Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

Ingene imbuto z’Ubwami zatanguye kubibwa muri Portigale

Ingene imbuto z’Ubwami zatanguye kubibwa muri Portigale

UKO imipfunda y’ibahari Atlantike yikubita ku bwato bwari bugiye i Buraya, ni ko akamwemwe kasya umwe mu ngenzi ari we George Young, azirikanye imbuto z’Ubwami yari asize abivye muri Brezile. * Yamara uko umuvukanyi Young yabandanya urugendo, ni ko yazirikana ku cibare gishasha yari arungitswemwo, ni ukuvuga uturere amahero tutari bwumve inkuru nziza two muri Espanye na Portigale. Ashitseyo, yari yizigiye guca atunganya ibijanye n’insiguro umuvukanyi Rutherford yoshikirije no gutanga udupapuro tw’inkuru nziza 300.000!

George Young yaragize ingendo nyinshi mu mazi agiye kwamamaza

Igihe umuvukanyi Young yashika i Lisbonne mu 1925, yasanze hari umuvurungano. Amahinduka mu vya politike yabaye mu 1910 yari yakuyeho intwaro ya cami, Ekleziya gatolika ica iratakaza ububasha yari ifise mu ntwaro. Naho abanyagihugu baronse umwidegemvyo, bagumye mu ruhagarara.

Umuvukanyi Young akimara gutunganya ivy’insiguro y’umuvukanyi Rutherford, Leta yaciye ishiraho amategeko nk’ayo mu ntambara kubera abari bashatse gutembagaza ubutegetsi. Umunyamabanga w’Ishirahamwe ryishinze gukwiragiza Bibiliya mu Bwongereza no mu bindi bihugu (BFBS) na we yagabishije umuvukanyi Young yuko bomurwanije bivuye inyuma. Naho ari ukwo, umuvukanyi Young yarasavye uruhusha rwo gukoresha inyubakwa y’inkino yo kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Camões ku bw’iyo nsiguro, kandi yararuronse.

Umusi w’iyo nsiguro wahavuye ugera, hakaba hari ku wa 13 Rusama. Imyiteguro yari ishushe! Ivyapa bashize ku mazu be n’amatangazo bacishije mu binyamakuru vyaramenyesheje ivy’iyo nsiguro y’icese yavuga ngo “Ingene twoshobora kuba kw’isi ibihe bidahera.” Ba banyamadini ntibatevye gusohora ikiganiro mu kinyamakuru cabo kugira bagabishe abasomyi ngo biyubare abo bise ngo ni “abahanuzi b’ibinyoma” badutse. Barahagaze mu bwinjiriro bwa ya nyubakwa y’inkino, maze baraha abantu udutabu ibihumbi twarimwo ivyiyumviro birwanya inyigisho z’umuvukanyi Rutherford.

Naho ari ukwo, abantu nka 2.000 barakubise harazima, abandi nk’abo nyene barabura ikibanza. Hari abaciye burira ku migozi yari imanitse muri iyo nyubakwa, abandi burira ku vyuma vyo kwinonorerako vyari ng’aho.

Ariko si vyose vyagenze neza. Ba banyamadini barakomye induru, intebe baravunagura. Mugabo umuvukanyi Rutherford yagumye atekanye, arurira yitonze ku meza kugira bose bamwumve. Insiguro yiwe irangiye nka sasita z’ijoro, abantu bashimishijwe barenga 1.200 bariyandikishije baratanga na aderese kugira bazoze bararonka ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. Bukeye, ikinyamakuru O Século carasohoye ikiganiro cerekeye insiguro umuvukanyi Rutherford yari yashikirije.

Muri Nyakanga 1925, integuro y’Umunara w’Inderetsi mu giportigale yaratanguye gusohorwa muri Portigale. (Imbere y’aho, iyindi nomero mu giportigale yari yarasohotse muri Brezile.) Ico gihe, uwitwa Virgílio Ferguson, akaba yari Umutohoji wa Bibiliya muri Brezile, yaratanguye gutegekanya ivyo kwimukira muri Portigale kugira afashe mu gikorwa c’Ubwami. Yari yarigeze gukorana n’umuvukanyi Young mu biro vy’ishami bitoyi vy’Abatohoji ba Bibiliya muri Brezile. Bidatevye, Virgílio n’umukenyezi wiwe Lizzie barafashe ubwato kugira baje gusubira gukorana n’umuvukanyi Young. Umuvukanyi Ferguson yari aje hageze kubera ko umuvukanyi Young yokwimukiye vuba mu bindi vyibare, harimwo na Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti.

Uruhusha Lizzie na Virgilio baronse mu 1928 rwo kuba i Lisbonne

Igihe abasoda batembagaza ubutegetsi muri Portigale bagashiraho intwaro y’igikenye, uruhamo rwaciye rwongerekana. Umuvukanyi Ferguson yarashikamye yongera aragira ivyo akoze kugira akingire umugwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya kandi arateza imbere igikorwa cabo. Yarasavye uruhusha rwo kwama bagirira amakoraniro mu nzu yiwe. Muri Gitugutu 1927, yararonse urwo ruhusha.

Mu mwaka wa mbere w’iyo ntwaro y’igikenye, abantu nka 450 muri Portigale bariyandikishije ngo baze bararonka Umunara w’Inderetsi. Vyongeye, biciye ku dupapuro tw’inkuru nziza be n’udutabu, ijambo ry’ukuri ryarashitse kure mu bihugu vyatwarwa na Portigale ari vyo Angola, Açores, Cap vert, Goa, Madère, Mozambike na Timor oriental.

Mu 1929, hari Umunyaportigale w’umwirimizi yitwa Manuel da Silva Jordão yaje i Lisbonne. Akiba muri Brezile yari yarumvirije insiguro yashikirijwe n’umuvukanyi Young. Yaratahuye ko ari ukuri, aca yipfuza kuja gufasha umuvukanyi Ferguson kwamamaza. Kugira ngo abishikeko, Manuel yarabaye uwo bita colporteur canke umutsimvyi muri iki gihe. Kubera ko igikorwa co gucapura no gukwiragiza ibitabu bishingiye kuri Bibiliya cari gisigaye gitunganijwe neza, ishengero ritoyi ry’i Lisbonne ryaciye ritera imbere.

Mu 1934, umuvukanyi Ferguson n’umukenyezi wiwe babwirijwe gusubira muri Brezile. Ariko rero, bari bamaze kubiba imbuto z’ukuri. Mu midurumbanyo yabaye i Buraya mu gihe c’intambara y’abanyagihugu yo muri Espanye no muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, umugwi w’abavukanyi b’abizigirwa bo muri Portigale wagumye uhagaze neza mu vy’impwemu. Naho bigeze kumara igihe bameze nk’amakara atagira urubeya, bahavuye barurumba mu 1947, igihe hashika umumisiyonari wa mbere yitavye Ishure rya Gileyadi ari we John Cooke. Inyuma y’aho, igitigiri c’abamamaji b’Ubwami cagumye kiduga. N’igihe nyene Leta yabuza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova mu 1962, abamamaji bagumye biyongera. Igihe Ivyabona vya Yehova bemerwa imbere y’amategeko muri Kigarama 1974, mu gihugu hari abamamaji barenga 13.000.

Ubu muri Portigale no mu mazinga menshi akoresha igiportigale, ushizemwo Açores na Madère, hari abamamaji barenga 50.000 batangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Bamwe muri abo bamamaji ni abakomoka kuri bamwe bumviriza insiguro y’intibagirwa umuvukanyi Rutherford yashikiriza mu 1925.

Turashimira cane Yehova n’abo bavukanyi b’abizigirwa ba kera bagaragaje umutima rugabo barayobora igikorwa ari ‘abakozi ba Kristu Yezu ku mahanga.’​—Rom. 15:15, 16.​—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo muri Portigale.

^ ing. 3 Raba ikiganiro kivuga ngo “Hariho akazi kenshi mu gikorwa c’iyimbura” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2014, rup. 31-32.