Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wisunga ivyiyumviro vya nde?

Wisunga ivyiyumviro vya nde?

“Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe.”​—ROM. 12:2.

INDIRIMBO: 88, 45

1, 2. (a) Yezu yishuye gute Petero igihe yamuhanura ngo yibabarire? (Raba ishusho itangura.) (b) Kubera iki Yezu yishuye gutyo?

YEZU yarabwiye abigishwa biwe yuko yari agiye kubabazwa mu nyuma agapfa. Ico kintu carabababaje cane kubera biyumvira yuko ari we yogarukanye Ubwami bwa Isirayeli. Intumwa Petero ntiyavyihanganiye. Yavuze ati: “Ibabarire, Mukama; ntuzogenda ushikiwe n’ivyo bintu.” Yezu yaciye amwiyamiriza ati: “Herera inyuma yanje, Shetani! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko wiyumvira ivy’abantu.”​—Mat. 16:21-23; Ivyak. 1:6.

2 Ayo majambo ya Yezu arerekana itandukaniro hagati y’ivyiyumviro vy’Imana be n’ivyiyumviro vy’iyi si itwarwa na Shetani. (1 Yoh. 5:19) Petero yaseruye ivyiyumviro vy’ubwikunzi biranga iyi si. Mugabo Yezu yari azi ko Se wiwe yabona ibintu mu bundi buryo. Yari azi ko Imana yashaka yuko yitegurira imibabaro n’urupfu vyari bimurindiriye. Inyishu Yezu yahaye Petero yarerekanye neza ko yiyamiriza ivyiyumviro vy’isi agashigikira ivya Yehova.

3. Kubera iki ari urugamba kwiyumvira nka Yehova ntitwiyumvire nk’ab’isi?

3 Tweho bite? Twoba dufise ivyiyumviro vy’Imana canke ivy’isi? Ego ni ko turashobora kuba tubayeho twisunga ivyo Imana idusaba. Ariko none twovuga iki ku bijanye n’ingene twiyumvira? Twoba twiyumvira nka Yehova kandi tukabona ibintu nk’uko abibona? Kubigenza gutyo bisaba akigoro kadasanzwe. Ariko rero kwisunga ivyiyumviro vy’iyi si ntibisaba akigoro kanini. Ivyo ni ko biri kubera impwemu y’isi iri hose. (Ef. 2:2) Vyongeye, kubera kenshi ab’iyi si baturemesha kwikunda, usanga umengo ni bo twokwumviriza. Kwiyumvira nka Yehova rero ni urugamba, mugabo kwiyumvira nk’ab’isi vyovyo biroroshe cane.

4. (a) Bigenda gute twisunze ivyiyumviro vy’isi? (b) Iki kiganiro kiza kudufasha gute?

4 Yamara twisunze ivyiyumviro vy’isi, duca turangwa n’ubwikunzi be n’icipfuzo co kwigenza uko twishakiye. (Mrk. 7:21, 22) Birahambaye rero ko twiyumvira “ivyiyumviro vy’Imana” aho kwiyumvira “ivy’abantu.” Iki kiganiro kiraza kubidufashamwo. Kiratwereka igituma kwiyumvira nka Yehova atari amananiza, ahubwo nyabuna ko bitugirira akamaro. Vyongeye, kiratwereka ingene twokwirinda kuyoborwa n’ivyiyumviro vy’isi. Ikiganiro gikurikira na co kizotwereka ingene twomenya ivyo Yehova yiyumvira ku bibazo bitandukanye n’ingene twobona ibintu nk’uko abibona.

KWIYUMVIRA NKA YEHOVA BIRABEREYE KANDI NI NGIRAKAMARO

5. Kubera iki hari abadashaka ko hogira uwuyobora ivyiyumviro vyabo?

5 Hari abantu badashaka ko hogira umuntu n’umwe ayobora ivyiyumviro vyabo. Bavuga bati: “Ni je nimenyera ivyanje.” Kumbure baba bashaka kuvuga ko ari bo bokwifatira ingingo, kandi ko ari vyo bibereye. Ntibaba bipfuza uwubategeka canke uwubahatira kumera nk’abandi. *

6. (a) Yehova aduha umwidegemvyo nyabaki? (b) Uwo mwidegemvyo woba utagira aho ugarukira?

6 Ariko rero, turakwiye kumenya yuko kwiyumvira nka Yehova bidasobanura ko duheba guserura ivyiyumviro vyacu bwite. Mu 2 Abakorinto 3:17 havuga hati: “Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.” Turafise umwidegemvyo wo gutsimbataza kamere twisangije. Turashobora kwihitiramwo, tukagira ivyo dukunze canke twanse. Nkako, ukwo ni ko Yehova yaturemye. Yamara rero, ntidushobora gukoresha uwo mwidegemvyo uko twishakiye. (Soma 1 Petero 2:16.) Kugira tumenye iciza n’ikibi, Yehova yipfuza ko twisunga ivyiyumviro vyiwe biri mw’Ijambo ryiwe. None ivyo vyoba bituzitira, canke biratugirira akamaro?

7, 8. Kubera iki kubona ibintu nk’uko Yehova abibona bitatuzitira? Tanga akarorero.

7 Rimbura aka karorero. Abavyeyi barihatira kwigisha abana babo imico myiza. Boshobora kubigisha kuba imvugakuri, gukora cane no kwitwararika abandi. Ivyo si ibintu bibazitira. Ahubwo riho, abavyeyi baba bariko barabategura kuzogira ubuzima bwiza bamaze kuba abantu bakuze. Igihe abana bakuze bakava muhira, baba bafise umwidegemvyo wo kwihitiramwo. Igihe bahisemwo kwisunga imico myiza bigishijwe n’abavyeyi, birashoboka ko bafata ingingo nziza ku buryo mu nyuma baticuza. Ivyo biraheza bikabafasha kwirinda ingorane n’amaganya abandi bikwegera.

8 Cokimwe n’umuvyeyi mwiza, Yehova yipfuza ko abana biwe bagira ubuzima bwiza bushoboka. (Yes. 48:17, 18) Araturonsa rero ingingo ngenderwako z’ingene twokwigenza n’ingene twofata abandi. Ku bijanye n’ivyo, aradutera akamo ngo tumenye ingene abona ibintu maze twigenze nk’uko avyipfuza. Ivyo rero aho kutuzitira, biradufasha kwiyumvira mu buryo bubereye. (Zab. 92:5; Imig. 2:1-5; Yes. 55:9) Biradufasha kugira amahitamwo azotuma twironkera agahimbare n’ibindi vyiza vyinshi. (Zab. 1:2, 3) Emwe, kwiyumvira nka Yehova birabereye kandi ni ngirakamaro!

IVYIYUMVIRO VYA YEHOVA NI NTANGERE

9, 10. Ni ibiki vyerekana ko ivyiyumviro vya Yehova biruta ivyiyumviro vy’isi?

9 Iyindi mvo ituma abasavyi ba Yehova bipfuza kwisunga ivyiyumviro vy’Imana ni uko biruta kure n’iyo ivyiyumviro vy’iyi si. Isi iratanga impanuro mu bijanye no kwigenza runtu, ingene abagize umuryango bobana, kuronka akazi keza be n’iyindi mice y’ubuzima. Nyinshi muri izo mpanuro usanga ziteye kubiri n’ivyiyumviro vya Yehova. Nk’akarorero, akenshi isi iremesha abantu gushira imbere inyungu zabo bwite. Iranatuma babona ko ubuhumbu ari ikintu gisanzwe. Vyongeye, rimwe na rimwe irahanura ababiranye gutandukana canke kwahukana ku mpamvu zidafashe, nimba babona ko ari vyo vyotuma bagira agahimbare. Impanuro nk’izo zirateye kubiri n’Ivyanditswe. Ariko none zoba ari zo zihuje n’igihe tugezemwo?

10 Yezu yavuze ati: “Ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo.” (Mat. 11:19) Naho isi yateye imbere cane mu vy’ubuhinga, vyarayinaniye gutorera umuti ingorane zikomeye zibuza abantu agahimbare, nk’intambara, amacakubiri n’ubukozi bw’ikibi. Tuvuge iki hoho ku kuntu irekerana ibintu mu vyo kwigenza runtu? Abantu benshi barazi ko bidatorera umuti ingorane, ariko ko bituma ingo zisambuka, hakaba indwara be n’izindi ngorane. Abakirisu bisunga ivyiyumviro vy’Imana bobo, usanga bifitiye imiryango ihimbawe, amagara meza kandi bakagiranira amahoro n’abo basangiye ukwemera kw’isi yose. (Yes. 2:4; Ivyak. 10:34, 35; 1 Kor. 6:9-11) None ivyo ntivyerekana ko ivyiyumviro vya Yehova biruta ivyiyumviro vy’isi?

11. Musa yisunga ivyiyumviro vya nde, kandi vyavuyemwo iki?

11 Abasavyi b’Imana b’ukuri bavugwa muri Bibiliya bari bazi ko ivyiyumviro vya Yehova ari ntangere. Nk’akarorero, naho Musa yari yarerewe “mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri,” yagumye yitura Imana ngo imuhe “umutima w’ubukerebutsi.” (Ivyak. 7:22; Zab. 90:12) Vyongeye yatakambiye Yehova ati: “Umenyeshe inzira zawe.” (Kuv. 33:13) Kubera ko Musa yisunga ivyiyumviro vy’Imana, yaragize uruhara rukomeye mw’iranguka ry’umugambi wayo yongera aterwa iteka ryo kwandikwa muri Bibiliya ko yari umugabo w’ukwizera kudasanzwe.​—Heb. 11:24-27.

12. Intumwa Paulo yashingira ivyiyumviro vyiwe ku ki?

12 Intumwa Paulo yari incabwenge yize cane, kandi yari azi igiheburayo n’ikigiriki. (Ivyak. 5:34; 21:37, 39; 22:2, 3) Ariko amaze kumenya ibijanye n’ingingo ngenderwako, yahisemwo kuvavanura n’ubukerebutsi bw’isi, maze ashingira ivyiyumviro vyiwe ku Vyanditswe. (Soma Ivyakozwe 17:2; 1 Abakorinto 2:6, 7, 13.) Ivyo vyatumye arangura neza ubusuku bwiwe yongera yitegana umushasharo impera y’ibihe bidahera.​—2 Tim. 4:8.

13. Ni nde ajejwe guhuza ivyiyumviro vyacu n’ivya Yehova?

13 Vy’ukuri, ivyiyumviro vy’Imana biraruta cane ivyiyumviro vy’isi y’iki gihe. Nitwisunga ivyiyumviro vyayo, tuzogira agahimbare kenshi twongere turoranirwe. Yamara Yehova ntadusaba ngo twiyumvire nka we ku gahato. Wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ntaduhata ngo twiyumvire uku canke kuriya, kandi n’abakurambere ni ukwo nyene. (Mat. 24:45; 2 Kor. 1:24) Ahubwo riho, umukirisu wese ku giti ciwe ni we ajejwe guhuza ivyiyumviro vyiwe n’ivy’Imana. None twobigenza gute?

TUREKE GUSHUSHANYWA N’IVY’IKI GIHE

14, 15. (a) Kugira twiyumvire nka Yehova, dutegerezwa kuzirikana ku biki? (b) Twisunze Abaroma 12:2, ni kubera iki dutegerezwa kwirinda ivyiyumviro vy’isi? Tanga akarorero.

14 Mu Baroma 12:2 haduhanura hati: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” Ayo majambo arerekana ko naho isi yoba yaragize akosho kangana gute ku vyiyumviro vyacu imbere yo kumenya ukuri, dushobora guhinduka tugahuza cane ivyiyumviro vyacu n’ivy’Imana. Naho dushobora kwiyumvira mu buryo kanaka kubera umuryango dukomokamwo canke ivyo twaciyemwo muri kahise, turashobora kuguma duhindura ivyiyumviro. Ahanini ayo mahinduka avana n’ivyo dushima kwinjiza mu bwenge bwacu be n’ivyo duhitamwo kuguma twiyumvira. Nitwaguma tuzirikana ingene Yehova abona ibintu, tuzokwibonera yuko ivyiyumviro vyiwe ari vyo bigororotse. Ivyo bizoca bituma twipfuza kwiyumvira nk’uko yiyumvira.

15 Ariko rero kugira ngo duhuze ivyiyumviro vyacu n’ivya Yehova, dutegerezwa “[kureka] gushushanywa n’ivy’iki gihe.” Dutegerezwa kureka kwinjiza mu bwenge bwacu ivyiyumviro biteye kubiri n’ivy’Imana. Kugira dutahure ingene bihambaye kwirinda ivyo vyiyumviro, reka tubigereranye n’ibifungurwa. Umuntu yoshobora kurushiriza kugira amagara meza mu kuza arafungura imfungurwa zirimwo intungamagara. Ariko none ivyo vyomumarira iki hamwe yoza aracishamwo agafungura ibifungurwa vyononekaye? Muri ubwo buryo nyene, kumenya ivyiyumviro vya Yehova nta co bizotumarira nitwonona imizirikanyi yacu n’ivyiyumviro vy’isi.

16. Ni ibiki dukwiye kwirinda?

16 Twoba none dushobora kwirinda ijana kw’ijana ivyiyumviro vy’isi? Oya, ntibishoboka kuko tuba muri iyi si. Hariho ivyiyumviro vyayo tudashobora gukwepa. (1 Kor. 5:9, 10) Igikorwa co kwamamaza ubwaco kiratuma duhura n’abantu bemera ibinyoma. Ariko naho tudashobora kwirinda guhura n’ivyiyumviro Imana itemera, ntidukwiye kubishirako umutima canke kuvyemera. Cokimwe na Yezu, dukwiye guca twiyamiriza ivyiyumviro bikamira Shetani mu coze. Vyongeye, turakwiye kwirinda guhura n’ivyiyumviro vy’isi igihe atari ngombwa.​—Soma Imigani 4:23.

17. Dushobora gute kwirinda guhura n’ivyiyumviro vy’isi atari ngombwa?

17 Nk’akarorero, turakwiye kuba maso igihe duhitamwo abo tugira abagenzi. Bibiliya itugabisha yuko tugumye tugiranira imigenderanire n’abadasenga Yehova, ivyiyumviro vyabo bishobora kutugirako akosho. (Imig. 13:20; 1 Kor. 15:12, 32, 33) Vyongeye, turakwiye kwiyubara igihe duhitamwo uburyo bwo kwisamaza. Igihe twirinze ukwisamaza gushigikira inyigisho y’ihindagurika, ubukazi canke ubuhumbu, tuba twirinze kwinjiza mu mizirikanyi yacu ivyiyumviro “[bi]rwanya ubumenyi bw’Imana.”​—2 Kor. 10:5.

Twoba dufasha abana bacu kwirinda ukwisamaza mu buryo bwonona? (Raba ingingo ya 18, 19)

18, 19. (a) Kubera iki dutegerezwa kuba maso ku vyiyumviro isi iremesha mu buryo budashoka bwibonekeza? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza, kandi kubera iki?

18 Vyoba vyiza kandi tumenye ivyiyumviro vy’isi usanga bidashoka vyibonekeza tugaca tuvyirinda. Nk’akarorero, hoshobora gushikirizwa amakuru ahengamiye ku vyiyumviro kanaka vya politike. Inkuru abantu batera zoshobora kuba zihayagiza imigambi be n’ibintu isi ishira imbere. Amasinema n’ibitabu bimwebimwe birakwiragiza ivyiyumviro vy’uko dukwiye gushira ivyacu canke ivy’umuryango wacu imbere y’ibindi vyose, ugaca umengo ni vyo bibereye, bishimishije mbere bigororotse. Ivyo vyiyumviro birirengagiza ivyo Bibiliya ivuga, ikaba yerekana ko twebwe be n’imiryango yacu tugira agahimbare nyakuri igihe dukunze Yehova kuruta ibindi vyose. (Mat. 22:36-39) Vyongeye, inkuru zimwezimwe z’abana be n’ivyo baraba kuri televiziyo naho bishobora kuba vyemerwa na benshi, vyoshobora gutuma mu buryo bwihishije, abana babona ko inyifato mbi ata co itwaye.

19 Ivyo ntibisobanura ko ari bibi kwisamaza mu buryo bubereye. Ariko rero, vyoba vyiza twibajije duti: ‘Twoba dushobora kumenya ivyiyumviro vy’isi n’igihe vyoba biriko vyigishwa mu buryo bwihishije? Twoba ubwacu twirinda tukongera tukabuza abana bacu kuraba ibiganiro kanaka canke gusoma ibitabu bimwebimwe? Twoba dufasha abana bacu kumenya ingene Yehova abona ibintu kugira ngo ntiboshwe n’ivyo baba bumvise canke babonye vyo mw’isi?’ Nitwamenya gutandukanya ivyiyumviro vy’Imana n’ivyiyumviro vy’isi, tuzoshobora kwirinda “gushushanywa n’ivy’iki gihe.”

NI NDE AYOBORA IVYIYUMVIRO VYAWE UBU?

20. Tuzomenya gute uwuyobora ivyiyumviro vyacu?

20 Niwibuke ko hari ahantu nyamukuru habiri dushobora gukura amakuru, ni ukuvuga kuri Yehova no mw’isi itwarwa na Shetani. None ni nde muri abo ayobora ivyiyumviro vyacu? Birumvikana ko ari uwo dukurako amakuru twisunga. Nimba twemera ivyiyumviro vy’iyi si, ni vyo bizoyobora ukuntu twiyumvira, maze bitume twiyumvira kandi dukora nk’abantu b’isi. Ni co gituma bihambaye ko tuba maso ku vyo twinjiza mu mizirikanyi yacu be n’ivyo tugumizako umutima.

21. Tuzokwihweza iki mu kiganiro gikurikira?

21 Nk’uko twabibonye mu ntango, kugira twiyumvire nka Yehova dutegerezwa gukora n’ibindi uretse gusa kwirinda utwosho twonona. Dutegerezwa kandi kwinjiza mu mizirikanyi yacu ivyiyumviro vy’Imana maze tukiyumvira nka yo. Ikiganiro gikurikira kizorushiriza kutwereka ingene twobigenza.

^ ing. 5 Mu bisanzwe, umuntu naho yoba ari uwigenga kuruta abandi bose, ntashobora kwirinda akosho k’abandi. N’igihe turiko turazirikana ku bintu bihambaye cane nk’ibijanye n’inkomoko y’ubuzima canke igihe duhitamwo ibintu bisanzwe nk’impuzu twokwambara, usanga abandi batugizeko akosho kanaka. Ariko rero, turashobora guhitamwo abo twemera ko batugirako akosho.