Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 33

Izuka rirahishura urukundo rwa Yehova, ubukerebutsi bwiwe n’ukwihangana kwiwe

Izuka rirahishura urukundo rwa Yehova, ubukerebutsi bwiwe n’ukwihangana kwiwe

“Hagiye kubaho izuka.”​IVYAK. 24:15.

URURIRIMBO RWA 151 Izohamagara

INCAMAKE *

1. Kubera iki Yehova yaremye ibinyabuzima?

YEHOVA yarigeze kuba ari wenyene, ariko nta rungu yari afise. Yari yikwije muri vyose. Naho ari ukwo, Imana yaripfuje ko n’abandi bokwinovora ubuzima. Yehova abitumwe n’urukundo, yaciye atangura kurema.​—Zab. 36:9; 1 Yoh. 4:19.

2. Yezu be n’abamarayika bavyakiriye gute igihe Yehova yarema ibintu?

2 Yehova yabanje kurema uwumufasha ibikorwa. Biciye kuri uwo Mwana wiwe w’imfura, Yehova yaciye arema “ibindi bintu vyose,” ushizemwo amamiliyoni y’abamarayika. (Kol. 1:16) Yezu yarahimbariwe agateka ko gukorana na Se. (Imig. 8:30) Abamarayika b’Imana na bo nyene barahimbawe. Ni ho bari igihe Yehova be n’Umukozi wiwe w’Umuhanga ari we Yezu barema amajuru n’isi. None abo bamarayika bavyakiriye gute? Igihe isi yaremwa, baciye “batangura gusamiriza impundu,” kandi uko Yehova yaba ahejeje kurema ikindi kintu, nta gukeka ko baca baguma basamiriza impundu, na canecane igihe yarema abantu. (Yobu 38:7; Imig. 8:31) Kimwekimwe cose muri ivyo bintu Yehova yaremye, carahishura urukundo rwiwe n’ubukerebutsi bwiwe.​—Zab. 104:24; Rom. 1:20.

3. Nk’uko mu 1 Abakorinto 15:21, 22 havyerekana, ni ibiki incungu ya Yezu ituma bishoboka?

3 Yehova yashaka ko abantu babaho ibihe bidahera kw’isi nziza yari yaremye. Ariko igihe Adamu na Eva bagarariza uwo Muvyeyi wabo abakunda, igicumuro n’urupfu vyaciye vyugariza abantu bose. (Rom. 5:12) None Yehova yaciye akora iki? Ubwo nyene yaciye avuga ukuntu yorokoye abantu. (Ita. 3:15) Yaciye agira umugambi wo gushiraho incungu yotumye bishoboka ko abakomoka kuri Adamu na Eva bakurwako igicumuro n’urupfu. Yari atumye rero bishoboka ko umuntu wese yihitiramwo kumukorera maze akaronka ubuzima budahera.​—Yoh. 3:16; Rom. 6:23; soma 1 Abakorinto 15:21, 22.

4. Muri iki kiganiro tugiye kurimbura ibibazo ibihe?

4 Umugambi Imana ifise wo kuzura abapfuye utuma havyuka ibibazo bitari bike. Nk’akarorero, bishoboka ko izuka rizogenda gute? Abacu nibazuka, twoba tuzoshobora kubamenya? Ni mu buryo ubuhe izuka rizotuma tunezerwa? Vyongeye, ni gute kuzirikana ku bijanye n’izuka bituma turushiriza gukenguruka urukundo rwa Yehova, ubukerebutsi bwiwe n’ukwihangana kwiwe? Nimuze turimbure ivyo bibazo.

IZUKA RISHOBORA KUZOGENDA GUTE?

5. Kubera iki tutokwitega ko abantu bose bazozukira rimwe?

5 Yehova niyazura abantu amamiliyoni abicishije ku Mwana wiwe, turashobora kwitega ko bose batazozukira icarimwe. Uti kubera iki? Kubera ko abantu benshi biyongereye bukwi na bukwi kw’isi hoca haba akajagari. Yehova na we ntiyigera akora ibintu mu kajagari. Arazi ko hakenewe urutonde kugira ngo abantu babe mu mahoro arama. (1 Kor. 14:33) Yehova Imana yaragaragaje ubukerebutsi n’ukwihangana igihe yakorana na Yezu mu gutegura isi intambwe ku yindi, imbere y’uko arema abantu. Yezu na we nyene azogaragaza izo kamere mu kiringo ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, igihe azoba ariko arakorana n’abarokotse Harumagedoni mu gutegura isi kugira bakire abazoba bazutse.

Abarokotse Harumagedoni bazokwigisha abazutse ibijanye n’Ubwami bw’Imana be n’amategeko ya Yehova (Raba ingingo ya 6) *

6. Twisunze Ivyakozwe 24:15, mu bo Yehova azozura hazoba harimwo bande?

6 N’igihambaye kuruta, abazoba barokotse Harumagedoni bazokwigisha abazoba bazutse ibijanye n’Ubwami bw’Imana be n’ivyo Yehova asaba. Uti kubera iki? Kubera ko benshi mu bazozuka bazoba mu bo Bibiliya yita “abatari abagororotsi.” (Soma Ivyakozwe 24:15.) Bazotegerezwa kugira ibintu vyinshi bahinduye kugira bungukire ku ncungu ya Kristu. Iyumvire ingene kizoba ari igikorwa gihambaye kwigisha ukuri kwerekeye Imana abantu amamiliyoni batazi Yehova namba. Umwe wese yoba azogira uwumwigisha nka kurya tuyobora inyigisho ya Bibiliya muri iki gihe? Abo bazoba bigishijwe, boba bazoshirwa mu mashengero kugira bamenyerezwe ingene bazokwigisha abandi bazoba bazutse inyuma yabo? Reka tubirindire. Ariko ico tuzi ni uko, mu mpera za ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, “isi izokwuzura koko ubumenyi bwa Yehova.” (Yes. 11:9) Emwe iyo myaka igihumbi izoba irimwo ibikorwa vyinshi kandi biteye umunezero!

7. Kubera iki abasavyi b’Imana bazogaragaza impuhwe igihe bazoba bariko barigisha abazutse?

7 Mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, abana ba Yehova bose bo kw’isi bazotegerezwa kugira ivyo bahinduye kugira bamuhimbare. Bose rero bazotegerezwa kugaragaza impuhwe igihe bazoba bariko barafasha abazutse gutsinda ivyipfuzo be n’ivyiyumviro bibi kugira babeho bahuza n’ingingo ngenderwako za Yehova. (1 Pet. 3:8) Nta gukeka ko abo bazoba bazutse bazokwegerwa n’abo basavyi ba Yehova bicisha bugufi, abazoba na bo nyene bariko ‘barashitsa ubukiriro bwabo.’​—Flp. 2:12.

ABAZOZUKA TWOBA TUZOSHOBORA KUBAMENYA?

8. Kubera iki vyumvikana tuvuze ko abazosanganira abazutse bazoshobora kumenya ababo?

8 Hariho imvo zitari nke zotuma twemera yuko abazoja gusanganira abazutse bazoshobora kumenya ababo. Nk’akarorero: Dufatiye ku mazuka yigeze kuba, bisa n’aho Yehova azorema abantu busha ku buryo bazogaruka basa, bavuga kandi biyumvira nk’uko bari bameze imbere gatoyi yuko bapfa. Niwibuke ko Yezu yagereranije urupfu n’itiro, izuka na ryo arigereranya n’ukwikangura. (Mat. 9:18, 24; Yoh. 11:11-13) Iyo abantu bikanguye, bavyuka basa nk’uko baryamye basa, bakavuga nk’uko baryamye bavuga, kandi bakagumana ubushobozi bwabo bwo kwibuka. Rimbura akarorero ka Lazaro. Yari amaze imisi ine apfuye, ku buryo umubiri wiwe wari watanguye kubora. Yamara igihe Yezu yamuzura, bashiki biwe baciye bamumenya, kandi biragaragara ko na Lazaro yabibutse.​—Yoh. 11:38-44; 12:1, 2.

9. Kubera iki abantu batazozuka batunganye ku mubiri no mu bwenge?

9 Yehova asezerana ko mu gihe c’intwaro ya Kristu ata n’umwe azovuga ngo: “Ndarwaye.” (Yes. 33:24; Rom. 6:7) Abazozuka rero, bazoba bafise amagara meza. Yamara rero ntibazoca baba abatunganye, kuko bigenze gutyo ab’iwabo batoshobora kubamenya. Biboneka ko abantu bose bazogenda baraba abatunganye mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Mu mpera y’Ingoma ya Kristu y’imyaka igihumbi ni ho gusa Yezu azosubiza Ubwami Se. Ubwami rero buzoba bwasozereye igikorwa cabwo, ushizemwo no gutuma abantu bashika ku gutungana.​—1 Kor. 15:24-28; Ivyah. 20:1-3.

NI MU BURYO UBUHE IZUKA RIZOTUMA TUNEZERWA?

10. Izuka rizotuma wiyumva gute?

10 Iyumvire ingene bizoba bimeze usubiye kubonana n’abawe. Umunezero uzogira, woba uzotuma utwenga canke urira? Vyoba bizotuma ushemeza Yehova? Ikizwi coco, ni uko uzokunda cane uwo Muvyeyi wawe akwitwararika be n’Umwana wiwe azira ubwikunzi, kubera bazoba batumye habaho izuka.

11. Twisunze ivyo Yezu yavuze muri Yohani 5:28, 29, abazobaho bisunga ingingo ngenderwako zigororotse z’Imana bazokwironkera ivyiza ibihe?

11 Niwihe ishusho y’umunezero abazoba bazutse bazogira uko bazokwambura umubiri wabo wa kera maze bakabaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Abazogira ayo mahinduka bazoca bibera mw’Iparadizo ibihe bidahera. Ariko abazogarariza Imana, ntibazokwemererwa guhungabanya amahoro yo muri iyo Paradizo.​—Yes. 65:20; soma Yohani 5:28, 29.

12. Ni gute Yehova azohezagira abazoba baba kw’isi bose?

12 Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana abantu bose bazobona ko amajambo ari mu Migani 10:22 ari ay’ukuri, ayagira ati: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.” Kubera ko impwemu ya Yehova izoba iri kuri bo, abasavyi b’Imana bazoba abatunzi mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ko bazorushiriza kumera nka Kristu gushika babaye abatunganye. (Yoh. 13:15-17; Ef. 4:23, 24) Uko umusi uhaciye, ni ko bazogira amagara meza, babe abantu bameze neza. Ese ukuntu buzoba ari ubuzima buhimbaye! (Yobu 33:25) Ariko none, kuzirikana kw’izuka bishobora gute kugufasha ubu?

NUKENGURUKE URUKUNDO RWA YEHOVA

13. Twisunze Zaburi 139:1-4, izuka rizokwerekana gute ko Yehova atuzi neza?

13 Nk’uko twamaze kubibona, Yehova niyazura abantu, azobasubiza ubushobozi bwabo bwo kwibuka, be na kamere bari basanganywe. Zirikana gato ico ivyo bisobanura. Yehova aragukunda cane ku buryo aguma yibuka ivyo wiyumvira, uko wiyumva, ivyo uvuga be n’ivyo ukora. Aramutse akuzuye rero, bizomworohera kugusubiza ivyahora bikuranga vyose. Umwami Dawidi yari azi ko Yehova azi neza umwumwe wese muri twebwe. (Soma Zaburi 139:1-4.) None kumenya ko Yehova atuzi neza bigira ico bikoze gute kuri twebwe ubu?

14. Igihe tuzirikanye ko Yehova atuzi neza, dukwiye kubibona gute?

14 Igihe tuzirikanye ko Yehova atuzi neza, ntidukwiye guhagarika umutima. Uti kubera iki? Niwibuke ko Yehova atwitwararika bimwe bigera kure. Araha agaciro kamere z’umwumwe wese muri twebwe. Aritwararika ibidushikira mu buzima bituma tumera uko turi. Ese ukuntu ivyo biremesha! Ntidukwiye kwigera tubona ko turi twenyene. Akanya kose Yehova aba ari kumwe natwe arondera kudufasha.​—2 Ngo. 16:9.

NUKENGURUKE UBUKEREBUTSI BWA YEHOVA

15. Izuka rigaragaza gute ubukerebutsi bwa Yehova?

15 Urupfu ni ikirwanisho gikomeye umwansi akoresha kugira ngo agutere ubwoba gusa. Abo Shetani yigaruriye, barakangisha abantu kubica kugira batume bahemukira bagenzi babo canke bahebe ivyo bizera. Ariko kuri twebwe iryo ni itera ubwoba gusa. Turazi ko naho abansi bacu botwica Yehova azotuzura. (Ivyah. 2:10) Turazi ko ata kintu na kimwe bokora cotuma tureka gukorera Yehova. (Rom. 8:35-39) Ese ukuntu Yehova yagaragaje ubukerebutsi budasanzwe mu kuduha icizigiro c’izuka! Yehova akoresheje ico cizigiro c’izuka, arambura Shetani kimwe mu birwanisho akoresha akaroranirwa, muri ico gihe nyene agatuma tugira umutima rugabo udasanzwe.

Ingingo dufata zoba zerekana ko twizigira umuhango Yehova yatanze w’uko azoturonsa ivyo dukenera ku mubiri? (Raba ingingo ya 16) *

16. Ni ibibazo ibihe ukwiye kwibaza, kandi inyishu utanga kuri ivyo bibazo zogufasha gute kumenya aho ugeza mu kwizigira Yehova?

16 Abansi ba Yehova nibagukangisha kukwica, woba uzomuragiza ubuzima bwawe? None womenya gute ko uzobikora? Kimwe mu vyobikumenyesha, ni ukwibaza uti: ‘Ingingo zisanzwe mfata buri musi zoba zerekana ko nizigira Yehova?’ (Luka 16:10) Wokwibaza kandi uti: ‘Ukuntu mbayeho vyoba vyerekana ko nizigira umuhango Yehova atanga wo kundonsa ivyo nkenera ku mubiri ninashira imbere ivy’Ubwami?’ (Mat. 6:31-33) Nimba inyishu utanga kuri ivyo bibazo ari ego, vyerekana rero ko wizigira Yehova be n’uko witeguriye guhangana n’ikigeragezo ico ari co cose cogushikira.​—Imig. 3:5, 6.

NUKENGURUKE UKWIHANGANA KWA YEHOVA

17. (a) Izuka ryerekana gute ko Yehova yihangana? (b) Twokwerekana gute ko dukenguruka ukwihangana kwa Yehova?

17 Yehova yarashinze umusi n’isaha azozanirako umuhero w’iyi si mbi. (Mat. 24:36) Azoguma yihanganye kandi ntazogira ico akoze ico gihe kitaragera. Naho ashashaye kuzura abapfuye, aguma yihanganye. (Yobu 14:14, 15) Aguma arindiriye gushika igihe co kubazura kigeze. (Yoh. 5:28) Turafise imvo zumvikana zotuma dukenguruka ukwihangana kwa Yehova. Zirikana gato: Ukwihangana kwa Yehova kwatumye abantu benshi na twebwe turimwo ‘baronka umwanya wo kwigaya.’ (2 Pet. 3:9) Yehova yipfuza kuronsa abantu benshi bashoboka akaryo ko kuzobaho ibihe bidahera. Nimuze rero twerekane ko dukenguruka ukwihangana kwiwe. Twobigira gute? Twobigira mu kuronderana umwete abafise “agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera,” tukongera tukabafasha gukunda Yehova no kumukorera. (Ivyak. 13:48) Gutyo, na bo bazokwungukira ku kwihangana kwa Yehova cokimwe natwe.

18. Kubera iki twokwihanganira abandi?

18 Yehova azorindira yihanganye gushika ya myaka igihumbi irangiye, abone kwitega ko abantu baba abatunganye. Mu kurindira ko ico gihe gishika, Yehova azoguma atubabarira ibicumuro vyacu n’umutima ukunze. Natwe rero turakwiye kumwigana mu kurondera iciza mu bandi no mu kubihanganira. Rimbura akarorero ka mushiki wacu umwe. Umugabo wiwe yaratanguye kugira umwitwarariko urenze ku buryo atangura guhagarika kwitaba amakoraniro. Uwo mushiki wacu avuga ati: “Ivyo vyarambabaza cane. Imigambi yacu ya kazoza yari ihagaze.” Ariko rero ivyo vyose ntivyabujije ko uwo mukenyezi w’umutima mwiza aguma yihanganiye umugabo wiwe. Yarihetse kuri Yehova, bituma adatana n’akabando. Mu kwigana Yehova, yarirengagije iyo ngorane maze yibanda ku vyiza abona ku mugabo wiwe. Avuga ati: “Umugabo wanje arafise kamere nziza cane, kandi ariko arinanata kugira ngo asubirane.” Ese ukuntu bihambaye ko twihanganira abo mu muryango canke abo mw’ishengero bariko baragerageza kunyinyana n’ibintu bigoye!

19. Dukwiye kwiyemeza iki?

19 Yezu be n’abamarayika baranezerewe igihe isi yaremwa. Iyumvire rero ingene bazonezerwa nibabona isi yuzuye abantu batunganye, bakunda Yehova kandi bamukorera. Niwiyumvire umunezero abazokurwa kw’isi bakaja gufadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru bazogira, nibabona ingene abantu bariko barungukira ku gikorwa cabo. (Ivyah. 4:4, 9-11; 5:9, 10) Niwiyumvire kandi igihe tuzobaho amarira y’umunezero yasubiriye amarira y’umubabaro, igihe indwara, intuntu n’urupfu bizoba vyakuweho burundu. (Ivyah. 21:4) Mu kurindira ko ico gihe gishika, nimuze twiyemeze kwigana Umuvyeyi wacu afise urukundo, ubukerebutsi n’ukwihangana. Nitwabigenza gutyo, tuzogumana umunezero naho twoca mu bigeragezo bimeze gute. (Yak. 1:2-4) Ese ukuntu dukwiye gukenguruka umuhango Yehova yatanze w’uko “hagiye kubaho izuka”!​—Ivyak. 24:15.

URURIRIMBO RWA 141 Ubuzima ni igitangaro

^ ing. 5 Yehova ni Umuvyeyi afise urukundo, ubukerebutsi be n’ukwihangana. Izo kamere turazibonera mu kuntu yaremye ibintu vyose be no mu mugambi afise wo kuzura abapfuye. Iki kiganiro kiraca irya n’ino bimwebimwe mu bibazo twokwibaza ku bijanye n’izuka, congere kitwereke ingene twokenguruka urukundo rwa Yehova, ubukerebutsi bwiwe n’ukwihangana kwiwe.

^ ing. 59 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Imvukira yo muri Amerika yari imaze imyaka amajana yarapfuye, yazutse mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. Umuvukanyi yarokotse Harumagedoni aranezerewe no kwigisha wa mugabo yazuka ivyo yokora kugira yungukire ku ncungu ya Kristu.

^ ing. 61 INSOBANURO Y’ISHUSHO: Umuvukanyi ariko arabwira umukoresha wiwe ko hari imisi y’akazi atazokora umwanya wiyongereye. Aramusigurira ko kuri iyo misi ku migoroba aba afise ibikorwa bijanye no gusenga Yehova. Ariko ku yindi misi habonetse ibikorwa vyihutirwa, aremera gukora amasaha yiyongereye.