Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 48

Nugumize amaso kuri kazoza

Nugumize amaso kuri kazoza

“Nayo amaso yawe, akwiye kuraba imbere adakebaguzwa, emwe amaso aca ibibatsi yawe akwiye kuguma ahanze imbere yawe adakebaguzwa.”—IMIG. 4:25.

URURIRIMBO RWA 77 Umuco uraka mw’isi y’umwiza

INCAMAKE *

1-2. Twokurikiza gute impanuro dusanga mu Migani 4:25? Tanga akarorero.

ZIRIKANA ibi bintu bikurikira: Mushiki wacu yitereye mu myaka arazirikana ku bihe vyiza yaciyemwo muri kahise. Naho ubu afise ingorane nyinshi mu buzima, arabandanya gukorera Yehova ivyo ashoboye vyose. (1 Kor. 15:58) Buri musi ariha ishusho ari kumwe n’abiwe mw’isi nshasha Imana yasezeranye. Uwundi mushiki wacu aribuka ko hari uwo mw’ishengero yamubabaje, ariko agahitamwo kutamubikira inzika. (Kol. 3:13) Umuvukanyi umwe na we aribuka neza amakosa yakoze muri kahise, mugabo akagumiza umutima ku kudahemukira Yehova.—Zab. 51:10.

2 None abo bakirisu batatu bose bahuriye ku ki? Bose baribuka ivyo baciyemwo muri kahise, mugabo ntibabigumizako umutima. Ahubwo baguma bahanze amaso kazoza ‘badakebaguzwa.’—Soma Imigani 4:25.

3. Kubera iki dukwiye guhanga amaso kazoza ‘tudakebaguzwa’?

3 Kubera iki bihambaye ko tuguma duhanze amaso kazoza ‘tudakebaguzwa’? Nka kurya nyene bitoshoboka ko umuntu agenda atumbereye kandi aguma araba inyuma, ni ko bitoshoboka ko dutera imbere mu murimo wa Yehova hamwe twogumiza amaso ku vyo twaciyemwo muri kahise.—Luka 9:62.

4. Turimbura ibiki muri iki kiganiro?

4 Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura imitego itatu yoshobora gutuma tugumiza umutima kuri kahise. * Iyo mitego na yo ni: (1) gukumbura ubuzima twaciyemwo, (2) kubika inzika, (3) kwiyagiriza birenze. Kuri buri mutego wose, turaza kuraba ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zodufasha kutagumiza umutima ku “biri inyuma” mugabo tukaramiriza “ku biri imbere.”—Flp. 3:13.

UMUTEGO WO GUKUMBURA UBUZIMA TWACIYEMWO

Ni ibiki vyotubuza guhanga amaso kazoza tudakebaguzwa? (Raba ingingo ya 5, 9, 13) *

5. Mu Musiguzi 7:10 hatuburira ku bijanye n’umutego uwuhe?

5 Soma Umusiguzi 7:10. Urabona ko uwo murongo utavuga ko ari bibi kwibaza uti: “Kubera iki imisi ya kera yabaye myiza?” Kwibuka ibintu vyiza ni ingabire iva kuri Yehova. Ahubwo riho uwo murongo uvuga uti: “Ntuvuge ngo: ‘Kubera iki imisi ya kera yabaye myiza kuruta iyi?’” Mu yandi majambo, ingorane iri mu kugereranya ubuzima twaciyemwo be n’ubwo tubayemwo ubu, maze tugashika ku ciyumviro c’uko ubu ata na kimwe kigenda neza. Hari iyindi Bibiliya ihindura uwo murongo iti: “Ntukavuge, uti Ni ku ki imisi ya kera iruta iy’ubu? Kuko mur’ivyo utaba ubajije ivy’ubgenge.”

Ni ikosa irihe Abisirayeli bakoze inyuma y’aho baviriye mu Misiri? (Raba ingingo ya 6)

6. Kubera iki atari vyiza kuguma twiyumvira ko kera twari tubayeho neza kuruta? Tanga akarorero.

6 Kubera iki atari vyiza kuguma twiyumvira ko kera twari tubayeho neza kuruta? Inkumbu zirashobora gutuma twibuka gusa ivyiza twaciyemwo, canke zigatuma dufatira mu rwara amagorwa twaciyemwo. Rimbura akarorero k’Abisirayeli. Bamaze kuva mu Misiri, ntibatevye kwibagira ubuzima bugoye bari barabayemwo. Ahubwo riho bagumije umutima ku bifungurwa vyiza bahoze baronka. Bavuze bati: “Ese ukuntu twibuka amafi twahora turya mu Misiri ata co dutanze, amakonkombure n’amapasiteke n’ibitunguru vya pwaro n’ibitunguru vy’amagoma n’ibitungurusumu!” (Guh. 11:5) None vy’ukuri boba baronka ivyo bifungurwa ‘ata co batanze’? Uwokubesha! Abisirayeli babironka bacumukuye. Igihe bari mu Misiri bari abashumba bacurwa bufuni na buhoro. (Kuv. 1:13, 14; 3:6-9) Yamara bahavuye bibagira ayo magorwa yose, batangura gukumbura kahise. Bahisemwo kugumiza umutima ku bihe vyiza baciyemwo, aho kuwugumiza ku vyiza Yehova yari amaze kubakorera. Iyo nyifato yabo ntiyashimishije Yehova.—Guh. 11:10.

7. Ni igiki cafashije mushiki wacu umwe kwirinda umutego wo gukumbura ubuzima yaciyemwo?

7 Twokwirinda gute umutego wo gukumbura ubuzima twaciyemwo? Rimbura akarorero ka mushiki wacu umwe yatanguye gukorera kuri Beteli y’i Brooklyn mu 1945. Haciye imyaka nk’ingahe, yarubakanye n’Umunyabeteli nka we, baca bamara imyaka myinshi bakorera ng’aho kuri Beteli. Ariko rero, mu 1976, umugabo wiwe yararwaye. Yavuze ko igihe umugabo wiwe yabona ko yari yimirije gupfa, yamuhaye impanuro nziza zomufashije kwihanganira ubupfakazi. Yamubwiye ati: “Twarabanye neza. Abantu benshi usanga batigera bagira umubano nk’uwu.” Mugabo kandi yaciye amukebura ati: “Naho ivyo vyiza uzoguma uvyibuka, ntuze ugumize umutima kuri kahise. Uko hazoca igihe, ni ko uzogenda urasubirana. Ntuze ugire umujinya canke ngo witeko umwikomo. Uze uhimbarirwe ivyo bihe vyiza twaciyemwo. . . . Ubushobozi bwo kwibuka ni ingabire Imana yaduhaye.” Ntiwemera none ko iyo mpanuro yamuhaye yari nziza?

8. Kudashira umutima kuri kahise vyafashije gute mushiki wacu umwe?

8 Uwo mushiki wacu yarafashe nka nkama ayo majambo. Yarakoreye Yehova adahemuka gushika apfuye, afise imyaka 92. Hasigaye imyaka mikeya ngo apfe, yavuze ati: “Ntereje amaso inyuma ku myaka irenga 63 maze nkorera Yehova ndi mu murimo w’igihe cose, ndashobora kuvuga yuko nagize ubuzima bumara akanyota vy’ukuri.” Uti kubera iki? Yasiguye ati: “Ikintu gituma ubuzima buba ubumara akanyota vy’ukuri ni umuryango wacu w’abavukanyi mwiza igitangaza be n’icizigiro co kuzobana na bo mw’isi izoba yabaye Iparadizo, dukorera Umuremyi wacu Ahambaye, ari we ya Mana yonyene y’ukuri Yehova, gushika ibihe bidahera.” * Ese ukuntu ako ari akarorero keza cane k’umuntu yahanze amaso kazoza adakebaguzwa!

UMUTEGO WO KUBIKA INZIKA

9. Twisunze ibivugwa mu Balewi 19:18, ni ryari canecane vyoshobora kworoha ko tubika inzika?

9 Soma Abalewi 19:18. Igihe dufashwe nabi n’uwo dusangiye ukwizera, incuti canke umugenzi somambike, akenshi usanga vyoroha ko tubika inzika. Nk’akarorero, hari mushiki wacu yabeshewe n’uwundi mushiki wacu umwe ko yamwivye amahera. Mu nyuma, naho uwo mushiki wacu yamubesheye yamusavye imbabazi, mushiki wacu yagumije umutima ku vyari vyarabaye. Vyoba birashika nawe ukagirira umuntu inzika gutyo? Naho abenshi muri twebwe tutaragirizwa ubusuma, hari aho vyoba vyarashitse tukabikira inzika umuntu ku buryo twumva ko tutazokwigera tumubabarira.

10. Ni igiki codufasha igihe twumva yuko twobika inzika?

10 None ni igiki codufasha igihe twumva ko twobika inzika? Kimwe coco, turakwiye kwibuka ko Yehova abona vyose. Arabona ivyo ducamwo vyose, ushizemwo n’akarenganyo akari ko kose tugirirwa. (Heb. 4:13) Iyo tubabaye, na we nyene biramubabaza. (Yes. 63:9) Vyongeye, asezerana ko amaherezo azokuraho ingaruka mbi zose zavuye ku karenganyo twagiriwe.—Ivyah. 21:3, 4.

11. Kwikuramwo inzika bitugirira akamaro gute?

11 Turakwiye kwibuka kandi ko kutabika inzika bitugirira akamaro. Ivyo ni vyo umwe mushiki wacu yabesherwa yahavuye atahura. Haciye igihe, yahavuye yikuramwo inzika. Yaratahuye ko iyo tubabariye abandi, ari ho Yehova na we atubabarira. (Mat. 6:14) Naho atafatiye mu rwara ivyo mugenziwe yari yamukoreye canke ngo abirenzeko uruho rw’amazi, yahisemwo kwikuramwo inzika. Ivyo vyatumye uwo mushiki wacu arushiriza kugira umunezero no kwitunira ku murimo arangurira Yehova.

UMUTEGO WO KWIYAGIRIZA BIRENZE

12. Ibivugwa muri 1 Yohani 3:19, 20 bitwigisha iki?

12 Soma 1 Yohani 3:19, 20. Kwiyagiriza ni ibisanzwe. Nk’akarorero, hari abiyagiriza kubera ivyo bakoze imbere y’uko bamenya ukuri. Abandi na bo bariyagiriza kubera amakosa bakoze inyuma yo kubatizwa. Ivyo ni ibisanzwe. (Rom. 3:23) Ego ni ko turipfuza gukora ikibereye. Ariko rero “twese dutsitara kenshi.” (Yak. 3:2; Rom. 7:21-23) Naho kwiyagiriza usanga bitaryoshe, birashobora kutugirira akamaro. Uti kubera iki? Kubera ko bishobora gutuma twikosora maze tukiyemeza kutazosubira gukora amakosa nk’ayo twaguyemwo.—Heb. 12:12, 13.

13. Kubera iki dukwiye kwirinda kwiyagiriza birenze?

13 Ku rundi ruhande, turashobora kwiyagiriza birenze, ni ukuvuga, tukabandanya kwiyagiriza mbere n’inyuma yo kwigaya tukababarirwa na Yehova. Kwiyagiriza nk’ukwo birashobora kutugirira nabi. (Zab. 31:10; 38:3, 4) Uti gute? Rimbura akarorero ka mushiki wacu umwe yaguma yiyagiriza kubera ivyaha yari yarakoze kera. Yavuze ati: “Nabona ko ata kamaro ko kwirirwa ndagira akigoro mu gikorwa ca Yehova, kuko nabona ko ivyanje vyaheze.” Abenshi muri twebwe turamutahura. Birahambaye ko twirinda umutego wo kwiyagiriza birenze. Kanatsinda, iyumvire ingene Shetani yotamba agatarika hamwe twocika intege kandi Yehova wewe ataradukurako amaboko!—Gereranya na 2 Abakorinto 2:5-7, 11.

14. Twokwemezwa n’iki ko Yehova ataradukurako amaboko?

14 Ariko rero wokwibaza uti: ‘Nemezwa n’iki ko Yehova atarankurako amaboko?’ Mu bisanzwe, kwibaza ico kibazo vyonyene ni icerekana ko Yehova ashobora kukubabarira. Haraciye imyaka itari mike Umunara w’Inderetsi uvuze uti: “Incuro zitari nke, [twoshobora] gusanga twasubiye kugwa mu ngeso mbi yari yaratwiziziye kuruta uko twabiziga. . . . Ntucike intege. Ntuce wibaza ko wakoze igicumuro kitababarirwa. Shetani yipfuza ko wokwiyumvira ukwo nyene. Kuba biguteye intuntu n’umubabaro ni icerekana ko amazi atarenga inkombe. Ntukigere ureka kwitura Imana wicishije bugufi kandi ubigiranye ubwira, uyisaba ngo ikubabarire, igutyorore yongere igufashe. Nuyiture nk’uko umwana yitura se wiwe igihe vyamugoye, ataravye incuro yakoze iryo kosa, Yehova na we azogufasha n’umutima ukunze bivuye ku buntu bwiwe.” *

15-16. Abantu bamwebamwe bumvise bamerewe gute igihe bamenya ko Yehova atarabakurako amaboko?

15 Abasavyi ba Yehova batari bake barahumurijwe no kumenya ko Yehova atabakuyeko amaboko. Nk’akarorero, mu myaka mikeya iheze, hari umuvukanyi yakozwe ku mutima n’inkuru yasohowe muri rwa rukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima.” Muri iyo nkuru, mushiki wacu umwe yariyemereye ko ivyo yaciyemwo vyatumye bimugora kwemera ko Yehova yoshoboye kumukunda. Ivyo vyiyumviro yarabimaranye imyaka itari mike, mbere n’inyuma yo kubatizwa. Ariko rero, igihe yazirikana ku ncungu, yaciye atangura guhindura ukuntu yabona ibintu. *

16 None iyo nkuru yafashije gute uwo muvukanyi? Yanditse ati: “Nkiri muto, nararwanye urugamba rwo guheba ingeso yo kuraba amashusho yerekana ubushegabo. Mperutse gusubira kuyaraba. Narasavye imfashanyo abakurambere, maze ndatera intambwe ishimishije mu bijanye no gutsinda iyo ngorane. Baransubirije umutima mu nda ko Yehova ankunda kandi yangiriye imbabazi. Yamara n’ubu birashika nkumva umengo nta co maze, nk’aho Yehova atoshobora kunkunda. Gusoma ivyashikiye [uwo mushiki wacu] vyaramfashije koko. Ubu ndatahura yuko igihe niyumvira ko Imana itoshobora kumbabarira, ari nk’aho mba ndiko ndavuga yuko inkuka y’incungu y’Umwana wayo itoshobora gupfuka ibicumuro vyanje. Naragegenye ico kiganiro kugira nze ndagisoma nongera ndakizirikanako igihe cose numvise umengo nta co maze.”

17. Intumwa Paulo yirinze gute umutego wo kwiyagiriza birenze?

17 Inkuru nk’izo ziratwibutsa intumwa Paulo. Imbere y’uko aba umukirisu, yarakoze ibicumuro bitari bike. Yaribuka ivyo yari yarakoze, ariko ntiyabigumizako umutima. (1 Tim. 1:12-15) Incungu yabona ko ari ingabire yatanzwe ku bwiwe. (Gal. 2:20) Ivyo vyatumye Paulo yirinda umutego wo kwiyagiriza birenze, maze kuva ico gihe ashira umutima ku gukorera Yehova ivyo ashoboye vyose.

SHIRA UMUTIMA KURI KAZOZA

Nimuze twiyemeze guhanga amaso kazoza (Raba ingingo ya 18-19) *

18. Ni ibiki twize muri iki kiganiro?

18 Ni ivyigwa ibihe twakuye ku gusuzuma imitego twarimbuye muri iki kiganiro? (1) Kwibuka ivyo twaciyemwo ni ingabire iva kuri Yehova; yamara naho muri kahise twoba twabayeho mu buzima bwiza gute, nta ho buhuriye n’ubuzima tuzogira mw’isi nshasha. (2) Abandi barashobora kutubabaza, ariko iyo duhisemwo kubababarira, turashobora gutera tuja imbere. (3) Kwiyagiriza birenze birashobora kutubuza gukorera Yehova tunezerewe. Cokimwe na Paulo rero, turakeneye kwemera ko Yehova yatubabariye.

19. Twemezwa n’iki ko mw’isi nshasha tutazosubira kubabazwa n’ivyo twaciyemwo muri kahise?

19 Turizigiye kuzobaho ibihe bidahera. Vyongeye, mw’isi nshasha y’Imana ntituzosubira kwibuka ivyatubabaje muri kahise. Ku bijanye n’ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Ivya kera ntibizokwibukwa.” (Yes. 65:17) Zirikana gato: Bamwe muri twebwe dusaziye mu murimo wa Yehova. Ariko mw’isi nshasha tuzosubira itoto! (Yobu 33:25) Nimuze rero twiyemeze kudashira umutima kuri kahise. Ahubwo riho, nimuze duhange amaso kazoza, dushire umutima ku vyiza biri imbere!

URURIRIMBO RWA 142 Tugumye icizigiro cacu

^ ing. 5 Kwibuka ivyo twaciyemwo birashobora kuba vyiza. Ariko rero ntitwipfuza kugumiza umutima ku vyo twaciyemwo, ku buryo bitwibagiza ivyiza twifitiye ubu canke ngo bitwibagize ibizoba muri kazoza. Muri iki kiganiro turarimbura imitego itatu yoshobora gutuma tugumiza umutima kuri kahise. Turarimbura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’uburorero bwo mu gihe ca none bishobora kudufasha kwirinda iyo mitego yose.

^ ing. 4 INSIGURO Y’AMAJAMBO: Muri iki kiganiro, imvugo ngo “kugumiza umutima kuri kahise” isobanura kuguma twiyumvira ivyo twaciyemwo, tukaguma tubivuga, tuvyibukiriza, canke twiyumvira ko ico gihe twari tubayeho neza kuruta.

^ ing. 14 Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1954, rup. 185.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Gukumbura ubuzima twaciyemwo, kubika inzika no kwiyagiriza birenze, bimeze nk’imizigo tugenda turakwega, itubuza gutera intambwe tuja imbere muri ya nzira y’ubuzima.

^ ing. 66 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Twikuyemwo izo nyiyumvo zimeze nk’imizigo duca twumva turuhuriwe kandi duhimbawe, maze tugasubira kugira inkomezi. Bica bishoboka ko turaba imbere tudakebaguzwa.