Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 30

Nubandanye kugendera mu kuri

Nubandanye kugendera mu kuri

“Nta kindi mfise contera gukenguruka kiruta ibi bintu: ni uko nokwumva ko abana banje babandanya kugendera mu kuri.”​—3 YOH. 4.

URURIRIMBO RWA 54 ‘Ng’iyi inzira’

INCAMAKE *

1. Nk’uko muri 3 Yohani 3, 4 havyerekana, ni igiki kidutera umunezero?

ZIRIKANA umunezero intumwa Yohani ashobora kuba yaragize, igihe yumva yuko abo yari yarafashije kumenya ukuri bari bakibandanya gukorera Yehova badahemuka! Bari barashikiwe n’ingorane nyinshi, kandi Yohani yariko arita ku rutare kugira akomeze ukwizera kw’abo bakirisu b’intahemuka, abo yabona nk’abana biwe mu vy’impwemu. Muri ubwo buryo nyene, turagira umunezero igihe abana bacu, baba abacu bwite canke abo mu vy’impwemu, biyeguriye Yehova maze bakabandanya kumukorera.​—Soma 3 Yohani 3, 4.

2. Kubera iki Yohani yanditse amakete yiwe?

2 Mu 98 inyuma ya Kristu, Yohani ashobora kuba yaba mu gisagara c’i Efeso canke hafi yaho. Ashobora kuba yagiyeyo amaze kurekurwa akava mw’izinga rya Patimo iyo yari apfungiwe. Nko muri ico gihe nyene, ni ho impwemu ya Yehova yamuhumekera kwandika amakete atatu. Ayo makete yayanditse mu ntumbero yo kuremesha abakirisu b’intahemuka kugira bagume bizeye Yezu bongere babandanye kugendera mu kuri.

3. Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

Yohani ni we yari agisigaye mu zindi ntumwa, akaba yari arajwe ishinga n’akosho abigisha b’ikinyoma bariko baragira ku mashengero. * (1 Yoh. 2:18, 19, 26) Naho abo bahuni bavuga ko bazi Imana, ntibubaha amategeko ya Yehova. Nimuze twihweze impanuro Yohani yabahaye ahumekewe n’Imana. Uko tuyihweza, turaza kwishura ibi bibazo bitatu: Kugendera mu kuri bisobanura iki? Ni intambamyi izihe zidushikira? Vyongeye, dushobora gute gufashanya kuguma mu kuri?

KUGENDERA MU KURI BISOBANURA IKI?

4. Twisunze 1 Yohani 2:3-6 na 2 Yohani 4, 6, dukeneye gukora iki kugira tugendere mu kuri?

4 Kugira tugendere mu kuri, turakeneye kumenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Vyongeye, dutegerezwa ‘kwubahiriza amabwirizwa ya Yehova,’ ari kwo kuyagamburuka. (Soma 1 Yohani 2:3-6; 2 Yohani 4, 6.) Yezu yaratubereye akarorero ntangere mu bijanye no kugamburukira Yehova. Uburyo bumwe rero buhambaye twogamburukira Yehova ni mu gukurikira neza intambuko za Yezu uko bishoboka kwose.​—Yoh. 8:29; 1 Pet. 2:21.

5. Dutegerezwa kujijuka ku biki?

5 Kugira tubandanye kugendera mu kuri, dutegerezwa kujijuka yuko Yehova ari Imana y’ukuri, be n’uko ivyo atubwira vyose biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, ari ukuri. Vyongeye, dutegerezwa kujijuka yuko Yezu ari we Mesiya yasezeranywe. Benshi muri iki gihe barakekeranya ko Yezu yarobanuwe ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana. Yohani yaratanze imburi ivuga ko ico gihe hariho “abahendanyi benshi,” bohenze abatari barajijutse neza ku bijanye n’ukuri kwerekeye Yehova na Yezu. (2 Yoh. 7-11) Yanditse ati: “Ni nde ari umubeshi atari uwuhakana ko Yezu ari we Kristu?” (1 Yoh. 2:22) Uburyo bumwe bwonyene dushobora kwirinda guhendwa ni mu kwiga Ijambo ry’Imana. Ico conyene ni co codufasha kumenya Yehova na Yezu. (Yoh. 17:3) Aho ni ho gusa tuzojijuka ko turi mu kuri.

NI INTAMBAMYI IZIHE ZIDUSHIKIRA?

6. Imwe mu ntambamyi zishikira abakirisu bakiri bato ni iyihe?

6 Twese abakirisu dutegerezwa kuba maso ngo ntituzimizwe n’ivyiyumviro vy’abantu. (1 Yoh. 2:26) Abakiri bato ni bo ahanini bakwiye kuba maso ku bijanye n’uwo mutego. Uwitwa Alexia *, akaba ari mushiki wacu w’imyaka 25 wo mu Bufaransa, avuga ati: “Nkiri muto, ivyiyumviro vy’abantu vyaramvuruga mu bwenge, nk’akarorero inyigisho y’ihindagurika be na filozofiya. Rimwe na rimwe izo nyigisho zaranshimisha. Mugabo narabona ko ntari gushobora kwumviriza gusa ivyo batwigisha mw’ishure nkirengagiza ivyo Yehova atwigisha.” Alexia yaciye yiga igitabu La vie : comment est-elle apparue ? Évolution ou création ? Mu mayinga makeyi, amakenga yari afise yari yaheze. Alexia avuga ati: “Jewe ubwanje nariboneye yuko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Vyongeye, naratahuye yuko kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziri muri yo vyotumye ngira umunezero n’amahoro.”

7. Ni akosho akahe dutegerezwa kwirinda, kandi kubera iki?

7 Twese abakirisu, abato n’abakuze, dutegerezwa kwirinda akosho ko kugira ubuzima burimwo tubiri. Yohani yarerekanye neza yuko tudashobora kugendera mu kuri muri ico gihe nyene turi n’ubuzima burimwo tubiri. (1 Yoh. 1:6) Nimba twipfuza kwemerwa n’Imana ubu no muri kazoza, dutegerezwa kwama twibuka yuko Yehova abona ivyo dukora vyose. Mu yandi majambo, ntidushobora kunyegeza igicumuro na kimwe, kubera yuko ibintu vyose dukora Yehova abibona.​—Heb. 4:13.

8. Ni igiki dutegerezwa kwamirira kure?

8 Dutegerezwa kwamirira kure uburyo isi ibona igicumuro. Intumwa Yohani yanditse ati: “Iyo tuvuze ngo: ‘Nta gicumuro dufise,’ tuba turiko turizimiza.” (1 Yoh. 1:8) Mu gihe ca Yohani, abahuni bavuga yuko umuntu ashobora gucumura n’ibigirankana mugabo akaguma yemerwa n’Imana. Muri iki gihe, tuba mu bantu babona ibintu gutyo nyene. Benshi bavuga ko bemera Imana, mugabo ntibabone igicumuro nk’uko Yehova akibona, na canecane igihe ari ikijanye n’ivy’igitsina. Ivyo Yehova abona ko ari igicumuro, bo bavuga ko vyemewe canke ko umuntu ashobora kwihitiramwo ukuntu abaho.

Yemwe bakiri bato, nimugire ubushakashatsi kugira murushirize kujijuka ku vyo mwemera bishingiye kuri Bibiliya ku bijanye n’ikibereye n’ikitabereye, gutyo mushobore kuburanira ukwizera kwanyu (Raba ingingo ya 9) *

9. Ni ivyiza ibihe abakiri bato bironkera igihe bumiye ku vyo bemera bishingiye kuri Bibiliya?

9 Abakiri bato canecane boshobora kuremerwa n’abo bigana canke abo bakorana ngo babone ivy’ubuhumbu nk’uko na bo babibona. Ivyo ni vyo vyashikiye uwitwa Aleksandar. Avuga ati: “Hari abakobwa bamwebamwe twigana bagerageje kundemera ngo nkorane na bo ubuhumbu. Bambwiye ngo ntegerezwa kuba ndi muri bamwe bahuza ibitsina n’abo babisangiye kubera ko ntafise umukobwa dukundana.” Hamwe woshikirwa n’ibigeragezo bimeze nk’ico, uribuka yuko wumiye ku vyo wemera bishingiye kuri Bibiliya uzoba wiyubahirije, ukingiye amagara yawe, ugatekana mu mutima kandi ukaguma ufitaniye ubucuti na Yehova. Kandi igihe cose uzoba unaniye ikigeragezo, bizorushiriza kukworohera gukora ikibereye. Uribuka kandi yuko Shetani ari we atuma isi ibona ukutari kwo ibijanye n’igitsina. Wirinze rero guhemuka, uba ‘utsinze uwo mubisha.’​—1 Yoh. 2:14.

10. Ibivugwa muri 1 Yohani 1:9 bidufasha gute gukorera Yehova dufise ijwi ryiza ryo mu mutima?

10 Turazi yuko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kutubwira igicumuro ico ari co. Natwe turakora uko dushoboye kwose kugira ntiducumure. Mugabo bishitse tugacumura, turaturira Yehova igicumuro twakoze biciye mw’isengesho. (Soma 1 Yohani 1:9.) Dukoze igicumuro gikomeye na ho, turitura abakurambere Yehova yagenye ngo badufashe. (Yak. 5:14-16) Ariko rero, ntidukwiye kuguma twiyagiriza ku makosa twakoze kera. Uti kubera iki? Kubera ko Umuvyeyi wacu adukunda yadushiriyeho incungu y’Umwana wiwe kugira ngo ibicumuro vyacu biharirwe. Iyo Yehova avuze ko azobabarira abacumuzi bigaya, ntiyisubirako. Nta na kimwe rero gishobora kutubuza gukorera Yehova dufise ijwi ryiza ryo mu mutima.​—1 Yoh. 2:1, 2, 12; 3:19, 20.

11. Dushobora gute gukingira imizirikanyi yacu inyigisho zobangamira ukwizera kwacu?

11 Dutegerezwa kwiyamiriza inyigisho z’abahuni. Kuva ishengero rya gikirisu ritanguye kubaho, Shetani yamye akoresha abahendanyi benshi kugira ngo abibe inkeka mu mizirikanyi y’abasavyi b’Imana b’intahemuka. Ku bw’ivyo, turakwiye kumenya gutandukanya ukuri n’ibinyoma. * Abansi bacu boshobora gukoresha Internet canke imbuga hwaniro kugira batume tutizigira cane Yehova, bongere batume urukundo dukunda abavukanyi bacu rugabanuka. Uribuka uwuri inyuma y’ivyo binyoma maze uvyiyamirize.​—1 Yoh. 4:1, 6; Ivyah. 12:9.

12. Kubera iki dukwiye kurushiriza guha agaciro ukuri twamenye?

12 Kugira ngo tunanire ibitero vya Shetani, turakwiye kurushiriza kwizera Yezu n’uruhara afise mu mugambi w’Imana. Turakwiye kandi kwizigira umuhora umwe rudende Yehova akoresha muri iki gihe. (Mat. 24:45-47) Kugira dukomeze ukwizera kwacu, dutegerezwa kwiga Ijambo ry’Imana tudahorereza. Gutyo, ukwizera kwacu kuzomera nk’igiti gishinze imizi ibwina mu kuzimu. Ivyo ni vyo Paulo yavuze igihe yandikira ishengero ry’i Kolosayi. Yavuze ati: “Ko mwemeye Kristu Yezu Umukama, nimubandanye kugenda mwunze ubumwe na we, mushinze imizi kandi mwubatswe muri we kandi mutanyiganyiga mu kwizera.” (Kol. 2:6, 7) Nta kintu na kimwe Shetani canke abo akoresha bokora coshobora kunyiganyiza umukirisu yakomeje ukwizera kwiwe.​—2 Yoh. 8, 9.

13. Dukwiye kwitega iki, kandi kubera iki?

13 Dutegerezwa kandi kwitega ko iyi si itwanka. (1 Yoh. 3:13) Yohani aratwibutsa yuko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (1 Yoh. 5:19) Uko iyi si yegereza iherezo ryayo, ni ko Shetani arushiriza kururumba n’ishavu. (Ivyah. 12:12) Uretse ko akoresha ibitero vyihishije, nk’ubuhumbu canke ibinyoma vy’abahuni, arakoresha n’igikenye. Shetani arazi yuko asigaje igihe gito gusa co kugerageza guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza, canke gusenyura ukwizera kwacu. Ntibitangaje rero kubona igikorwa cacu kiburabuzwa canke kigahagarikwa mu bihugu bitari bike. Naho ari ukwo, abavukanyi bacu bo muri ivyo bihugu baguma bihanganye. Baragaragaza yuko dushobora gutsinda urugamba, naho wa mubisha yokora iki!

DUFASHANYE KUGUMA MU KURI

14. Uburyo bumwe dushobora gufasha abavukanyi na bashiki bacu kuguma mu kuri ni ubuhe?

14 Kugira dufashe abavukanyi na bashiki bacu kuguma mu kuri, dutegerezwa kugaragaza impuhwe z’ikibabarwe. (1 Yoh. 3:10, 11, 16-18) Dukwiye gukundana, atari igihe ibintu bigenda neza gusa, ariko n’igihe hadutse ingorane. Nk’akarorero, woba uzi uwabuze uwiwe akaba akeneye kuremeshwa canke gufashwa mu vyo akeneye? Canke na ho, woba warumvise ibijanye n’abo dusangiye ukwizera babuze ivyabo bihitanywe n’icago c’icaduka bakaba bakeneye ko tubafasha kwubaka Ingoro z’Ubwami canke uburaro? Turagaragariza abavukanyi na bashiki bacu urukundo rugera kure n’impuhwe, atari mu vyo tuvuga gusa, ariko n’igihambaye kuruta, biciye ku vyo dukora.

15. Nkuko muri 1 Yohani 4:7, 8 havyerekana, ni igiki dukwiye gukora?

15 Igihe dukundanye tuba twiganye Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. (Soma 1 Yohani 4:7, 8.) Uburyo buhambaye tugaragaza urukundo ni mu kubabarirana. Nk’akarorero, umuntu yoshobora kutubabaza mugabo mu nyuma akadusaba imbabazi. Turagaragaza rero urukundo mu kumubabarira kandi tukibagira burundu ivyo yadukoreye. (Kol. 3:13) Hari umuvukanyi yitwa Aldo yashikiwe n’ikigeragezo nk’ico igihe yumva umuvukanyi yubaha avuze ikintu kibi ku bantu bo mu bwoko bwiwe. Aldo avuga ati: “Narasenze kenshi nsaba Yehova ngo amfashe simbone nabi uwo muvukanyi.” Ariko hari n’ikindi kintu Aldo yakoze. Yarasavye uwo muvukanyi ngo bakorane mu ndimiro. Igihe bariko barakorana, Aldo yaramusiguriye igituma yababajwe n’ivyo yari yavuze. Aldo avuga ati: “Igihe uwo muvukanyi yumva ukuntu ivyo yari yavuze vyambabaje, yaciye ansaba imbabazi. Ijwi yakoresheje mu kunsaba imbabazi ryaratuma numva ko yicuza ku vyo yari yavuze. Kuva ico gihe twarasubiye kuba abagenzi maze iyo ngorane turayibagira burundu.”

16-17. Dukwiye kwiyemeza iki?

16 Intumwa Yohani yarakunda cane abavukanyi biwe akongera akitwararika cane ineza yabo yo mu vy’impwemu. Ivyo biragaragarira mu mpanuro yatanze mu makete yiwe atatu yanditse ahumekewe. Mbega ukuntu biremesha kumenya ko abagabo n’abagore bameze nka we, barobanuwe kugira bafadikanye na Kristu kuganza!​—1 Yoh. 2:27.

17 Ese twogumiza ku mutima impanuro duhejeje kubona. Nimuze twiyemeze kugendera mu kuri mu kugamburukira Yehova mu mice yose y’ubuzima. Niwige Ijambo ryiwe kandi uryizigire. Nurushirize kwizera Yezu. Niwiyamirize ivyiyumviro vy’abantu n’inyigisho z’abahuni. Niwirinde akosho ko kugira ubuzima burimwo tubiri no gukora igicumuro. Niwame wisunga ingingo ngenderwako za Yehova ziri hejuru zigenga inyifato runtu. Vyongeye, nimuze dufashe abavukanyi bacu kuguma bakomeye, mu kubabarira abatubabaza no mu gufasha abari n’ivyo bakeneye. Nitwabigenza gutyo tuzobandanya tugendera mu kuri, naho duhura n’intambamyi.

URURIRIMBO RWA 49 Tunezereze umutima wa Yehova

^ ing. 5 Isi tubayemwo iganzwa n’umwe se w’ikinyoma ari we Shetani. Ni co gituma bishobora kutugora cane kugendera mu kuri. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene bari bafise iyo ngorane. Kugira Yehova abafashe yongere afashe na twebwe, yarahumekeye intumwa Yohani kwandika amakete atatu. Ibiri muri ayo makete biradufasha kumenya intambamyi dufise n’ingene twozitsinda.

^ ing. 3 Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Icatumye Yohani yandika amakete yiwe.”

^ ing. 6 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.

^ ing. 11 Raba ikiganiro c’ukwiga kivuga ngo “Woba ufise amakuru yose?” kiri mu Munara w’Inderetsi wo muri Myandagaro 2018.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Mushiki wacu ari mw’ishure, aracucagirwa ivyiyumviro bishigikira ivyo kumarana inambu kw’abasangiye igitsina. (Mu mico imwimwe, amabara y’umunywamazi barayakoresha bwa kimenyetso cerekana abamarana inambu n’abo basangiye igitsina.) Mu nyuma arafata umwanya wo kugira ubushakashatsi kugira yiyemeze ko ivyo yiga muri Bibiliya ari ukuri. Ivyo biramufasha gutsinda ikigeragezo gikomeye kimushikira.