Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 28

Nujijuke yuko uri mu kuri

Nujijuke yuko uri mu kuri

“Ugume mu vyo wize ukumvishwa ukavyemera.”​—2 TIM. 3:14.

URURIRIMBO RWA 56 Nyurwa n’ukuri

INCAMAKE *

1. Ijambo “ukuri” risobanura iki?

“WAMENYE ukuri gute?” “Woba warerewe mu kuri?” “Umaze igihe kingana gute mu kuri?” Ushobora kuba umaze kubazwa ibibazo nk’ivyo canke ukaba umaze kubibaza abandi. None ijambo “ukuri” risobanura iki? Akenshi turikoresha mu kudondora ivyo twemera, ivyo dukora mu bijanye no gusenga, be n’uburyo tubayeho. Abari mu “kuri” baba bazi ivyo Bibiliya yigisha, bagaca babaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri yo. Ivyo biratuma birinda ibinyoma vy’amadini bakagira n’ubuzima bwiza bushoboka ku rugero rw’abantu badatunganye.​—Yoh. 8:32.

2. Twisunze Yohani 13:34, 35, ni igiki gishobora gutuma umuntu atangura kwiga ukuri?

2 Ni igiki catumye utangura kwiga ukuri? Kumbure yari inyifato nziza y’abasavyi ba Yehova, canke urukundo bagaragaje. (1 Pet. 2:12) Benshi usanga baruboneye kw’ikoraniro rya mbere bitavye, rugaca rubakora cane ku mutima kuruta ikindi kintu cose coba caravuzwe ku mukiruruko. Ivyo ntibitangaje kubera Yezu yavuze yuko abigishwa biwe boranzwe n’urukundo bagiranira. (Soma Yohani 13:34, 35.) Ariko rero, hari n’ibindi dukeneye gukora kugira turonke ukwizera gukomeye.

3. Hamwe ukwizera kwacu twogushingira gusa ku rukundo abavukanyi na bashiki bacu bagaragaza, ni igiki coshobora gushika?

3 Ukwizera kwacu gukwiye kuba gushingiye no ku bindi, uretse urukundo nk’urwa Kristu ruranga abasavyi b’Imana. Uti kuki? Dufate ko uwo musangiye ukwemera, yaba ari umukurambere canke umutsimvyi, akoze igicumuro gikomeye. Bite ho bishitse umuvukanyi canke mushiki wacu agakora ikintu kikubabaza? Canke na ho, wovyifatamwo gute hagize uwucika umuhuni, akavuga ko ivyo twemera atari ukuri? Ivyo bishitse, woba uzoca utsitara ukareka gukorera Yehova? Icigwa ni iki: Hamwe wokwubakira ukwizera kwawe ku vyo abandi bakora gusa aho kukwubakira ku bucuti ufitaniye na Yehova, ntikwokomera. Mu kwubaka ukwizera kwawe, ntukwiye gukoresha gusa ibintu bidakomeye, nk’inyiyumvo n’ibishobisho. Ukwiye kandi kwubakira ukwizera kwawe ku bimenyamenya bikomeye kandi bijijura. Utegerezwa guhera amazinda ko Bibiliya itwigisha ukuri kwerekeye Yehova.​—Rom. 12:2.

4. Twisunze Matayo 13:3-6, 20, 21, ibigeragezo bituma bamwebamwe bamererwa gute mu kwizera?

4 Yezu yavuze yuko hari abokwemeye ukuri n’“akanyamuneza,” mugabo bashikiwe n’ibigeragezo bagaca bahungabana mu kwizera. (Soma Matayo 13:3-6, 20, 21.) Kumbure ntibaba baratahuye ko gukurikira Yezu vyotumye bahura n’ingorane be n’amakuba. (Mat. 16:24) Canke na ho boshobora kuba bibwiye ko kuba umukirisu ari ukubaho ata ngorane, ukibera mu mihezagiro gusa. Yamara muri iyi si idatunganye, ingorane ntizishobora kubura. Ibintu birahinduka, bigatuma tumara igihe umunezero wagabanutse.​—Zab. 6:6; Umus. 9:11.

5. Abavukanyi na bashiki bacu benshi bagaragaza gute ko bajijutse yuko bari mu kuri?

5 Benshi mu bavukanyi na bashiki bacu baragaragaza ko bajijutse yuko bari mu kuri. Uti gute? Ukwizera kwabo ntiguhungabana, mbere n’igihe uwo basangiye ukwemera abababaje canke agakora ibitabereye. (Zab. 119:165) Igihe cose bageragejwe, ukwizera kwabo kurushiriza gukomera aho kugoyagoya. (Yak. 1:2-4) None ushobora gute kugira ukwizera gukomeye nk’ukwo?

NIWIRONSE “UBUMENYI BUTAGIRA AMAKOSA BW’IMANA”

6. Abigishwa bo mu ntango bubakira ukwizera kwabo ku ki?

6 Abigishwa bo mu ntango bubakira ukwizera kwabo ku bumenyi bwo mu Vyanditswe no ku nyigisho za Yezu Kristu, ni ukuvuga “ukuri kw’inkuru nziza.” (Gal. 2:5) Ukwo kuri kugizwe n’inyigisho zose abakirisu bemera, harimwo ibimenyamenya vyerekeye incungu ya Yezu n’izuka ryiwe. Intumwa Paulo yari yarajijutse yuko izo nyigisho ari iz’ukuri. Uti kubera iki? Kubera yakoresha Ivyanditswe kugira yerekane “akoresheje ibintu vyanditswe yuko vyari nkenerwa ko Kristu acumukura hanyuma akazuka mu bapfuye.” (Ivyak. 17:2, 3) Abigishwa bo mu kinjana ca mbere baremera izo nyigisho kandi bakiheka ku mpwemu nyeranda kugira ibafashe gutahura Ijambo ry’Imana. Bariyemeza neza ko izo nyigisho zari zishingiye ku Vyanditswe. (Ivyak. 17:11, 12; Heb. 5:14) Ntibubakira ukwizera kwabo ku nyiyumvo n’ibishobisho gusa, kandi ntibakorera Imana kubera gusa baryoherwa igihe baba bari kumwe n’abo basangiye ukwizera. Ahubwo riho, ukwizera kwabo kwari gushingiye ku “bumenyi butagira amakosa bw’Imana.”​—Kol. 1:9, 10.

7. Kwizera ukuri kwo muri Bibiliya bizodufasha gute?

7 Ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana ntiguhindagurika. (Zab. 119:160) Nk’akarorero, ntiguhinduka ngo ni uko uwo dusangiye ukwemera adutsitaje canke akoze igicumuro gikomeye. Vyongeye ntiguhinduka igihe turi mu ngorane. Dukwiye rero kumenya bimwe bishitse inyigisho zo muri Bibiliya kandi tukajijuka rwose ko ari ukuri. Nitwagira ukwizera gukomeye gushingiye kuri Bibiliya, bizotuma tudahungabana mu gihe c’ibigeragezo, nka kurya nyene inanga ituma ubwato budahungabana mu gihe c’ibihuhusi. None worushiriza gute kujijuka yuko uri mu kuri?

NUJIJUKE KU BIJANYE N’IVYO WIGA

8. Nk’uko muri 2 Timoteyo 3:14, 15 havyerekana, ni gute Timoteyo yari yarajijutse ko ari mu kuri?

Timoteyo yari yarajijutse yuko ari mu kuri. None ivyo yabishitseko gute? (Soma 2 Timoteyo 3:14, 15.) Nyina wiwe na inakuru baramwigishije inyigisho zishingiye ku “vyanditswe vyeranda.” Ariko nta gukeka ko na we nyene yakoresheje umwanya n’akigoro mu kwiga ivyo vyanditswe. Ivyo vyatumye ‘yumvishwa aremera’ yuko kwari ukuri. Mu nyuma, Timoteyo, nyina wiwe na inakuru barize ibijanye n’inyigisho za gikirisu. Nta gukeka ko Timoteyo yakozwe ku mutima n’urukundo abayoboke ba Yezu bagaragaza, aca agira icipfuzo gikomeye co kwifatanya na bo no kubitwararika. (Flp. 2:19, 20) Yamara ukwizera kwiwe ntikwari gushingiye ku kuntu yiyumvamwo abandi, ahubwo kwari gushingiye ku bimenyamenya vyatumye arushiriza kwiyegereza Yehova. Na wewe nyene ukwiye kwiga Bibiliya kugira ujijuke rwose ko ivyo yigisha ku bijanye na Yehova ari ukuri.

9. Ni ibintu nyamukuru bitatu ibihe ukeneye kujijukako?

9 Imbere ya vyose, urakeneye kujijuka n’imiburiburi ku bintu nyamukuru bitatu. Ubwa mbere, ukwiye kujijuka ko Yehova Imana ari we Muremyi wa vyose. (Kuv. 3:14, 15; Heb. 3:4; Ivyah. 4:11) Ubwa kabiri, utegerezwa kumenya neza imvo zituma uhera amazinda ko Bibiliya ari ubutumwa Imana yarungikiye abantu. (2 Tim. 3:16, 17) Ubwa gatatu, urakwiye kwemera udakeka ko Imana ifise ishirahamwe ry’abantu bayisenga bayobowe na Kristu be n’uko Ivyabona vya Yehova ari bo barigize. (Yes. 43:10-12; Yoh. 14:6; Ivyak. 15:14) Kugira ujijuke kuri ivyo bintu nyamukuru, ntibisaba ko umenya akantu kose kajanye na Bibiliya. Intumbero yawe ikwiye kuba iyo gukoresha ‘ububasha bwawe bwo kwiyumvira’ kugira urushirize kujijuka yuko uri mu kuri.​—Rom. 12:1.

NIWITEGURIRE KUJIJURA ABANDI

10. Tumaze kujijuka ku bijanye n’ukuri, ni igiki tuba dukeneye kumenya?

10 Umaze kujijuka kuri ivyo bintu nyamukuru bitatu vyerekeye Imana, Bibiliya be n’abasavyi b’Imana, urakwiye kumenya gukoresha Ivyanditswe kugira ujijure abandi ku bijanye n’ivyo bintu. Uti kubera iki? Kubera ko twebwe abakirisu dufise ibanga ryo kwigisha abadutega yompi ukuri twize. * (1 Tim. 4:16) Uko rero tugerageza kujijura abandi ku bijanye n’ukuri kwerekeye Bibiliya, ni ko ubwacu turushiriza kujijuka ku bijanye n’ukwo kuri.

11. Intumwa Paulo yadusigiye akarorero akahe mu bijanye no kwigisha abandi?

11 Igihe intumwa Paulo yaba ariko arigisha abantu, “[ya]koresha kuri bo imvugo inyura, ku vyerekeye Yezu afatiye kw’itegeko rya Musa no ku Bahanuzi.” (Ivyak. 28:23) None twokwigana gute Paulo igihe twigisha ukuri abandi? Dukwiye gukora n’ibindi uretse kubabwira gusa ivyo Bibiliya yigisha. Dutegerezwa kubafasha kuzirikana ku Vyanditswe kugira biyegereze Yehova. Twipfuza ko bemera ukuri, atari kubera badutangarira, mugabo kubera bajijutse yuko ivyo biga ku vyerekeye Imana yacu y’urukundo ari ukuri.

Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukomeza ukwizera mu kubigisha “ibintu vyimbitse vy’Imana” (Raba ingingo ya 12-13) *

12-13. Abavyeyi bashobora gute gufasha abana babo kuguma mu kuri?

12 Bavyeyi, nta gukeka ko mwipfuza yuko abana banyu baguma mu kuri. Mwoshobora kuba mwibaza ko igihe baronse abagenzi beza mw’ishengero bica bituma batera imbere mu vy’impwemu. Yamara kugira abana banyu bajijuke yuko bari mu kuri, barakeneye n’ibindi uretse abagenzi beza. Barakeneye kugiranira n’Imana ubucuti somambike kandi bakajijuka ko ivyo Bibiliya yigisha ari ukuri.

13 Kugira abavyeyi bigishe abana ukuri kwerekeye Imana, bategerezwa gutanga akarorero mu kwiga neza Bibiliya. Bategerezwa gufata akanya ko kuzirikana ku vyo biga. Aho ni ho bashobora kubigisha kubigenza nk’uko nyene. Bakwiye kandi kubigisha gukoresha ibikoresho bidufasha kwiga Bibiliya, kurya nyene babigenza ku nyigisho zabo za Bibiliya. Gutyo, barashobora kubafasha gukunda Yehova n’umuhora akoresha mu gutanga ibifungurwa vy’impwemu, ni ukuvuga wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Bavyeyi, ntimukwiye kwigisha abana banyu ukuri kw’ishimikiro gusa. Nimubafashe gukomeza ukwizera kwabo mu kubigisha “ibintu vyimbitse vy’Imana,” mwisunze imyaka be n’ubushobozi bafise.​—1 Kor. 2:10.

NIWIGE UBUHANUZI BWO MURI BiBILIYA

14. Kubera iki dukwiye kwiga ubuhanuzi bwo muri Bibiliya? (Raba kandi uruzitiro ruvuga ngo “ Woba ushobora gusigura ubu buhanuzi?”)

14 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya buri mu bintu nyamukuru bituma turushiriza kwizera Yehova. None ni ubuhanuzi ubuhe bwakomeje ukwizera kwawe? Hari aho woca ubona bumwe bwerekeye “imisi ya nyuma.” (2 Tim. 3:1-5; Mat. 24:3, 7) Ariko none ni ubundi buhanuzi bwarangutse ubuhe butuma urushiriza kujijuka? Nk’akarorero, woba ushobora gusigura ingene ubuhanuzi buvugwa muri Daniyeli ikigabane ca 2 canke ica 11 bwarangutse kandi n’ubu bukibandanya kuranguka? * Igihe ufise ukwizera gushingiye kuri Bibiliya, biratuma ukwo kwizera kutanyiganyiga. Rimbura akarorero k’abavukanyi bacu bashikiwe n’uruhamo rukaze mu Budagi mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Naho batatahura bimwe bishitse ubuhanuzi bujanye n’imisi y’iherezo, barizera Ijambo ry’Imana bashikamye.

Kwiga Bibiliya tudasize inyuma ubuhanuzi biradufasha guhagarara dushikamye mu gihe c’ibigeragezo (Raba ingingo ya 15-17) *

15-17. Kwiga Bibiliya vyakomeje gute abavukanyi bacu igihe bariko barahamwa n’Abanazi?

15 Mu gihe c’intwaro y’Abanazi mu Budagi, abavukanyi na bashiki bacu ibihumbi barapfungiwe mu makambi y’itunatuniro. Hitler be n’umukuru w’igipolisi yitwa Heinrich Himmler baranka urunuka Ivyabona vya Yehova. Hari mushiki wacu yavuze ko Himmler yigeze kubwira umurwi wa bashiki bacu bari mw’ikambi imwe ati: “Uwo Yehova wanyu yoshobora kuganza mw’ijuru, mugabo ng’aha kw’isi ni twebwe Abanazi tuganza! Tugiye kubereka abazoguma aha kw’isi aba ari bo, nimba ari mwebwe canke twebwe!” None ni igiki cafashije abasavyi ba Yehova kuguma ari abizigirwa?

16 Abo Batohoji ba Bibiliya bari bazi ko Ubwami bw’Imana bwari bwaratanguye kuganza mu 1914. Ntibatangazwa rero no kuba barabarwanya cane. Ariko rero, bari barajijutse ko ata ntwaro y’abantu yoshobora gutuma umugambi wa Yehova utaranguka. Hitler ntiyari gushobora gukuraho ugusenga kw’ukuri canke gushiraho intwaro ikomeye kuruta Ubwami bw’Imana. Abavukanyi bari bazi neza yuko bitebe bitebuke ubutegetsi bwa Hitler bwovuyeho.

17 Ukujijuka kw’abo bavukanyi na bashiki bacu ntikwari ukwihenda. Butaraca na kabiri, intwaro y’Abanazi yarasenyutse maze umwe Heinrich Himmler yavuga ngo “ng’aha kw’isi ni twebwe Abanazi tuganza,” aca aromoka. Igihe yariko arahunga, yarahuye n’umuvukanyi Lübke yahoze ari imbohe maze aramwibuka. Kubera ko amanyama yari yaheze, Himmler yarabajije umuvukanyi Lübke ati: “None ga Mutohoji wa Bibiliya, ibi biriko biraba ni ibiki?” Umuvukanyi Lübke yaciye amusigurira yuko Ivyabona vya Yehova bari bazi neza ko intwaro y’Abanazi yoruhiye gusenyuka be n’uko Ivyabona borekuwe. Naho uwo Himmler yari yahoze ari umuntu atyoza cane Ivyabona vya Yehova, nta co yasubijeyo. Bidatevye, yaciye yiyahura. None icigwa ni ikihe? Kwiga Bibiliya tudasize inyuma ubuhanuzi biratuma turushiriza kwizera Imana, bikanadufasha guhagarara dushikamye mu gihe c’ibigeragezo.​—2 Pet. 1:19-21.

18. Nk’uko muri Yohani 6:67, 68 havyerekana, ni kubera iki dukeneye “ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye” Paulo yavuze?

18 Umwe wese muri twebwe arakwiye kugaragaza urukundo, ari na rwo ruranga abakirisu b’ukuri. Ariko kandi turakeneye “ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye.” (Flp. 1:9) Ahandi ho twojanwa “n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho biciye ku mayeri y’abantu,” harimwo n’abahuni. (Ef. 4:14) Igihe abigishwa benshi bareka gukurikira Yezu mu kinjana ca mbere, intumwa Petero wewe yaraseruye ko yari yarajijutse yuko Yezu afise “amajambo y’ubuzima budahera.” (Soma Yohani 6:67, 68.) Naho ico gihe Petero atatahura ibijanye na nya majambo vyose, yagumye ari intahemuka kubera yatahura ukuri kwerekeye Kristu. Na wewe urashobora kurushiriza kujijuka ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha. Niwabigira, uzoguma ushikamye mu gihe c’ibigeragezo maze ufashe n’abandi gukomeza ukwizera kwabo.​—2 Yoh. 1, 2.

URURIRIMBO RWA 72 Tumenyekanishe ukuri kw’Ubwami

^ ing. 5 Iki kiganiro kiradufasha gutahura ko ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana guhambaye cane. Kiranatwereka ivyo twokora kugira turushirize kujijuka yuko ivyo twemera ari ukuri.

^ ing. 10 Kugira tugufashe igihe uzirikanira hamwe n’abandi ku nyigisho nyamukuru zo muri Bibiliya, raba urukurikirane rw’ibiganiro ruvuga ngo “Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza,” ruboneka mu Munara w’Inderetsi kuva mu 2010 gushika 2015. Muri ivyo biganiro harimwo nk’ikivuga ngo “Yezu yoba ari Imana?,” “Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari?” na “Imana yoba ihanira abantu mu muriro?

^ ing. 14 Ushaka ibiganiro vyasiguye ubwo buhanuzi, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2012, n’uwo muri Rusama 2020.

^ ing. 60 INSOBANURO Y’IFOTO: Mu gusenga kwo mu muryango, abavyeyi barigira hamwe n’abana babo ubuhanuzi bwerekeye ya makuba akomeye.

^ ing. 62 INSOBANURO Y’IFOTO: Muri ya makuba akomeye, wa muryango ntuzotangazwa n’ibizoba biriko biraba.