Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yohani Umubatizi​—Turamwigirako kudatakaza umunezero

Yohani Umubatizi​—Turamwigirako kudatakaza umunezero

HOBA hari agateka wumva ushashaye guterwa mw’ishengero mugabo ubu bikaba bidakunda ko ugashikira? Kumbure ni ibanga rirangurwa n’uwundi muntu, canke agateka k’umurimo wigeze kuba ufise. Ariko rero bivuye ku busaza, amagara make, ingorane z’ivy’ubutunzi canke amabanga yo mu muryango, ntibigukundira gukora nk’ivyo wahoze ukora. Canke na ho, bivuye ku mahinduka aba mw’ishirahamwe, warahagaritse ibanga wamaze igihe kirekire urangura. Imvo yabiteye yaba iyihe, woshobora kwumva umengo nturiko urakora ivyo wipfuza gukora vyose mu murimo w’Imana. Mu bihe nk’ivyo, birumvikana ko woshobora kwumva uvunitse umutima. Naho ari ukwo, ni ibiki vyogufasha kutama wihebuye canke ngo ugumane umujinya n’inzigo? Wokora iki kugira ngo ntutakaze umunezero?

Turashobora kugira ico twigiye ku karorero ka Yohani Umubatizi mu bijanye no kudatakaza umunezero. Naho Yohani yatewe uduteka tudasanzwe, ashobora kuba atari yiteze ivyamushikiye mu gikorwa yarangurira Yehova. Kumbure ntiyigeze yiyumvira ko yomaze mw’ibohero igihe kiruta ico yamaze akorera Yehova. Ariko rero ntiyatakaje umunezero, kandi vyagumye gutyo mu kiringo cose yari asigaje kubaho. None ni ibiki vyamufashije? Tweho twokwirinda gute gutakaza umunezero mbere n’igihe twoshikirwa n’ibintu bivuna umutima?

IGIKORWA GITEYE UMUNEZERO

Mu mpeshi yo mu 29 inyuma ya Kristu, Yohani yaratanguye igikorwa ciwe co gutegurira inzira Mesiya. Yabwira abantu ati: “Nimwigaye, kuko ubwami bwo mw’ijuru bwegereje.” (Mat. 3:2; Luka 1:12-17) Abenshi bavyakiriye neza. Nkako, abantu amasinzi baraje kumwumviriza bavuye kure, kandi benshi barigaye maze barabatizwa. Vyongeye, Yohani abigiranye umutima rugabo, yaramenyesheje indongozi z’amadini zibona ubugororotsi, urubanza rwozishikiye ziramutse zidahindutse. (Mat. 3:5-12) Ikiringo gihambaye cane mu gikorwa ciwe, cashitse mu gatasi ko mu 29 igihe yabatiza Yezu. Kuva ico gihe, abantu bose baza kuri Yohani yaca aberekeza kuri Yezu, we Mesiya yari yarasezeranywe.​—Yoh. 1:32-37.

Yezu afatiye ku gikorwa kidasanzwe Yohani Umubatizi yaranguye, yavuze ati: “Mu bavutse ku bagore ntihigeze guhaguruka uwuruta Yohani Umubatizi.” (Mat. 11:11) Nta gukeka ko Yohani yinovoye imihezagiro yaronse. Cokimwe na Yohani, muri iki gihe abatari bake barironkeye imihezagiro myinshi. Reka dufate akarorero k’umuvukanyi Terry. We n’umukenyezi wiwe Sandra bamaze imyaka irenga 50 mu gikorwa c’igihe cose. Terry avuga ati: “Naratewe uduteka twinshi cane. Narabaye umutsimvyi, Umunyabeteli, umutsimvyi adasanzwe, umucungezi w’umuzunguruko, umucungezi w’intara, ubu na ho nasubiriye kuba umutsimvyi adasanzwe.” Ego ni ko guterwa uduteka mu murimo wa Yehova biratera umunezero. Ariko rero nk’uko tuza kubibona mu karorero ka Yohani, kugumana uwo munezero igihe ibintu bihindutse bisaba akigoro.

NUGUME UKENGURUKA AGATEKA UFISE

Icatumye Yohani Umubatizi adatakaza umunezero ni uko yaguma akenguruka uduteka yari yaratewe. Rimbura aka karorero. Inyuma y’ibatisimu ya Yezu, abakurikira Yohani baguma bagabanuka mu gihe abakurikira Yezu baguma bagwira. Ivyo vyarahagaritse umutima abigishwa ba Yohani maze bamubwira bati: “Raba ariko arabatiza, kandi bose bariko baja kuri we.” (Yoh. 3:26) Yohani yabishuye ati: “Uwufise umugeni ni we mukwe. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze amwumva, aragira akanyamuneza kenshi kubera ijwi rya nya mukwe. Ako kanyamuneza kanje rero karujujwe.” (Yoh. 3:29) Yohani ntiyarondeye guhiganwa na Yezu, canke ngo yiyumvire ko igikorwa ciwe cataye agaciro bivuye ku gikorwa gihambaye ca Yezu. Ahubwo yagumanye umunezero, kuko yaguma akenguruka agateka yatewe ko kuba “umugenzi w’umukwe.”

Ukuntu Yohani yabona ibintu vyaratumye agumana umunezero naho igikorwa ciwe kitari coroshe. Nk’akarorero, yari Umunaziri kuva akivuka, akaba atari yemerewe kunywa umuvinyu. (Luka 1:15) Mu kwerekana ko Yohani yari abayeho mu buryo busanzwe, Yezu yavuze ati: “Yohani yaje atarya, atanywa.” Ariko rero Yezu n’abigishwa biwe, bo nta na kimwe bari babujijwe muri ivyo. (Mat. 11:18, 19) Vyongeye, naho ata gitangaro na kimwe Yohani yakoze, yari azi ko abigishwa ba Yezu bahawe ububasha bwo gukora ibitangaro, muri bo hakaba harimwo n’abahoze ari abigishwa biwe. (Mat. 10:1; Yoh. 10:41) Aho gushira ivyiyumviro kuri ubwo budasa, Yohani yagumije umutima ku gikorwa Yehova yari yaramushinze.

Hamwe natwe twoguma dukenguruka agateka twatewe mu murimo wa Yehova, vyotuma tudatakaza umunezero. Umwe Terry twavuga mu ntango, agira ati: “Nagumiza umutima ku gateka kose naterwa.” Atereje amaso inyuma mu myaka yamaze mu murimo w’igihe cose, avuga ati: “Sinicuza namba, ahubwo nibuka ivyiza gusa.”

Kuguma tuzirikana ku kintu gituma agateka canke amabanga dushingwa bigira agaciro koko, birashobora gutuma turushiriza kugira umunezero. Ico na co ni agateka ko kuba “abakozi bakorana n’Imana.” (1 Kor. 3:9) Nka kurya nyene kwitwararika neza ikintu c’agaciro bituma kiguma gikayangana, ni na ko kuzirikana ku gateka gahambaye ko gukorana n’Imana bishobora gutuma ivyiyumviro bibi bitatunyaga umunezero wacu. Tuzokwirinda kugereranya ivyo dukora n’ivy’abandi bakora. Igihe abandi batewe agateka ntidukwiye guca tubona ko agateka dusanzwe dufise gaciye gata agaciro.​—Gal. 6:4.

NUGUMIZE UMUTIMA KU BINTU VY’IMPWEMU

Naho Yohani yoba yari azi ko igikorwa yarangura corangiye, ashobora kuba atari azi ko cohagaze bukwi na bukwi. (Yoh. 3:30) Mu mwaka wa 30, haheze nk’amezi atandatu Yezu abatijwe, Umwami Herodi yarataye Yohani mw’ibohero. Ariko Yohani yarabandanije gushinga intahe uko ashoboye kwose. (Mrk. 6:17-20) Ni igiki camufashije kudatakaza umunezero muri ayo mahinduka? Ni uko yagumije umutima ku bintu vy’impwemu.

Igihe Yohani yari mw’ibohero yarumvise amakuru y’ukuntu igikorwa ca Yezu cariko kiratera imbere. (Mat. 11:2; Luka 7:18) Naho Yohani yari azi neza ko Yezu yari we Mesiya, ashobora kuba yaribaza ingene Yezu yoshikije ibintu vyose Ivyanditswe vyari vyaravuze ko Mesiya yoranguye. Kumbure yaribaza ati: ‘Ko Mesiya yobaye Umwami, yoba agiye gutangura kuganza?’ Ivyo vyoba vyari gutuma aca abohoza Yohani? Kubera ko yari anyotewe gutahura neza uruhara rwa Yezu, Yohani yaciye arungika babiri mu bigishwa biwe kubaza bati: “Woba uri Umwe ariko araza, canke twitege uwundi?” (Luka 7:19) Bagarutse, Yohani ategerezwa kuba yarabumvirije yitonze igihe bamuyagira ingene Yezu yakijije abantu ku gitangaro, agaca abarungika kuja kumubwira bati: “Impumyi zirahumuka, abacumbagira baragenda, abanyamibembe barahumanurwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabwirwa inkuru nziza.”​—Luka 7:20-22.

Nta gukeka ko ayo makuru bamubwiye yamuremesheje. Yaramukuye amazinda ko Yezu yariko arashitsa ubuhanuzi bwavuzwe kuri Mesiya. Naho ukuza kwa Yezu kutotumye Yohani ava mw’ibohero, yari azi neza ko igikorwa yakoreye Imana kitabaye impfagusa. Naho ivyiwe vyari vyifashe gutyo, yari afise imvo yatuma agumana umunezero.

Gushira umutima ku makuru aremesha ajanye n’igikorwa co kwamamaza hirya no hino kw’isi, birashobora gutuma tudatakaza umunezero

Cokimwe na Yohani, nitwagumiza umutima ku bintu vy’impwemu, tuzokwihangana tubigiranye umunezero n’ukwiyumanganya. (Kol. 1:9-11) Ivyo twobigira mu gusoma Bibiliya no mu kuyizirikanako, bikaba bidufasha kwibuka ko igikorwa turangurira Imana atari ic’ubusa. (1 Kor. 15:58) Sandra avuga ati: “Gusoma ikigabane kimwe ca Bibiliya buri musi, vyaratumye ndushiriza kwiyegereza Yehova. Bituma nshira umutima ku bimwerekeye aho kuwushira ku vyanje.” Ikindi codufasha, ni ugushira umutima ku maraporo ajanye n’igikorwa c’Ubwami, ivyo bikaba bituma dushira ubwenge ku vyo Yehova ariko ararangura, aho kuguma twiyumvira ingorane zacu gusa. Sandra avuga ati: “Ibiganiro vya buri kwezi vyo kuri Televiziyo ya JW biratuma twumva twiyegereje cane ishirahamwe, bikanatuma tudatakaza umunezero mu murimo turangurira Yehova.”

Mu gihe gito Yohani Umubatizi yamaze akora igikorwa yashinzwe, yagikoranye “impwemu n’ububasha vya Eliya,” kandi cokimwe na Eliya, “yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.” (Luka 1:17; Yak. 5:17) Hamwe twomwigana mu kuba abantu bakenguruka kandi bagumiza umutima ku vy’impwemu, na twebwe turashobora kudatakaza umunezero mu gikorwa turangurira Imana, naho twoshikirwa n’iki.