Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twoha iki Yehova?

Twoha iki Yehova?

IGIHE kimwe Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyak. 20:35) Ivyo birafitaniye isano n’ubucuti dufitaniye na Yehova. Uti gute? Yehova yaraduhaye ibintu vyinshi bituma tugira agahimbare, mugabo turashobora kurushiriza kugira agahimbare mu kugira ico duhaye Yehova. None twoha iki Yehova? Mu Migani 3:9 hagira hati: “Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro.” Mu “bintu vya[cu] vy’agaciro” harimwo umwanya wacu, ububangukirwe dufise, inguvu zacu be n’ivyo dutunze. Igihe dukoresheje ivyo bintu mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri, tuba tugize ico duhaye Yehova, kandi ivyo biratuma tugira agahimbare kenshi.

Ku bijanye n’ivyo dutunze, ni igiki codufasha kutirengagiza kugira ico duhaye Yehova? Intumwa Paulo yabwiye Abakorinto “[gushira] ikintu ku ruhande” kugira ngo kibe intererano. (1 Kor. 16:2) Wokora iki nimba wipfuza kumenya amakuru yiyongereye ku bijanye n’uburyo bwo gutanga intererano bukoreshwa aho iwanyu? Turagusavye urabe uruzitiro ruri aha hepfo.

Gutanga intererano biciye kuri internet ntibishoboka mu bihugu bimwebimwe. Ariko rero, ubundi buryo bwo gutanga intererano urabusanga ku rubuga rwacu. Mu bihugu bimwebimwe, ico gice kirimwo n’inyishu z’ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’intererano.