Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 32

Urukundo rwanyu nirugwire

Urukundo rwanyu nirugwire

“Iki ni co nguma nsaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwogwira rukanarushiriza kugwira.”​FLP. 1:9.

URURIRIMBO RWA 106 Dutsimbataze kamere y’urukundo

INCAMAKE *

1. Ni bande batanguje ishengero ry’i Filipi?

IGIHE intumwa Paulo, Silasi, Luka na Timoteyo bashika mu gisagara kimwe caganzwa n’Abaroma ari co Filipi, bahasanze abantu benshi bashimishwa n’inkuru nziza. Abo bavukanyi bane b’abanyamwete baratanguje ishengero, maze abigishwa bose batangura gukoranira hamwe, kumbure mu nzu ya mushiki wacu w’umwakiranyi yitwa Lidiya.​—Ivyak. 16:40.

2. Iryo shengero ryahavuye rishikirwa n’ingorane izihe?

2 Bidatevye, iryo shengero rishasha ryarashikiwe n’ingorane. Shetani yaratumye abansi b’ukuri barwanya igikorwa co kwamamaza abo bakirisu b’intahemuka barangura. Paulo na Silasi barafashwe barakubitwa barashaya, mu nyuma barapfungwa. Aho bamariye kurekurwa, baragiye kuraba ba bigishwa bashasha maze barabaremesha. Paulo, Silasi na Timoteyo baciye bava muri ico gisagara, ariko biboneka ko Luka yagumyeyo. None iryo shengero rishasha ryobikitse gute? Ribifashijemwo n’impwemu nyeranda ya Yehova, ryarabandanije gukorera Yehova. (Flp. 2:12) Paulo rero yari afise imvo zumvikana zo kuryishimira.

3. Nk’uko bivugwa mu Bafilipi 1:9-11, ni ibiki Paulo yashize mu masengesho yatura?

3 Haheze imyaka nka cumi, Paulo yarandikiye ishengero ry’i Filipi. Usomye iryo kete, urashobora kwibonera ingene Paulo yakunda abo bavukanyi biwe. Yabandikiye ati: “Ndabakumbuye mwese ku buryo ndabumvira ikibabarwe nk’ico Kristu Yezu afise.” (Flp. 1:8) Yarabandikiye yuko abashira mu masengesho yiwe. Yasavye Yehova ko yobafasha kugwira mu rukundo, kwiyemeza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo, kuba abatagira agahonzi, kwirinda gutsitaza abandi no kuguma bama ivyamwa bigororotse. Vy’ukuri, turashobora kwigira vyinshi kuri ayo majambo Paulo yanditse abikuye ku mutima. Nimuze dusome ivyo yandikiye Abafilipi. (Soma Abafilipi 1:9-11.) Turaza kurimbura rero ibintu yavuze, maze twihweze ingene twoshira mu ngiro kimwekimwe muri vyo.

TUGWIRE MU RUKUNDO

4. (a) Twisunze 1 Yohani 4:9, 10, Yehova yatugaragarije urukundo gute? (b) Twokunda Imana ku rugero rungana iki?

4 Yehova yaratweretse ko adukunda cane mu kurungika Umwana wiwe kw’isi kugira apfe ku bw’ibicumuro vyacu. (Soma 1 Yohani 4:9, 10.) Urukundo rw’Imana ruzira ubwikunzi rutuma natwe tuyikunda. (Rom. 5:8) None twoyikunda ku rugero rungana iki? Yezu yarishuye ico kibazo igihe yabwira Abafarizayo ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose.” (Mat. 22:36, 37) Ntitwipfuza gukunda Imana n’umutima wigabuye. Twipfuza ko urukundo tuyikunda rugwira buri musi. Paulo yahanuye Abafilipi ko urukundo rwabo “rwogwira rukanarushiriza kugwira.” None twokora iki kugira dukomeze urwo dukunda Imana?

5. Ni igiki gituma urukundo rwacu rurushiriza gukomera?

5 Kugira dukunde Imana, tubanza kuyimenya. Bibiliya ivuga iti: “Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari urukundo.” (1 Yoh. 4:8) Intumwa Paulo yavuze ko urwo dukunda Imana rukomera igihe twironsa “ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye” ku biyerekeye. (Flp. 1:9) Igihe twatangura kwiga Bibiliya, twaciye dutangura gukunda Imana naho tutari bwamenye neza kamere nziza igitangaza ifise. Uko twarushirije kwiga ivyerekeye Yehova ni ko urwo tumukunda rwarushirije gukomera. Ni co gituma bihambaye cane ko twiga Ijambo ry’Imana tudahorereza kandi tukarizirikanako bimwe bigera kure.​—Flp. 2:16.

6. Twisunze 1 Yohani 4:11, 20, 21, ni bande kandi dutegerezwa gukunda kugira tugwire mu rukundo?

6 Kubera ko Imana yadukunze cane, bituma natwe dukunda abavukanyi. (Soma 1 Yohani 4:11, 20, 21.) Twoshobora kwibwira ko gukunda abavukanyi bica vyizana, kubera ko dusenga Yehova tukongera tukihatira kwigana kamere ziwe nziza, kandi tukaba twigana Yezu uwadukunze cane gushika naho atwigura. Yamara rero, hari aho vyotugora kugamburuka itegeko ridusaba gukundana. Rimbura ivyabaye mw’ishengero ry’i Filipi.

7. Twigira iki ku mpanuro Paulo yahaye Evodiya na Sintike?

7 Evodiya na Sintike bari bashiki bacu b’abanyamwete “bafatanije” n’intumwa Paulo. Yamara rero, bashobora kuba bararetse ivyo batahurizako birabacanishamwo. Mw’ikete Paulo yandikiye ishengero barimwo, yarabavuze amazina adomako, arabahanura ngo “biyumvire kumwe.” (Flp. 4:2, 3) Vyongeye, Paulo yarabonye ko vyari ngombwa yuko ahanura ishengero ryose, ati: “Mugume mukora vyose ata myidodombo n’impari.” (Flp. 2:14) Emwe, iyo mpanuro idaca ku ruhande yarafashije abo bashiki bacu be n’ishengero ryose kurushiriza gukundana.

Kubera iki dukwiye kuguma twibanda ku vyiza abavukanyi bacu bakora? (Raba ingingo ya 8) *

8. Ni ingorane ikomeye iyihe yotuma bitugora gukunda abavukanyi bacu, kandi twoyitsinda gute?

8 Cokimwe na Evodiya be na Sintike, twoshobora kugira ingorane ikomeye yo kutiyumvamwo abandi, bitumwe no kwama twibanda ku dusembwa bafise. Buri musi, twese turakora amakosa. Hamwe rero twoguma twibanda ku dusembwa tw’abandi, vyoshobora kutugora kubakunda. Nk’akarorero, bishitse umuvukanyi akibagira kudufasha gusukura Ingoro y’Ubwami, vyoshobora kudushavuza. Hamwe twoca dutangura guharura ayandi makosa amaze gukora, ishavu ryorushiriza kuziriringa maze urwo tumukunda rukayama. Nimba usanze ari ko umeze, vyoba vyiza uzirikanye kuri iki kintu: Yehova arabona udusembwa twacu n’utw’uwo muvukanyi. Yamara naho dufise utwo dusembwa, aguma adukunda twese. Turakwiye rero kwigana Yehova, tukaguma twibanda ku vyiza abavukanyi bacu bakora. Twihatiye gukunda abavukanyi bacu, turakomeza ubumwe buri hagati yacu.​—Flp. 2:1, 2.

“IBIHAMBAYE KURUTA IBINDI”

9. Mu “bintu bihambaye kuruta ibindi” Paulo yavuze mw’ikete yandikiye Abafilipi, harimwo ibiki?

9 Impwemu nyeranda yarahumekeye Paulo guhimiriza Abafilipi be n’abakirisu bose ati: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Flp. 1:10) Muri ivyo bintu bihambaye harimwo ukwezwa kw’izina rya Yehova, iranguka ry’ivyo yasezeranye be n’amahoro n’ubumwe mw’ishengero. (Mat. 6:9, 10; Yoh. 13:35) Iyo tubonye ko ivyo bintu bihambaye mu buzima bwacu, tuba tugaragaje ko dukunda Yehova.

10. Dutegerezwa gukora iki kugira tubonwe ko tutagira agahonzi?

10 Paulo yavuze kandi ko dutegerezwa “kuba abatagira agahonzi.” Ivyo ntibisobanura kutagira agasembwa. Ntidushobora kuba abatagira agahonzi nka Yehova Imana. Ariko iyo dukoze uko dushoboye kwose kugira dukomeze urukundo rwacu kandi tugashira imbere ibihambaye kuruta, Yehova aca atubona nk’abatagira agahonzi. Kimwe mu vyo twokora kugira ngo tugaragarize abandi urukundo ni ukugira uko dushoboye kwose kugira ntitubatsitaze.

11. Kubera iki tubwirizwa kwirinda gutsitaza abandi?

11 Impanuro idusaba kwirinda gutsitaza abandi ni ingabisho ikomeye cane. None dushobora gute gutsitaza umuntu? Twoshobora kubigira mu buryo duhitamwo kwisamaza, kwambara, canke mbere biciye ku kazi dukora. Ivyo dukora ubwavyo vyoshobora kuba atari bibi. Mugabo nimba bitsitaza uwundi muntu, ntibiba bikiri ibisanzwe. Yezu yavuze ko vyoba vyiza tubohewe mw’izosi urusyo ruremereye cane tukadwibizwa ku kiyaga, hako dutsitaza imwe mu ntama ziwe.​—Mat. 18:6.

12. Twigira iki ku karorero k’umugabo umwe n’umugore wiwe b’abatsimvyi?

12 Raba ingene umugabo umwe n’umugore wiwe b’abatsimvyi bafashe nkama ingabisho ya Yezu. Mw’ishengero ryabo, bari kumwe n’umugabo n’umugore baheruka kubatizwa bakuriye mu miryango yumira ku migenzo, bakaba babona ko abakirisu badakwiye kuraba amasinema, naho yoba ari meza. Igihe bamenya ko ba batsimvyi baravye isinema, vyarabatsitaje cane. Guhera uwo musi, abo batsimvyi baririnze kuja kuraba isinema gushika abo bakirisu bashasha bamenyereje ijwi ryabo ryo mu mutima maze baratahura ikibereye n’ikitabereye. (Heb. 5:14) Ico kintu kizira ubwikunzi bakoze carerekanye ko bakunda abo bakirisu bashasha mu mvugo no mu ngiro.​—Rom. 14:19-21; 1 Yoh. 3:18.

13. Dushobora gute kwosha umuntu gukora igicumuro?

13 Ubundi buryo twotsitaza umuntu ni mu kumwosha gukora igicumuro. Ivyo vyoshoboka gute? Rimbura iki kintu gishobora kuba. Hari umutohoji wa Bibiliya amaze igihe kirekire arwana urugamba rwo kwirinda akaborerwe, mu nyuma ararutsinda. Aciye afata ingingo yo guheba inzoga burundu. Arateye imbere ningoga maze arabatizwa. Umusi uri izina, umukirisu umwe amutumiye ku mutororokano, maze ata mvo mbi abigiranye, aramuhimiriza ngo anywe, ati: “Ubu uri umukirisu. Urafise impwemu ya Yehova kandi kimwe mu vyo yama ni ukwigumya. Nimba rero ufise ukwigumya, ukwiye kuba ushoboye kwigerera.” Ibaze nawe ingaruka vyokwega hamwe uwo muvukanyi mushasha yokwumviriza iyo mpanuro mbi agasubira kuborerwa!

14. Amakoraniro yacu adufasha gute gushira mu ngiro ibivugwa mu Bafilipi 1:10?

14 Amakoraniro aradufasha gushira mu ngiro mu buryo butandukanye impanuro Paulo atanga mu Bafilipi 1:10. Ubwa mbere, ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu turonka biratwibutsa ivyo Yehova abona ko bihambaye cane. Ubwa kabiri, turiga ingene twokurikiza ivyo twiga kugira tube abatagira agahonzi. Ubwa gatatu, turavyuriranira “ugukundana n’ibikorwa vyiza.” (Heb. 10:24, 25) Uko turemeshwa n’abavukanyi, ni ko urwo dukunda Imana n’abavukanyi rukomera. Dukunze Imana n’abavukanyi tubikuye ku mutima, duca dukora ibishoboka vyose kugira twirinde gutsitaza abavukanyi.

TUBANDANYE “KWUZUZWA IVYAMWA BIGOROROTSE”

15. Bisobanura iki “kwuzuzwa ivyamwa bigororotse”?

15 Paulo yarasenze cane asaba ko Abafilipi [bokwuzuzwa] ivyamwa bigororotse.” (Flp. 1:11) Nta gukeka ko muri ivyo “vyamwa bigororotse” harimwo urwo bakunda Yehova n’abasavyi biwe. Harimwo n’ukubwira abandi ivyo bemera ku bijanye na Yezu be n’icizigiro ciza igitangaza bari bafise. Mu Bafilipi 2:15, Paulo arakoresha iyindi mvugo ngereranyo, ari yo ‘gukayangana nk’amatara mw’isi.’ Ivyo birabereye kubera Yezu yavuze ko abigishwa biwe ari “umuco w’isi.” (Mat. 5:14-16) Vyongeye, yategetse abayoboke biwe ‘guhindura abantu abigishwa’ kandi bakamubera “ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Mat. 28:18-20; Ivyak. 1:8) Turama rero “ivyamwa bigororotse” mu kugira uruhara cane muri ico gikorwa gihambaye.

Naho Paulo apfungiwe i Roma, arandikira ishengero ry’i Filipi. Muri ico gihe nyene, Paulo arakoresha neza uturyo aronka akamamaza ku bamucunze no ku baza kumuraba. (Raba ingingo ya 16)

16. Mu Bafilipi 1:12-14, herekana gute ko dushobora gukayangana nk’amatara no mu bihe bitoroshe? (Raba ishusho iri ku gipfukisho.)

16 Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, turashobora gukayangana nk’amatara. Rimwe na rimwe, ibisa n’intambamyi zitubuza kuvuga inkuru nziza vyoshobora kutubera akaryo ko kwamamaza. Nk’akarorero, Paulo yari apfungiwe i Roma igihe yandikira Abafilipi. Ariko iminyororo yari kuri we ntiyamubujije kubwira inkuru nziza abari bamucunze be n’abashitsi. Yarashinze intahe n’umwete naho ivyiwe vyari vyifashe gutyo, kandi vyaratumye abavukanyi bashikama, bararushiriza “kugira umutima rugabo wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba.”​—Soma Abafilipi 1:12-14; 4:22.

Niwame urondera uturyo two kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku (Raba ingingo ya 17) *

17. Tanga akarorero k’ukuntu abavukanyi na bashiki bacu baguma bama ivyamwa no mu bihe bitoroshe.

17 Abavukanyi na bashiki bacu benshi barigana umutima rugabo wa Paulo. Kubera ko baba mu bihugu aho batemerewe kwamamaza mu buryo bugaragara canke inzu ku nzu, baca barondera ubundi buryo bwo kuvuga inkuru nziza. (Mat. 10:16-20) Mu gihugu kimwe, hari umucungezi w’umuzunguruko yagiriye inama abavukanyi yuko icibare ca buri mwamamaji ari incuti ziwe, ababanyi, abo bigana, abo bakorana be n’abo bazinanyi. Haciye imyaka ibiri, igitigiri c’amashengero muri uwo muzunguruko carongerekanye bidasanzwe. Naho mu gihugu tubamwo twoba twamamaza mu mwidegemvyo, hari icigwa gihambaye dukura ku bavukanyi na bashiki bacu bazi guhuza n’uko ibintu vyifashe: Turakwiye kwama turondera uturyo two kwamamaza bimwe bishitse, twizigiye ko Yehova azoduha inkomezi dukeneye kugira dutsinde intambamyi iyo ari yo yose.​—Flp. 2:13.

18. Dukwiye kwiyemeza iki?

18 Ubu kuruta ikindi gihe cose, ese twokwiyemeza gushira mu ngiro impanuro yahumetswe dusanga mw’ikete Paulo yandikiye Abafilipi! Dutegerezwa kwiyemeza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo, kuba abatagira agahonzi, kwirinda gutsitaza abandi no kwama ivyamwa bigororotse. Gutyo, tuzogwira mu rukundo maze duheshe icubahiro Umuvyeyi wacu munyarukundo Yehova.

URURIRIMBO RWA 17 “Ndabishaka”

^ ing. 5 Ubu kuruta ikindi gihe cose, turakwiye gukomeza urukundo dukunda abavukanyi bacu. Ikete ryandikiwe Abafilipi riradufasha kubona ingene twogwira mu rukundo, mbere n’igihe vyoba bitoroshe.

^ ing. 54 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mu gihe co gusukura Ingoro y’Ubwami, umuvukanyi Joe arahagarika igikorwa kugira ayage n’uwundi muvukanyi be n’agahungu kiwe. Umuvukanyi Mike aciye ashavura kubera Joe amutanye akazi. Yibwira ati: ‘Umwanya w’akazi uhindutse uwo kuganira?’ Mu nyuma Mike arihweza ingene Joe yitwararikana ubuntu mushiki wacu ageze mu zabukuru, bigatuma arushiriza kuzirikana kamere nziza za Joe.

^ ing. 58 INSOBANURO Y’AMASHUSHO: Mu gihugu Ivyabona batemerewe kwamamaza, umuvukanyi ariko arabwira ku mayeri inkuru nziza uwo bazinanyi. Mu nyuma, arabwira inkuru nziza uwo bakorana mu gihe c’akaruhuko.