Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 33

“Abakwumviriza” bazokizwa

“Abakwumviriza” bazokizwa

“Wame wiyubara ubwawe no ku nyigisho yawe. Ivyo ubigumemwo, kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza.”​—1 TIM. 4:16.

URURIRIMBO RWA 67 ‘Niwigishe rya Jambo’

INCAMAKE *

1. Ni igiki twese twipfuriza incuti zacu?

MUSHIKI wacu yitwa Pauline * avuga ati: “Kuva ngitangura kumenya ukuri, naripfuza ko incuti zanje zose twoba kumwe mw’Iparadizo. Naripfuza canecane ko umugabo wanje Wayne n’agahungu kacu bokwifatanya nanje mu gukorera Yehova.” Woba ufise incuti zitaramenya Yehova? Cokimwe na Pauline, hari aho woba wipfuza ko incuti zawe zifatanya nawe mu gukorera Yehova.

2. Muri iki kiganiro turimbura ibibazo ibihe?

2 Naho tudashobora guhata incuti zacu ngo zemere inkuru nziza, turashobora kuziremesha kuzirikana ku butumwa bwo muri Bibiliya no kubwakiriza yompi. (2 Tim. 3:14, 15) None ni kubera iki dukwiye kubwira inkuru nziza incuti zacu? Kubera iki twogerageza kuzitahura? Twokora iki kugira tuzifashe gukunda Yehova nk’uko tumukunda? Abagize ishengero turimwo bose bashobora gute kubidufashamwo?

KUBERA IKI TWOBWIRA INKURU NZIZA INCUTI ZACU?

3. Twisunze 2 Petero 3:9, ni kubera iki dukwiye kubwira inkuru nziza incuti zacu?

3 Yehova agiye gukuraho iyi si mbi. “Abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” ni bo gusa bazorokoka. (Ivyak. 13:48) Turakoresha umwanya munini n’inguvu nyinshi mu kubwira inkuru nziza abo tutazi mu kibano. Ni ibisanzwe rero yuko twipfuza ko n’incuti zacu zokwifatanya natwe mu gukorera Yehova. Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova “[nta]shaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”​—Soma 2 Petero 3:9.

4. Ni ikosa irihe twoshobora gukora igihe tubwira inkuru nziza incuti zacu?

4 Turakwiye kwibuka ko hariho uburyo bwiza na bubi bwo kubwira abantu ubutumwa bwerekeye ubukiriro. Naho twigengesera igihe tubwira inkuru nziza uwo tutazi, twoshobora gusanga twaduduriyeko igihe tuyaga n’incuti.

5. Imbere yo kugerageza kubwira ukuri incuti zacu, dukwiye kwibuka iki?

5 Benshi muri twebwe boshobora kwicuza bibutse ingene mu ntango bagerageje kubwira inkuru nziza incuti zabo, bakabona ko bari bakwiye kubigenza ukundi. Intumwa Paulo yahanuye abakirisu ati: “Imvugo yanyu yamane igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.” (Kol. 4:5, 6) Vyoba vyiza twibutse iyo mpanuro igihe tuyaga n’incuti zacu. Ahandiho, twosanga turiko turabababaza aho kubafasha ngo bumvirize ubutumwa tubabwira.

TWOKORA IKI KUGIRA DUFASHE INCUTI ZACU?

Niwagira impuhwe kandi ukaba intangakarorero, bizotuma ushinga intahe ikomeye (Raba ingingo ya 6-8) *

6-7. Tanga akarorero kerekana igituma bihambaye kugaragariza impuhwe uwo twubakanye atari Icabona.

6 Nugaragaze impuhwe. Umwe Pauline twavuga agira ati: “Mu ntango, nta kindi nashaka kuyaga n’umugabo wanje uretse ivy’impwemu. Nta kintu co mu buzima bwa misi yose twari tukiyaga.” Umugabo wa Pauline ari we Wayne wewe nta vya Bibiliya yari azi, akaba rero atatahura ivyo Pauline yavuga. Yabona umengo nta kindi kiri mu bwenge bw’umugore wiwe uretse idini. Yarahagaritse umutima rero, yibaza ko umugore wiwe yifatanije n’akadumbi gateye akaga be n’uko yari yahenzwe.

7 Pauline aravuga ko ku migoroba myinshi no ku mpera z’imishamvu yamarana umwanya munini n’abo basangiye ukwizera, haba ku makoraniro, mu ndimiro canke mu mitororokano. Agira ati: “Rimwe na rimwe, Wayne yarataha agasanga nta n’umwe ari muhira, agaca yumva ameze nk’agati kari mu ruzi.” Wayne yaripfuza kuba kumwe n’umugore wiwe be n’umwana wiwe, kandi birumvikana. Ntiyaba azi abo bari kumwe kandi vyasa n’uko abagenzi bashasha b’umugore wiwe bahambaye kuruta Wayne. Yaciye abwira Pauline ko agomba kwahukana. Woba ubona ukundi kuntu Pauline yari kuvyifatamwo neza kugira arushirize kugaragaza impuhwe?

8. Twisunze 1 Petero 3:1, 2, ni ibiki bishobora gushimisha cane incuti zacu?

8 Nube intangakarorero. Akenshi ivyo dukora birashimisha cane incuti zacu kuruta ivyo tuvuga. (Soma 1 Petero 3:1, 2.) Pauline yahavuye atahura ico kintu. Avuga ati: “Nari nzi ko Wayne adukunda kandi ko mu vy’ukuri atipfuza kwahukana. Ariko igihe yabivuga, naciye ntahura ko nategerezwa gutangura gushira mu ngiro ivyo Yehova adusaba. Aho kuvuga menshi, nari nkwiye kuba intangakarorero biciye ku nyifato yanje.” Pauline yararetse guhata Wayne ngo bayage ibijanye na Bibiliya, atangura kuza arayaga na we ivyo mu buzima bwa misi yose. Wayne yarabonye ko umugore wiwe yarushirije kuba umunyamahoro be n’uko umuhungu wiwe asigaye yigenza neza kuruta. (Imig. 31:18, 27, 28) Wayne amaze kubona ingene ubutumwa bwo muri Bibiliya bwafashije umuryango wiwe kumera neza, yaratanguye kubuzirikanako hanyuma aragira ico akoze.​—1 Kor. 7:12-14, 16.

9. Kubera iki dukwiye kuguma dufasha incuti zacu?

9 Nugume ugerageza gufasha incuti zawe. Yehova araduha akarorero muri ivyo. ‘Yagumye’ aronsa abasavyi biwe akaryo ko kwumviriza inkuru nziza kugira baronke ubuzima. (Yer. 44:4) Intumwa Paulo na we nyene yarasavye Timoteyo ngo agume afasha abandi. Uti kubera iki? Kubera ko abigize, yokwikijije agakiza n’abamwumviriza. (1 Tim. 4:16) Turakunda incuti zacu, tukaba rero twipfuza ko zimenya ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo Pauline yavuga n’ivyo yakora vyahavuye bigirira akamaro abagize umuryango wiwe. Ubu arahimbawe no gukorera Yehova ari kumwe n’umugabo wiwe. Bompi ni abatsimvyi, kandi Wayne ni umukurambere.

10. Kubera iki dukwiye kwihangana?

10 Niwihangane. Kubaho twisunga ingingo ngenderwako z’Imana, vyoshobora kutagwa neza incuti zacu. Akenshi ikintu ca mbere batangura kubona ni uko tutaba tucifatanya na bo mu misi mikuru y’idini no mu vya politike. Bamwebamwe mu ntango boshobora kudushavurira. (Mat. 10:35, 36) Ariko ntidukwiye kwibaza ko batazokwigera bahinduka. Hamwe tworeka kubafasha gutahura ivyo twemera, ni nk’aho twoba tubaciriye urubanza yuko batabereye ubuzima budahera. Yehova ntiyatugize abacamanza. Ico gikorwa yagishinze Yezu. (Yoh. 5:22) Twihanganye, mu nyuma incuti zacu zoshobora kwumviriza ubutumwa tuzishikiriza.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Nukoreshe urubuga rwacu mu kwigisha.”

11-13. Wigira iki ku kuntu Alice yayengayenze abavyeyi biwe?

11 Niwigengesere mugabo ushikame. (Imig. 15:2) Rimbura ivyashikiye Alice. Igihe yamenya ivyerekeye Yehova, yaba kure y’abavyeyi biwe bakunda cane ivya politike kandi ntibemere Imana. Yaratahuye yuko yabwirizwa kubabwira vuba bishoboka ibintu vyiza yariko ariga. Avuga ati: “Uko uteba kubwira incuti zawe ko wahinduye ivyo wahora wemera be n’ivyo wahora ukora, ni ko bazorushiriza kubabara.” Yaragerageje kurondera ivyiyumviro yabona ko vyoshimisha abavyeyi biwe, nk’akarorero urukundo. Mu nyuma yarabandikiye amakete, arababwira ico Bibiliya ibivugako yongera arababaza ico na bo bavyiyumvirako. (1 Kor. 13:1-13) Yarabashimiye kubona baramureze bongera baramwitwararika, arabarungikira n’utuganuke. Igihe yaja kubaramutsa, yaritanze cane arafasha nyina udukorwa two muhira. Mu ntango, ntibavyakiriye neza igihe yababwira ivyo yari asigaye yemera.

12 Igihe cose Alice yamaze iwabo ari kumwe n’abavyeyi biwe, yagumye asoma Bibiliya buri musi. Avuga ati: “Ivyo vyaratumye mawe atahura ko Bibiliya ihambaye cane kuri jewe.” Ico gihe nyene, se wa Alice yarafashe ingingo yo kugira ivyo yize ku bijanye na Bibiliya mu ntumbero yo kuraba icatumye umukobwa wiwe ahindura ivyiyumviro no kugira atore amahinyu Bibiliya. Alice agira ati: “Naramuhaye Bibiliya, ikaba yarimwo n’utwo nanditse kugira tumufashe.” None vyavuyemwo iki? Aho gutora amahinyu Ijambo ry’Imana, se wa Alice yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yasomye.

13 Turakwiye rero gushikama ariko tukigengesera, naho nyene twoba turi mu bigeragezo. (1 Kor. 4:12b) Nk’akarorero, Alice yararwanijwe cane na nyina. Avuga ati: “Igihe nabatizwa, mawe yavuze ko ndi ‘ikigaba c’umukobwa.’” None Alice yaciye akora iki? Yigana ati: “Aho gusha coba, naramusiguriye n’urupfasoni ko namaze gufata ingingo yo kuba Icabona ca Yehova kandi ko nzoyumirako. Naragerageje kumukura amazinda yuko ndamukunda vy’ukuri. Twempi twararize, nca ndamutegurira imfungurwa ziryoshe cane. Kuva ico gihe, mawe yaratanguye kwibonera ko Bibiliya yariko iratuma mba umuntu mwiza.”

14. Kubera iki tudakwiye kwigera twemera ko incuti zitubuza gukorera Yehova?

14 Vyoshobora gufata igihe kugira incuti zacu zitahure neza ingene gukorera Yehova bihambaye kuri twebwe. Nk’akarorero, igihe Alice yahitamwo gukora ubutsimvyi aho gukurikirana umwuga abavyeyi biwe bari bamuhitiyemwo, nyina yarasubiye kurira. Ariko Alice yagumye ashikamye. Avuga ati: “Iyo incuti zikugizeko umukazo mu muce umwe ukemera, zirashobora guca zikugirako umukazo no mu bindi. Ariko iyo ubagaragarije umutima mwiza mugabo ugashikama, bamwe muri bo boshobora kukwumviriza.” Ukwo ni ko vyagenze kuri Alice. Abavyeyi biwe bompi ubu ni abatsimvyi, kandi se ni umukurambere.

ABAGIZE ISHENGERO BOSE BOFASHA GUTE?

Ishengero rishobora gufasha gute incuti zacu atari Ivyabona? (Raba ingingo ya 15-16) *

15. Twisunze Matayo 5:14-16 na 1 Petero 2:12, ‘ibikorwa vyiza’ abandi bakora bishobora gute gufasha incuti zacu?

15 Yehova akwegera abantu kuri we biciye ku ‘bikorwa vyiza’ vy’abasavyi biwe. (Soma Matayo 5:14-16; 1 Petero 2:12.) Nimba uwo mwubakanye atari Icabona ca Yehova, yoba amaze kubonana n’abo mw’ishengero urimwo? Umwe Pauline twavuga yaratumira abavukanyi na bashiki bacu muhira iwe kugira umugabo wiwe Wayne abamenye. Wayne aribuka ingene umuvukanyi umwe yatumye amenya ingene vy’ukuri Ivyabona vya Yehova bameze. Avuga ati: “Yarasavye ikonje ku kazi kugira gusa turabire hamwe urukino kuri televiziyo. Nibwiye nti: ‘Bwa bundi ameze nk’abandi bose!’”

16. Kubera iki dukwiye gutumira incuti zacu ku makoraniro?

16 Uburyo bwiza cane bwo gufasha incuti zacu ni ukuzitumira ku makoraniro tugira. (1 Kor. 14:24, 25) Ikoraniro rya mbere Wayne yitavye cari Icibutso, kubera cabaye inyuma y’akazi kandi kikaba kitamara umwanya munini. Avuga ati: “Naho ntatahuye insiguro yashikirijwe, sinzokwibagira abantu nahasanze. Baraza aho ndi bakampa ikaze kandi bakandamutsa n’igishika cinshi. Emwe, narabonye ko ari abantu bimereye neza.” Hari umugabo n’umugore wiwe bari baragaragarije umutima mwiza Pauline bidasanzwe, mu kumufasha agahungu kiwe ku makoraniro no mu ndimiro. Igihe rero Wayne yahava agafata ingingo yo kumenya vyinshi ku vyo Pauline yari asigaye yemera, yasavye uwo mugabo yuko bokwigana Bibiliya.

17. Ni igiki kidakwiye gutuma twitako umwikomo? Naho ari ukwo, kubera iki tudakwiye guca tuziheba?

17 Turizigiye ko incuti zacu zose zizokwifatanya natwe mu gukorera Yehova. Ariko naho twokwita ku rutare gute kugira tubafashe gucika abasavyi b’Imana, boshobora kutemera ukuri. Nimba ari ukwo biri, ntidukwiye kwitako umwikomo. Nakare nta n’umwe dushobora guhata ngo yemere ivyo twemera. Yamara rero, iyo incuti zawe zibonera umunezero ufise kubera ukorera Yehova, birashobora kuzikora ku mutima cane. Nubashire mw’isengesho. Nubayagishe ubigiranye ukwigengesera. Nugume ugerageza kubafasha. (Ivyak. 20:20) Niwizigire ko Yehova azohezagira utwigoro twawe. Incuti zawe rero nizemera kukwumviriza, zizorokoka!

URURIRIMBO RWA 57 Twigishe abantu b’uburyo bwose

^ ing. 5 Turipfuza ko incuti zacu zimenya Yehova, ariko ni zo zihitiramwo kumukorera canke kutamukorera. Iki kiganiro kiratwereka ico twokora kugira vyorohere incuti zacu kutwumviriza.

^ ing. 1 Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa. Muri iki kiganiro, ijambo “incuti” ryerekeza ku bo mu muryango bataramenya Yehova.

^ ing. 53 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Umuvukanyi akiri muto ariko arafasha se atari Icabona gukora umuduga. Ku gihe kibereye, aramweretse akavidewo kuri jw.org®.

^ ing. 55 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mushiki wacu ariko aratega yompi umugabo wiwe igihe amuyagira ivy’akazi kenshi yakoze uwo musi. Mu nyuma, arisamaza hamwe n’abagize umuryango wiwe.

^ ing. 57 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Wa mushiki wacu yatumiye muhira abo mw’ishengero arimwo. Barahimbawe no kumenyana n’umugabo wiwe. Mu nyuma, uwo mugabo aritaba Icibutso ari kumwe n’umugore wiwe.