Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Gura ukuri, ntukugurishe”

“Gura ukuri, ntukugurishe”

“Gura ukuri, ntukugurishe; be n’ubukerebutsi n’indero be n’ugutegera.”​—IMIG. 23:23.

INDIRIMBO: 94, 96

1, 2. (a) Ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose dufise ni ikihe? (b) Ni ukuri ukuhe duha agaciro, kandi kubera iki? (Raba amashusho atangura.)

IKINTU c’agaciro kuruta ibindi vyose ufise ni ikihe? Kuri twebwe abasavyi ba Yehova, ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose dufise ni ubucuti dufitaniye na we. Ntitworota tubukaba n’ikindi kintu na kimwe. Vyongeye, turaha agaciro ukuri kwo muri Bibiliya kubera gutuma tugiranira ubucuti bwiza n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.​—Kol. 1:9, 10.

2 Ibaze nawe ibintu vyose Umwigisha wacu Ahambaye atwigisha mw’Ijambo ryiwe Bibiliya! Araduhishurira ukuri ku bijanye n’izina ryiwe rihambaye be na kamere ziwe nziza cane. Aratumenyesha ibijanye n’intunganyo idasanzwe y’incungu, iyo yadushiriyeho biciye ku Mwana wiwe Yezu. Vyongeye, Yehova aratubwira ibijanye n’Ubwami bwa Mesiya, agaha abarobanuwe icizigiro c’ijuru, abo mu “zindi ntama” na bo akabaha icizigiro c’isi y’Iparadizo. (Yoh. 10:16) Aratwigisha n’ingene dukwiye kwigenza. Turaha agaciro ukwo kuri kubera ko gutuma twiyegereza Umuremyi wacu, maze tukagira ubuzima buri n’intumbero.

3. Yehova yoba adusaba kugura ukuri dukoresheje amahera?

3 Yehova ni Imana itanga cane. Nta ciza yima abarondera ukuri. Yaranatanze ku buntu ingabirano y’ubuzima bw’Umwana wiwe akunda cane. Birumvikana ko Imana itodusaba amahera yo kuriha ukwo kuri. Nkako, igihe umugabo umwe yitwa Simoni yaha intumwa Petero amahera kugira na we amuhe ububasha bwo gutanga impwemu nyeranda, Petero yaramuhambariye ati: “Amafeza yawe aragapfana nawe, kubera ko wiyumviriye kuronka ingabirano ya gusa y’Imana biciye ku mahera.” (Ivyak. 8:18-20) None iyo mvugo ngo “gura ukuriisobanura iki?

“KUGURA” UKURI BISOBANURA IKI?

4. Muri iki kiganiro, tuza kwiga iki ku bijanye n’ukuri?

4 Soma Imigani 23:23. Tutagize akigoro ntitworonka ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Kugira tukuronke dutegerezwa kugira ivyo duhevye. Nk’uko umwanditsi w’Imigani avyerekana, tumaze ‘kugura ukuri,’ ni ukuvuga kukuronka, dutegerezwa kwiyubara ‘ntitukugurishe,’ ivyo bikaba bisobanura kutagutakaza. Nimuze twihweze ico bisobanura ‘kugura’ ukuri be n’ico twokugura, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Ivyo biratuma turushiriza guha agaciro ukuri no gukomeza umwiyemezo wacu wo kutigera ‘tukugurisha.’ Nk’uko tuza kubibona, kugura ukuri ni co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose.

5, 6. (a) Dushobora gute kugura ukuri ata mahera dutanze? Tanga akarorero. (b) Ukuri kuvamwo ivyiza ibihe?

5 Naho ikintu coba ari ica gusa, hari igihe bisaba ko tugira ico dukoze kugira tukironke. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kugura’ mu Migani 23:23, rishobora kandi gusobanura ngo ‘kwironsa.’ Izo mvugo zompi zerekana ko umuntu agira akigoro canke ko yemera kugira ivyo ahevye kugira aronke ikintu c’agaciro. Reka tubitangire akarorero: Dufate ko bakubwiye yuko kw’isoko bariko baratanga imihwi ku buntu. None iyo mihwi woba uca uyironka ku gitangaro? Habe namba. Utegerezwa kugira akigoro ukaja kw’isoko kuyitora. None yoba ari iya gusa? Cane nyene, mugabo utegerezwa kugira akigoro ugafata umwanya wo kuja kw’isoko. Muri ubwo buryo nyene, ukuri ntitukugura amahera. Ariko rero, dutegerezwa kugira akigoro kugira tukuronke.

6 Soma Yesaya 55:1-3. Ayo majambo Yehova avuga biciye kuri Yesaya aradufasha kurushiriza gutahura ico bisobanura kugura ukuri. Muri iyo mirongo, Yehova agereranya ijambo ryiwe n’amazi, amata be n’umuvinyu. Ijambo ry’Imana riraturuhurira nka kurya kw’amazi apfutse. Vyongeye, riradukomeza kandi rikadufasha gukura mu vy’impwemu nka kurya nyene amata akomeza akongera agafasha abana gukura. N’ikindi kandi, Ijambo ry’Imana rimeze nk’umuvinyu. Uti gute? Muri Bibiliya, umuvinyu urafitaniye isano no kunezerwa. (Zab. 104:15) Kuba rero Yehova abwira abasavyi biwe ngo ‘bagure umuvinyu,’ biradukura amazinda ko iyo tubayeho twisunga ivyo asaba bituma tunezerwa. (Zab. 19:8) Ese ukuntu ari ikigereranyo ciza kidufasha gutahura ivyiza twironkera igihe twize kandi tugashira mu ngiro ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana! Reka ubu na ho twihweze ibintu bitanu twoshobora kwemera guheba kigura tugure ukuri.

NI IBIKI WAHEVYE KUGIRA UGURE UKURI?

7, 8. (a) Kubera iki kwiga ukuri bisaba umwanya? (b) Ni ibiki umwigeme umwe yemeye guheba kugira yige ukuri, kandi vyavuyemwo ivyiza ibihe?

7 Umwanya. Kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami, gusoma Bibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri yo, kwiyigisha Bibiliya, gutegura amakoraniro no kuyitaba, bisaba umwanya. Dutegerezwa “[k]wicungurira umwanya,” tukemera guheba ibikorwa bimwebimwe bidahambaye. (Soma Abanyefeso 5:15, 16.) None bisaba umwanya ungana iki kugira turonke ubumenyi butagira amakosa bw’inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya? Ivyo bivana n’uko ivyacu vyifashe. Ntituzokwigera duheza kwiga ivyerekeye ubukerebutsi bwa Yehova, inzira ziwe be n’ibikorwa vyiwe. (Rom. 11:33) Inomero ya mbere y’Umunara w’Inderetsi (mu congereza) yagereranije ukuri n’“agashurwe” maze ivuga iti: “Ntiwamure ishurwe rimwe gusa, iryo twogereranya n’ukuri kanaka. Iyaba ishurwe rimwe ryari rihagije, nta yandi yobaye akenewe. Nugume nyabuna wamura ayandi menshi.” Twoshobora rero kwibaza duti: ‘Mfise ubumenyi bungana gute ku bijanye n’ukuri?’ N’igihe tuzoba dufise ubuzima budahera, tuzoguma twiga ivyerekeye Yehova. Muri iki gihe, igihambaye ni ugukoresha neza umwanya wacu kugira twige vyinshi bishoboka, bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Rimbura akarorero k’uwakoze ikintu nk’ico.

8 Umwigeme w’Umuyapanikazi yitwa Mariko * yaragiye kwiga i New York, muri Amerika. Ico gihe yari mw’idini ryatanguye mu Buyapani mu myaka ya 1950. Mushiki wacu umwe w’umutsimvyi yarabonanye na Mariko igihe yariko aramamaza inzu ku nzu. Igihe Mariko yatangura kwiga Bibiliya, yaranezerewe cane aca asaba uwo mutsimvyi ngo bige kabiri mu ndwi. Naho yafatirwa cane n’ishure be n’akazi yakora k’igihe gitogito, yaciye atangura kwitaba amakoraniro. Yarahagaritse no kwifatanya n’abandi mu bintu bimwebimwe kugira yicungurire umwanya wo kwiga ukuri. Ivyo vyatumye atera imbere n’ingoga na n’ingoga mu vy’impwemu. Haciye umwaka umwe yarabatijwe. Inyuma y’amezi atandatu, mu 2006, yaratanguye gukora ubutsimvyi, kandi n’ubu aracabukora.

9, 10. (a) Kwiga ukuri bituma tubona gute ibintu vy’umubiri? (b) Ni ibiki umwigeme umwe yahevye, kandi ubu yiyumva gute?

9 Ibintu vy’umubiri. Kugira tugure ukuri, hari aho vyoba ngombwa ko duheba akazi katuronsa amahera menshi. Igihe Yezu yatera akamo abarovyi Petero na Andereya ngo babe “abarovyi b’abantu,” baciye ‘baheba insenga zabo.’ (Mat. 4:18-20) Ego ni ko, abenshi mu biga ukuri muri iki gihe ntibashobora guca baheba akazi. Usanga bategerezwa kuronderera imiryango yabo. (1 Tim. 5:8) Yamara rero, akenshi abiga ukuri bategerezwa kugira ivyo bahinduye ku bijanye n’uko babona ibintu vy’umubiri be n’ivyo bashira imbere. Ivyo Yezu yaravyerekanye neza igihe yavuga ati: “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi . . . Ahubwo mwirundanirize amatunga mw’ijuru.” (Mat. 6:19, 20) Rimbura akarorero k’umwigeme umwe.

10 Maria yarakunda gukina urukino rwa golf kuva akiri muto cane. Igihe yari mu mashure yisumbuye yagumye atera imbere muri urwo rukino ku buryo bamwemereye kwiga kaminuza ku buntu. Yarakunda cane urwo rukino kandi yashaka kuba rurangiranwa muri rwo. Maria ahejeje amashure yisumbuye, yaratanguye kwiga Bibiliya, kandi yarakunda ukuri yariko ariga. Yarahimbawe no kubona ingene ukwo kuri kwamufashije kugira amahinduka mu buzima. Avuga ati: “Uko narushiriza guhindura uko nabona ibintu be n’ingeso zanje nisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ni ko narushiriza kugira agahimbare.” Maria yaratahuye ko bitari kumworohera gukurikirana ivy’impwemu be n’ubutunzi. (Mat. 6:24) Yaciye aheba ivyo kuba rurangiranwa muri rwa rukino be no kurondera ubutunzi. Ubu Maria ni umutsimvyi, akaba avuga ko afise “ubuzima buhimbaye kandi bwiza cane.”

11. Ni ibiki bishobora gushika igihe twize ukuri?

11 Imigenderanire dufitaniye n’incuti be n’abagenzi. Igihe duhisemwo kubaho twisunga ukuri kwo muri Bibiliya, imigenderanire dufitaniye n’abagenzi be n’incuti yoshobora guhinduka. Uti kubera iki? Yezu yarasengeye abayoboke biwe ati: “Ubeze biciye ku kuri; ijambo ryawe ni ukuri.” (Yoh. 17:17) ‘Kweza’ bishobora gusobanura kandi ngo ‘gushira ku ruhande.’ Iyo twemeye ukuri, tuba twitandukanije n’isi kubera tutaba tucisunga ivyiyumviro vyayo. Kubera ko duca tubaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, abantu baca babona ko dutandukanye na bo. Naho tugerageza kugumana imigenderanire myiza n’abagenzi be n’incuti, bamwebamwe boshobora kutatwiyumvamwo nk’uko bahoze, mbere bakarwanya ukuri tuba twubuye. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Yezu yavuze ati: “Egome, abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.” (Mat. 10:36) Ariko kandi yaradukuye amazinda ko nitwiga ukuri tuzoronka impera ziruta ivyo tuzoba twemeye guheba.​—Soma Mariko 10:28-30.

12. Ni ibiki umugabo umwe w’Umuyahudi yemeye guheba kugira yige ukuri?

12 Umudandaza umwe w’Umuyahudi yitwa Aaron yigishijwe kuva akiri muto yuko ari bibi kuvuga izina ry’Imana. Ariko rero, Aaron yari anyotewe kumenya ukuri. Yarahimbawe cane igihe Icabona umwe yamusigurira ko iyo dushize indome zivuga muri za ndome zine zigize izina ry’Imana, rica risomwa ngo “Yehova.” N’umunezero n’akantu, yaciye agenda kw’isinagogi kubwira abigisha baho ukwo kuri yari yubuye. Aaron yaratangajwe n’ingene bavyakiriye. Aho kunezerwa n’uko yamenye ukuri kwerekeye izina ry’Imana, baramuvumye baca baramwirukana. Umuryango wiwe na wo nyene warababaye cane. Ariko ntiyacitse intege, ahubwo yarabandanije kwiga ukuri kandi araba Icabona ca Yehova ubuzima bwiwe bwose. Cokimwe na Aaron, kugira tugendere mu kuri dutegerezwa kwihanganira ivyodushikira vyose mu kibano no mu muryango.

13, 14. Kwiga Bibiliya bihindura gute ivyiyumviro n’ingeso zacu? Tanga akarorero.

13 Ivyiyumviro be n’ingeso bidashimwa n’Imana. Kugira twemere ukuri kandi tubeho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, dutegerezwa guhindura ivyiyumviro n’ingeso zacu. Ku bijanye n’ivyo, Petero yanditse ati: “Nk’abana bagamburuka, nimureke gushushanywa nk’uko ivyipfuzo mwari mufise kera mu kutamenya kwanyu vyari, mugabo . . . mube beranda mu ngeso zanyu zose.” (1 Pet. 1:14, 15) Abantu bize ukuri bo mu gisagara cari carononekaye ca Korinto, vyasavye ko bagira amahinduka akomeye mu buzima bwabo. (1 Kor. 6:9-11) No muri iki gihe, kugira benshi bashobore kwiga ukuri, vyasavye ko baheba ingeso zidashimwa n’Imana. Petero yaribukije abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Kuko igihe carenganye gihagije c’ukuba mwarakoze ukugomba kw’amahanga igihe mwagendera mu bikorwa vy’ubushirasoni, mu nambu zikomeye, mu kunywa umuvinyu birenze urugero, mu kwidagadura, mu guhiganwa mu kunywa, no mu vy’ugusenga ibigirwamana kw’ikizira.”​—1 Pet. 4:3.

14 Uwitwa Devynn be na Jasmine baramaze imyaka myinshi ari imborerwa. Naho Devynn yari umunyabigega w’umuhanga, ntiyashobora kumara kabiri mu kazi kubera inzoga. Jasmine na we yari azwi ko ashavura cane kandi akaze. Umusi umwe Jasmine yari mw’ibarabara yaborewe, maze ahura n’Ivyabona babiri b’abamisiyonari. Abo bamisiyonari baramwemereye ko bazoja kumwigisha Bibiliya, ariko bashitseyo basanze Jasmine na Devynn baborewe. Ntibari biteze ko abo bamisiyonari bogiye kubaraba. Basubiyeyo, ibintu vyari vyahindutse. Kuva Jasmine na Devynn batanguye kwiga Bibiliya, barabishizemwo umwete kandi baciye batangura gushira mu ngiro ivyo bariko bariga. Haciye amezi atatu, baravavanuye n’inzoga mu nyuma na ho barandikisha umubano wabo. Amahinduka bagize yaramenyekanye cane, kandi ivyo vyatumye abantu benshi bo mu gisagara babamwo biga Bibiliya.

15. Ni igiki gishobora kuba urugamba rukomeye igihe dutanguye kwiga ukuri, kandi kubera iki?

15 Imigenzo iteye kubiri na Bibiliya. Igihe abantu bamwebamwe batanguye kwiga ukuri, usanga ari urugamba rukomeye guheba imigenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe. Naho hari abo vyorohera kuyiheba, abandi birabagora kubera ko incuti zabo, abo bakorana be n’abagenzi babo babaremera. Vyoshobora kuba urugamba, canecane igihe ari imigenzo ijanye n’abapfuye. (Gus. 14:1) Turashobora kwigira ku mutima rugabo abandi bagaragaza. Rimbura ikintu kiranga umutima rugabo abantu bamwebamwe b’i Efeso bakoze mu kinjana ca mbere.

16. Abantu bamwebamwe b’i Efeso bemeye guheba iki kugira bige ukuri?

16 Igisagara ca Efeso cari cuzuyemwo ivy’amageza. None abahoze bakora ivy’ubupfumu mu nyuma bagacika abakirisu bakoze iki kugira bahebe iyo migenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe? Bibiliya ivuga iti: “Abatari bake mu bahora bagira ivy’amageza bashira hamwe ibitabu vyabo, babituririra imbere ya bose. Baharurira hamwe ibiciro vyavyo basanga biciye ibiceri vy’ifeza ibihumbi mirongo itanu. Gutyo, mu buryo bukomeye, ijambo rya Yehova riguma rikura ryongera rinesha.” (Ivyak. 19:19, 20) Abo bakirisu b’abizigirwa baremeye guheba ivyo bintu bizimvye maze barironkera imihezagiro itagira uko ingana.

17. (a) Ni ibiki dushobora kuba twarahevye kugira twige ukuri? (b) Ni ikibazo ikihe tuzorimbura mu kiganiro gikurira?

17 None wewe wemeye guheba iki kugira wige ukuri? Twese twaremeye guheba umwanya. Bamwe muri twebwe baremeye guheba uturyo two kuronka ibintu vy’umubiri bongera baragira ivyo bahinduye mu bijanye n’imigenderanire bari bafitaniye n’abandi. Benshi babwirijwe guhindura ivyiyumviro vyabo n’ingeso zabo kandi baraheba imigenzo iteye kubiri na Bibiliya. Naho twoba twahevye iki, turazi neza ko ukuri kwo muri Bibiliya gufise agaciro kuruta ibindi bintu vyose. Kuratuma turonka ikintu c’agaciro kuruta ibindi vyose, ni ukuvuga ubucuti bwiza dufitaniye na Yehova. Tuzirikanye imihezagiro twironkera kubera ko twamenye ukuri, ntitwoshobora kwiyumvira ko hari uwokwipfuza kukugurisha. None ivyo vyoshika gute, kandi twokwirinda gute gukora iryo kosa rikomeye? Ico kibazo tuzogica irya n’ino mu kiganiro gikurikira.

^ ing. 8 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.