Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Abagiraneza Yezu yavuze buca apfa ni bande, kandi ni kubera iki bitwa gutyo?

Yababwiye ati: “Abami b’amahanga barayakandamiza, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza. Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo.”​—Luka 22:25, 26.

None abo Bagiraneza Yezu yariko aravuga bari bande? Ivyandikano, ibiceri be n’ibitabu birerekana ko Abaroma n’Abagiriki bari bamenyereye guha icubahiro abantu bakomakomeye be n’abategetsi mu gukoresha izina ry’icubahiro Euergetes, risobanura ngo Umugiraneza. Abo bantu bahabwa ico cubahiro kubera baba barakoreye abanyagihugu ibintu vy’ingirakamaro.

Abami batari bake bariswe iryo zina. Aho twovuga nk’abategetsi ba Misiri Ptolémée III na Ptolémée VIII. Abategetsi b’Abaroma Yuliyo Sezari be na Ogusito, na bo nyene bariswe iryo zina, cokimwe na Herodi Mukuru, umwami wa Yudaya. Ku bijanye na Herodi, ico cubahiro ashobora kuba yakironse igihe yazana ingano azikuye mu mahanga kugira atabare abanyagihugu biwe bari bishwe n’ikigoyi kandi agaha ivyambarwa abakene.

Umuhinga mu vya Bibiliya w’Umudagi yitwa Adolf Deissmann avuga ko vyari bimenyerewe cane gukoresha iryo zina ry’icubahiro Umugiraneza. Yagize ati: “Umuntu aravye mu vyandikano, ntivyomugora kubona mu mwanya muto cane ahantu harenga ijana [hari iryo zina ry’icubahiro].”

None Yezu yashatse kuvuga iki igihe yabwira abigishwa biwe ati: “Ariko mweho ntimukwiye kumera gutyo”? Yoba yariko abasaba kutanegwa ineza y’abandi bantu? Habe namba. Biboneka ko icari kiraje ishinga Yezu ari imvo zatuma abantu bakora ivyo bikorwa vy’ubugiraneza.

Mu gihe ca Yezu, abatunzi bararondera kwihesha izina ryiza mu gutanga amahera yo gushigikira ibiteramo n’ibikino vyabera mu nyubakwa z’ibirori, kwubaka ibibanza vyo kwisamarizamwo be n’insengero hamwe no gushigikira ibikorwa mwene ivyo. Ariko rero, ivyo babikora barondera gutangarirwa, kumenyekana canke kuronka amajwi mu matora. Igitabu kimwe kivuga giti: “Naho hari abatanga babikuye ku mutima koko, abenshi babigira babitumwe n’ubwikunzi bushingiye kuri politike.” Ako gatima k’ubwikunzi no kurondera kuba rurangiranwa ni ko Yezu yahimirije abayoboke biwe kwirinda.

Haciye imyaka itari mike, intumwa Paulo yarashimitse kuri ico kintu gihambaye kijanye no gutangana imvo nziza. Yandikiye abo bari basangiye ukwemera b’i Korinto ati: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Kor. 9:7.