Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubuntu​—Bugaragazwa mu mvugo no mu ngiro

Ubuntu​—Bugaragazwa mu mvugo no mu ngiro

ESE ukuntu bihumuriza iyo badukoreye ikintu kiranga ubuntu! Igihe tubonye ko hari uwutugaragarije ubuntu, biradukora ku mutima. None ko twese dushima yuko batugaragariza ubuntu, twotsimbataza gute iyo kamere?

Kugaragaza ubuntu ni ukwitwararika ineza y’abandi, tukavyerekana mu majambo no mu bikorwa ngirakamaro. Kubera ko ubuntu bugaragarira mu bikorwa, kugira urupfasoni n’icubahiro ntibihagije. Ubuntu nyakuri buva ku rukundo n’impuhwe bigera kure. N’ikirushirije, ubuntu nyakuri ni umwe mu mice igize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana abakirisu basabwa gutsimbataza. (Gal. 5:22, 23) Kubera yuko dutegerezwa kugaragaza ubuntu, nimuze twihweze ingene Yehova n’Umwana wiwe babugaragaje be n’ingene twobigana.

YEHOVA AGIRIRA UBUNTU BOSE

Yehova agirira ubuntu bose akabitwararika, ushizemwo “intashima n’ababisha.” (Luka 6:35) Nk’akarorero, Yehova “atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Mat. 5:45) Mbere n’abatemera ko Yehova ari Umuremyi wabo barungukira ku bintu aturonsa kugira tubeho, kandi boshobora no kugira agahimbare ku rugero runaka.

Akarorero kadasanzwe k’ubuntu bwa Yehova karabonekera ku vyo yagiriye Adamu na Eva. Gatoyi inyuma y’aho Adamu na Eva bacumuriye, baciye “bashonera hamwe amababi y’umusukoni, bapfuka ubwambure bwabo.” Ariko rero Yehova yarabonye ko bari bakeneye ivyambarwa bibereye kugira bashobore kuba hanze ya Edeni, narirya ubutaka bwari bwavumwe bukamera “amahwa n’ibitovu.” Yehova rero yarabitwararitse abigiranye ubuntu mu kubakorera “impuzu ndende z’urushato.”​—Ita. 3:7, 17, 18, 21.

Naho Yehova agirira ubuntu “ababi n’abeza,” aripfuza canecane kubugaragariza abasavyi biwe b’abizigirwa. Nk’akarorero mu gihe c’umuhanuzi Zekariya, hari umumarayika yababajwe cane n’ukubona igikorwa co kwubaka urusengero rw’i Yeruzalemu carahagaze. Yehova yarumvirije ivyari biraje ishinga uwo mumarayika, amwishura “amajambo meza, amajambo ahumuriza.” (Zek. 1:12, 13) Yehova yaragiriye umuhanuzi Eliya ibintu bisa n’ivyo. Igihe kimwe, uwo muhanuzi yarumvise yihebuye cane ku buryo asaba Yehova ngo amukureho. Yehova yaritwararitse umubabaro Eliya yari afise aca arungika umumarayika kugira amukomeze. Vyongeye, Imana yarahumurije uwo muhanuzi, imubwira ko atari wenyene. Eliya amaze kwumva ayo majambo aranga ubuntu no kuronka imfashanyo yari akeneye, yarashoboye kubandanya igikorwa yari yashinzwe. (1 Abm. 19:1-18) Mu basavyi b’Imana, ni nde yabaye agaheta mu kugaragaza ubuntu butangaje bwa Yehova?

YEZU YARI AFISE UBUNTU BWINSHI

Mu busuku Yezu yaranguye kw’isi, yari azwi ko afise ubuntu bwinshi kandi ko yitwararika abandi. Ntiyigeze atwaza umukazo canke ngo asabe amananiza. Yaravuze n’ikibabarwe cinshi ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira. . . . Kuko ingǒgo yanje yoroshe.” (Mat. 11:28-30) Ubuntu bwiwe rero bwaratuma abantu bamukurikira aho yaja hose. Kubera ko “bamutera ikigongwe,” yarabagaburira, akabakiza indwara n’ubumuga, agaca abigisha “ibintu vyinshi” vyerekeye Se wiwe.​—Mrk. 6:34; Mat. 14:14; 15:32-38.

Ubuntu bwiwe bwinshi bwaribonekeje mu kuntu yafata abandi abigiranye ugutahura kwinshi. Nkako, Yezu yarakirana “ubugwaneza” abamwitura bose ata buryarya, naho baba bamusavye ibitamworohereza. (Luka 9:10, 11) Nk’akarorero, umugore umwe yarakoze ku buyonga bw’impuzu ziwe, yizigiye gukira indwara yari afise yo kuva amaraso. Naho yari ahumanye, Yezu ntiyamukariye. (Lew. 15:25-28) Yezu yarumviye impuhwe uwo mugore yari amaranye iyo ndwara imyaka 12, amubwira ati: “Mukobwa wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro, ukire indwara yawe isesereza.” (Mrk. 5:25-34) Ese ingene cari ikintu kiranga ubuntu bwinshi!

UMUNYABUNTU NI UWUKORERA ABANDI IVYIZA

Mu burorero duhejeje kurimbura, turabonye ko ubuntu nyakuri bugaragarira mu bikorwa. Yezu yaravyerekanye muri wa mugani w’Umusamariya w’imbabazi. Naho Abasamariya n’Abayuda banenana, uwo Musamariya yarumviye ikigongwe Umuyuda yahuye n’ababisha baramwambura, baramukubita maze basiga ari intere. Ubuntu bwaratumye uwo Musamariya agira ico akoze. Yaratubitse ibikomere vy’uwo mugabo, aca amujana ku ndaro y’abahita. Yararishe n’amahera kugira bamwitwararike, yongera avuga ko azoriha n’ibindi vyose bomuronkeje.​—Luka 10:29-37.

Naho kenshi ubuntu bugaragarira mu bikorwa, buragaragarira no mu majambo aremesha tuba twiyumviriye neza. Naho rero “amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira,” Bibiliya yongerako iti: “Ijambo ryiza rirawunezereza.” (Imig. 12:25) Turashobora kuremesha abandi igihe ubuntu n’ukumera neza bitumye tubabwira ibintu vyubaka. * Amajambo aranga ubuntu tuvuga arerekana ko twitwararika abandi. Iyo rero tubaremesheje, barashobora kuvyifatamwo neza mu bigeragezo bibashikira mu buzima.​—Imig. 16:24.

NUTSIMBATAZE UBUNTU

Kubera ko abantu baremwe “mw’ishusho y’Imana,” bose barashobora gutsimbataza ubuntu. (Ita. 1:27) Nk’akarorero, intumwa Paulo yaragiye i Roma acunzwe n’intwazangabo y’Umuroma yitwa Yuliyo, uno araheza “afatana ubuntu Paulo hanyuma aramwemerera kuja ku bagenzi biwe” mu gisagara ca Sidoni ‘kugira yitwararikwe na bo.’ (Ivyak. 27:3) Inyuma yaho, abantu bo mw’izinga ryitwa Malita baragaragarije “ubuntu bw’akataraboneka” Paulo be n’abandi ubwato bwari buhejeje gusabirako. Abo bantu baranabacaniye umuriro kugira basusuruke. (Ivyak. 28:1, 2) Ariko naho abo bantu bakoze ibintu bishimishije, ubuntu si ikintu twogaragaza gusa mu gihe kanaka.

Kugira ngo duhimbare Imana bimwe bishitse, dutegerezwa kwama turangwa n’ubuntu mu buzima bwacu bwose. Ni co gituma Yehova adusaba ‘kwambara’ ubuntu. (Kol. 3:12) Ariko ntiwumve, ntivyama bitworohera kugaragaza iyo kamere igihe cose. Uti ku ki? Twoshobora kutagaragaza ubuntu kubera turi abanyamasoni, tutiyizigira, turwanywa canke tutaravavanura rwose n’ubwikunzi. Naho ari ukwo, turashobora kurengera izo ngorane mu kwiheka ku mpwemu nyeranda no mu kwigana ubuntu bwa Yehova.​—1 Kor. 2:12.

Twoba none tubona imice dukwiye kurushiriza kugaragazamwo ubuntu? Umwe wese yokwibaza ati: ‘Noba numviriza abandi ndabigiranye impuhwe? Noba nitwararika ivyo abandi bakeneye? Ni ryari mperuka kugaragariza ubuntu umuntu atari incuti canke umugenzi wa hafi?’ Twoshobora rero guca twishingira imigambi, nko kumenya ivyerekeye abantu badukikuje, na canecane abo mw’ishengero. Tubigenjeje gutyo, twoshobora kumenya uko ivyabo vyifashe be n’ivyo bakeneye. Ubukurikira twokwihatira kugaragariza abandi ubuntu nk’uko natwe twoshima kubugaragarizwa. (Mat. 7:12) Ubwa nyuma, nitwasaba Yehova ngo abidufashemwo, azohezagira utwigoro tugira mu gutsimbataza ubuntu.​—Luka 11:13.

UBUNTU BURAVYURIRA ABANDI INGIRO

Igihe intumwa Paulo yadondagura ibintu vyaranga ko yari umusuku w’Imana, yarashizemwo “ubuntu.” (2 Kor. 6:3-6) Abantu barakunda Paulo kubera yabitwararika biciye ku bikorwa be n’amajambo biranga ubuntu. (Ivyak. 28:30, 31) Na twebwe turashobora gutuma abantu bashimishwa n’ukuri biciye ku nyifato yacu. Iyo tugaragarije ubuntu bose, ushizemwo n’abaturwanya, turashobora kubakora ku mutima bigatuma baturura. (Rom. 12:20) Mu nyuma boshobora mbere gushimishwa n’ubutumwa bwo muri Bibiliya.

Mw’isi y’Iparadizo igiye kuza, nta gukeka ko abantu indiri bazoba bazutse bazohimbarwa n’ubuntu bazogaragarizwa, kumbure ari bwo bwa mbere. Kubera ko bazobikenguruka, na bo bazovyurirwa umutima wo kugaragariza ubuntu abandi. Uwo wese rero azokwanka kugaragariza abandi ubuntu no kubafasha, ntazobandanya kuba muri iyo Paradizo. Abo Imana izokwemerera kubaho ibihe bidahera bobo bazokundana bongere bagaragarizanye ubuntu. (Zab. 37:9-11) Ese ukuntu izoba ari isi irangwamwo amahoro n’umutekano! Ariko none imbere y’uko ico gihe gihimbaye gishika, ni ivyiza ibihe dushobora kwironkera igihe tugaragaje ubuntu?

IVYIZA TURONKA IGIHE TUGARAGAJE UBUNTU

Bibiliya ivuga ko “umuntu w’ubuntu bwuzuye urukundo yigirira neza.” (Imig. 11:17) Abantu barakunda umunyabuntu, na bo bagaca bipfuza kumugaragariza ubuntu. Yezu yavuze ati: “Ingero mugeresha [ni] yo namwe bazobagererako.” (Luka 6:38) Umunyabuntu rero biramworohera kuronka abagenzi beza no kubagumana.

Intumwa Paulo yahimirije abo mw’ishengero ry’i Efeso ati: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi.” (Ef. 4:32) Ishengero rirahungukira cane igihe rigizwe n’abakirisu b’abanyempuhwe bagaragarizanya ubuntu kandi bafashanya. Mwene abo bakirisu ntibigera bakoresha amajambo ababaza, kandi ntibanebagurana canke ngo batorane amahinyu. Aho gukwiragiza urusaku, bakoresha ururimi rwabo mu gufasha abandi. (Imig. 12:18) Ivyo biraheza bigatuma ishengero rikomera mu vy’impwemu.

Ego cane, ubuntu bugaragazwa mu mvugo no mu ngiro. Igihe turi abanyabuntu, tuba twiganye Imana yacu Yehova, iyirangwa n’igishika n’urukundo. (Ef. 5:1) Ivyo biraheza bigatuma dukomeza amashengero yacu, bigatuma n’abandi baza mu gusenga gutyoroye. Ese rero twokwama tuzwi ko turi abanyabuntu!

^ ing. 13 Ukumera neza kuzorimburwa mu kiganiro gikurikira muri uru rukurikirane rw’ibiganiro icenda bivuga ibijanye n’icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana.