Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 45

Ingene impwemu nyeranda idufasha

Ingene impwemu nyeranda idufasha

“Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”​—FLP. 4:13.

URURIRIMBO RWA 104 Imana iraduha impwemu nyeranda

INCAMAKE *

1-2. (a) Ni igiki kidufasha buri musi kwihanganira ingorane? Sigura. (b) Turimbura iki muri iki kiganiro?

“IYO niyumviriye ingorane naciyemwo, ndabona neza ko ntari gushobora kuzihanganira ubwanje.” Vyoba birashika nawe ukavuga gutyo? Abenshi biramaze kudushikira. Kumbure wabivuze inyuma y’aho uzirikaniye ingene washoboye kwihanganira indwara ikomeye canke ukubura uwawe. Utereje amaso inyuma, urabona ko wagiye uravyihanganira buri musi kubera ko impwemu nyeranda ya Yehova yaguhaye “ububasha burengeye ubusanzwe.”​—2 Kor. 4:7-9.

2 Turakeneye kandi kwiheka ku mpwemu nyeranda kugira dushobore kunanira akosho k’iyi si mbi. (1 Yoh. 5:19) Vyongeye, turakeneye inkomezi zo kunyinyana n’“ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.” (Ef. 6:12) Nimuze rero turimbure uburyo bubiri impwemu nyeranda idufasha muri ivyo. Mu nyuma, turihweza ivyo twokora kugira ngo turushirize kuyironka.

IMPWEMU NYERANDA IRATURONSA UBUBASHA

3. Uburyo bumwe Yehova adufasha kwihanganira ingorane ni ubuhe?

3 Impwemu nyeranda ya Yehova iradufasha mu kuturonsa ububasha bwo kurangura ibikorwa tujejwe naho twoba turi mu ngorane. Intumwa Paulo yabona ko kwiheka ku “bubasha bwa Kristu” ari vyo vyatumye ashobora kubandanya akorera Yehova naho yari mu ngorane. (2 Kor. 12:9) Mu rugendo rwiwe rwa kabiri rw’ubumisiyonari, Paulo yarakorana ishaka igikorwa co kwamamaza, agakora n’akazi kamuronsa ibimubeshaho. Yarabaye i Korinto kwa Akwila na Pirisila, abajisha amahema. Kubera ko na Paulo yari azi uwo mwuga, imisi imwimwe yarakorana na bo. (Ivyak. 18:1-4) Impwemu nyeranda yararonkeje Paulo inkomezi zo gukora akazi k’umubiri no kurangura igikorwa co kwamamaza.

4. Twisunze 2 Abakorinto 12:7b-9, Paulo yariko anyinyana n’iki?

4 Soma 2 Abakorinto 12:7b-9. None ng’aho Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko yari afise “ihwa mu mubiri”? Nimba ihwa rimaze kugucumita, urazi ingene ribabaza cane. Paulo rero yashaka kuvuga ko yariko aranyinyana n’ingorane kanaka ibabaza. Iyo ngorane yayise ‘umumarayika wa Shetani yaguma amukubita.’ Shetani canke amadayimoni yiwe bashobora kuba atari bo ubwabo bateje Paulo ingorane yarimwo, nk’aho boba bariko baramucumita ihwa mu mubiri. Ariko rero igihe babona iryo “hwa,” tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bashobora kuba baciye bagerageza kurisunika cane kugira bongereze ububabare bwiwe. None Paulo yakoze iki?

5. Yehova yishuye gute amasengesho ya Paulo?

5 Mu ntango, Paulo yipfuza ko iryo “hwa” rimuvamwo. Yavuze ati: “Naringinze Umukama [Yehova] gatatu ngo rimvemwo.” Yamara naho yasenze, iryo hwa ntiryamuvuyemwo. Ivyo none vyoba bisobanura ko Yehova atishuye amasengesho ya Paulo? Habe namba. Yarayishuye. Naho ataciye amukurako ingorane yarimwo, yaramuhaye ububasha bwo kuzihanganira. Yehova yamubwiye ati: “Ububasha bwanje buriko butunganirizwa mu bugoyagoye.” (2 Kor. 12:8, 9) Paulo abifashijwemwo n’Imana, yarashoboye kugumana umunezero n’amahoro yo mu mutima.​—Flp. 4:4-7.

6. (a) Yehova ashobora gute kwishura amasengesho yacu? (b) Ni ivyiyumviro ibihe bigukomeza biri muri ivyo vyanditswe vyatanzwe mu ngingo?

6 Cokimwe na Paulo, woba nawe urigera utakambira Yehova ngo agukureko ingorane kanaka? Nimba waramutakambiye mugabo iyo ngorane ikabandanya canke mbere ikarushiriza kwunyuka, woba warahagaritse umutima wibaza ko vyatewe n’uko Yehova yoba atagushima? Nimba vyarashitse, niwibuke akarorero ka Paulo. Yehova azokwishura amasengesho yawe, nk’uko nyene yishuye amasengesho ya Paulo. Naho Yehova atogukurako iyo ngorane, biciye ku mpwemu nyeranda, azoguha inkomezi ukeneye kugira wihanganire iyo ngorane. (Zab. 61:3, 4) Naho vyoshika ‘ugakubitwa hasi,’ Yehova ntazoguheba.​—2 Kor. 4:8, 9; Flp. 4:13.

IMPWEMU NYERANDA IRADUFASHA KUGUMA DUKORERA YEHOVA

7-8. (a) Ni mu buryo ki impwemu nyeranda twoyigereranya n’umuyaga? (b) Intumwa Petero yadondoye gute ingene impwemu nyeranda ikora?

7 Ni mu bundi buryo ubuhe impwemu nyeranda idufasha? Nka kurya kw’umuyaga ufasha ubwato guca mu kiyaga gisuriranya, ni ko impwemu nyeranda idufasha kuguma dukorera Yehova mu ngorane zimeze nk’ikiyaga gisuriranya, gushika twinjiye mw’isi nshasha.

8 Kubera ko intumwa Petero yari umurovyi, yari azi vyinshi ku bijanye n’ubwato butwarwa n’umuyaga. Biri n’ico bivuze rero kubona yarakoresheje imvugo ifitaniye isano n’ubwo bwato igihe yavuga ingene impwemu nyeranda ikora. Yavuze ati: “Ubuhanuzi [nta] ho bwigeze buzanwa n’ukugomba kw’umuntu, ahubwo abantu bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “barongowe,” ijambo ku rindi risobanura ngo “bayobowe.”​—2 Pet. 1:21.

9. Imvugo Petero yakoresheje ngo ‘bayobowe’ yatuma abantu baca babona iki mu bwenge?

9 None iyo mvugo Petero yakoresheje ngo ‘bayobowe’ yatuma abantu baca babona iki mu bwenge? Luka umwanditsi w’igitabu c’Ivyakozwe, na we nyene yarakoresheje iyindi mvugo ikomoka kuri iryo jambo nyene ry’ikigiriki mu kuvuga ubwato bwariko ‘bujanwa’ n’umuyaga. (Ivyak. 27:15) Nk’uko umuhinga umwe abivuga, igihe Petero yavuga ko abanditse Bibiliya ‘bayobowe’ n’impwemu nyeranda, yakoresheje imvugo ituma abantu baca babona ubwato bujanwa n’umuyaga. Petero rero yashaka kuvuga yuko, nka kurya nyene umuyaga uyobora ubwato ku rugendo, ari ko n’impwemu nyeranda yayoboye abanditse Bibiliya mu gikorwa cabo. Uwo muhinga nyene yavuze ati: “Ni nk’aho abo bahanuzi badugije ibitambara vyabo.” Yehova rero yararanguye uruhara rwiwe mu kubaronsa impwemu nyeranda, iyo twogereranya n’umuyaga. Abo banditsi na bo bararanguye uruhara rwabo, mu kwemera kuyoborwa n’iyo mpwemu.

ICA 1: Niwame ukora ibikorwa vy’impwemu

ICA 2: Nurushirize kubigiramwo uruhara uko ushoboye kwose (Raba ingingo ya 11) *

10-11. Ni ibintu bibiri ibihe dutegerezwa gukora kugira ngo impwemu nyeranda ituyobore? Tanga akarorero.

10 Ego ni ko Yehova ntagihumekera abantu ngo bandike Bibiliya. Naho ari ukwo, aracakoresha impwemu yiwe nyeranda mu kuyobora abasavyi biwe. Yehova aracarangura uruhara rwiwe. Twokora iki none kugira ngo impwemu y’Imana ituyobore? Turakwiye kuguma turangura uruhara rwacu. None twobikora gute?

11 Rimbura aka karorero. Kugira ngo uwutwara ubwato afashwe n’umuyaga, ategerezwa gukora ibintu bibiri. Ica mbere, ategerezwa kujana ubwato bwiwe mu nzira y’umuyaga. Hamwe yokwigumira ku kivuko, kure y’aho umuyaga uca, ubwo bwato ntibwova aho buri. Ica kabiri, ategerezwa kuduza ibitambara vy’ubwato no kubizingurura bihagije. Mbere n’igihe umuyaga woba uriko urahuhuta, ubwato ntibwogenda kiretse gusa umuyaga uhuhutiye kuri nya bitambara. Na twebwe rero, ntidushobora kuguma dukorera Yehova tudafashijwe n’impwemu nyeranda. Kugira ngo iyo mpwemu ituyobore, dutegerezwa gukora ibintu bibiri. Ica mbere, dutegerezwa kuja aho iyo mpwemu y’Imana ikorera, mu gukora ibikorwa bituma ituyobora. Ica kabiri, dutegerezwa kuduza ibitambara mu buryo bw’ikigereranyo, mu kurushiriza kugira uruhara muri ivyo bikorwa uko dushoboye kwose. (Zab. 119:32) Nitwabigenza gutyo, impwemu nyeranda izodufasha kurengana imipfunda y’uruhamo n’ibigeragezo, idufashe no kwihangana tudahemuka gushika twinjiye mw’isi nshasha.

12. Tugiye kurimbura iki?

12 Gushika aha, twabonye uburyo bubiri impwemu nyeranda idufashamwo. Impwemu nyeranda iraduha ububasha ikongera ikadufasha kuguma turi intahemuka igihe turi mu ngorane. Iratuma kandi tuguma dukorera Yehova, ikanadufasha kuguma mu nzira ijana mu buzima budahera. Nimuze ubu na ho twihweze ibintu bine dutegerezwa gukora kugira ngo impwemu nyeranda irushirize kutuyobora.

INGENE IMPWEMU NYERANDA YORUSHIRIZA KUTUYOBORA

13. Twisunze 2 Timoteyo 3:16, 17, Ivyanditswe bishobora kudufasha gute, ariko dutegerezwa gukora iki?

13 Ubwa mbere, niwige Ijambo ry’Imana. (Soma 2 Timoteyo 3:16, 17.) Imana yakoresheje impwemu yayo mu ‘guhumekera’ imizirikanyi y’abanditse Bibiliya. Igihe dusoma Bibiliya kandi tukazirikana ku vyo dusoma, inyigisho z’Imana ziranyengetera mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu. Ivyo vyiyumviro vyahumetswe bica bituma tubaho dukora ivyo Imana igomba. (Heb. 4:12) Ariko rero kugira ngo impwemu nyeranda irushirize kutuyobora, dutegerezwa gufata umwanya wo kwama twiyigisha Bibiliya no kuzirikana cane ku vyo dusoma. Gutyo, Ijambo ry’Imana riraheza rikatuyobora mu vyo tuvuga no mu vyo dukora vyose.

14. (a) Kubera iki amakoraniro yacu twoyagereranya n’ahantu haca umuyaga? (b) Ni ryari twovuga ko twitavye amakoraniro ibitambara vyacu vy’ikigereranyo bizinguruye?

14 Ubwa kabiri, niwifatanye n’abandi mu gusenga Imana. (Zab. 22:22) Amakoraniro yacu twoyagereranya n’ahantu haca umuyaga. Impwemu ya Yehova ni ho iba iri. (Ivyah. 2:29) Kubera iki twovuga gutyo? Kubera ko igihe dukoraniye hamwe n’abo dusangiye ukwizera, dusenga dusaba impwemu nyeranda, tukaririmba indirimbo z’Ubwami zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, kandi tukumviriza inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zishikirizwa n’abagabo bagenywe n’impwemu nyeranda. Iyo mpwemu nyene irafasha bashiki bacu gutegura no gushikiriza ibiganiro bashingwa. Ariko rero kugira ngo impwemu nyeranda idufashe bimwe bishitse, dukwiye kuyitaba twiteguriye kuyagiramwo uruhara. Aho ni ho twovuga ko twayitavye ibitambara vyacu vy’ikigereranyo bizinguruye.

15. Ni ryari impwemu nyeranda idufasha mu gikorwa co kwamamaza?

15 Ubwa gatatu, nugire uruhara mu gikorwa co kwamamaza. Iyo dukoresheje Bibiliya mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha, impwemu nyeranda iraheza ikadufasha muri ico gikorwa. (Rom. 15:18, 19) Ariko rero kugira ngo irushirize kudufasha, dutegerezwa kwama tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza kandi tugakoresha Bibiliya igihe cose bishoboka. Kimwe mu vyotuma ico gikorwa kirushiriza kuvamwo ivyiza, ni ugukoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago dusanga mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu.

16. Uburyo burashe kuruta bwo kuronka impwemu nyeranda ni ubuhe?

16 Ubwa kane, nusenge Yehova. (Mat. 7:7-11; Luka 11:13) Uburyo burashe kuruta bwo kuronka impwemu nyeranda ni ukuyisaba Yehova mw’isengesho. Nta kintu na kimwe coshobora gutangira amasengesho yacu ngo ntashikire Yehova canke ngo ingabirano nziza y’impwemu y’Imana ntidushikire, n’iyo ryoba ari ibohero canke Shetani. (Yak. 1:17) None twosenga gute kugira ngo impwemu nyeranda irushirize kutuyobora? Kugira turonke inyishu, nimuze turimbure twitonze ibijanye n’isengesho, mu guca irya n’ino ikigereranyo dusanga mu Njili ya Luka yonyene. *

NUKOVYE MU GUSENGA

17. Ikigereranyo Yezu yatanze muri Luka 11:5-9, 13, kitwigisha iki ku bijanye n’isengesho?

17 Soma Luka 11:5-9, 13. Ico kigereranyo Yezu yatanze kirerekana ingene dukwiye gusenga dusaba impwemu nyeranda. Uwo mugabo yaronse ivyo yari akeneye “kubera ugukovya n’umutima rugabo kwiwe.” Ntiyatinye gusaba umugenzi wiwe ngo amufashe naho ijoro ryari ryitereye. (Raba amakuru adufasha kwiga Luka 11:8 mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu ko muri Mukakaro 2018.) None Yezu yerekanye gute isano riri hagati y’ico kigereranyo n’isengesho? Yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa; mugume murondera, muzoronka; mugume mudodora, muzokwugururirwa.” Ivyo none bitwigisha iki? Kugira ngo impwemu nyeranda idufashe, dutegerezwa kuyisaba Imana dukobeje.

18. Twisunze ca kigereranyo Yezu yatanga, kubera iki twokwizigira ko Yehova azoturonsa impwemu nyeranda?

18 Vyongeye, ico kigereranyo kiradufasha kubona igituma Yehova azoduha impwemu nyeranda. Wa mugabo avugwamwo yaripfuza kuba umwakiranyi. Yabona ko abwirizwa kuzimana umushitsi amugendeye ijoro ryitereye naho atagira ico amuha. Yezu yavuze ko umubanyi wiwe yamuhaye umukate kubera ko yamusavye akobeje. None Yezu yashaka gutanga icigwa ikihe? Nimba umuntu adatunganye agira umutima ukunze wo gufasha umubanyi wiwe amusavye ikintu akobeje, ese ukuntu wa Muvyeyi wacu mwiza wo mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba bakobeje. Ku bw’ivyo, dukwiye gusenga Yehova twizigiye ko azokwishura amasengesho tumutura tumusaba impwemu nyeranda.​—Zab. 10:17; 66:19.

19. Twemezwa n’iki ko tuzotahukana intsinzi?

19 Naho Shetani adahengeshanya kutugabako ibitero, turashobora kwizigira ko tuzotahukana intsinzi. Uti kubera iki? Kubera ko impwemu nyeranda idufasha mu buryo bubiri. Ubwa mbere, iraduha ububasha dukeneye kugira twihanganire ingorane. Ubwa kabiri, ni inguvu ituma tuguma dukorera Yehova gushika twinjiye mw’isi nshasha. Nimuze rero twiyemeze kureka impwemu nyeranda irushirize kutuyobora.

URURIRIMBO RWA 41 Ndakwinginze wumve isengesho

^ ing. 5 Iki kiganiro kirasigura ingene impwemu nyeranda y’Imana ishobora kudufasha kwihangana. Kiratubwira n’ivyo twokora kugira ngo irushirize kutuyobora.

^ ing. 16 Luka arerekana kurusha abandi banditsi bose b’Injili yuko isengesho ryari rihambaye mu buzima bwa Yezu.​—Luka 3:21; 5:16; 6:12; 9:18, 28, 29; 18:1; 22:41, 44.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: ICA 1: Umuvukanyi na mushiki wacu bashitse ku Ngoro y’Ubwami. Bari ahantu impwemu ya Yehova iri, kuko bagiye gukoranira hamwe n’abo basangiye ukwizera. ICA 2: Bariteguriye kugira uruhara mw’ikoraniro. Ivyo bintu bibiri twokora ku bijanye n’amakoraniro, ni vyo nyene twogira no ku bindi bikorwa twarimbuye muri iki kiganiro, ari vyo: kwiga Ijambo ry’Imana, kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, no gusenga Yehova.