Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 48

“Nimurangize n’ukubikora”

“Nimurangize n’ukubikora”

“Nimurangize n’ukubikora.”​—2 KOR. 8:11.

URURIRIMBO RWA 35 ‘Turabe neza ibihambaye kuruta’

INCAMAKE *

1. Yehova aduha uburenganzira ubuhe?

YEHOVA araduha uburenganzira bwo kwihitiramwo ingene dukoresha ubuzima bwacu. Aratwigisha ukuntu twohitamwo neza, akongera akadufasha kuroranirwa igihe dufashe ingingo zimuhimbara. (Zab. 119:173) Uko turushiriza kwisunga ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana, ni ko turushiriza gufata ingingo zibereye.​—Heb. 5:14.

2. Ni igiki coshobora kutugora tumaze gufata ingingo?

2 Ariko rero n’igihe dufashe ingingo nziza, birashobora kutugora kuyishira mu ngiro. Rimbura uburorero bumwebumwe: Umuvukanyi akiri muto arishingiye umugambi wo gusoma Bibiliya yose. Yamara haciye amayinga makeyi arahagarika bivanye n’impamvu kanaka. Mushiki wacu umwe na we arafashe ingingo yo gukora ubutsimvyi busanzwe mugabo akaguma yigiza inyuma itariki yo gutangura. Abagize Inama y’abakurambere na bo, barumvikanye ko bagiye kurushiriza kugendera cungere abagize ishengero, mugabo amezi n’ayandi araheze batarabikora. Naho ivy’abo bantu bose bitandukanye, hariho ico bahuriyeko. Ntibashize mu ngiro ingingo bari bafashe. No mu kinjana ca mbere, abakirisu b’i Korinto barashikiwe n’ikintu nk’ico. Nimuze turabe ico twobigirako.

3. Abakorinto bafashe ingingo iyihe, mugabo vyahavuye bigenda gute?

3 Nko mu 55 inyuma ya Kristu, Abakorinto barafashe ingingo ihambaye. Baramenye yuko abavukanyi babo b’i Yeruzalemu n’i Yudaya bari bugarijwe n’ingorane be n’ubukene, kandi ko ayandi mashengero yariko aregeranya amahera yo kubafasha. Abo Bakorinto babitumwe n’umutima wo gutanga, na bo nyene baciye biyemeza kugira ico bafashije maze basaba intumwa Paulo ngo abagire inama y’ukuntu bobigenza. Paulo yaciye yereka iryo shengero uko ryobigenza yongera agena Tito ngo afashe mu vyo kwegeranya izo ntererano. (1 Kor. 16:1; 2 Kor. 8:6) Ariko haciye amezi makeyi, Paulo yaramenye yuko abo Bakorinto batakoze ivyo biyemeje. Ivyo vyotumye intererano zabo zitaboneka ku gihe kugira ngo zijane i Yeruzalemu n’iz’ayandi mashengero.​—2 Kor. 9:4, 5.

4. Twisunze 2 Abakorinto 8:7, 10, 11, Paulo yaremesheje Abakorinto gukora iki?

4 Abo Bakorinto bari bafashe ingingo nziza, kandi Paulo yarabakeje kubera ukwizera gukomeye bari bafise be n’icipfuzo cabo co gutanga. Ariko kandi yarabaremesheje gushitsa ivyo bari biyemeje. (Soma 2 Abakorinto 8:7, 10, 11.) Ivyabashikiye biratwereka yuko n’abakirisu b’intahemuka vyoshobora kubagora gushira mu ngiro ingingo nziza baba bafashe.

5. Tugiye kwishura ibibazo ibihe?

5 Cokimwe n’abo Bakorinto, vyoshobora kutugora gushitsa ivyo twiyemeje. Uti kubera iki? Kubera ko tudatunganye, twoshobora kuba ba nzobandabikora. Canke na ho, ibishika giturumbuka vyoshobora gutuma tudashira mu ngiro ingingo twafashe. (Umus. 9:11; Rom. 7:18) None twosuzuma gute ingingo twafashe kugira tumenye nimba dukwiye kuyihindura? Vyongeye, twokora iki kugira tworoherwe no gushira mu ngiro ingingo twafashe?

IMBERE YO GUFATA INGINGO

6. Ni ryari vyokenerwa ko duhindura ingingo twafashe?

6 Hariho ingingo zimwezimwe zihambaye tutokwigera duhindura. Nk’akarorero, turumira ku ngingo twafashe yo gukorera Yehova kandi turiyemeza kudahemukira uwo twubakanye. (Mat. 16:24; 19:6) Ariko rero hariho izindi ngingo twoshobora guhindura. Uti kubera iki? Kubera ko ibintu bishobora guhinduka. None ni ibiki vyodufasha gufata ingingo nziza kuruta?

7. Dukwiye gusenga dusaba iki, kandi kubera iki?

7 Nusenge usaba ubukerebutsi. Yehova yahumekeye Yakobo kwandika ati: “Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose.” (Yak. 1:5) Mu bisanzwe, hari ukuntu twese ‘duhajije mu bukerebutsi.’ Niwiheke rero kuri Yehova igihe ugomba gufata ingingo n’igihe ugomba kuyihindura. Yehova na we azoheza agufashe gufata ingingo nziza.

8. Imbere yo gufata ingingo, twogira ubushakashatsi ubuhe?

8 Nugire ubushakashatsi bwimbitse. Nusuzume Ijambo ry’Imana, usome ibitabu ishirahamwe rya Yehova rituronsa wongere usabe impanuro abantu wizigiye. (Imig. 20:18) Kugira ubushakashatsi nk’ubwo birakenewe imbere y’uko ufata ingingo yo guhindura akazi, kwimuka, canke guhitamwo amashure wokwiga yotuma wibeshaho mu gikorwa ukorera Yehova.

9. Kwisuzuma tutihenda ku mvo zituma dufata ingingo bizodufasha gute?

9 Nusuzume imvo zibigutumye. Yehova aritaho imvo zituma dukora ibintu. (Imig. 16:2) Ashaka ko tuba inziraburyarya muri vyose. Ku bw’ivyo rero igihe dufata ingingo, dukwiye kwisuzuma tutihenda canke ngo duhende abandi. Hamwe twozifata bitavuye ku mutima, kuzishira mu ngiro vyotugora. Nk’akarorero, umuvukanyi akiri muto yoshobora gufata ubutsimvyi busanzwe. Ariko haciye igihe gito, hari aho vyomugora gushitsa amasaha asabwa bigatuma atakaza umunezero muri uwo murimo. Mu ntango, yoshobora kuba yiyumviriye ko imvo nyamukuru yatumye afata ubutsimvyi ari uko yashaka guhimbara Yehova. Ariko none, ubwo ntiyoba ahanini yabitumwe n’ugushaka guhimbara abavyeyi biwe canke kwigana uwundi muntu?

10. Umuntu akeneye iki kugira ngo agire amahinduka?

10 Iyumvire umutohoji umwe wa Bibiliya afashe ingingo yo guheba itabi. Mu ntango, arinanata akamara indwi imwe canke zibiri atarinywa, mugabo mu nyuma agasubira kurinywa. Ariko amaherezo, arariheba burundu. Urukundo akunda Yehova be c’icipfuzo afise co kumuhimbara ni vyo bimufasha gutsinda iyo ngeso.​—Kol. 1:10; 3:23.

11. Kubera iki ukwiye kugira urutonde rutomoye?

11 Nutegekanye imigambi mu buryo butomoye. Uko utegekanya imigambi mu buryo butomoye ni ko bikworohera kuyirangura. Nk’akarorero, ushobora kuba warishingiye umugambi wo gusoma Bibiliya kenshi. Mugabo nimba udafise urutonde rutomoye, vyoshobora kukugora kuwushikako. * Canke na ho, abakurambere b’ishengero boshobora gufata ingingo yo kugendera intama kenshi, mugabo haheze igihe bagasanga batabishize mu ngiro. Kugira babishikeko, bari kwibaza bati: “Twoba twaragize urutonde rw’abavukanyi na bashiki bacu bakeneye kurushiriza kugenderwa? Twoba twarashinze igihe co kubagendera?”

12. Dukeneye kugira iki, kandi kubera iki?

12 Nugire uburimbane. Nta n’umwe muri twebwe afise umwanya, amahera canke inguvu vyo gukora ibintu vyose yipfuza. Nugire uburimbane rero. Igihe bikenewe, woshobora guhindura ingingo ubona ko isaba ibirengeye ubushobozi bwawe. (Umus. 3:6) Ubu na ho, dufate ko uhejeje gusuzuma ingingo ugomba gufata, ukagira n’ivyo uhinduye maze ukabona ko woyishira mu ngiro. Ng’ibi ibintu bitanu bishobora kugufasha kuyishira mu ngiro.

IVYOGUFASHA GUSHIRA MU NGIRO INGINGO WAFASHE

13. Ushobora gute kuronka inkomezi zo gushira mu ngiro ingingo wafashe?

13 Nusenge usaba inkomezi zo gukora. Yehova arashobora kuguha inkomezi zo gushira mu ngiro ingingo wafashe. (Flp. 2:13) Ku bw’ivyo, numusabe impwemu yiwe nyeranda kugira ikuronse inkomezi ukeneye. Nugume usenga n’igihe mbere woba ubona umenga yatevye kukwishura. Nk’uko Yezu yavuze, ‘nugume usaba impwemu nyeranda, uzoyihabwa.’​—Luka 11:9, 13.

14. Ibivugwa mu Migani 21:5 bishobora kugufasha gute gushira mu ngiro ingingo wafashe?

14 Nugire urutonde. (Soma Imigani 21:5.) Kugira ngo urangure umugambi wishingiye, urakwiye kugira urutonde kandi ukarwisunga. Ni co kimwe n’igihe ufata ingingo. Nugire urutonde rw’ibintu vyose uzokora kugira ngo uyishire mu ngiro. Nimba ari umugambi ugoye, kuza urakora kimwekimwe bizogufasha kubona aho uwugejeje. Paulo yaremesheje Abakorinto kugira ico bashize ku ruhande “buri musi wa mbere w’iyinga,” aho kurindira igihe azoshikira ngo abe ari ho begeranya intererano zabo. (1 Kor. 16:2) Gukora ikintu kimwekimwe birashobora no gutuma utumva ko urengewe.

15. Umaze kwishingira umugambi, woca ukora iki?

15 Kugira urutonde rwanditse birashobora kugufasha kurangura imigambi wishingiye. (1 Kor. 14:40) Nk’akarorero, abagize inama z’abakurambere basabwa kugena umukurambere aza arandika ingingo zose bapfundika, uwukurikirana ingene zishirwa mu ngiro, tutibagiye n’igihe bategekanya ko zizoba zashizwe mu ngiro. Abakurambere bakurikiza ubwo buyobozi, usanga biborohera kurangura ivyo baba bategekanije. (1 Kor. 9:26) Na wewe woshobora kubigenza gutyo mu bikorwa vyawe. Nk’akarorero, urashobora kugira urutonde rw’ivyo wipfuza gukora buri musi, ukabitondeka uhereye ku co wipfuza gutangurirako. Uretse ko ivyo bituma urangura umugambi wawe, biranagufasha gukora vyinshi mu mwanya muto.

16. Ukeneye gukora iki kugira urangure umugambi wishingiye, kandi ni gute mu Baroma 12:11 habishimikako?

16 Niwihate. Kuguma wisunga urutonde wishingiye gushika umugambi wawe urangutse, bisaba akigoro. (Soma Abaroma 12:11.) Paulo yabwiye Timoteyo ko kugira abe umwigisha abishoboye, akwiye kubandanya yihata kandi adatezura. Iyo mpanuro irerekeye n’iyindi migambi twokwishingira mu vy’impwemu.​—1 Tim. 4:13, 16.

17. Mu Banyefeso 5:15, 16 hogufasha gute kurangura umugambi wishingiye?

17 Nukoreshe neza umwanya wawe. (Soma Abanyefeso 5:15, 16.) Niwishingire igihe uzotangurirako kurangura umugambi wishingiye kandi ntuhindure. Nturindire kuzobikora uronse umwanya ubereye, kuko vyoshika ntiwigere uwuronka. (Umus. 11:4) Ntureke ngo ibintu bidahambaye cane bigutware umwanya n’inguvu wari gukoresha ku bihambaye kuruta. (Flp. 1:10) Nimba bishoboka, niwishingire umwanya ubona ko ata vyinshi bizoguciramwo. Numenyeshe abandi yuko hari ibigufatiriye. Woshobora no kuzimya terefone yawe maze amamesaje bakurungikiye ukayasoma hanyuma. *

18-19. Naho twohura n’intambamyi, ni igiki codufasha kudaheba ingingo nziza tuba twafashe?

18 Nugumize umutima ku vyiza bizovamwo. Ivyiza biva mu ngingo dufata, twobigereranya n’iyo turiko turaja igihe dufashe urugendo. Iyo vy’ukuri wipfuza gushika iyo uriko uraja, urabandanya naho wosanga ibarabara ucamwo ryugaye bikaba ngombwa ko uca mu rindi. Muri ubwo buryo nyene, igihe tugumije umutima ku vyiza bizova mu ngingo tuba twafashe, ntituzoheba ngo ni uko duhuye n’intambamyi canke tubwirijwe kugira ivyo duhinduye.​—Gal. 6:9.

19 Gufata ingingo nziza ntivyoroshe, kandi kuzishira mu ngiro birashobora kuba urugamba. Mugabo Yehova abigufashijemwo, urashobora kuronka ubukerebutsi n’inguvu vyo kurangiza ico watanguye.

URURIRIMBO RWA 65 Tera uja imbere!

^ ing. 5 Woba wicuza ku ngingo zimwezimwe umaze gufata? Canke na ho, vyoba rimwe na rimwe bikugora gufata ingingo nziza no kuzishira mu ngiro? Iki kiganiro kiragufasha kubona ingene wotsinda urwo rugamba maze ukarangiza ico watanguye gukora.

^ ing. 11 Kugira bikworohere gusoma Bibiliya, woshobora kwifashisha “Urutonde rwo gusoma Bibiliya” ruboneka kuri jw.org®.

^ ing. 17 Wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene wokoresha umwanya wawe, raba ikiganiro kivuga ngo “Uburyo 20 bwo kuronka umwanya wiyongereye,” muri Be maso! yo muri Mukakaro 2010.