Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Nzogendera mu kuri kwawe”

“Nzogendera mu kuri kwawe”

“Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova! Nzogendera mu kuri kwawe.”​—ZAB. 86:11.

INDIRIMBO: 31, 72

1-3. (a) Dukwiye kubona gute ukuri kwo muri Bibiliya? Tanga akarorero. (Raba amashusho atangura.) (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

GUSUBIZA ikintu cari caguzwe birakunda gushika. Raporo zerekana ko mu bihugu bimwebimwe, abaguzi basubiza mu mangazini hafi ibice 9 kw’ijana vy’ibintu baba baguze. Ku bigurwa biciye kuri internet hoho, harasubizwa ibirenga 30 kw’ijana. Kumbure abaguzi basanga ivyo baguze bitameze nk’uko bari bavyiteze, vyarononekaye canke gusa ntibabikunde. Baca rero babisubizayo kugira babagurize canke babasubize amahera.

2 Naho bishika tugasaba ngo badusubize amahera y’ivyo twaguze, ntitworota dusubiza canke ‘tugurisha’ “ubumenyi butagira amakosa” tumaze ‘kugura’ bwo muri Bibiliya. (Soma Imigani 23:23; 1 Tim. 2:4) Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, twaremeye guheba umwanya mwinshi kugira twige ukuri. Vyongeye, kugira tugure ukuri bishobora kuba vyadusavye guheba akazi katuronsa amahera menshi, kugira ivyo duhinduye mu migenderanire dufitaniye n’incuti n’abagenzi, guhindura ivyiyumviro n’ingeso zacu, canke kuvavanura n’imigenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe. Ariko rero, ivyo twahevye ni bito cane ubigereranije n’imihezagiro twironkeye.

3 Ukuri kwo muri Bibiliya tukubona cokimwe n’umugabo umwe Yezu yavuze mu kigereranyo yatanze. Kugira Yezu yerekane ingene abaronse ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana baba baronse ikintu c’agaciro, yaravuze ibijanye n’umudandaza w’ingenzi yarondera imaragarita z’agaciro kanini maze araronka imwe. Iyo maragarita yari n’agaciro kanini cane ku buryo “[yaciye] agurisha” ibintu vyose yari afise kugira ayigure. (Mat. 13:45, 46) Ukuri twaronse na kwo nyene, ni ukuvuga ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana be n’ibindi bintu vyose vy’agaciro twize mw’Ijambo ry’Imana, kuri n’agaciro kanini cane kuri twebwe ku buryo twaciye twemera kugira ivyo duhevye kugira tukuronke. Nimba tubandanya guha agaciro ukuri, ntituzokwigera ‘tukugurisha.’ Ariko ikibabaje ni uko hari abasavyi b’Imana batagumye babona ko ukuri baronse kuri n’agaciro, mu nyuma mbere barakugurisha. Ese bitokwigera bidushikira! Kugira twerekane ko duha agaciro cane ukuri be n’uko tutipfuza kukugurisha, dutegerezwa gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya idusaba “[ku]bandanya kugendera mu kuri.” (Soma 3 Yohani 2-4.) Ivyo bisobanura kubaho tukwisunga kandi tukagushira imbere mu buzima bwacu. Nimuze turimbure ibi bibazo: Kubera iki hari ‘abagurisha’ ukuri kandi babigira gute? Twokwirinda gute iryo kosa rikomeye? Twokomeza gute umwiyemezo wacu wo “[ku]bandanya kugendera mu kuri”?

IGITUMA HARI ‘ABAGURISHA’ UKURI N’INGENE BABIGIRA

4. Mu kinjana ca mbere, ni kubera iki hari ‘abagurishije’ ukuri?

4 Mu kinjana ca mbere, hari ababanje kwakira neza inyigisho za Yezu mugabo ntibabandanya kugendera mu kuri. Nk’akarorero, igihe Yezu yagaburira isinzi rinini ku gitangaro, ryaciye rimukurikira gushika hakurya y’Ikiyaga ca Galilaya. Ng’aho, Yezu yaravuze ikintu cabababaje. Yagize ati: “Mutariye umubiri w’Umwana w’umuntu ngo munywe n’amaraso yiwe, nta buzima mufise muri mwebwe.” Aho gusaba Yezu ngo abasobanurire, baratsitajwe n’ayo majambo, maze bavuga ngo: “Iryo jambo rirababaza; ni nde yoryumviriza?” Ivyo vyatumye “benshi mu bigishwa biwe baja ku bintu bari basize inyuma, ntibongera kugendana na we.”​—Yoh. 6:53-66.

5, 6. (a) Ni ibiki vyatumye muri iki gihe bamwebamwe bataguma mu kuri? (b) Bigenda gute ngo umuntu ahebe ukuri buhorobuhoro?

5 Birababaje kubona muri iki gihe hari abatagumye mu kuri. Bamwe batsitajwe n’umuco mushasha watanzwe ku bijanye n’umurongo kanaka wo muri Bibiliya, canke ivyo umuvukanyi azwi cane yavuze canke yakoze. Abandi bababajwe n’impanuro bahawe ishingiye ku Vyanditswe canke ukudahuza kamere n’umukirisu mugenzi wabo. Hari n’abifatanije n’abahuni canke abandi baturwanya usanga bavuga ukutari kwo ivyo twemera. Ivyo vyatumye bamwebamwe batangura n’ibigirankana “kuva” kuri Yehova no guheba ishengero. (Heb. 3:12-14) Ese ukuntu vyari kurushiriza kuba vyiza bagumanye ukwizera kwabo, bakaguma bizigira Yezu nk’uko intumwa Petero yabigize! Igihe Yezu yabaza intumwa nimba na zo nyene zagomba kumuheba, Petero yishuye ubwo nyene ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.”​—Yoh. 6:67-69.

6 Abandi bagiye baraheba ukuri buhorobuhoro, kumbure batabiciye n’ikanda. Abo bantu bameze nk’ubwato buva ku nkombe y’ikiyaga, buhorobuhoro ugasanga bwageze kure. Bibiliya ivuga yuko ukwo guheba ukuri buhorobuhoro ari “[uku]genda akayombekere.” (Heb. 2:1) Abo bantu ntibameze nk’abaheba ukuri n’ibigirankana, kuko bobo bibashikira batabishaka. Yamara rero, baratuma ubucuti bafitaniye na Yehova butosekara kandi barashobora no kubutakaza. None twokwirinda gute kugwa muri ako kaga?

TWOKWIRINDA GUTE KUGURISHA UKURI?

7. Ni igiki kizodufasha kwirinda kugurisha ukuri?

7 Kugira tugendere mu kuri, dutegerezwa kwemera no kugamburuka ibintu vyose Yehova atubwira. Dutegerezwa gushira imbere ukuri mu buzima bwacu kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Mw’isengesho Umwami Dawidi yatuye Yehova, yagize ati: “Nzogendera mu kuri kwawe.” (Zab. 86:11) Dawidi yari yaravyiyemeje. Na twebwe dutegerezwa kwiyemeza rwose kuguma tugendera mu kuri kw’Imana. Tutabigenjeje gutyo, twoshobora gutangura kwiyumvira cane ivyo twahevye igihe twiga ukuri, canke mbere tugatangura kwipfuza bimwebimwe muri vyo. Dutegerezwa rero kwihatira kugumya ukuri kwose. Turazi ko tudashobora gucagura ibintu twokwemera vyo muri Bibiliya be n’ivyo twokwirengagiza. Nakare, dutegerezwa kugendera mu “kuri kwose.” (Yoh. 16:13) Reka tuzirikane ku bintu bitanu dushobora kuba twaremeye guheba kubera ukuri. Gutyo, biraza gukomeza umwiyemezo wacu wo kudasubira kuvyipfuza.​—Mat. 6:19.

8. Ni gute gukoresha nabi umwanya bishobora gutuma umukirisu aheba ukuri? Tanga akarorero.

8 Umwanya. Kugira twirinde guheba ukuri, dutegerezwa gukoresha neza umwanya wacu. Tutabaye maso, twoshobora gutangura kumara umwanya munini mu vyo kwisamaza, mu nkino, kuri internet canke kuri televiziyo. Naho ivyo bintu ubwavyo atari bibi, vyoshobora kudutwara umwanya wo kwiyigisha canke gukora ibindi bikorwa vy’impwemu. Rimbura ivyashikiye mushiki wacu yitwa Emma. * Kuva akiri muto, yarakunda cane kugendera ku mafarasi. Igihe cose yaronka akaryo, ni co kintu yaca akora. Haciye igihe, yaratanguye kubona ko urwo rukino rumutwara umwanya munini. Yaciye agira ivyo ahinduye kandi yarashoboye kutaguma atwarwa n’ivyo kwiruhura. Vyongeye, yararemeshejwe n’ivyashikiye mushiki wacu Cory Wells, uwahoze yarihebeye urwo rukino. * Ubu Emma amara umwanya munini akorera Yehova ari kumwe n’incuti be n’abagenzi bakorera Yehova. Arumva ko yiyegereje cane Yehova kandi afise amahoro, kubera azi yuko ariko akoresha neza umwanya wiwe.

9. Kurondera ivy’umubiri bishobora gute gutuma bamwe baheba ivy’impwemu?

9 Ibintu vy’umubiri. Nimba twipfuza kuguma tugendera mu kuri, dutegerezwa kugumiza ivy’umubiri mu kibanza cavyo. Igihe twiga ukuri, twaratahuye ko gukorera Yehova bihambaye kuruta kurondera ivy’umubiri. Twarahimbawe no kugira ivyo duhevye kugira ngo tugendere mu kuri. Ariko rero uko igihe kirengana, twoshobora kubona abandi bariko bagura ivyuma bigezweho vyo mu buhinga bwa none canke bifitiye ibindi bintu vy’umubiri, maze tugatangura kwiyumvira ko hari ico baturyanye. Twoshobora guca dushira ivy’impwemu ku ruhande kugira twironkere ivy’umubiri, kubera ko tutaba tukibumbwa n’ivya nkenerwa dufise. Ivyo biratwibutsa ivyashikiye Dema. Yarakunze cane “ivy’iki gihe,” bituma aheba igikorwa yakorana n’intumwa Paulo. (2 Tim. 4:10) Kubera iki none Dema yahevye Paulo? Naho Bibiliya ata co ibivugako, ashobora kuba yakunze ivy’umubiri kuruta ivy’impwemu canke akaba atari agishaka kugira ivyo ahevye ngo akorane na Paulo. Tutabaye maso rero, twoshobora gusanga twasubiye gukunda cane ivy’umubiri ku buryo binyoha urwo dukunda ukuri.

10. Kugira ngo tubandanye kugendera mu kuri, dutegerezwa kwirinda iki?

10 Imigenderanire dufitaniye n’incuti be n’abagenzi. Kugira tubandanye kugendera mu kuri, dutegerezwa kwirinda gutwarwa n’akosho k’abandi. Igihe twatangura kugendera mu kuri, twaragize ivyo duhindura ku bijanye n’ubucuti tugiranira n’abagenzi canke incuti atari Ivyabona. Bamwe baradutahuye, ariko abandi baraturwanya bivuye inyuma. (1 Pet. 4:4) Naho twihatira kugiranira ubucuti bwiza n’abo mu muryango wacu kandi tukabasonera, turakwiye kuba maso ntiduce kubiri n’ukuri turondera kubanezereza. Naho twihatira kuguma twumvikana n’incuti zacu, twisunze impanuro itomoye dusanga mu 1 Abakorinto 15:33, tuzogiranira ubugenzi bwa hafi n’abakunda Yehova gusa.

11. Twokwirinda gute ingeso ziteye kubiri n’Ivyanditswe?

11 Ivyiyumviro be n’ingeso bidashimwa n’Imana. Abagendera mu kuri bose bategerezwa kuba beranda. (Yes. 35:8; soma 1 Petero 1:14-16.) Igihe twaza mu kuri, twese twategerejwe kugira ivyo duhinduye kugira twisunge ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigororotse. Hari n’ababwirijwe kugira amahinduka akomeye. Uko vyoba vyaragenze kwose, turakwiye kuba maso kugira ntitwigere dufata ingeso zacu zityoroye kandi nyeranda ngo tuzikabe ingeso zihumanye ziranga iyi si. None twokwirinda gute kugwa muri izo ngeso zanduye? Nuzirikane ikintu kidasanzwe Yehova yatanze kugira tube beranda, ni ukuvuga amaraso y’agaciro kanini y’Umwana wiwe Yezu Kristu. (1 Pet. 1:18, 19) Kugira tugume dutyoroye imbere ya Yehova, turakwiye kuguma duha agaciro incungu ya Yezu mu mizirikanyi no mu mitima yacu.

12, 13. (a) Kubera iki bihambaye ko tuguma twibuka ingene Yehova abona imisi mikuru? (b) Ubu na ho tugiye kurimbura iki?

12 Imigenzo iteye kubiri na Bibiliya. Incuti, abo dukorana n’abo twigana boshobora kugerageza kudutumira ngo twifatanye na bo mu misi mikuru bagira. None twonanira gute ako kosho kadusaba kugira uruhara mu migenzo n’imisi mikuru idatera iteka Yehova? Ni mu kuguma twibuka neza ingene Yehova abona ivyo bintu. Birashobora kuba ngirakamaro tugize ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu vyerekana inkomoko y’iyo misi mikuru. Igihe twibutse imvo zishingiye ku Vyanditswe zo kutagira uruhara muri iyo misi mikuru, biratuma tujijuka ko turiko tugendera mu nzira ‘yemerwa n’Umukama.’ (Ef. 5:10) Nitwizigira Yehova n’Ijambo ryiwe ry’ukuri, bizoturinda “kujugumira imbere y’abantu.”​—Imig. 29:25.

13 Kugendera mu kuri ni ikintu tuzokora ibihe bidahera. None dushobora gute gukomeza umwiyemezo wacu wo kuguma tugendera mu kuri? Reka turimbure uburyo butatu.

NUKOMEZE UMWIYEMEZO UFISE WO KUGENDERA MU KURI

14. (a) Kubandanya tugura ukuri bizokomeza gute umwiyemezo dufise wo kutigera tukugurisha? (b) Kubera iki ubukerebutsi, indero be n’ugutegera bihambaye cane?

14 Ubwa mbere, nubandanye kwiga ukuri kw’agaciro kuri mw’Ijambo ry’Imana wongere uzirikane ku vyo wiga. Egome, nugure ukuri mu kwama wishingira umwanya wo kwigaburira mu vy’impwemu. Gutyo uzorushiriza guha agaciro ukuri wongere ukomeze umwiyemezo ufise wo kutigera ukugurisha. Mu Migani 23:23 havuga ko dukwiye kandi kugura “ubukerebutsi n’indero be n’ugutegera.” Ubumenyi bwonyene rero ntibuhagije. Dutegerezwa kwama dushira mu ngiro ivyo twiga. Igihe dufise ugutegera, duca dutahura isano riri hagati y’ivyo twiga be n’ivyo dusanzwe tuzi. Ubukerebutsi na bwo buratuma dushira mu ngiro ivyo twiga. Rimwe na rimwe ukuri kuradutoza indero, kukatwereka ivyo dukwiye kuryohora. Ese twokwama twemera iyo ndero dutozwa. Agaciro kayo kararuta kure n’iyo ifeza.​—Imig. 8:10.

15. Ukuri kudukingira gute nka kurya kw’umukaba?

15 Ubwa kabiri, niwiyemeze cane kugendera mu kuri ku musi ku musi. Nukenyeze ukuri mu mafyinga. (Ef. 6:14) Mu bihe vya kera, umukaba umusoda yakenyeza waragumya ukongera ugakingira amafyinga yiwe be n’ibihimba vy’imbere muri we. Ariko rero kugira ngo umukaba wiwe umukingire, wategerezwa kuba ufashe cane. Mu gihe waba udafashe cane, ntiwamukingira neza. None ukuri kudukingira gute, cokimwe n’uwo mukaba? Nitwaguma twiyegereje ukuri nka kurya kw’umukaba, kuzodukingira ivyiyumviro bitari vyo kwongere kudufashe gufata ingingo nziza. Bishitse tukaja mu bigeragezo canke mu ngorane, ukuri kwo muri Bibiliya kuzotuma twiyemeza kuguma dukora ibibereye. Kurya nyene umusoda atigera aja ku rugamba atambaye umukaba, dutegerezwa kwiyemeza kwama dukenyeje ukuri imisi yose. Dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tugume tugushira mu ngiro mu buzima bwacu. Vyongeye, umukaba w’umusoda waratuma aronka ahantu ho gusobeka inkota yiwe. Ivyo bidushikanye ku bundi buryo bwo gukomeza umwiyemezo dufise wo kubandanya tugendera mu kuri.

16. Kwigisha abandi ukuri bikomeza gute umwiyemezo dufise wo kuguma tugendera mu kuri?

16 Ubwa gatatu, nugire uko ushoboye kwose wigishe abandi ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyo bizotuma uguma ufashe neza inkota y’impwemu, ari ryo “jambo ry’Imana.” (Ef. 6:17) Umwe wese muri twebwe arashobora kwihatira kuba umwigisha abishoboye, “akoresha neza ijambo ry’ukuri.” (2 Tim. 2:15) Uko dukoresha Bibiliya mu gufasha abandi kugura ukuri no kwirinda ibinyoma, ni ko turushiriza gutahura no gukunda Ijambo ry’Imana. Tubigenjeje gutyo, turakomeza umwiyemezo dufise wo kuguma tugendera mu kuri.

17. Kubera iki ubona ko ukuri kuri n’agaciro?

17 Ukuri ni ingabire y’agaciro iva kuri Yehova. Iyo ngabire iratuma turonka ikintu ciza cane, ni ukuvuga ubucuti somambike n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ivyo amaze kutwigisha gushika ubu ni intango gusa. Imana yadusezeraniye ko izotwigisha ukuri gushika ibihe bidahera. Ku bw’ivyo, nubone ukuri nk’imaragarita y’agaciro kanini. Nubandanye “[u]gura ukuri, ntukugurishe.” Cokimwe na Dawidi, uzoheza ushitse ico wasezeraniye Yehova uti: “Nzogendera mu kuri kwawe.”​—Zab. 86:11.

^ ing. 8 Si ko asanzwe yitwa.

^ ing. 8 Nuje kuri Televiziyo ya JW, urabe ahavuga ngo IBIGANIRO N’INKURU Z’IVYABAYE > UKURI KURAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU.