:19, 20) Nimba na ho uriko uranyinyana n’indwara ibabaza cane, nusabe Yehova aguhe inkomezi ukeneye kugira ngo ugume ukora ivyo ushoboye vyose mu murimo wiwe. Igihe cose wiboneye ko Yehova agufashije, ukwizera kwawe kurakomera maze ukarushiriza gushikama.

NIWIGIRE KU BURORERO BWO MURI BIBILIYA

10. Kubera iki dukwiye kurimbura uburorero bw’abasavyi b’Imana b’intahemuka bavugwa muri Bibiliya, nk’abavugwa mu Baheburayo 11:32-34?

10 Paulo yariga Ivyanditswe abigiranye umwete. Yaratahuye ibitari bike, mugabo kandi yarigiye ku nkuru z’abantu bavugwa mw’Ijambo ry’Imana. Igihe yandikira abakirisu b’Abaheburayo, yarabasavye kuzirikana ku burorero abasavyi ba Yehova benshi b’intahemuka badusigiye. (Soma Abaheburayo 11:32-34.) Nimuze turimbure akarorero k’umwe gusa muri bo, na we akaba ari Umwami Dawidi. Uretse ko yarwanijwe n’abansi biwe, yaranarwanijwe na bamwe mu bahoze ari abagenzi biwe. Uko twihweza akarorero kiwe, turaza kubona ingene Paulo ashobora kuba yararonse inkomezi mu kuzirikana ku buzima bwa Dawidi be n’ingene twokwigana Paulo.

Igihe Dawidi yacokorwa na Goliyati,yaratumye ivyasa n’ubugoyagoye bihinduka akaryo ko kwibonera ukuntu ububasha bwa Yehova bukora (Raba ingingo ya 11)

11. Kubera iki Dawidi yasa n’aho ari goyigoyi? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

11 Wa murwanyi akomeye Goliyati yabona ko Dawidi ari goyigoyi. Igihe Goliyati yabona Dawidi, yaciye “atangura kumusuzugura.” Kukaba nkako, Goliyati yari ikigatanya, afise ibirwanisho vyinshi kandi yari amenyereye cane intambara. Dawidi wewe kari agahungu katamenyereye intambara, akaba yari nk’aho ata kirwanisho yari afise. Naho ari ukwo, Dawidi yaratumye ivyasa n’ubugoyagoye bicika inkomezi. Yarihetse kuri Yehova maze aramuha ububasha bwo gutsinda umwansi.​—1 Sam. 17:41-45, 50.

12. Ni iyindi ngorane iyihe yashikiye Dawidi?

12 Dawidi yarashikiwe n’iyindi ngorane yari gutuma abona ko agoyagoya. Dawidi yarakoreye adahemuka uwo Yehova yari yaragenye kuba umwami wa Isirayeli ari we Sauli. Mu ntango, Umwami Sauli yarasonera Dawidi. Mu nyuma, ubwibone bwaratumye Sauli agirira ishari Dawidi. Sauli yaciye afata nabi Dawidi, mbere aragerageza no kumwica.​—1 Sam. 18:6-9, 29; 19:9-11.

13. Dawidi yavyifashemwo gute igihe Umwami Sauli yamufata nabi ku karenganyo?

13 Naho Dawidi yafashwe nabi n’umwami Sauli ku karenganyo, yagumye yubaha uwo mwami yari yaragenywe na Yehova. (1 Sam. 24:6) Dawidi ntiyigeze yegeka kuri Yehova ibibi Sauli yamukorera. Ahubwo nyabuna, yihetse kuri Yehova kugira amuhe inkomezi yari akeneye zo kwihanganira ico kigeragezo gikomeye.​—Zab. 18:1, akajambo k’intangamarara.

14. Ni ibintu ibihe vyashikiye intumwa Paulo bisa n’ivyashikiye Dawidi?

14 Intumwa Paulo yarashikiwe n’ibintu bisa n’ivyashikiye Dawidi. Abansi biwe bari bakomeye cane kumurusha. Indongozi nyinshi zikomeye zo mu gihe ciwe zaramwanka. Akenshi, baramukubita bagaca bamuta mw’ibohero. Cokimwe na Dawidi, Paulo yarafatwa nabi n’abari bakwiye kumubera abagenzi. Mbere na bamwebamwe mw’ishengero baramurwanije. (2 Kor. 12:11; Flp. 3:18) Yamara rero, Paulo yaratsinze abamurwanije bose. Uti gute? Yagumye yamamaza naho bamurwanya. Yaguma ari intahemuka ku bavukanyi na bashiki bacu, mbere n’igihe baba bamuhemukiye. N’ikiruta vyose, yarabaye umwizigirwa ku Mana gushika apfuye. (2 Tim. 4:8) Ntiyatsinze izo ntambamyi zikomeye kubera yari afise inkomezi nyinshi, mugabo yazitinze kubera yiheka kuri Yehova.

Nugaragarize urupfasoni n’ubuntu abarwanya ivyo wemera igihe uriko urabafasha kuzirikana (Raba ingingo ya 15) *

15. Intumbero yacu ni iyihe, kandi twoyishikako gute?

15 Woba utukwa canke uhamwa n’abo mwigana, abo mukorana canke abo mu muryango batari Ivyabona? Vyoba bimaze gushika ugafatwa nabi n’umuntu wo mw’ishengero? Nimba vyarashitse, niwibuke akarorero ka Dawidi na Paulo. Urashobora kuguma “utsinda ikibi ukoresheje iciza.” (Rom. 12:21) Intumbero yawe si iyo gutera ibuye mu ruhanga rw’uwukurwanije nk’uko Dawidi yabigize, ahubwo ni iyo kwinjiza mu mutima no muzirikanyi wiwe Ijambo ry’Imana. Ivyo wobishikako mu kwisunga Bibiliya igihe wishura ibibazo abantu bakubaza, mu kugaragariza urupfasoni n’ubuntu abagufata nabi no mu gukorera iciza bose, harimwo n’abansi bawe.​—Mat. 5:44; 1 Pet. 3:15-17.

NIWEMERE KO ABANDI BAGUFASHA

16-17. Ni igiki Paulo atigeze yibagira?

16 Imbere y’uko intumwa Paulo acika umwigishwa wa Kristu, yari umuntu atisonera yahama abayoboke ba Yezu. (Ivyak. 7:58; 1 Tim. 1:13) Yezu ubwiye yarabujije Paulo guhama ishengero, ico gihe akaba yitwa Sauli. Yezu ari mw’ijuru yaravuganye na Paulo, aca amuteza uruhumyi. Kugira ngo Paulo asubire kubona, yategerejwe kurondera gufashwa na ba bantu nyene yariko arahama. Yaremeye yicishije bugufi ko umwigishwa yitwa Ananiya amufasha, maze aramuhumura.​—Ivyak. 9:3-9, 17, 18.

17 Naho Paulo yahavuye aba uwukomeye mw’ishengero rya gikirisu, ntiyigeze yibagira icigwa Yezu yamwigishije igihe yariko aja i Damasiko. Paulo yagumye yicisha bugufi, kandi yaremeye n’umutima ukunze gufashwa n’abavukanyi be na bashiki bacu. Yariyemereye ko bamubereye “imfashanyo ikomeza.”​—Kol. 4:10, 11.

18. Kubera iki twoshobora kugonanwa kwemera ko abandi badufasha?

18 None twokwigira iki kuri Paulo? Igihe twatangura kwifatanya n’abasavyi ba Yehova, birashoboka ko twari dushashaye yuko abandi badufasha, kubera twabona ko tukiri abana mu vy’impwemu, be n’uko tugifise vyinshi vyo kwiga. (1 Kor. 3:1, 2) Ubu ho bite? Nimba tumaze imyaka myinshi dukorera Yehova kandi tukaba twaramenye ibitari bike, twoshobora kugonanwa kwemera ko abandi badufasha, canecane igihe ari uwutaramara igihe kinini mu kuri nkatwe. Yamara rero, akenshi Yehova akoresha abavukanyi na bashiki bacu kugira adukomeze. (Rom. 1:11, 12) Dutegerezwa kwemera ico kintu nimba twipfuza kuronka inkomezi Yehova atanga.

19. Ni kubera iki Paulo yaroraniwe?

19 Paulo amaze gucika umukirisu, yararanguye ibintu vyinshi bitangaje. Kubera iki? Kubera yatahuye yuko umuntu ataroranirwa kubera inkomezi afise, amashure yize, ubutunzi bwiwe canke aho yakuriye, mugabo ko aroranirwa kubera yicisha bugufi kandi akiheka kuri Yehova. Ese rero twese twokwigana Paulo (1) mu kwiheka kuri Yehova, (2) mu kwigira ku burorero bwo muri Bibiliya, no (3) mu kwemera ko abo dusangiye ukwemera badufasha. Nitwabigira, Yehova azoduha inkomezi naho twoba twumva ko tugoyagoya gute.

URURIRIMBO RWA 71 Turi ingabo za Yehova!

^ ing. 5 Muri iki kiganiro, turihweza akarorero k’intumwa Paulo. Turaza kubona yuko igihe twicishije bugufi, Yehova aduha inkomezi dukeneye kugira twihanganire abadutyoza kandi dutsinde ubugoyagoye bwacu.

^ ing. 1 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Hari imvo nyinshi zishobora gutuma twumva ko tugoyagoya. Aho twovuga nk’agasembwa, ubukene, indwara canke kuba tutize. Vyongeye, abansi bacu baragerageza gutuma twumva ko tugoyagoya biciye ku vyo batubwira canke ivyo badukorera.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Igihe Paulo yatangura kwamamaza ivyerekeye Kristu, yarahevye ivyahoze bigize ubuzima bwiwe akiri Umufarizayo. Bishobora kuba vyarimwo imizingo y’ibitabu vyo mw’isi be n’akabweta karimwo ivyanditswe.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Abakozi bakora n’uwo muvukanyi bariko baramuhata ngo yifatanye na bo mu guhimbaza umusi w’ivuka ry’umwe muri bo.