Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 31

‘Ntiduheba’!

‘Ntiduheba’!

“Ni co gituma tudaheba.”​—2 KOR. 4:16.

URURIRIMBO RWA 128 Twihangane gushika kw’iherezo

INCAMAKE *

1. Abakirisu bategerezwa gukora iki kugira barangize isiganwa ry’ubuzima?

TWEBWE abakirisu turiko dusiganirwa ubuzima. Twaba tugitangura iryo siganwa canke turimazemwo imyaka, turakwiye kuguma twiruka gushika turirangije. Impanuro Paulo yahaye abakirisu b’i Filipi iraturemesha kurangiza iryo siganwa. Igihe baronka ikete ryiwe, bamwebamwe muri iryo shengero ryo mu ntango bari bamaze imyaka bakorera Yehova. Naho bari basanzwe bamukorera badahemuka, Paulo yarabibukije ko bari bakeneye kuguma bamukorera bihanganye. Yashaka ko babandanya bigana akarorero yabahaye mu ‘gushishikara urugendo rwiwe agana kw’ihangiro.’​—Flp. 3:14.

2. Kubera iki impanuro Paulo yahaye Abafilipi yari ije hageze?

2 Impanuro Paulo yahaye Abafilipi yari ije hageze. Iryo shengero ryararwanijwe kuva rigishingwa. Vyose vyatanguye igihe Paulo na Silasi bashika i Filipi nko mu 50 inyuma ya Kristu, bakaba bari bitavye akamo Imana yabateye ko ‘kujabuka bakaja i Makedoniya.’ (Ivyak. 16:9) Ng’aho, barahuye n’umugore yitwa Lidiya “yariko arumviriza, maze Yehova yugurura cane umutima wiwe” kugira yakire inkuru nziza. (Ivyak. 16:14) Ntiyatevye kubatizwa be n’abo mu nzu yiwe. Ariko Shetani ntiyavyihanganiye. Abagabo bo muri ico gisagara baraburuse Paulo na Silasi babajana imbere y’abatware, bababeshera yuko bateye umudurumbanyo. Ivyo vyatumye Paulo na Silasi bakubitwa, barapfungwa, mu nyuma na ho bategekwa kuva muri ico gisagara. (Ivyak. 16:16-40) None boba baciye baheba? Uwokubesha! Bite ho ku bavukanyi na bashiki bacu bo muri iryo shengero rishasha? Emwe, na bo nyene barumiyeko! Nta gukeka ko bari baremeshejwe cane n’akarorero keza ka Paulo na Silasi.

3. Ni igiki Paulo yari azi? Tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

3 Paulo yari yiyemeje kudaheba. (2 Kor. 4:16) Yamara yari azi yuko kugira yiruke gushika arangije isiganwa, yategerezwa kugumiza umutima kw’ihangiro. None twokwigira iki ku karorero ka Paulo? Ni uburorero ubuhe bw’abagaragaje ukwizera mu gihe ca none butwereka yuko dushobora kwihangana naho twoba turi mu ngorane? Vyongeye, icizigiro dufise ca kazoza gishobora gute gukomeza umwiyemezo wacu wo kudaheba?

IVYO TWOKWIGIRA KU KARORERO KA PAULO

4. Naho Paulo atari yorohewe, ni gute yagumye afise vyinshi akora?

4 Zirikana utwigoro Paulo yagira igihe yandikira Abafilipi. Yari mu nzu yari apfungiwemwo i Roma. Nta mwidengemvyo yari afise wo kwamamaza. Yamara rero yaguma abwira inkuru nziza abaza kumuraba, akandikira n’amakete amashengero ya kure. No muri kino gihe, abakirisu benshi batakiva aho bari barakoresha akaryo kose baronse, bakabwira inkuru nziza abaje kubagendera. Vyongeye, barandikira amakete aremesha abantu usanga bigoye gushikira.

5. Twisunze ibivugwa mu Bafilipi 3:12-14, ni ibiki vyafashije Paulo kugumiza amaso kw’ihangiro?

5 Paulo ntiyasamajwe n’ivyo yaranguye canke amakosa yakoze muri kahise. Nkako, yavuze ko yategerezwa “kwibagira ibiri inyuma” kugira ngo ‘aramirize ku biri imbere,’ ni ukuvuga kurangiza neza isiganwa yarimwo. (Soma Abafilipi 3:12-14.) None ni ibintu bimwebimwe ibihe vyari gushobora gusamaza Paulo? Ubwa mbere, ivyo yari yararanguye mw’idini ry’Abayuda vyari ibidasanzwe. Yamara we yabibona “nk’ikigunguzi c’umwanda.” (Flp. 3:3-8) Ubwa kabiri, yariyagiriza kubera yigeze guhama abakirisu, mugabo ntiyaretse ngo bimubuze gukorera Yehova. Ubwa gatatu, ntiyiyumvira yuko yari amaze gukorera Yehova ibihagije. Paulo yarakora vyinshi mu gikorwa c’Imana naho yapfungwa, agakubitwa, agaterwa amabuye, imeri ikamusabirako, aho ntituvuze ukubura ibifungurwa n’ivyambarwa. (2 Kor. 11:23-27) Ariko naho yari yararanguye vyinshi kandi akihanganira vyinshi, yari azi yuko yategerezwa kuguma akorera Yehova. Turakwiye kumwigana.

6. Bimwebimwe mu bintu “biri inyuma” dukwiye kwibagira ni ibihe?

6 Twokwigana gute Paulo mu “kwibagira ibiri inyuma”? Bamwe muri twebwe boshobora kuba bakeneye kureka kwiyagiriza ku bicumuro bakoze kera. Nimba nawe wiyagiriza, ubona gute utanguye kwiyigisha na canecane ku bijanye n’inkuka y’incungu ya Kristu? Hamwe wokwiyigisha ibijanye n’ico kintu gikora ku mutima, ukakizirikanako kandi ugasenga, wokwirinda kwiyagiriza bidakenewe. Woshobora mbere kureka kwiha ibihano ku bicumuro Yehova yamaze kuguharira. Rimbura ikindi cigwa dukura kuri Paulo. Bamwe boshobora kuba barahevye akazi k’amahera menshi kugira bitwararike ivyungura Ubwami. Nimba nawe ari ko biri, ubona gute wibagiye ivyo wasize inyuma maze ukareka kwicuza ku bintu vy’umubiri wiyumvira ko wahomvye? (Guh. 11:4-6; Umus. 7:10) Muri ivyo “biri inyuma” hoshobora mbere kubamwo ivyo twaranguye mu murimo wa Yehova canke ibigeragezo twihanganiye muri kahise. Ego ni ko, kwibuka ingene Yehova yaduhezagiye akongera akadushigikira mu myaka n’iyindi, vyotuma turushiriza kwiyegereza uwo Muvyeyi wacu. Yamara ntidukwiye kwigera twiyumvira yuko twarangije vyose, ko rero ata kindi tworenzako.​—1 Kor. 15:58.

Muri rya siganwa ry’ubuzima, turakwiye kwirinda ivyodusamaza kandi tukagumiza amaso kw’ihangiro ryacu (Raba ingingo ya 7)

7. Twisunze 1 Abakorinto 9:24-27, ni igiki dukeneye kugira dutahukane intsinzi muri rya siganwa ry’ubuzima? Tanga akarorero.

7 Paulo yaratahura neza ivyo Yezu yavuze, ati: “Nimwihate rwose.” (Luka 13:23, 24) Cokimwe na Kristu, Paulo yari azi ko akwiye kwihata gushika kw’iherezo. Ni co gituma yagereranije ubuzima bw’umukirisu n’isiganwa. (Soma 1 Abakorinto 9:24-27.) Umwirutsi ari mw’isiganwa aguma yitwararitse ingene yorirangiza kandi akirinda ibimusamaza. Nk’akarorero, abirutsi boshobora guca ahantu hari ibidandazwa be n’ibindi bintu bishobora kubasamaza. Vyogenda gute none umwirutsi ahagaze kugira arabire mu madirisha ivyo bamanitse mu mangazini? Emwe, intsinzi yoba ahevye! Muri rya siganwa ry’ubuzima, na twebwe turakwiye kwirinda ivyodusamaza. Nitwagumiza amaso kw’ihangiro ryacu, tukihata rwose nk’uko Paulo yabigira, tuzoronka agashimwe.

TWIHANGANIRE IBIGERAGEZA UKWIZERA KWACU

8. Tugiye kurimbura ibintu bitatu ibihe?

8 Ubu na ho nimuze turimbure ibintu bitatu vyotuma ducika intege: Igihe ivyo twari twiteze bitarangutse, igihe inguvu z’umubiri ziriko ziraduherana be n’igihe turi mu bigeragezo vy’igihe kirekire. Turashobora kugira ivyo twigiye ku kuntu abandi bavyifashemwo neza mu bihe nk’ivyo.​—Flp. 3:17.

9. Igihe ivyo twari twiteze bitarangutse, bishobora kutugirako ingaruka izihe?

9 Igihe ivyo twari twiteze bitarangutse. Mu bisanzwe, turashashaye kwibonera ibintu vyiza Yehova yasezeranye. Nkako, igihe umuhanuzi Habakuki yaserura ko yipfuza cane yuko Yehova akura ububisha muri Yuda, Yehova yamubwiye ati: “Ugume ubirindiriye.” (Hab. 2:3) Yamara rero, igihe ivyo twiteze bisa n’ibitevye kuranguka, umwete wacu woshobora kugabanuka. Turashobora mbere no kuvunika umutima. (Imig. 13:12) Ivyo vyarashitse mu ntango y’ikinjana ca 20. Ico gihe abakirisu barobanuwe benshi bari biteze kwigira mw’ijuru mu 1914. None igihe bitaranguka, abavukanyi b’abizigirwa bavyifashemwo gute?

Naho ivyo Royal Spatz n’umugore wiwe Pearl bari biteze bitarangutse mu 1914, bagumye ari intahemuka imyaka myinshi (Raba ingingo ya 10)

10. Umugabo umwe n’umugore wiwe bakoze iki babonye ivyo bari biteze bitarangutse?

10 Zirikana akarorero k’abakirisu babiri b’abizigirwa bashikiwe n’ico kintu. Umuvukanyi Royal Spatz yabatijwe mu 1908 afise imyaka 20. Yari yizigiye neza yuko bidatevye yogiye mw’ijuru. Nkako, igihe yasaba mushiki wacu Pearl ko bokwubakana mu 1911, yamubwiye ati: “Urazi icimirije kuba mu 1914. Nimba rero tuzokwubakana, vyoba vyiza tubigize vuba!” Uwo mugabo n’umugore wiwe boba barahevye gusiganirwa ubuzima igihe bataronka impera yabo y’ijuru mu 1914? Habe namba. Ikintu nyamukuru cari kibaraje ishinga ntiyari impera boronse, mugabo kwari ugukora ivyo Imana igomba badahemuka. Bari biyemeje kwiruka mw’isiganwa bihanganye. Ni co gituma Royal na Pearl bagumye ari intahemuka kandi ari abanyamwete gushika barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi inyuma y’imyaka mirongo. Nta gukeka ko na wewe witeze igihe Yehova azokwemeza izina ryiwe n’ubusegaba bwiwe maze agashitsa ivyo yasezeranye vyose. Nuhere amazinda ko ivyo bintu bizoshika ku gihe Yehova yashinze. Mu kurindira, ese twoguma dufise vyinshi dukora mu murimo w’Imana, ntitwigere ducika intege kubera ivyo twari twiteze bitarangutse.

N’igihe Arthur Secord yari yitereye mu myaka, yaripfuza kuguma akora uko ashoboye kwose mu murimo wa Yehova (Raba ingingo ya 11)

11-12. Kubera iki dushobora kuguma dutera imbere mu vy’impwemu naho inguvu zoba ziriko ziraduherana? Tanga akarorero.

11 Igihe inguvu z’umubiri ziriko ziraduherana. Twebwe turatandukanye n’umwirutsi asanzwe, kuko tudakeneye inguvu nyinshi z’umubiri kugira tugume dutera imbere mu vy’impwemu. Hari abantu benshi bagoyagoya ku mubiri mugabo bagifise umwiyemezo ukomeye wo kubandanya batera imbere mu vy’impwemu. (2 Kor. 4:16) Nk’akarorero, umuvukanyi Arthur Secord * yaramaze imyaka 55 akorera kuri Beteli. Ico gihe yari afise imyaka 88 kandi yari asigaye ari magara make. Umusi umwe, uwumwitwararika yaraje aho aryamye kugira amufashe mu vyo akeneye. Yaramwitegereje maze abigiranye umutima mwiza amubwira ati: “Muvukanyi Secord, umubiri wawe waragenze ibilometero vyinshi mu murimo wa Yehova.” Arthur wewe ntiyashira umutima ku vyo yaranguye muri kahise. Yaciye amuraba mu maso, aramwenyura maze amwishura ati: “Ivyo uvuze ni ukuri. Mugabo ivyo twaranguye si vyo bihambaye. Igihambaye ni uko tuguma turi abizigirwa muri iki gihe.”

12 Hari aho woba umaze imyaka myinshi ukorera Yehova mugabo ukaba wumva ko utagifise inguvu zo gukora vyinshi nka kera. Nimba ari ukwo biri, ntiwihebure. Numenye neza ko Yehova aha agaciro umurimo waranguye udahemuka muri kahise. (Heb. 6:10) Ku bijanye n’iki gihe na ho, niwibuke ko urwo dukunda Yehova rutagaragarira mu bintu vyinshi dukora mu murimo wiwe. Ahubwo nyabuna twerekana ko tumukunda mu kugaragaza agatima kabereye no mu gukora ivyo dushoboye vyose. (Kol. 3:23) Yehova arazi aho tugeza kandi ntadusaba gukora ibirenze ivyo dushoboye.​—Mrk. 12:43, 44.

Anatoly Melnik n’umugore wiwe Lidiya barihanganye badahemuka naho baciye mu ngorane nyinshi (Raba ingingo ya 13)

13. Ivyashikiye Melnik na Lidiya bituremesha gute kuguma dukorera Yehova naho twoba turi mu bigeragezo vyinshi?

13 Igihe turi mu bigeragezo vy’igihe kirekire. Hari abasavyi ba Yehova bamaze imyaka myinshi mu bigeragezo n’uruhamo. Nk’akarorero umuvukanyi yitwa Anatoly Melnik * yari afise imyaka 12 gusa igihe se wiwe yafatwa agapfungwa, mu nyuma akangarizwa muri Siberiya ku bilometero birenga 7.000 uvuye aho umuryango wiwe wari muri Moldaviya. Haciye umwaka, Melnik, nyina wiwe, sekuru na inakuru bavyara nyina, na bo nyene barangarijwe muri Siberiya. Barashoboye kwitaba amakoraniro mu kandi gasagara aho babwirizwa kugenda ibilometero 30 baca mu bibarafu no mu mbeho y’igikonyozi. Mu nyuma umuvukanyi Melnik yaramaze imyaka itatu apfungiwe kure y’umugore wiwe Lidiya n’agakobwa kabo k’umwaka umwe. Naho Melnik n’umuryango wiwe bamaze imyaka bari mu ngorane, bagumye bakorera Yehova badahemuka. Ubu Melnik afise imyaka 82, akaba ari mu bagize Komite y’ishami muri Aziya yo Hagati. Turakwiye kwigana Melnik na Lidiya tugakora ivyo dushoboye vyose mu murimo wa Yehova kandi tukaguma twihangana nk’uko twabigira kera.​—Gal. 6:9.

NITUGUMIZE AMASO KU CIZIGIRO CA KAZOZA

14. Paulo yatahura ko ategerezwa gukora iki kugira ashike kw’ihangiro ryiwe?

14 Paulo yari yizigiye yuko yorangije isiganwa maze agashika kw’ihangiro ryiwe. Kubera yari yararobanuwe, yari ashashaye kuronka “agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga [y]ahamagawe n’Imana.” Ariko kugira ashike kuri iryo hangiro, yaratahura ko ategerezwa ‘gushishikara urugendo rwiwe.’ (Flp. 3:14) Paulo yarakoresheje ikigereranyo ciza kugira afashe Abafilipi kugumiza umutima kw’ihangiro ryabo.

15. Paulo yakoresheje gute ikigereranyo c’ubwenegihugu kugira aremeshe Abafilipi gushishikara urugendo rwabo?

15 Paulo yaribukije Abafilipi ibijanye n’ubwenegihugu bwabo bwo mw’ijuru. (Flp. 3:20) Kubera iki ubwo bwenegihugu bwari buhambaye? Ico gihe, kuba umwenegihugu w’Umuroma vyari bifise agaciro kanini. * Ariko abakirisu barobanuwe bari bafise ubwenegihugu bwiza kuruta kubera ko bwotumye baronka ivyiza ntangere. Bwararuta kure n’iyo ubwenegihugu bw’Uburoma. Ni co gituma Paulo yahimirije Abafilipi ati: “Mwigenze nk’uko bibereye inkuru nziza yerekeye Kristu.” (Flp. 1:27) Ng’aha, imvugo ngo “mwigenze” isobanura kwigenza nk’umwenegihugu. No muri iki gihe, abakirisu barobanuwe baratanga akarorero keza mu gushishikara bagana kw’ihangiro ryabo ry’ubuzima budahera mw’ijuru.

16. Twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, dukwiye kuguma dukora iki twisunze Abafilipi 4:6, 7?

16 Twaba dufise icizigiro c’ubuzima budahera mw’ijuru canke mw’iparadizo ngaha kw’isi, turakwiye gushishikara urugendo rwacu tugana kuri iryo hangiro. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, ntidukwiye kuraba ibiri inyuma canke ngo tureke hagire ikintu na kimwe kitubuza gukorera Yehova. (Flp. 3:16) Ivyo twiteze vyoshobora gusa n’ibitevye kuranguka canke inguvu zacu z’umubiri zikaba ziriko ziraduherana. Twoshobora kuba tumaze imyaka myinshi twihanganiye ibigeragezo n’uruhamo. Uko vyoba vyifashe kwose, “nti[twi]ganyire ku kintu na kimwe.” Ahubwo nyabuna, ivyo dusaba bikwiye kumenyeshwa Imana kandi izoduha amahoro arengeye ukwiyumvira kwose.​—Soma Abafilipi 4:6, 7.

17. Tuzorimbura iki mu kiganiro gikurikira?

17 Nka kurya umwirutsi akora uko ashoboye kwose igihe agira arangize isiganwa, turakwiye kugumiza ku muzirikanyi ihangiro dufise ryo kurangiza rya siganwa ry’ubuzima, uko twegereza iherezo ry’isiganwa turimwo. Uko bidushobokeye kwose rero, nimuze twihate kandi tugume dutera imbere tugana ku vyiza biturindiriye. None twokora iki kugira ngo tugume twihanganye? Ikiganiro gikurikira kizodufasha kumenya ivyo dukwiye gushira imbere y’ibindi be n’ingene “[twokwiyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Flp. 1:9, 10.

URURIRIMBO RWA 79 Nubigishe kuguma bashikamye

^ ing. 5 Naho twoba tumaze igihe kingana gute dukorera Yehova, twipfuza kuguma dutera imbere mu vy’impwemu. Intumwa Paulo yahimirije abo basangiye ukwemera kutigera baheba. Ikete yandikiye Abafilipi ririmwo indemesho zidufasha kwumirako mw’isiganwa turimwo ryo gusiganirwa ubuzima. Iki kiganiro kiratwereka ukuntu twoshira mu ngiro amajambo Paulo yanditse ahumekewe.

^ ing. 11 Raba inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Secord ivuga ngo “Uruhara nagize mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri” mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 1966.

^ ing. 13 Raba inkuru y’ubuzima y’umuvukanyi Melnik ivuga ngo “Nigishijwe gukunda Imana kuva mu bwana,” muri Be maso! (mu gifaransa) yo ku wa 22 Gitugutu 2004.

^ ing. 15 Kubera ko igisagara ca Filipi cagabwa n’Uburoma, hari ukuntu abanyagihugu baho bari bafise uburenganzira nk’ubw’Abaroma. Ikigereranyo ca Paulo rero cari inkoramutima ku Bafilipi.