UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Munyonyo 2018

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 31 Kigarama 2018 gushika ku wa 3 Ruhuhuma 2019.

“Gura ukuri, ntukugurishe”

Kugura ukuri bisobanura iki? Igihe tukuronse, dushobora gute kukugumya?

“Nzogendera mu kuri kwawe”

Dushobora gute gukomeza umwiyemezo wacu wo kugumya ukuri kw’agaciro Yehova yatwigishije?

Niwizigire Yehova maze ubeho!

Igitabu ca Habakuki kiradufasha kuguma dutekanye naho twoba turi mu ngorane.

Wisunga ivyiyumviro vya nde?

Ushobora gute kwisunga ivyiyumviro vya Yehova aho kwisunga ivy’abantu?

Woba uriko wisunga ivyiyumviro vya Yehova?

Dutegerezwa gukora iki kugira twirinde kwoshwa n’ivyiyumviro vy’iyi si?

Ubuntu​—Bugaragazwa mu mvugo no mu ngiro

Ubuntu ni kimwe mu bigize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana. None dushobora gute gutsimbataza iyo kamere nziza?

Ibibazo vy’abasomyi

Abagiraneza Yezu yavuze buca apfa ni bande, kandi ni kubera iki bitwa gutyo?

Twoha iki Yehova?

‘Ibintu vy’agaciro’ bivugwa mu Migani 3:​9 ni ibiki, kandi dushobora gute kubikoresha mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri?