Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA 35

Niwubahirize ikibanza abandi bafise mw’ishengero rya Yehova

Niwubahirize ikibanza abandi bafise mw’ishengero rya Yehova

“Ijisho ntirishobora kubwira ikiganza ngo: ‘Sindagukeneye’; eka n’umutwe ntushobora kubwira ibirenge ngo: ‘Sindabakeneye.’”​—1 KOR. 12:21.

URURIRIMBO RWA 124 Ntitwigere duhemuka

INCAMAKE *

1. Ni igiki Yehova yahaye umwe wese mu basavyi biwe b’intahemuka?

YEHOVA abigiranye urukundo, umwe wese mu basavyi biwe b’intahemuka yaramuhaye ikibanza mw’ishengero ryiwe. Naho turangura amabanga atandukanye, twese turi n’agaciro kandi twese turakeneraniye. Intumwa Paulo aradufasha gutahura ico cigwa gihambaye. Uti gute?

2. Twisunze Abanyefeso 4:16, ni kubera iki dukwiye guhana agaciro kandi tugasenyera ku mugozi umwe?

2 Nk’uko icanditswe c’ishimikiro c’iki kiganiro kivyerekana, Paulo yarerekanye ko ata musavyi wa Yehova n’umwe akwiye kuraba mugenziwe maze akamubwira ati: “Sindagukeneye.” (1 Kor. 12:21) Nimba twipfuza ko mw’ishengero haba amahoro, dutegerezwa guhana agaciro kandi tugasenyera ku mugozi umwe. (Soma Abanyefeso 4:16.) Iyo dusenyeye ku mugozi umwe, ishengero riratera imbere kandi rigakomera, abarigize na bo bagakundana.

3. Tugiye kurimbura iki muri iki kiganiro?

3 Ni mu mice imwimwe iyihe twokwerekana ko twubahiriza abandi mw’ishengero? Muri iki kiganiro, tugiye kurimbura ingene abakurambere bokwerekana ko bubahana. Turarimbura n’ingene twese twokwerekana yuko duha agaciro abavukanyi na bashiki bacu batubatse izabo. Mu gusozera, turaza kubona ingene twoha agaciro abavukanyi batavuga neza ururimi rwacu.

NIWUBAHIRIZE ABAKURAMBERE BAGENZAWE

4. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze mu Baroma 12:10 abakurambere bakwiye gukurikiza?

4 Abakurambere bose bagenwa n’impwemu nyeranda y’Imana, ariko rero umwe wese usanga afise ingabire n’ububangukirwe yisangije. (1 Kor. 12:17, 18) Bamwe usanga ari bashasha muri ayo mabanga, gutyo ugasanga ntibaramenya ibintu vyinshi. Abandi usanga ata vyinshi bagishoboye gukora kubera ubusaza n’ingorane z’amagara. Naho ari ukwo, nta mukurambere n’umwe akwiye kuraba mugenziwe maze akamera nk’aho amubwiye ati: “Sindagukeneye.” Ahubwo, buri mukurambere arakwiye gukurikiza impanuro Paulo yatanze mu Baroma 12:10.​—Soma.

Abakurambere barerekana ko bubahiriza abakurambere bagenzi babo mu kubumviriza bitonze (Raba ingingo ya 5-6)

5. Abakurambere berekana gute ko bubaha bagenzi babo, kandi ni kubera iki bihambaye ko babigenza gutyo?

5 Abakurambere barerekana yuko bubaha bagenzi babo mu kubatega yompi bitonze. Ivyo birahambaye na canecane igihe abakurambere bahuriye hamwe uko bagize inama y’abakurambere kugira ngo bihweze ibibazo bihambaye. Uti kubera iki? Raba ico Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 1988 wavuze. Wavuze uti: “Abakurambere baratahura ko Kristu ashobora kuyobora ivyiyumviro vy’umwumwe wese muri bo abicishije ku mpwemu nyeranda, kugira ngo atange ingingo ngenderwako ishingiye kuri Bibiliya yokurikizwa mu gutorera inyishu ikibazo kanaka canke mu gufata ingingo ihambaye. (Ivyak. 15:6-15) Nta mukurambere arusha impwemu nyeranda abandi.”

6. Abakurambere bosenyera gute ku mugozi umwe, kandi ivyo bigirira akamaro gute ishengero?

6 Umukurambere yubahiriza bagenziwe, ntiyama yitanganiza kuvuga igihe bari mu nama y’abakurambere. Ntiyihariza ijambo, kandi ntabona ko ari we yama afise iciyumviro kibereye. Ahubwo riho, ashikiriza iciyumviro ciwe abigiranye ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto. Arumviriza yitonze ivyiyumviro bishikirizwa n’abandi. N’igihambaye kuruta, arahimbarwa no kwishimikiza ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe no gukurikiza ubuyobozi butangwa n’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Igihe abakurambere baganira ku bibazo babigiranye urukundo n’icubahiro, impwemu nyeranda y’Imana iraheza ikabana na bo, maze ikabayobora kugira bafate ingingo zikomeza ishengero.​— Yak. 3:17, 18.

NIWUBAHIRIZE ABAKIRISU BATUBATSE IZABO

7. Yezu yabona gute ibijanye no kutubaka?

7 Muri iki gihe, usanga ishengero ririmwo abubatse izabo be n’imiryango. Ariko rero, ririmwo n’abavukanyi be na bashiki bacu benshi batubatse. None dukwiye gufata gute abo bavukanyi na bashiki bacu batubatse? Rimbura ukuntu Yezu yabona ibijanye n’ukutubaka. Igihe yariko ararangura igikorwa ciwe ng’aha kw’isi, ntiyubatse urwiwe. Ivyo vyatumye aguma yitunira ku gikorwa yari yarashinzwe. Yezu ntiyigeze yigisha ko umuntu ategerezwa kwubaka urwiwe canke kutubaka urwiwe. Ariko rero, yaravuze ko hari abakirisu bohisemwo kutubaka. (Mat. 19:11, 12; raba amakuru adufasha kwiga Matayo 19:12.) Yezu yarubahiriza abatubatse izabo. Ntiyabona ko abatubatse bari hasi y’abandi canke ko hari ico bahajije.

8. Twisunze 1 Abakorinto 7:7-9, Paulo yaremesheje abakirisu kurimbura iki?

8 Nk’ukwo kwa Yezu, igihe intumwa Paulo yariko ararangura igikorwa ciwe, ntiyubatse urwiwe. Paulo ntiyigeze yigisha ko ari bibi ko umukirisu yokwubaka urwiwe. Yaratahura ko ari ingingo umuntu yifatira. Yamara rero, Paulo yararemesheje abakirisu kurimbura nimba boshobora gukorera Yehova batubatse. (Soma 1 Abakorinto 7:7-9.) Biragaragara rero ko Paulo atasuzugura abakirisu batubatse. N’ikivyemeza, yarahisemwo Timoteyo, umusore atarubaka, kugira amushinge amabanga akomeye. * (Flp. 2:19-22) Ku bw’ivyo rero, ntivyoba bibereye twiyumviriye yuko umuvukanyi akwije ibisabwa canke atabikwije twisunze gusa yuko yubatse canke atubatse.​—1 Kor. 7:32-35, 38.

9. Twovuga iki ku bijanye no kwubaka canke kutubaka?

9 Yaba Yezu canke Paulo, nta n’umwe yahimirije abakirisu kwubaka izabo canke kutubaka izabo. None tuvuge iki ku bijanye no kwubaka canke kutubaka? Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Gitugutu 2012 warabisiguye neza mu kuvuga uti: “Mu vy’ukuri, kwubaka canke kutubaka vyompi ni ingabirano zitangwa n’Imana. Yehova ntabona ko kutubaka biteye intuntu kandi ko ari agatukisha.” Dufise ivyo mu muzirikanyi, turakwiye kwubahiriza ikibanza abavukanyi na bashiki bacu batarubaka izabo bafise mw’ishengero.

Ni ibiki twokwirinda kugira ngo twubahirize abatubatse izabo? (Raba ingingo ya 10)

10. Twokwerekana gute ko twubahiriza abavukanyi na bashiki bacu batubatse?

10 Twokwerekana gute none ko twubahiriza ukuntu abavukanyi na bashiki bacu batubatse biyumva be n’ukuntu ivyabo vyifashe? Vyoba vyiza tugumije ku muzirikanyi yuko bamwe muri abo bakirisu bishingiye umugambi wo kutubaka. Hari abandi bipfuza kwubaka, mugabo bakaba batararonka uwo bokwubakana abereye. Abandi na bo bashobora kuba barabuze abo bari bubakanye. Muri iyo mice yose, vyoba bibereye ko abagize ishengero babaza abakirisu batubatse igituma batubaka izabo canke bakabasaba ko bobaronderera uwo bubakana? Ego ni ko, hari abavukanyi bamwebamwe batubatse boshobora gusaba ko bobaronderera uwo bubakana. Ariko nimba batabigusavye, wumva abo bavukanyi na bashiki bacu batubatse bomererwa gute ari wewe ubibasavye? (1 Tes. 4:11; 1 Tim. 5:13) Nimuze turimbure bimwebimwe mu vyo abavukanyi na bashiki bacu b’intahemuka batubatse bavuze.

11-12. Twoshobora gute gusanga twaciye intege abatubatse?

11 Umucungezi umwe w’umuzunguruko atubatse, akaba arangura neza umurimo wiwe, abona ko kutubaka harimwo ivyiza vyinshi. Ariko yavuze ko bishobora guca intege igihe abavukanyi na bashiki bacu bamubajije batabigiranye umutima mubi, bati: “Kubera iki utarubaka?” Umuvukanyi umwe na we atubatse akorera ku biro vy’ishami rimwe yavuze ati: “Rimwe na rimwe abavukanyi na bashiki bacu bashaka gutuma mbona ko abatubatse izabo bateye akagongwe. Ivyo bishobora gutuma umuntu abona ko kutubaka ari amananiza aho kuba ingabire.”

12 Mushiki wacu umwe atubatse akaba akorera kuri Beteli imwe avuga ati: “Hari abamamaji biyumvira yuko abatarubaka bose baba barondera uwo bubakana, canke ko abatubatse bose biyumvira ko umutororokano wose ubaye kaba ari akaryo ko kurondera uwo bubakana. Igihe kimwe naragiye mu kandi karere k’igihugu njanywe n’igikorwa ca Beteli, maze ndaja kw’ikoraniro mw’ijoro. Umudada yari yampaye indaro yarambwiye ko mw’ishengero iwabo harimwo abavukanyi babiri tungana. Yarampumurije ko atariko agerageza kundonderera uwo twokwubakana. Ariko tumaze kwinjira mu Ngoro y’Ubwami, yaciye anjana aho abo bavukanyi babiri bari bari. Mvugishije ukuri, twese uko turi batatu twarabuze uko tuvyifatamwo.”

13. Ni uburorero ubuhe bwaremesheje mushiki wacu umwe atubatse?

13 Uwundi mushiki wacu atubatse akorera kuri Beteli yavuze ati: “Ndazi abatsimvyi bitereye mu myaka mugabo batubatse, babona ibintu mu buryo bwiza, bitunira ku gikorwa, bitanga cane kandi baryohererwa igikorwa cabo. Abo batsimvyi ni kirumara kw’ishengero. Barafise uburimbane kubera yuko batabona ko baruta abandi ngo ni uko batubatse canke ngo babone ko hari ico bahajije kubera badafise uwo bubakanye canke umuryango.” Ico ni co ciza co kuba mw’ishengero aho usanga abandi bakwubahiriza kandi bakaguha agaciro. Nta batuma wumva ko uteye akagongwe canke ngo bakugirire ishari, ngo bagusuzugure canke ngo baguhayagize. Uguma wumva gusa wisanze.

14. Twokwerekana gute ko twubahiriza abatubatse izabo?

14 Nitwaha agaciro abavukanyi na bashiki bacu batubatse, dufatiye kuri kamere nziza bafise aho gufatira ku kuba batubatse, bazobikenguruka. Aho kubumvira akagongwe, vyoba vyiza duhaye agaciro ukudahemuka kwabo. Ivyo bizotuma abo bavukanyi n’abo bashiki bacu batigera biyumva ko ari nk’aho tubabwiye ngo: “Sindabakeneye.” (1 Kor. 12:21) Ahubwo riho, bazomenya yuko tububahiriza, be n’uko duha agaciro ikibanza bafise mw’ishengero.

NIWUBAHIRIZE ABATAVUGA NEZA URURIMI RWAWE

15. Ni ibiki bamwebamwe bahinduye kugira bagure umurimo wabo?

15 Muri iyi myaka ya vuba, abamamaji benshi baragize umugambi wo kwiga urundi rurimi kugira ngo bagure umurimo wabo. Ivyo bisaba ko bagira ivyo bahinduye. Baravuye mw’ishengero rikoresha ururimi rwabo, baja mw’ishengero rikoresha urundi rurimi kandi rifise inkenero y’abamamaji b’Ubwami. (Ivyak. 16:9) Abo bakirisu ni bo bifatira iyo ngingo kugira ngo bateze imbere ivyungura Ubwami. Naho vyobasaba imyaka myinshi kugira bashobore kuvuga neza ururimi rushasha, barafasha cane ishengero. Kamere nziza bafise be n’ubuhanga bwabo birakomeza ishengero. Ese ukuntu duha agaciro abo bavukanyi na bashiki bacu bitanga gutyo!

16. Abakurambere bisunga iki kugira ngo basuzume ko umuvukanyi akwije ibisabwa vyo kuba umukurambere canke umukozi w’ishengero?

16 Inama y’abakurambere ntikwiye kureka kurata umuvukanyi ngo abe umukurambere canke umukozi w’ishengero, ngo ni uko gusa ataramenya kuvuga neza ururimi ishengero rikoresha. Abakurambere rero, bakwiye gusuzuma umuvukanyi bafatiye ku vyo Ivyanditswe bisaba abakurambere n’abakozi b’ishengero, atari ku kuba umuvukanyi ashoboye kuvuga neza ururimi ishengero rikoresha.​—1 Tim. 3:1-10, 12, 13; Tito 1:5-9.

17. Imiryango imwimwe ihura n’ibibazo ibihe igihe yimukiye mu kindi gihugu?

17 Hari imiryango y’abakirisu yimukiye mu kindi gihugu kuronderayo ubuhungiro canke akazi. Abana babo boshobora kuba bariko biga kw’ishure rikoresha ururimi rwaho. N’abavyeyi babo hari aho vyokenerwa ko biga urwo rurimi kugira ngo barondere akazi. None vyogenda gute hamwe bosangayo ishengero canke umurwi bikoresha ururimi rwabo kavukire? Uwo muryango woja mw’ishengero irihe? Woba woja mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ico gihugu, canke boja mw’ishengero rikoresha ururimi rwabo kavukire?

18. Twisunze Abagalatiya 6:5, twerekana gute ko twubahiriza ingingo serugo yafashe?

18 Serugo ategerezwa guhitamwo ishengero umuryango wiwe wojamwo. Kubera ko ico kibazo ari we cega, ategerezwa kurimbura icobera ciza umuryango wiwe. (Soma Abagalatiya 6:5.) Turakwiye kwubahiriza ingingo serugo aba yafashe. Ico yohitamwo cose, turakwiye kwubahiriza ingingo aba yafashe maze tugaha ikaze uwo muryango n’igishika mw’ishengero ryacu.​—Rom. 15:7.

19. Ni igiki ba serugo bakwiye kurimbura babijanishije n’isengesho?

19 Mu bindi bihe, imiryango yoshobora kuba iri mw’ishengero rikoresha ururimi kavukire rw’abavyeyi, mugabo ugasanga abana batazi neza urwo rurimi. Nimba iryo shengero riri mu karere bakoresha ururimi rw’ico gihugu, abana boshobora kugira ingorane zo gutahura ibivugwa ku makoraniro bigatuma badatera imbere mu vy’impwemu. Uti kubera iki? Kubera ko abo bana boshobora kuba biga kw’ishure rikoresha ururimi rw’ico gihugu, aho kwiga mu rurimi kavukire rw’abavyeyi babo. Muri ico gihe, ba serugo barakwiye kurimbura babijanishije n’isengesho ico bakwiye gukora kugira bafashe abana babo kwiyegereza Yehova n’abasavyi biwe. Bizokenerwa ko bafasha abana babo kumenya neza ururimi rwabo kavukire canke na ho bimukire mw’ishengero rikoresha ururimi abana babo batahura neza. Ico serugo yohitamwo cose, ishengero bokwimukiramwo rirakwiye gutuma we n’umuryango wiwe bumva ko bubahirijwe kandi ko bari n’agaciro.

Twokwerekana gute ko duha agaciro abariko bariga ururimi rushasha? (Raba ingingo ya 20)

20. Twokwerekana gute ko twubahiriza abavukanyi na bashiki bacu bariko bariga ururimi rushasha?

20 Kubera izo mvo zose twadondaguye, mu mashengero menshi hazobaho abavukanyi na bashiki bacu bigora kwiga ururimi rushasha. Vyoshobora kutoroha ko baserura ivyiyumviro vyabo. Ariko nitutashira gusa umutima ku kuntu bavuga urwo rurimi rushasha, tuzokwibonera urukundo bakunda Yehova be n’icipfuzo bafise co kumukorera. Nitwababonamwo ivyo vyiza, tuzorushiriza kububahiriza no kubaha agaciro. Ntituzobabwira ngo “Sindabakeneye” kubera gusa batavuga neza ururimi rwacu.

TURI N’AGACIRO KURI YEHOVA

21-22. Ni agateka kadasanzwe akahe dufise?

21 Yehova yaraduteye agateka kadasanzwe mu kuduha ikibanza mw’ishengero ryiwe. Twaba turi abagabo canke abagore, twubatse canke tutubatse, tukiri bato canke twitereye mu myaka, tuvuga neza ururimi kanaka canke tutaruvuga neza, turi ab’agaciro kuri Yehova no ku bavukanyi bacu.​—Rom. 12:4, 5; Kol. 3:10, 11.

22 Nimuze tubandanye gushira mu ngiro ivyo vyigwa vyiza twigiye ku kigereranyo Paulo yatanze c’umubiri w’umuntu. Gutyo tuzorushiriza kurondera n’ubundi buryo twoha agaciro ikibanza dufise be n’ikibanza abandi bafise mw’ishengero rya Yehova.

URURIRIMBO RWA 90 Turemeshanye

^ ing. 5 Abasavyi ba Yehova baratandukanye, kandi bose ntibarangura uruhara rumwe mw’ishengero. Iki kiganiro kiraza kudufasha kubona igituma bihambaye kwubahiriza umwe wese mu bagize umuryango wa Yehova.

^ ing. 8 Ntitwoshobora kwemeza neza ko Timoteyo atigeze yubaka urwiwe.