Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Nakoze ivyo nabwirizwa gukora

Nakoze ivyo nabwirizwa gukora

DONALD Ridley yaramaze imyaka irenga 30 aburanira Ivyabona vya Yehova muri sentare. Yarafasha abarwaye kuburanira uburenganzira bwabo bwo kwanka guterwa amaraso. Ico gikorwa ciwe caratumye dutahukana intsinzi zitari nke muri sentare nkuru. Abagenzi biwe bamwita Don. Yari umunyamwete, yicisha bugufi kandi yitanga cane.

Mu 2019, Don baramutoye indwara itamenyerewe ifatira mu bwonko kandi idakira. Iyo ndwara yaramusinzikaje n’ingoga na ningoga, maze ku wa 16 Myandagaro 2019 iramuhitana. Reka atwiganire inkuru yiwe.

Navukiye mu muryango ubayabaye w’abagatolika i St. Paul muri Minnesota, muri Amerika, hakaba hari mu 1954. Ndi umwana agira kabiri mu bana batanu. Natanguye kwiga mw’ishure ryegukira gatolika nkaba kandi nari umukorezi. Yamara nari nzi bike ku vyerekeye Bibiliya. Naho nemera ko hategerezwa kuba hariho Imana yaremye vyose, sinizera iryo dini narimwo.

NIGA UKURI

Igihe nari mu mwaka wa mbere w’ishure ry’ivy’amategeko ryitwa William Mitchell, hari umugabo n’umugore wiwe b’Ivyabona vya Yehova bangendeye. Kubera ko basanze ndiko ndamesa, baremeye n’umutima mwiza ko bazogaruka. Igihe bagaruka, narababajije ibi bibazo bibiri: “Kubera iki muri iyi si abantu beza atari bo baroranirwa?” kandi “Umuntu yokora iki kugira agire agahimbare?” Barampaye igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera, be na Bibiliya y’isi nshasha ifise igipfukisho gikayangana gisa n’urwatsi rubisi. Ivyo vyaratumye menya ibintu vyinshi. Narakozwe ku mutima cane n’iciyumviro kivuga ko Ubwami bw’Imana ari intwaro izotorera umuti ingorane abantu bafise. Narabonye ko intwaro z’abantu zananiwe, be n’uko zatumye kw’isi haba imibabaro myinshi, akarenganyo n’ivyago bitandukanye.

Mu ntango za 1982, nariyeguriye Yehova maze mu nyuma muri uwo mwaka nyene ndabatizwa kw’ihwaniro ryari rifise umutwe uvuga ngo “Ukuri kw’Ubwami,” ryabereye ahitwa Saint Paul Civic Center. Mu ndwi yakurikiye, naragarutse muri ico kibanza kuhakorera ikibazo gihabwa abashaka kuba abashingwamanza. Mu ntango za Gitugutu naramenye ko natoye ico kibazo, nkaba rero nari ndonse uburenganzira bwo kuba umushingwamanza.

Kuri nya hwaniro, narabonanye na Mike Richardson, akaba yakorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Yarambwiye ko ku cicaro gikuru hashizweho ibiro biraba ibijanye n’amategeko. Naciye nibuka ya majambo ya ya nkone y’Umunyetiyopiya dusanga mu Vyakozwe 8:36 nca nibaza nti: ‘Ni igiki kimbuza gusaba ngo nje gukorera muri ivyo biro?’ Naciye rero nsaba gukorera kuri Beteli.

Abavyeyi banje ntibahimbawe n’uko mbaye Icabona ca Yehova. Dawe yarambajije ico umwuga wanje w’ubushingwamanza uzomarira ninakorera ishirahamwe rya Watchtower. Namusiguriye ko kizoba ari igikorwa co kwitanga. Namubwiye ko noronse amadolari 75 ku kwezi ayo akaba yari agafashanyo Umunyabeteli yahabwa ku kwezi.

Maze kurangiza amasezerano amwamwe y’akazi, naciye nja gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn i New York, mu 1984. Nahawe gukorera mu biro biraba ibijanye n’amategeko. Novuga rero ko kuba narakoreye muri sentare vyariko birantegura ku bw’ico gikorwa nashinzwe.

GUSANURA INYUBAKWA Y’IBIKINO YITWA STANLEY

Ingene inyubakwa y’ibikino yitwa Stanley yasa igihe twayigura

Inyubakwa y’ibikino yitwa Stanley yo mu gisagara ca Jersey, muri New Jersey, yaguzwe mu 1983. Abavukanyi barasavye impusha zo gusubiramwo ibijanye n’amatara n’amazi vyo muri iyo nyubakwa. Igihe abavukanyi babonana n’abategetsi b’aho, barabasiguriye ko bipfuza gukoresha iyo nyubakwa ngo ize iraberamwo amahwaniro y’Ivyabona vya Yehova. Ivyo ntivyari vyoroshe. Itegeko rijanye n’ikoreshwa ry’amazu muri ako karere ryasaba ko amazu yo gusengeramwo akwiye kwubakwa mu bisagara abantu babamwo. Kubera ko rero iyo nyubakwa yari mu gisagara gikorerwamwo ivy’ubudandaji, abategetsi baranse kuduha izo mpusha. Abavukanyi barasubiye kwitura abo bategetsi ku bijanye n’iyo ngingo mugabo ntibabemereye.

Mu ndwi ya mbere nshitse kuri Beteli, ishirahamwe ryaciye rishingisha urubanza muri sentare yo muri ako karere. Kubera ko nari maze imyaka ibiri nkorera muri sentare y’i St. Paul muri Minnesota, nari menyereye imanza nk’izo. Umwe mu bashingwamanza bacu yavuze ko ico kibanza camye kiberamwo ibirori bitandukanye, nk’amasinema n’ibiteramo vy’imiziki. Yaciye avuga ati ‘kubera iki hatobera ibirori vy’idini?’ Iyo sentare yarihweje ico kibazo, maze ivuga ko ico gisagara ca Jersey cari cahonyanze uburenganzira bwacu. Iyo sentare yaciye itegeka ico gisagara gutanga izo mpusha twari dukeneye. Naciye nibonera ingene Yehova akoresha ishirahamwe ryiwe igihe rikoresha amategeko kugira riteze imbere igikorwa ciwe. Narahimbawe cane no kuba naragize ico nterereye muri ivyo.

Abavukanyi baciye batangura igikorwa amahero co gusanura iyo nyubakwa, maze ku wa 8 Nyakanga 1985, ata n’umwaka uhaciye ico gikorwa gitanguye, bahatangira impapuro z’umutsindo ku murwi ugira 79 w’Ishure rya Gileyadi. Kari agateka gukorana n’umurwi ujejwe ivy’amategeko kugira duteze imbere ivyungura Ubwami. Naragize umunezero urengeye kure n’iyo uwo nagira ngikora ico gikorwa imbere yuko nza kuri Beteli. Sinari nzi ko Yehova yonkoresheje mu zindi manza zitari nke.

KUBURANIRA UBURENGANZIRA BWO KUVURWA HADAKORESHEJWE AMARASO

Mu 1980, abaganga be n’ibitaro barakunda kwanka icipfuzo Icabona ca Yehova akuze yaba aseruye co kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Abakenyezi bibungenze bari bageramiwe kubera ko kenshi abacamanza babona ko umukenyezi yibungenze adafise uburenganzira bwo kwanka guterwa amaraso. Abacamanza bavuga ko adatewe amaraso uruyoya rwohava rubura nyina.

Ku wa 29 Kigarama 1988, mushiki wacu Denise Nicoleau yaravuye cane ahejeje kwibaruka. Kubera ko amaraso yari yagabanutse cane, umuganga yamukurikirana yamusavye ko yoterwa amaraso, na we aravyanka. Bukeye, ibitaro vyarituye sentare ngo ibahe uruhusha kubera babona ko ari vyo bibereye. Abacamanza baciye baha ibitaro uburenganzira bwo kumutera amaraso batabanje kumwumviriza canke kwumviriza umugabo wiwe.

Ku wa gatanu itariki 30 Kigarama, abaganga baramuteye amaraso naho umugabo wiwe be n’umuryango wiwe bari bavyanse. Kuri uwo mugoroba, incuti ziwe zitari nke be n’abakurambere nka babiri barahagaritswe bagirizwa ko bazibiye abaganga ngo ntibamutere amaraso. Ku wa gatandatu mu gitondo, itariki 31 Kigarama, ibinyamakuru vy’i New York be no mu micungararo yaho vyavuga gusa ibijanye n’iyo nkuru.

Kera ndi kumwe na Philip Brumley

Ku wa mbere mu gitondo, naravuganye na Milton Mollen umucamanza mukuru ndamusigurira ivyari vyabaye, yuko sentare yatanze itegeko ry’uko umurwayi aterwa amaraso batabanje kumwumviriza. Yaciye ansaba ko nogaruka mu biro vyiwe ku muhingamo kugira tuvugane ivy’ico kibazo be n’ivyo amategeko abivugako. Nagiye njanye n’umuhagarikizi wanje Philip Brumley. Yaranatumiye n’umushingwamanza w’ibitaro ngo abe ari ho ari. Ico kiyago cari gikaze cane ku buryo hageze aho umuvukanyi Brumley ankebura akoresheje tablete yiwe mu kunyereka akajambo yanditse ngo ‘turura.’ Yankebuye hageze kuko nariko ndahaririza cane umushingwamanza w’ibitaro kugira ndamwereke ko ari mw’ikosa.

Uva ibubamfu uja iburyo: Richard Moake, Gregory Olds, Paul Polidoro, Philip Brumley, jewe na Mario Moreno. Bari abashingwamanza twari kumwe mu rubanza rwabereye muri Sentare nkuru ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, rwahuza ishirahamwe Watchtower n’igisagara ca Stratton.​—Raba Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 8 Nzero 2003

Haheze nk’isaha duharira, umucamanza Mollen yaciye avuga ko urwo rubanza ari rwo bazoherako mu gatondo. Turiko turava mu biro i we, yatubwiye ko bukeye umushingwamanza w’ibitaro bitomworoheye. Ivyo vyasobanura ko uwo mushingwamanza vyomugoye gusigura ingingo bari bafashe. Naciye mbona ko Yehova ariko aratwereka ko dushobora gutsinda. Vyari bihimbaye kubona ingene ariko aradukoresha ngo dushitse ivyo agomba.

Twaraye turategura ivyo twovuze mu kwiregura. Kubera ko sentare itari kure ya Beteli y’i Brooklyn, benshi mu bo twakorana mu rwego rw’ivy’amategeko bari bitavye urwo rubanza. Abacamanza bane bari bashashe bamaze kutwumviriza, baciye bavuga ko ingingo yari yafashwe itari ibereye.

Sentare yavuze ko mushiki wacu Nicoleau yarenganijwe, ica yongerako yuko gufata ingingo uwo vyega atabanje kwumvirizwa ari uguhonyanga agateka kiwe. Urwo rwari rwo rubanza rwa mbere ngizemwo uruhara mu manza zine zijanye n’ivyamaraso twaburanye muri sentare nkuru zo mu maleta atandukanye. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Intsinzi twatahukanye muri sentare nkuru.”) Narakoranye kandi n’abandi bashingwamanza ba Beteli mu manza zijanye no gufunga abana, kwahukana be n’izijanye n’amategeko agenga amatongo be n’inyubakwa.

NUBAKA URWANJE

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje Dawn

Igihe nabonana na Dawn ari ryo rya mbere, naramenye ko yari yarahukanye kandi ko yireranye abana batatu. Yari afise akazi akora akaba n’umutsimvyi. Narakozwe ku mutima n’umwiyemezo yari afise wo gukorera Yehova naho yari yaraciye mu buzima bugoye. Mu 1992, twaritavye ihwaniro ry’intara ryabereye mu gisagara ca New York ryataziriwe ngo “Abatwara muco,” nca ndamusaba ko tworushiriza kumenyana. Haciye umwaka twaciye twubakana. Kwubakana n’umukenyezi w’ivy’impwemu kandi atwenza, nabonye ko ari ingabire nahawe na Yehova. Dawn yamye angirira neza imyaka yose tumaranye.​—Imig. 31:12.

Umwana wiwe mukuru yari afise imyaka 16, uwumukurikira 13, uwundi 11. Kubera ko nipfuza kubabera umuvyeyi mwiza, narasomye ivyo ishirahamwe ryasohoye ku bijanye n’umuvyeyi murezi nongera ndabishira mu ngiro. Naho hagiye haraba ingorane mu myaka n’iyindi, ndahimbawe n’uko abo bana bahavuye babona ko ndi umugenzi bizigira n’umuvyeyi abakunda. Twaraha ikaze abagenzi b’abana bacu kandi vyaraduhimbara kuba kumwe n’abakiri bato nk’abo.

Mu 2013, twe na Dawn twarimukiye i Wisconsin gufasha abavyeyi bacu bari bitereye mu myaka. Naratangajwe no kubona igikorwa canje co kuri Beteli kitaciye gihagarara. Bansavye ko nokwitanga igihe gitogito mu gufasha ishirahamwe mu vy’amategeko.

HABA IKINTU NTARI NITEZE

Muri Nyakanga 2018, naratanguye kwumva ko mu muhogo hari ikitagenda neza. Umuganga twivuzako yarampimye, ariko ntiyashoboye gutora ingorane nari mfise. Mu nyuma hari uwundi muganga yampanuye kwitura umuhinga avura imitsi yo mu mutwe. Muri Nzero 2019, uwo muhinga yariketse ko ndwaye indwara itamenyerewe ifatira mu bwonko yohavuye ibangamira umubiri wanje wose.

Haciye imisi itatu, igihe nariko ndakinira ku bibarafu, naravunitse igikonjo c’ukuboko kw’ukuryo. Kubera ko namye nkunda gukinira ku bibarafu kandi nkaba nari ndabimenyereye, naciye mbona ko indwara yanje itanguye gukomera. Vyahavuye vyunyuka ningonga na ningoga ku buryo ntangura kugira ingorane yo kuvuga, kugendagenda be no kumira.

Ni agateka kadasanzwe kuba narakoresheje ubumenyi mfise mu vy’amategeko mu guteza imbere ivyungura Ubwami. Naratewe agateka kandi ko kwandika ibiganiro mu binyamakuru bisomwa cane n’abaganga be n’abize ivy’amategeko. Vyongeye, narashikirije ibiganiro hirya no hino kw’isi mu kuburanira uburenganzira abasavyi ba Yehova bafise bwo kwihitiramwo uburyo bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso. Naho ari ukwo, nk’uko muri Luka 17:10 habivuga, ‘ndi umushumba w’imburakimazi, nakoze ivyo nabwirizwa gukora.’