Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwizigire Yehova maze ubeho!

Niwizigire Yehova maze ubeho!

“Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.”​—IMIG. 3:5.

INDIRIMBO: 3, 8

1. Kubera iki twese dukeneye uruhoza?

TWESE turakeneye uruhoza. Kumbure ubuzima bwacu burangwa n’amaganya, ukuvunika umutima be n’imibabaro. Twoshobora kuba duhanganye n’indwara, ubusaza canke tukaba twarabuze uwacu. Bamwe muri twebwe barafatwa nabi. Abantu badukikuje barushiriza gukoresha igikenye. Ego ni ko, turazi neza yuko ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira” ari ikimenyamenya c’uko turi “mu misi ya nyuma” be n’uko buri musi turushiriza kwegereza isi nshasha. (2 Tim. 3:1) Yamara rero, twoshobora kuba tumaze igihe kirekire turindiriye iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye, ingorane zacu na zo zikaguma ziyongera. None twokura hehe uruhoza?

2, 3. (a) Ni ibiki tuzi ku bijanye na Habakuki? (b) Kubera iki tugiye kwihweza igitabu ca Habakuki?

2 Kugira turonke inyishu y’ico kibazo, nimuze dusuzume igitabu ca Habakuki. Naho Ivyanditswe bidatanga amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ubuzima bwiwe be n’igikorwa yakora, igitabu citirirwa izina ryiwe ni isôko ry’indemesho. Izina ryiwe rishobora kuba ryasobanura ngo “Kugumbira n’igishika cinshi.” Ivyo birashobora kwerekeza ku kuntu Yehova aduhoza bikamera nk’aho atugumbiriye n’igishika cinshi, canke ku kuntu abasavyi biwe bamwumirako ata bwoba. Habakuki yarayaze n’Imana, maze ayibaza ibibazo bimwebimwe. Mu bisanzwe Habakuki yabajije ivyo bibazo mu kibanza cacu, kuko Yehova yamuhumekeye kwandika ico kiyago bagiraniye.​—Hab. 2:2.

3 Ico kiyago uwo musavyi w’Imana yari mu mwiheburo yagiraniye na Yehova ni co gusa Ivyanditswe bihishura ku bijanye n’uwo muhanuzi. Igitabu ciwe kiri mu bigize “ivyanditswe kera vyose” kandi carazigamwe mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya “kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” (Rom. 15:4) None twokwungukira gute kuri ico gitabu ca Habakuki? Kirashobora kudufasha gutahura ico kwizigira Yehova bisobanura. Vyongeye, ubuhanuzi bwa Habakuki buradukura amazinda yuko dushobora kuguma dutekanye mu mutima naho twoba turi mu marushwa canke mu bigeragezo. Dufise ivyo ku muzirikanyi, nimuze twihweze ido n’ido igitabu ca Habakuki.

NUTAKAMBIRE YEHOVA

4. Kubera iki Habakuki yari mu mwiheburo?

4 Soma Habakuki 1:2, 3Habakuki yabayeho mu gihe kigoye cane kandi c’imidurumbanyo myinshi. Yari atuntuye kubera yari akikujwe n’abantu b’inkozi z’ikibi. None ubwo bubisha bwoheze ryari? Kubera iki Yehova yatevye cane kugira ico akoze? Nta kindi Habakuki yabona uretse akarenganyo n’agacinyizo vyaranga abo mu gihugu ciwe bwite. Yari yihebuye cane. Yaciye rero atakambira Yehova kugira agire ico akoze. Habakuki ashobora kuba yaratanguye kwiyumvira ko Yehova atabinegwa. Vyasa n’uko Imana ata co yari yimirije gukora. Vyoba birashika ukiyumva nk’uwo musavyi w’Imana?

5. Ni icigwa gihambaye ikihe dukura mu gitabu ca Habakuki? (Raba ishusho itangura.)

5 None Habakuki yoba atari acizigiye Yehova? Yoba atari acizigiye ivyo Imana yasezeranye? Habe namba! Kuba vyonyene yarituye Yehova ngo amufashe mu ngorane n’imyitwarariko yarimwo aho kwitura abantu, vyerekana yuko yari agifise icizigiro. Ingorane yari afise kwari ukudatahura igihe Imana yogize ico ikora canke imvo yatuma ireka agashikirwa n’ibintu bibabaje nk’ivyo. Kuba Yehova yarahumekeye Habakuki ngo yandike ivyari bimuraje ishinga, yashatse ko tuhakura iki cigwa gihambaye: Ntidukwiye gutinya kumubwira ibituraje ishinga be n’amakenga dufise. Nkako, aradutera akamo ngo tumusukire ibiri mu mitima yacu mw’isengesho. (Zab. 50:15; 62:8) Mu Migani 3:5 na ho hongerako hati: “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose kandi ntiwishimikize ubwenge bwawe bwite.” Habakuki ategerezwa kuba yari azi ayo majambo kandi yarayagumije ku muzirikanyi.

6. Kubera iki isengesho rihambaye?

6 Habakuki yarafashe ingingo yo kwiyegereza Yehova, we Mugenzi n’Umuvyeyi wiwe w’umwizigirwa. Habakuki ntiyarajwe ishinga gusa n’ivyariko biramushikira, ngo yisunge ubwenge bwiwe bwite. Ahubwo nyabuna yarasenze Imana arayibwira ingene yiyumva be n’ibimuraje ishinga, aba adusigiye akarorero keza. Vyongeye, Yehova ya Mana yumva amasengesho aradutera akamo ngo twerekane ko tumwizigira mu kumusenga tumubwira ibituraje ishinga. (Zab. 65:2) Nitwabigenza gutyo bizotuma twibonera ingene Yehova agira ico akoze, twumve ingene atugumbira n’igishika cinshi biciye ku buyobozi aduha abigiranye umutima mwiza. (Zab. 73:23, 24) Azodufasha kumenya ingene abona ibintu, naho twoba turi mu ngorane zimeze gute. Amasengesho dutura tubikuye ku mutima ni bumwe mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose twerekana ko twizigira Imana.

NIWUMVIRIZE YEHOVA

7. Yehova yakiriye gute amaganya ya Habakuki?

7 Soma Habakuki 1:5-7. Habakuki amaze kubwira Yehova ingorane ziwe n’imyitwarariko yiwe, ashobora kuba yaribajije ico Yehova yociye akora. Kubera ko Yehova ari Umuvyeyi w’impuhwe kandi atahurana, ntiyamuhambariye kubera yamuseruriye amaganya yari afise. Imana yari izi ko Habakuki yariko atakamba kubera umubabaro n’intuntu yarimwo. Yehova yaciye rero amenyesha Habakuki ivyari bigiye gushikira Abayuda bari bahemutse. Birashoboka ko Habakuki ari we Yehova yatanguye guhishurira yuko iherezo ryabo ryari rigiye gushika.

8. Kubera iki Habakuki yazazaniwe n’inyishu ya Yehova?

8 Yehova yarasiguriye Habakuki ko yari yiteguriye kugira ico akoze. Iryo yaruka ry’ababisha ryari ryimirije guhanwa. Mu kuvuga ngo “mu misi yanyu,” Yehova yari yerekanye yuko urwo rubanza rwoshitse neza na neza mu gihe c’uwo muhanuzi canke c’Abisirayeli bari bamukikuje. Ivyo Yehova yavuze si vyo vy’ukuri Habakuki yari yiteze. Iyo none yoba ari yo nyishu yari akeneye igihe yatakamba? Mu vy’ukuri, ivyo Yehova yamubwiye vyasobanura ko umubabaro wokwongerekanye muri Yuda hose. Abakaludaya ari bo Banyababiloni bari ba ruburakigongwe kandi bakoresha igikenye kuruta abo mw’ihanga rya Habakuki, kuko bobo n’imiburiburi bari bazi ingingo ngenderwako za Yehova. Kubera iki none Yehova yokoresheje iryo hanga ry’abapagani kandi ry’ababisha mu guhana abantu biwe? Iyaba wari Habakuki wari kuvyakira gute umaze kwumva iyo nyishu ya Yehova?

9. Ni ibibazo ibihe Habakuki ashobora kuba yarabajije?

9 Soma Habakuki 1:12-14, 17. Habakuki yaratahuye yuko Yehova yokoresheje Babiloni mu gucira urubanza ababisha bari bamukikuje no mu kubahana, ariko yari akizazaniwe. Naho ari ukwo, yabwiye Imana yicishije bugufi ko ari yo yobandanije kumubera “Igitandara.” (Gus. 32:4; Yes. 26:4) Habakuki yogumye yizigiye urukundo rw’Imana n’ukumera neza kwayo abigiranye ukwihangana. Uwo mwiyemezo waratumye atitinya kubaza Yehova ibindi bibazo nk’ibi: Kubera iki Imana yoretse ibintu bikarushiriza kuyangara muri Yuda? Kubera iki itociye yihutira kugira ico ikoze? Kubera iki Mushoboravyose yokwemeye hakaba amarushwa menshi kuruta? Kubera iki ‘yogumye yinumiye’ ububisha bwabaye ndanse? Kanatsinda Yehova ni “Mweranda,” akaba afise “amaso atyoroye rwose ku buryo [a]toraba ikibi.”

10. Dushobora gute rimwe na rimwe kwiyumva nka Habakuki?

10 Rimwe na rimwe twoshobora kwiyumva nk’ukwo kwa Habakuki. Turumviriza Yehova. Turamwizigira duherejeko igihe dusoma kandi tukiga Ijambo ryiwe, bigatuma tugira icizigiro. Biciye ku buyobozi duhabwa n’ishirahamwe ryiwe, aratubwira ivyo yadusezeraniye. Ariko rero, twoshobora kuguma twibaza duti: ‘Imibabaro turimwo izohera ryari?’ Turashobora kwigira vyinshi ku vyo Habakuki yaciye akora.

NURINDIRE YEHOVA

11. Habakuki amaze kwumviriza Yehova, yiyemeje iki?

11 Soma Habakuki 2:1. Ikiyago Habakuki yagiraniye na Yehova caratumye atekana mu mutima. Yaciye yiyemeza kurindira abigiranye icizigiro yuko Yehova agira ico akoze. Uwo mwiyemezo ntiwabaye uw’ako kanya gusa, kuko yasubiye kuwugira mu nyuma, igihe yavuga ko ‘yorindiriye atekanye umusi w’amarushwa’ Yehova yoteje abansi biwe. (Hab. 3:16) Hari abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa barindiriye Yehova bihanganye, baba baturemesheje kubigenza gutyo.​—Mika 7:7; Yak. 5:7, 8.

12. Ni ibiki twigira kuri Habakuki?

12 Umwiyemezo wa Habakuki utwigisha iki? Ubwa mbere, ntidukwiye kwigera tureka gusenga Yehova, naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Ubwa kabiri, turakeneye kwumviriza ivyo Yehova atubwira abicishije mw’Ijambo ryiwe no kw’ishirahamwe ryiwe. Ubwa gatatu, dukwiye kurindira Yehova twihanganye, tukizigira duherejeko yuko azodukurako imibabaro igihe yashinze kigeze. Nitwaguma tuyaga na Yehova tutitinya kandi tukamwumviriza tubigiranye agatima ko kurindira nka Habakuki, tuzotekana mu mutima maze bidufashe kwumirako. Icizigiro cacu kizotuma turushiriza kwihangana, ukwo kwihangana na kwo kudufashe kugira akanyamuneza naho twoba turi mu ngorane. Icizigiro kiratuma twizera ko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru azogira ico akoze.​—Rom. 12:12.

13. Ni indemesho iyihe dusanga muri Habakuki 2:3?

13 Soma Habakuki 2:3. Nta gukeka ko Yehova yahimbawe n’ingingo Habakuki yafashe yo kurindira. Mushoboravyose yari azi neza imibabaro Habakuki yarimwo. Yaciye amuhoza mu kumujijura abigiranye urukundo yuko yoronse inyishu z’ibibazo yari afise. Ivyari bimuraje ishinga vyose rero vyotorewe umuti bidatevye. Ni nk’aho Imana yabwiye Habakuki iti: “Niwihangane, unyizigire. Nzokwishura naho umengo biratevye!” Yehova yaramwibukije ko yari afise igihe yashinze co kurangura ivyo yasezeranye. Yahanuye Habakuki ngo arindire iranguka ry’imigambi yiwe. Uwo muhanuzi yohavuye atahura ko atarindiririye ubusa.

Kubera iki twiyemeje gukorera Yehova uko dushoboye kwose? (Raba ingingo ya 14)

14. Dukwiye kwiyemeza gukora iki mu bihe vy’ingorane?

14 Kurindira Yehova twihanganye no kwumviriza ivyo atubwira bizotuma tumwizigira kandi bidufashe gutekana naho twoba turi mu ngorane canke ibigeragezo. Yezu yaturemesheje kudashira umutima ku “bihe canke ibiringo” Imana itarahishura. (Ivyak. 1:7) Ese rero tutocika intege ariko nyabuna tukarindira tubigiranye ukwicisha bugufi, ukwizera n’ukwihangana, tugakoresha neza umwanya wacu mu gukorera Yehova uko dushoboye kwose.​—Mrk. 13:35-37; Gal. 6:9.

YEHOVA AZOHA UBUZIMA ABAMWIZIGIRA

15, 16. (a) Ni imihango ikomeye iyihe dusanga mu gitabu ca Habakuki? (b) Iyo mihango itwigisha iki?

15 Yehova yasezeraniye abagororotsi bamwizigira ati: “Umugororotsi wewe, azobandanya kubeshwaho n’ubwizigirwa bwiwe.” Yongeyeko ati: “Isi izoba yuzuye ukumenya ubuninahazwa bwa Yehova.” (Hab. 2:4, 14) Ego cane, abizigira Imana bihanganye bazoronka impera y’ubuzima.

16 Ukivyumva wovuga ko umuhango dusanga muri Habakuki 2:4 ari ikintu cavuzwe muri rusangi. Ariko rero intumwa Paulo yarabonye ko ico kintu Yehova yavuze gihambaye cane ku buryo uwo murongo yawusubiyemwo gatatu kose! (Rom. 1:17; Gal. 3:11; Heb. 10:38) Naho umugororotsi yoca mu ngorane zimeze gute, niyagumana ukwizera n’ukwizigira azobaho maze yibonere iranguka ry’imigambi y’Imana. Yehova atubwira ko tworengera ivy’iki gihe tugahanga amaso icizigiro cacu ca kazoza.

17. Igitabu ca Habakuki kidukura amazinda ku biki?

17 Twese abariho muri iyi misi ya nyuma, igitabu ca Habakuki kiraduha icigwa gikomeye. Yehova asezerana ko azoha ubuzima umuntu wese amwizera kandi amwizigira. Nimuze turushirize kumwizera no kumwizigira, naho twoba turi mu ngorane no mu maganya ameze gute. Biciye kuri Habakuki, Yehova aradukura amazinda ko azodushigikira akongera akaturokora. Aratwinginga ngo tumwizigire kandi turindire twihanganye igihe yashinze c’Ubwami bwiwe. Ico gihe, isi yose izoba yuzuyeko abamusenga bahimbawe kandi bitonda.​—Mat. 5:5; Heb. 10:36-39.

NIWIZIGIRE YEHOVA UNEZEREWE

18. Ivyo Yehova yavuze vyafashije gute Habakuki?

18 Soma Habakuki 3:16-19. Ivyo Yehova yavuze vyarakoze cane ku mutima Habakuki. Yarazirikanye ku bintu bitangaje Yehova yakoreye abasavyi biwe muri kahise. Yaciye rero arushiriza kumwizigira. Yaratahuye ko Yehova atotevye kugira ico akoze! Ivyo vyararemesheje uwo muhanuzi, naho nyene yari azi ko ingorane ziwe zobandanije gushika igihe kanaka. Aho kugira amakenga, Habakuki yari asigaye yizigira aherejeko kandi anezerewe yuko Yehova afise ububasha bwo gukiza. Amajambo yavuze ashobora kuba ari amwe mu yaranga ukwizera kuruta ayandi yose dusoma muri Bibiliya. Abahinga bamwebamwe biyumvira ko umurongo wa 18 usobanura ijambo ku rindi ngo “Nzosimbasimba kubera nezerewe mu Mukama; nzotambatamba kubera mpimbawe mu Mana.” Ese ukuntu ari indemesho ikomeye kuri twese! Uretse ko Yehova aduha imihango myiza igitangaza, aradukura n’amazinda yuko n’ubu hari ivyo ariko arakora kugira ngo arangure umugambi wiwe ukomeye.

19. Tworonka gute uruhoza nk’urwo Habakuki yaronse?

19 Kwizigira Yehova ni bwo butumwa nyamukuru buri mu gitabu ca Habakuki. (Hab. 2:4) Turashobora kuronka ukwo kwizigira kandi tukakugumana hamwe twokomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Dutegerezwa rero (1) kwama dusenga tukamubwira ingorane be n’ibituraje ishinga vyose, (2) kwumviriza Ijambo ryiwe be n’ubuyobozi aduha biciye kw’ishirahamwe ryiwe, (3) kurindira Yehova tudahemuka kandi twihanganye. Ivyo ni vyo Habakuki yakoze. Naho yatanguye igitabu ciwe afise intuntu, yakirangije afise icizigiro kandi anezerewe. Ese twokwigana Habakuki kugira ngo natwe twumve ingene Yehova atugumbira abigiranye igishika ca kivyeyi! Hoba hari uruhoza tworonka muri iyi si y’umwiza ruruta urwo?