Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko wisunga ivyiyumviro vya Yehova?

Woba uriko wisunga ivyiyumviro vya Yehova?

“Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha.”​—ROM. 12:2.

INDIRIMBO: 56, 123

1, 2. Uko dutera imbere mu vy’impwemu, ni ibiki turushiriza kumenya? Tanga akarorero.

UMWANA mutoyi arahawe akantu. Abavyeyi biwe baciye bamubwira bati: “Vuga ngo urakoze.” Nya mwana aragamburutse, naho nyene atazi igituma abivuze. Uko akura, ararushiriza guha agaciro ivyo abavyeyi bamwigishije be n’umutima mwiza abandi bamugaragariza. Gushima bisigara ari ibintu vyizana, akabivuga bivuye ku mutima. Uti kubera iki? Kubera ko yavyigishijwe akabishira ku mutima.

2 Muri ubwo buryo nyene, igihe twatangura kwiga ukuri, twaramenye ko bihambaye kugamburuka ibintu vy’ishimikiro Yehova adusaba. Ariko uko tubandanya dutera imbere mu vy’impwemu, turarushiriza kumenya ivyiyumviro vya Yehova, ni ukuvuga ivyo akunda, ivyo yanka be n’ingene abona ibintu bitandukanye. Igihe turetse ivyo vyiyumviro vya Yehova bikatuyobora mu vyo dukora no mu mahitamwo tugira, tuba twerekanye ko turiko twisunga ivyiyumviro vyiwe.

3. Kubera iki bishobora kutubera urugamba kwisunga ivyiyumviro vya Yehova?

3 Naho duhimbarwa no kwiga kwiyumvira nka Yehova, rimwe na rimwe birashobora kutubera urugamba kubera ko tudatunganye. Nk’akarorero, vyoshobora kutugora gutahura ukuntu Yehova abona ibijanye n’inyifato runtu, amaronko, igikorwa co kwamamaza, ugukoresha nabi amaraso, n’ibindi. None ico gihe twokora iki? Dushobora gute kuguma twisunga ivyiyumviro vy’Imana? Vyongeye, ni gute bizodufasha kugira amahitamwo meza ubu no muri kazoza?

ICO TWOKORA KUGIRA TWISUNGE IVYIYUMVIRO VYA YEHOVA

4. Bisobanura iki ‘guhindura umuzirikanyi wacu’?

4 Soma Abaroma 12:2. Muri ico canditswe, intumwa Paulo aravuga ico bisobanura kwisunga ivyiyumviro vya Yehova. Nk’uko twavyize mu kiganiro c’imbere y’iki, kugira “[tu]reke gushushanywa n’ivy’iki gihe,” dutegerezwa kwirinda ivyiyumviro vy’isi n’ingeso zayo. Ariko kandi Paulo yaravuze ko dukeneye ‘guhindura umuzirikanyi wacu ukaba musha.’ Ivyo bisobanura kwiga Ijambo ry’Imana dufise intumbero yo gutahura ivyiyumviro vyayo, kubizirikanako no kubona ibintu nk’uko ibibona.

5. Kwiga bisobanura iki?

5 Kwiga birajamwo n’ibindi uretse gusoma ucishacishako canke guca umurongo ku nyishu. Igihe turiko turiga, turarimbura ico nya mayagwa atubwira ku bijanye na Yehova, inzira ziwe be n’ingene abona ibintu. Turagerageza gutahura igituma Imana isaba ikintu kimwe ariko ikiyamiriza ikindi. Vyongeye, turarimbura ivyo dukeneye guhindura mu buzima bwacu no mu vyiyumviro vyacu. Naho ivyo vyose twoshobora kutabirimburira rimwe, biraba vyiza igihe cose twiga dufashe umwanya kumbure tukawugaburamwo kubiri, igice kimwe kikaba ico kuzirikana ku vyo twasomye.​—Zab. 119:97; 1 Tim. 4:15.

6. Igihe tuzirikana ku vyiyumviro vya Yehova, haca haba iki?

6 Uko tuzirikana kw’Ijambo ry’Imana tudahorereza, hariho ikintu kidasanzwe gica kiba. Duca ‘twiyemeza neza,’ tukajijuka yuko Yehova abona ibintu mu buryo butagira agahaze. Turaheza tugatangura kubona ibintu nk’uko abibona maze tugashigikira ivyiyumviro vyiwe. Imizirikanyi yacu ‘irahinduka ikaba misha,’ tugatangura kugira ivyiyumviro bishasha. Bukebuke, duca tugenda tuyoborwa n’ivyiyumviro vya Yehova.

IVYO DUKORA BIVANA N’IVYO TWIYUMVIRA

7, 8. (a) Yehova abona gute ibijanye no kuronka ibihinda? (Raba amashusho atangura.) (b) Nitwabona ibintu nk’uko abibona, tuzokwama dushira imbere iki?

7 Ivyo twiyumvira ntibigira gusa ingaruka ku buryo tubona ibintu, ariko kandi biragira ingaruka ku vyo dukora. (Mrk. 7:21-23; Yak. 2:17) Kugira tubitahure, reka turimbure uturorero dukeyi. Nk’akarorero, Injili ziratwereka neza ingene Yehova abona ibijanye n’ibintu vy’umubiri. Imana yaritonze mu gucagura abohavuye barera Umwana wayo, ni ukuvuga umugabo n’umugore ata buryo bwinshi bari bafise. (Lew. 12:8; Luka 2:24) Igihe Yezu yavuka, Mariya yaciye “amuryamika mu bwato bw’ibitungwa, kuko ata kibanza baronse mu ndaro.” (Luka 2:7) Iyo Yehova abishaka, yari kubaronsa ahantu heza cane barara kugira Umwana wiwe abe ari ho avukira. Ariko icari kimuraje ishinga kwari uko Yezu aronka abantu bakomeye mu vy’impwemu bamwitwararika bakongera bakamurera.

8 Iyo nkuru yo muri Bibiliya ijanye n’ivuka rya Yezu iratwereka neza ingene Yehova abona ibintu vy’umubiri. Hari abavyeyi usanga barazwa ishinga n’uko abana babo baronka ibihinda, mbere n’igihe vyokwonona ubucuti nya bana bafitaniye na Yehova. Yehova wewe abona ko ivy’impwemu ari vyo bihambaye kuruta ibindi vyose. Woba none ubona ibintu nk’uko Yehova abibona? Ivyo ukora bihishura iki?​—Soma Abaheburayo 13:5.

9, 10. Twokwerekana gute ko tubona ibintu nk’uko Yehova abibona mu bijanye no gutsitaza abandi?

9 Akandi karorero kajanye n’ingene Imana ibona abatsitaza abandi. Yezu yavuze ati: “Uwo wese atsitaza umwe muri aba batoyi bemera, yopfuma ashirwa mw’izosi urusyo nka rumwe ruzungurutswa n’indogobwa, agatererwa vy’ukuri mu kiyaga.” (Mrk. 9:42) Ayo majambo arakomeye cane! Kubera ko Yezu yagaragaje kamere za Se wiwe ata gahaze, turashobora kwemera neza ko na Yehova abona muri ubwo buryo nyene uwo wese atsitaza abayoboke ba Yezu abigiranye akagagazo.​—Yoh. 14:9.

10 Twoba tubona ibintu cokimwe na Yehova be na Yezu? Twoba tubaho tuvyisunga? Ivyo dukora bihishura iki? Nk’akarorero, dufate ko ukunda uburyo kanaka bwo kwambara canke bwo kwitunganya bushobora gutsitaza abandi mw’ishengero canke bikavyurira abandi inambu y’umubiri. Urwo dukunda abo dusangiye ukwemera rwoba none ruzotuma twirinda ivyo bintu?​—1 Tim. 2:9, 10.

11, 12. Kwanka ivyo Yehova yanka no kwigumya, bishobora gute kudukingira?

11 Raba akarorero kagira gatatu: Yehova aranka ibitagororotse. (Yes. 61:8) Naho azi yuko bitugora gukora ibigororotse kubera agasembwa twarazwe, aduhimiriza kubona ibitagororotse nk’uko abibona. (Soma Zaburi 97:10.) Nitwarimbura igituma Yehova yanka ibibi, bizodufasha kubibona nk’uko abibona, maze bitume turushiriza kuvyirinda.

12 Kubona ibitagororotse nk’uko Yehova abibona, bizodufasha kandi kumenya ko ingeso zimwezimwe ari mbi n’igihe nyene Bibiliya itazidomako. Nk’akarorero, hari intambo iranga ubushirasoni bita lap isigaye ikundwa na benshi mw’isi. Hari abovuga ko iyo ntambo ata co itwaye, bitwaje ko atari ubusambanyi. * Ariko none ko Imana yanka urunuka ububi bw’ubwoko bwose, yoba ishigikira mwene ivyo vyiyumviro? Nimuze tugume twirinze ibibi mu kwigumya no mu kwanka urunuka ivyo Yehova yanka.​—Rom. 12:9.

NUZIRIKANE IMBERE Y’IGIHE INGINGO UZOFATA

13. Kubera iki tworimbura imbere y’igihe ukuntu ivyiyumviro vya Yehova vyodufasha gufata ingingo muri kazoza?

13 Igihe twiga, biraba vyiza turimbuye ukuntu ivyiyumviro vya Yehova vyodufasha mu bintu dushobora gucamwo muri kazoza. Bishitse rero tugahura n’ikintu kidusaba gufata ingingo yihuta, tuzoba tuvyiteguriye ku buryo tutazozazanirwa. (Imig. 22:3) Rimbura uturorero tumwetumwe two muri Bibiliya.

14. Twigira iki ku nyishu Yozefu yahaye umugore wa Potifari?

14 Igihe Yozefu yamirira kure umugore wa Potifari ariko aramuryosharyosha, yarerekanye ko yari yarazirikanye ingene Yehova abona ibijanye n’ukudahemukiranira kw’ababiranye. (Soma Itanguriro 39:8, 9.) Vyongeye, kuba yarishuye umugore wa Potifari ngo “noshobora nte gukora ico kibi gikomeye ngacumura koko ku Mana?” vyerekana ko yisunga ivyiyumviro vya Yehova. Tweho bite? Dufate ko uwo mukorana mudasangiye igitsina yipfuza ko mukwegana. Bite ho bakurungikiye muri telefone ubutumwa canke ishusho vyerekana ivy’igitsina? * Nimba waramaze kuzirikana ingene Yehova abibona kandi ukaba wariyemeje imbere y’igihe ico ubwirizwa gukora, bizokworohera cane kuvyifatamwo neza.

15. Dushobora gute kuguma turi intahemuka kuri Yehova, cokimwe na ba Baheburayo batatu?

15 Rimbura ubu na ho ivya ba Baheburayo batatu ari bo Shaduraki, Meshaki na Abedinego. Igihe Umwami Nebukadinezari yabategeka gusenga igishusho c’inzahabu yari yakoze, baranse bashimitse. Ivyo vyaragaragaje ko bari barazirikanye ico bisobanura kuguma uri intahemuka kuri Yehova. (Kuv. 20:4, 5; Dan. 3:4-6, 12, 16-18) Bite ho muri iki gihe? Wokora iki umukoresha wawe agusavye gutanga intererano y’umusi mukuru ujanye n’ugusenga kw’ikinyoma? Aho kurindira ko ikintu nk’ico gishika, vyoba vyiza uzirikanye ubu ingene Yehova abibona. Hamwe rero wohura n’ikintu nk’ico, bizoca bikworohera gukora no kuvuga ibibereye, cokimwe na ba Baheburayo batatu.

Woba waragize ubushakashatsi, uruzuza urukaratasi rwemewe rw’ingene wipfuza kuvurwa wongera uravugana n’umuganga wawe? (Raba ingingo ya 16)

16. Gutahura neza ingene Yehova abona ibintu, bidufasha gute kwitegurira ivyoshika tugiye kwivuza turemvye?

16 Kuzirikana imbere y’igihe ibijanye no kuguma turi intahemuka kuri Yehova, biraba ngirakamaro n’igihe tugiye kwivuza turemvye. Naho twirinda rwose guterwa amaraso uko yakabaye canke kimwe muri vya bihimba vyayo bine nyamukuru, uburyo bumwebumwe bwo kuvurwa hakoreshejwe amaraso busaba ko twifatira ingingo, twisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekana ingene Yehova abibona. (Ivyak. 15:28, 29) Birumvika ko umwanya mwiza wo kuzirikana kuri ivyo bintu atari igihe uri mu bitaro, kumbure uremvye canke bariko bakuremera ngo ufate ingingo yihuta. Ubu rero ni co gihe co kugira ubushakashatsi, ukuzuza urukaratasi rusigura ingene wipfuza kuvurwa maze ukavugana n’umuganga. *

17-19. Kubera iki ubu ari ho bihambaye ko tumenya ivyiyumviro vya Yehova mu bintu bitandukanye? Tanga akarorero k’ikintu dukwiye kwitegurira.

17 Ubwa nyuma, raba ico Yezu yaciye akora igihe Petero yamuhanura nabi ati: “Ibabarire Mukama.” Biragaragara ko Yezu yari yarazirikanye cane ico Imana yashaka ko akora be n’Ivyanditswe vyavuga ingene yobaye kw’isi hanyuma agapfa. Ivyo vyatumye aguma ari umwizigirwa kuri Yehova yongera aritanga ku bwacu.​—Soma Matayo 16:21-23.

18 Muri iki gihe, Imana ishaka ko abasavyi bayo bagiranira na yo ubucuti bwiza maze bakagira uruhara runini rushoboka mu gikorwa cayo. (Mat. 6:33; 28:19, 20; Yak. 4:8) Nk’uko vyagendeye Yezu, abantu boshobora kugerageza kudutesha iyo ntumbero ata mvo mbi babigiranye. Nk’akarorero, vyogenda gute umukoresha wawe akudugije igiti n’umushahara ariko bikaba bizotuma ubura umwanya w’ivy’impwemu? Bite ho nimba uri umunyeshure bakagusaba kuva i muhira kugira uje kwironsa ubumenyi bwiyongereye? None ico gihe, woba uzogira ubushakashatsi ubijanisha n’isengesho ugahanuza incuti zawe canke abakurambere imbere yo gufata ingingo? Ubona gute muri iki gihe urondeye kumenya ingene Yehova abona ivyo bintu maze ukihatira kuvyisunga? Niwabigenza gutyo, woshobora gusanga bitakubereye ikigeragezo hamwe vyogushikira. Uzoba ufise imigambi yo mu vy’impwemu itomoye be n’umutima utanyiganyiga, igisigaye kube gusa gushira mu ngiro ingingo uzoba waramaze gufata.

19 Kumbure urashobora kwiyumvira n’ibindi bintu vyoshobora gushika utari uvyiteze. Ego ni ko ntidushobora kwitegurira ikintu cose coshobora gushika. Ariko hamwe twoza turafata umwanya wo kwiyigisha tukazirikana ingene Yehova abona ibintu, tuzorushiriza kwibuka ivyo twize maze bidufashe gufata ingingo nziza ku kintu ico ari co cose coshika. Nimuze rero twame tuzirikana ku vyiyumviro vya Yehova, tuvyisunge, maze bidufashe gufata ingingo nziza ubu no muri kazoza.

IVYIYUMVIRO VYA YEHOVA BE NA KAZOZA KAWE

20, 21. (a) Kubera iki mw’isi nshasha tuzoba dufise umwidegemvyo uri n’aho ugarukira? (b) Dushobora gute guhonja ku munezero ubu?

20 Turashashaye isi nshasha. Benshi muri twebwe twiteze ubuzima budahera mw’isi izoba yabaye Iparadizo. Ubwami bw’Imana buzotuma abantu bakurwako imibabaro yose iranga iyi si mbi. Ariko no muri ico gihe nyene, abantu bazoguma bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Umwe wese rero azofata ingingo zijanye n’ivyo yipfuza kandi bimuhimbara.

21 Yamara uwo mwidegemvyo uzoba uri n’aho ugarukira. Ku bijanye no kumenya ikibi canke iciza, abitonda bazoyoborwa n’amategeko ya Yehova be n’ivyiyumviro vyiwe. Ivyo bizoba bihimbaye kuko bizotuma haba umunezero ntangere n’amahoro menshi. (Zab. 37:11) Mu kurindira, turashobora guhonja kuri uwo munezero ubu igihe twisunze ivyiyumviro vya Yehova.

^ ing. 12 Muri iyo ntambo bita lap, umuntu asa n’uwambaye ubusa aricara ku bibero vy’uwundi, agaca aza arizungagiza. Bivanye n’uko ibintu biba vyagenze, vyoshobora gufatwa ko ari ubuhumbu maze bikicarirwa na komite ncarubanza. Umukirisu yabigizemwo uruhara arakwiye kurondera gufashwa n’abakurambere.​—Yak. 5:14, 15.

^ ing. 14 Kurungikira abandi ibiterasoni kuri telefone ni ukubarungikira ubutumwa, amafoto be n’amavidewo bivuga ivy’igitsina. Bivanye n’uko ibintu biba vyifashe, vyoshobora kwicarirwa na komite ncarubanza. Vyarashitse abarungikira abana mwene ivyo bintu barashengezwa muri sentare, bagirwa n’icaha co kwonona abana. Ushaka amakuru yiyongereye, ja kuri jw.org maze usome ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo urwaruka rwibaza​—Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye n’ukurungikiranira ibiterasoni kuri telefone?” (Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA.) Nurabe n’ikiganiro kivuga ngo “Kuyaga ivyerekeye ubutumwa buteye isoni buhanahanwa kuri telefone” muri Be maso! yo muri Munyonyo 2013, rup. 4-5.

^ ing. 16 Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zijanye n’ico kintu ziraboneka mu bisohokayandikiro vyacu. Raba nk’akarorero, igitabu Nugume mu rukundo rw’Imana, rup. 246-249.